Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

‘Duhoze abagandaye bose’

‘Duhoze abagandaye bose’

‘Duhoze abagandaye bose’

‘Yehova yandobanuje amavuta kugira ngo mpoze abagandaye bose.’​—YES. 61:1, 2.

1. Ni igiki Yezu yakoreye abagandaye, kandi kubera iki?

YEZU KRISTU yavuze ati: “Ibifungurwa vyanje ni ugukora ukugomba kw’uwandungitse no kurangiza igikorwa ciwe.” (Yoh. 4:34) Igihe Yezu yariko ararangura igikorwa Imana yari yaramushinze, yaragaragaje kamere za Se z’akaroruhore. Imwe muri izo kamere ni urukundo rwinshi Yehova akunda abantu. (1 Yoh. 4:7-10) Intumwa Paulo yarerekanye uburyo bumwe Imana yagaragajemwo urwo rukundo igihe yavuga yuko Yehova ari “Imana y’uruhoza rwose.” (2 Kor. 1:3) Yezu yarerekanye urukundo nk’urwo igihe yakora ivyari vyaravuzwe mu buhanuzi bwa Yesaya. (Soma Yesaya 61:1, 2.) Yezu yarasomye ubwo buhanuzi ari mw’isinagogi y’i Nazareti maze avuga yuko ibivugwa muri bwo vyerekeza kuri we. (Luka 4:16-21) Mu kiringo cose Yezu yamaze ariko ararangura ubusuku bwiwe, yarahojeje abagandaye abigiranye urukundo, ivyo bikaba vyarabaremesheje vyongera biratuma bagira amahoro yo mu muzirikanyi.

2, 3. Ni kubera iki abayoboke ba Yezu bakwiye kumwigana mu guhoza abandi?

Abayoboke ba Yezu bose barakwiye kumwigana mu guhoza abagandaye. (1 Kor. 11:1) Paulo yavuze ati: “Mugume . . . muhozanya mwongera mwubaka bagenzi banyu.” (1 Tes. 5:11) Turakeneye canecane guhoza abandi kubera yuko ubu abantu bari mu “bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.” (2 Tim. 3:1) Hirya no hino kw’ isi, abantu b’umutima nziraburyarya barushiriza kwongerekana, usanga bari kumwe n’abantu bavuga bakongera bagakora ibintu bituntuza, bivuna umutima kandi bibabaza.

3 Nk’uko ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwari bwarabivuze, muri iyi misi ya nyuma y’ivy’iyi si mbi, abantu benshi usanga ari “abikunda, inkunzi z’amahera, abishima, abibona, abarogosi, abagambararira abavyeyi, intashima, ibihemu, batiyumvamwo ababo, badashaka kwumvikana na gato, abambika ibara abandi, batagira ukwigumya, inkazi, badakunda iciza, abaguranyi, intumva, abivyimvya, abakunda ibinezereza aho gukunda Imana.” Inyifato nk’izo zararushirije kwunyuka, kubera yuko “abantu b’ababisha be n’abahumvyi [bagiye] barushiriza kuba babi.”​—2 Tim. 3:2-4, 13.

4. Ivyo kw’isi vyifashe gute muri iki gihe cacu?

4 Ivyo vyose ntibikwiye kudutangaza, kuko Ijambo ry’Imana rivuga ritomora yuko “isi yose iri mu bubasha bwa wa mubisha.” (1 Yoh. 5:19) Iyo “si yose” igizwe n’umuce w’ivya politike, uw’ivy’idini n’uw’ivy’ubudandaji hamwe n’imihora Shetani akoresha mu gukwiragiza ivyiyumviro vyiwe. Birabereye kuba Shetani wa Mubesheranyi yitwa “umutware w’isi” n’“imana y’iki gihe.” (Yoh. 14:30; 2 Kor. 4:4) Hirya no hino kw’isi ibintu birabandanya kwunyuka kubera ko ubu Shetani afise ishavu ryinshi, akaba azi ko hasigaye igihe gito gusa ngo Yehova amukureho. (Ivyah. 12:12) Ese ukuntu bihumuriza kumenya yuko ikiringo Imana yabaye irareka Shetani n’ivy’iyi si mbi yiwe kigiye kurangira, maze ca kibazo yavyura kijanye n’ubusegaba bwa Yehova kigatorerwa umuti!​—Ita., ikig. 3; Yobu, ikig. 2.

Inkuru nziza iriko iramamazwa kw’isi yose

5. Ubuhanuzi bwerekeye igikorwa co kwamamaza buriko buranguka gute muri iyi misi ya nyuma?

5 Ivyo Yezu yavuze biriko biraranguka muri iki gihe kigoye kuruta ibindi vyose. Yavuze ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze iherezo rizoca riza.” (Mat. 24:14) Ico gikorwa co gushinga intahe yerekeye Ubwami bw’Imana kiriko kirakorwa kw’isi yose ku rugero rurushiriza kuba runini. Muri iki gihe, Ivyabona vya Yehova barenga 7.500.000, bari mu mashengero arenga 107.000 ari hirya no hino kw’isi, bariko baramamaza ibijanye n’Ubwami bw’Imana, nk’uko na Yezu yabugize umutwe shimikiro w’ivyo yamamaza be n’ivyo yigisha. (Mat. 4:17) Igikorwa co kwamamaza dukora muri iki gihe gituma abantu benshi bagandaye bahozwa. Kukaba nkako, muri iyi myaka ibiri iheze, abantu 570.601 barabatijwe baraba Ivyabona vya Yehova!

6. Wibaza iki ku bijanye n’iyongerekana ry’igikorwa cacu co kwamamaza?

6 Kuba ico gikorwa co kwamamaza kiriko kirarushiriza kwongerekana urashobora kubibona neza ufatiye ku kuntu ubu Ivyabona vya Yehova bahindura bakongera bagatanga ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya mu ndimi zirenga 500. Nta kintu nk’ico cari bwigere kiboneka! Ukubaho kw’igice co kw’isi c’ishirahamwe rya Yehova, igikorwa kirangura be n’ukuntu kigenda kirongerekana ni ibintu vy’ukuri bidasanzwe. Iyo hataba ubuyobozi n’imfashanyo biva ku mpwemu nyeranda y’Imana y’ububasha, ntivyoshobotse ko ikintu nk’ico kiba muri iyi si itwarwa na Shetani. Kubera yuko inkuru nziza iriko iramamazwa mw’isi yose, abantu batuntuye bemera ubutumwa bw’Ubwami bariko bararonka uruhoza ruva mu Vyanditswe nk’urwo abo dusangiye ukwemera bironkera.

Duhoze abo dusangiye ukwemera

7. (a) Ni kubera iki tudashobora kwitega yuko Yehova akuraho ibintu vyose biteza amarushwa muri iki gihe? (b) Tumenya gute yuko dushobora kwihanganira uruhamo n’amakuba?

7 Muri iyi si yuzuyemwo ububisha n’imibabaro, turiteze gushikirwa n’ibintu biteza amarushwa. Ntidushobora kwitega ko Imana ikuraho ibintu vyose bituma tutagira agahimbare canke bidutuntuza imbere y’uko ikuraho ivy’iyi si. Magingo ivyo bitaraba, igihe dushikiwe n’uruhamo rwari rwaravuzwe, haba hageze ko twumira ku gutungana dufise imbere ya Yehova, tukerekana ko dushigikiye ivy’uko ari we abereye kuba Segaba w’ibiriho vyose. (2 Tim. 3:12) Ariko rero, tubifashijwemwo na Data wa twese wo mw’ijuru tukongera tugahozwa na we, turashobora kumera nk’abakirisu barobanuwe b’i Tesalonika ha kera, abihanganiye uruhamo n’amakuba babigiranye ukwizera.​—Soma 2 Abatesalonika 1:3-5.

8. Ivyanditswe vyerekana gute yuko Yehova ahoza abasavyi biwe?

8 Nta gukeka ko Yehova aronsa abasavyi biwe uruhoza bakeneye. Nk’akarorero, igihe ubuzima bw’umuhanuzi Eliya bwari bugeramiwe na wa Mwamikazi w’umubisha Yezebeli, uwo muhanuzi yaracitse intege maze arahunga, mbere avuga yuko yipfuza gupfa. Mugabo aho guhambarira Eliya, Yehova yaramuhojeje yongera atuma agira umutima rugabo wo kurangura igikorwa yakora co kuvuga ubuhanuzi. (1 Abm. 19:1-21) Kuba Yehova ahoza abasavyi biwe birashobora kandi kubonekera mu vyashikiye ishengero rya gikirisu ryo mu kinjana ca mbere. Nk’akarorero, turasoma ibijanye n’igihe aho “ishengero, i Yudaya n’i Galilaya n’i Samariya hose, [ryagiye] mu kiringo c’amahoro, rirubakwa.” Vyongeye, “kubera ko ryagendera mu gutinya Yehova no mu ruhoza rw’impwemu nyeranda, ryaguma rigwira.” (Ivyak. 9:31) Ese ukuntu dukenguruka kuba na twebwe nyene turonka “uruhoza rw’impwemu nyeranda”!

9. Ni kubera iki kwiga ivyerekeye Yezu bishobora kuduhoza?

9 Kubera ko turi abakirisu, twarahojejwe no kwiga ivyerekeye Yezu Kristu be no kugera ikirenge mu ciwe. Yezu yavuze ati: “Nimuze kuri jewe, mwese abacumukura n’abaremerewe, nanje ndabaruhurira. Mwishireko ingǒgo yanje munyigireko, kuko nitonda kandi niyoroheje mu mutima, namwe muzokwumva muruhuriwe. Kuko ingǒgo yanje yoroshe, n’umutwaro wanje ukaba uhwahutse.” (Mat. 11:28-30) Kwiga ukuntu Yezu yafata abantu mu buryo buremesha maze tugakurikiza ako karorero keza yatanze, birashobora kudufasha cane kugabanya amaganya twoba dufise.

10, 11. Ni bande mw’ishengero boshobora guhoza abandi?

10 Turashobora kandi guhozwa n’abakirisu bagenzi bacu. Nk’akarorero, rimbura ukuntu mw’ishengero abakurambere bafasha abariko barashikirwa n’ibintu bitoroshe. Umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Hoba hari uwurwaye [mu buryo bw’impwemu] muri mwebwe? Nahamagare abagabo b’inararibonye b’ishengero baze kuri we, bamusengere.” None ivyo bizovamwo iki? “Isengesho ry’ukwizera rizotuma uyo amerewe nabi akira, kandi Yehova azomuhagurutsa. Vyongeye, nimba yarakoze ibicumuro azobabarirwa.” (Yak. 5:14, 15) Abandi bantu bo mw’ishengero na bo nyene barashobora guhoza bagenzi babo.

11 Akenshi usanga abagore boroherwa cane kuyagira abagore nka bo ingorane zitandukanye baba bafise. Bashiki bacu bakuze kandi bazi utuntu n’utundi kuruta barashobora canecane guha impanuro nziza cane bashiki bacu bakiri bato. Abo bagore bakirisu bakuze kandi bahumuye boshobora kuba bamaze gushikirwa n’ibintu nk’ivyo mu buzima bwabo. Ikibabarwe bafise be n’izindi kamere ziranga abakenyezi birashobora gufasha cane. (Soma Tito 2:3-5.) Egome, abakurambere be n’abandi barashobora ‘kuyagisha n’ijwi ryirura abadendebukiwe’ bari muri twebwe, kandi barakwiye kubigira. (1 Tes. 5:14, 15) Vyongeye, turakwiye kwibuka yuko Imana “[iduhoza] mu makuba yacu yose, kugira ngo natwe dushobore guhoza abari mu makuba y’ubwoko bwose.”​—2 Kor. 1:4.

12. Ni kubera iki bihambaye cane ko twitaba amakoraniro ya gikirisu?

12 Uburyo buhambaye cane bwo guhozwa ni ukuba uri ku makoraniro ya gikirisu, aho turemeshwa n’ibiganiro bishingiye kuri Bibiliya. Dusoma yuko Yuda na Silasi “baremesh[eje] bene wacu n’insiguro nyinshi bongera barabakomeza.” (Ivyak. 15:32) Imbere n’inyuma y’amakoraniro tugira, abagize ishengero barayaga ibintu vyubaka. Ku bw’ivyo, naho twoba turiko turashikirwa n’imibabaro kubera ibintu bitoroshe turimwo, nimuze ntitwigungire ukwacu, kuko kubigenza gutyo ata co vyotumarira. (Imig. 18:1) Ahubwo nyabuna, vyoba vyiza dukurikije impanuro ya Paulo yahumetswe, igira iti: “Twiyumvirane kugira tuvyuriranire ugukundana n’ibikorwa vyiza, tudaheba kwa gukoranira hamwe kwacu, nk’uko bamwe babimenyereye, mugabo turemeshanya, kandi birushirize kumera gutyo uko mubona wa musi wegereza.”​—Heb. 10:24, 25.

Duhozwe n’Ijambo ry’Imana

13, 14. Niwerekane ukuntu Ivyanditswe bishobora kuduhoza.

13 Twaba turi abakirisu babatijwe canke ari ho tugitangura kwiga ivyerekeye Imana n’imigambi yayo, turashobora guhozwa cane n’Ijambo ry’Imana ryanditswe. Paulo yanditse ati: “Ivyanditswe kera vyose vyanditswe kugira bitwigishe, kugira ngo biciye ku kwihangana kwacu no ku ruhoza ruva mu Vyanditswe tugire icizigiro.” (Rom. 15:4) Ivyanditswe Vyeranda birashobora kuduhoza bikongera bigatuma ‘tuba ababishoboye neza, bafise ibikenewe vyose ku bw’igikorwa ciza cose.’ (2 Tim. 3:16, 17) Kuba umuntu azi ukuri kwerekeye imigambi y’Imana no kuba afise icizigiro nyakuri ku bijanye na kazoza nta gukeka ko bituma ahozwa cane. Nimuze rero twungukire bimwe bishitse kw’Ijambo ry’Imana n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya bishobora kuduhoza no kutugirira akamaro mu buryo bwinshi.

14 Yezu yaradusigiye akarorero keza ko gukoresha Ivyanditswe mu kwigisha abandi no mu kubahoza. Nk’akarorero, igihe kimwe amaze kuzuka, yariyeretse babiri mu bigishwa biwe ‘arabasigurira Ivyanditswe.’ Igihe yariko arabavugisha, barakozwe ku mutima cane. (Luka 24:32) Mu kwigana ako karorero keza igitangaza ka Yezu, intumwa Paulo yarafasha abantu ‘kuzirikana afatiye ku Vyanditswe.’ Igihe yari i Beroya, abamwumviriza “ba[ra]kiriye ijambo babishashaye cane gusumba, basuzuma Ivyanditswe ku musi ku musi bavyitondeye.” (Ivyak. 17:2, 10, 11) Ese ukuntu bibereye ko dusoma Bibiliya ku musi ku musi, tukayungukirako tukongera tukungukira ku bisohokayandikiro vya gikirisu bigenewe kuduhoza no gutuma tugira icizigiro muri ibi bihe bidurumbanye!

Ubundi buryo twohoza abandi

15, 16. Ni ibintu bimwebimwe ibihe twokora kugira ngo dufashe twongere duhoze abakirisu bagenzi bacu?

15 Turashobora gufasha abakirisu bagenzi bacu mu buryo ngirakamaro butandukanye, gutyo tukaba tubahojeje. Nk’akarorero, twoshobora kuja gusumira abo dusangiye ukwemera bageze mu zabukuru canke bakitswe n’amagara. Twoshobora gufasha abandi mu dukorwa tw’i muhira, gutyo tukaba twerekanye yuko twitwararika ivyabo. (Flp. 2:4) Turashobora kumbure gukeza abo dusangiye ukwemera ku bijanye na kamere zabo nziza, nk’urukundo bafise, ukuntu bazi kuvyifatamwo neza mu ngorane, umutima rugabo bafise be n’ukwizera bagaragaza.

16 Igihe turiko turagerageza guhoza abageze mu zabukuru, turashobora kubagendera maze tugatega yompi ivyo batubwira vyerekeye ivyo baciyemwo be n’ivyiza bironkeye mu murimo wa Yehova. Emwe, ivyo vyoshobora kuturemesha no kuduhoza! Twoshobora gusoma Bibiliya canke ibisohokayandikiro vyacu bishingiye kuri yo turi kumwe n’abo twagendeye. Kumbure twoshobora kwihweza turi kumwe na bo ikiganiro kizorimburwa mu Nyigisho y’Umunara w’Inderetsi tugira buri ndwi canke amayagwa azorimburwa mu gihe c’Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero muri iyo ndwi. Twoshobora kurabira hamwe na bo kamwe mu tudisiki twacu DVD dushingiye ku Vyanditswe. N’ikindi kandi, twoshobora guca dusoma canke twigana ibintu biremesha vyabaye dusanga mu bisohokayandikiro vyacu.

17, 18. Ni kubera iki twokwemera tudakeka ko Yehova azodushigikira akongera akaduhoza twebwe abasavyi biwe b’intahemuka?

17 Igihe tubonye ko umusavyi wa Yehova mugenzi wacu akeneye guhozwa, turashobora kumushira mu masengesho dutura turi twenyene. (Rom. 15:30; Kol. 4:12) Uko twihanganira ingorane zidushikira mu buzima tukongera tukihatira guhoza abandi, turashobora kugira ukwizera n’ukujijuka nk’ivyo umwanditsi wa Zaburi yari afise, uwaririmvye ati: “Terera umuzigo wawe kuri Yehova ubwiwe, na we ubwiwe azogushigikira. Ntazokwigera yemera ko umugororotsi anyiganyiga.” (Zab. 55:22) Egome, Yehova azokwama aduhoza kandi adushigikira twebwe abasavyi biwe b’intahemuka.

18 Imana yabwiye abasavyi bayo bo mu bihe vya kera iti: “Jewe​—jewe ni je ndabahoza.” (Yes. 51:12) Na twebwe Yehova azotugirira gutyo nyene yongere ahezagire ibikorwa vyiza dukora be n’amajambo meza tuvuga igihe turiko turahoza abagandaye. Twaba dufise icizigiro co kuba mw’ijuru canke kw’isi, umwe wese muri twebwe arashobora guhozwa n’amajambo Paulo yabwiye abakirisu bagenziwe barobanujwe impwemu, ati: “Umukama wacu Yezu Kristu ubwiwe be n’Imana Data wa twese yadukunze ikaduha uruhoza rw’ibihe bidahera be n’icizigiro ciza biciye ku buntu ata wari abukwiriye, bahoze imitima yanyu bongere babashikamishe mu gikorwa ciza cose n’ijambo ryiza ryose.”​—2 Tes. 2:16, 17.

Woba uvyibuka?

• Igikorwa cacu co kuremesha abagandaye kiriko kirangurwa kw’isi yose ku rugero rungana iki?

• Ni ibintu bimwebimwe ibihe twokora kugira ngo duhoze abandi?

• Ivyanditswe vyerekana gute ko Yehova ahoza abasavyi biwe?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 28]

Woba ugira uruhara mu guhoza abagandaye?

[Ifoto ku rup. 30]

Abato n’abakuze barashobora kuremesha abandi