Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kubimenya vyoba bihambaye?

Kubimenya vyoba bihambaye?

Kubimenya vyoba bihambaye?

“Natanguye gusohokana n’abahungu mfise imyaka cumi. Mu ntango twarafatana amaboko tukongera tugasomana. Ariko ntitwatevye gukorakorana ku bihimba vy’ibanga no gukora ivy’ubushirasoni butandukanye. Mfise imyaka 15, naratanguye gukora akazi. Abagabo twakorana baranyiyegereza barondera ko turangura amabanga mpuzabitsina. Nashaka gukanyisha nkifatanya n’abakozi bagenzanje mu vyo bakora vyose. Nashaka ko bagenzanje banyemera, ivyo bikaba vyatumye ndushiriza kuja mu vy’ubuhumbu.”​—SARAH * WO MURI OSTRALIYA.

VYOBA vyogutangaza kumenya yuko uwo Sarah yakuriye mu muryango ukunda ivy’Imana? Abavyeyi biwe nta ko batagize ngo bamwigishe ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zigenga inyifato runtu, ariko ahitamwo kuzitera ibitugu.

Abenshi bomushigikira. Babona ko ukuntu Bibiliya ibona ivy’igitsina kwataye igihe rwose. Abandi na bo babona ko umuntu ashobora kuba asenga Imana ariko kandi akabaho yigenza uko yishakiye mu vy’igitsina.

Vyoba bihambaye ko umenya ivyo Bibiliya yigisha ku bijanye n’igitsina kandi ukabaho uvyisunga? Bibiliya ubwayo ivuga ko ‘yahumetswe n’Imana kandi ko ari ngirakamaro ku kwigisha.’ (2 Timoteyo 3:16) Nimba wemera ko Imana ari yo yaremye abantu be n’uko Bibiliya ari Ijambo ryayo ryahumetswe, birahambaye rero ko umenya ivyo Bibiliya yigisha ku bijanye n’igitsina.

Birababaje kubona abantu benshi badatahura neza ivyo Bibiliya yigisha ku bijanye n’igitsina. Abakuru b’amadini bavuga ngo bubaha Bibiliya ariko ugasanga bigisha ivyiyumviro bidahuza. Nkako, ico kibazo c’ivy’igitsina amadini menshi yitwa ko akomakomeye ntakibona kumwe.

Aho kwisunga ivyo abandi bavuga, ubona gute ufashe akanya ko kwitohoreza ivy’ico kibazo? Ikiganiro gikurikira kiraca irya n’ino ibibazo cumi bikunze kubazwa ku bijanye n’ingene Bibiliya ibona ivy’igitsina. Muri ico kiganiro uraza kubona inyishu zirashe zishingiye ku vyo Bibiliya yigisha vy’ukuri. Ikiganiro ca nyuma co muri uru rukurikirane kirerekana igituma amahitamwo tugira muri ivyo ahambaye.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 2 Si ko asanzwe yitwa kubera bitashimwe ko amenyekana.