Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

NI IGIKI catumye umukinyi w’akamari akaba na rusenyanzugi ahinduka akavavanura n’ingeso zari zaramwiziziye? Soma ivyo atuyagira.

“Narakunda cane amafarasi akoreshwa mu masiganwa.”​​—RICHARD STEWART

YAVUTSE MU 1965

IGIHUGU AKOMOKAMWO: JAMAYIKE

IVYO YACIYEMWO: YARI UMUKINYI W’AKAMARI AKABA N’INKOZI Y’IKIBI

KAHISE KANJE: Nakuriye i Kingston, umurwa mukuru wa Jamayike. Ako kari akarere gakenye cane kandi kabamwo abantu benshi. Ubushomeri n’ubugizi bwa nabi ni ho bwabarizwa. Abanyagihugu bari babayeho mu bwoba kubera utugwi tw’inkozi z’ikibi. Ni nk’aho ata musi wijana ntumvise inkoho.

Mawe yari umuntu akora cane; yarakora uko ashoboye kwose kugira aturonse ivyo dukeneye twe na murumunanje na mushikanje. Yaritwararika yuko twokwiga amashure ahagije. Ivy’ishure sinavyitaho cane, ariko nikundira cane amafarasi akoreshwa mu masiganwa. Narasiba ishure nkaja kwirabira ingene basiganwa ku mafarasi. Mbere narayagenderako.

Sinatevye kwisuka rwose mu kamari kajanye n’ivyo gusiganwa ku mafarasi. Naraja mu vy’ubuhumbu; abagore nari narabamaze. Naranywa urumogi rwitwa marijuwana nkongera nkiba kugira ndonke amahera nkoresha muri izo ngeso. Nari ntunze inkoho nyinshi, ariko ndakenguruka kubona ata wahasize ubuzima mu bitero vy’ubusuma vyinshi cane twagize.

Abapolisi bahavuye banta muri yompi maze nshirwa mw’ibohero kubera ubukozi bw’ikibi nagira. Aho ndekuriwe, naciye nisubirira muri bwa buzima nahoramwo. Washima, naciye mba mubi kurusha uko nahora. Undavye mu maso wabona umengo sindi umuntu mubi, ariko nari intagondwa, inkomwahato n’umubisha. Ivyanje ni vyo gusa nari mbabaye.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Muri ico kiringo kitoroshe c’ubuzima bwanje, mawe yarize Bibiliya maze aba Icabona ca Yehova. Narabonye ukuntu yahindutse akaba umuntu ameze neza, nca ntangura kwibaza igituma. Narafashe ingingo yo kurondera icatumye mawe ahinduka, ntangura rero kuyaga n’Ivyabona vya Yehova ibijanye na Bibiliya.

Nasanze inyigisho z’Ivyabona vya Yehova zitandukanye n’izo mu yandi madini, ndibonera ko ivyo bambwira vyose banyereka aho vyanditse muri Bibiliya. Ni ryo dini ryonyene nari nzi ko ryamamaza inkuru nziza inzu ku nzu nka kumwe kw’abakirisu bo mu ntango. (Matayo 28:19; Ivyakozwe 20:20) Aho mboneye urukundo nyakuri bakundana, naciye mvuga nti: “Vy’ukuri, iri ni ryo dini ry’ukuri!”​—Yohani 13:35.

Ivyo nariko ndiga muri Bibiliya vyatumye mbona ko hari amahinduka akomeye nkwiye kugira mu buzima bwanje. Narabonye ko Yehova Imana yanka ubusambanyi be n’uko kugira ndamuhimbare nkwiye kuvavanura n’ingeso zihumanya umubiri wanje. (2 Abakorinto 7:1; Abaheburayo 13:4) Narakozwe ku mutima no kumenya ko ivyo dukora bishobora kubabaza Yehova canke kumunezereza. (Imigani 27:11) Naciye mfata ingingo yo guheba marijuwana no kwikurako za nkoho, no kwihatira kuba umuntu ameze neza. Amwe mu mahinduka nagize agoye kurusha ayandi kwabaye uguheba ubuhumbu n’akamari.

Mu ntango, sinashaka ko abagenzi banje bamenya ko nariko ndigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Ariko vyarahindutse aho nsomeye Matayo 10:33, aho Yezu yavuze ati: “Uwo wese anyihakana imbere y’abantu, nanje nzomwihakana imbere ya Dawe ari mw’ijuru.” Ayo majambo yatumye ndababwira ko ndiko ndigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Barakubiswe n’inkuba. Ntibumva ukuntu umuntu nkanje ashaka kuba umukirisu. Mugabo narababwiye ko nshaka kuvavanura n’ivyo nagenderamwo.

IVYIZA NAHAKUYE: Mawe yararengewe n’umunezero abonye ukuntu ntanguye kubaho nisunga ingingo ngenderwako za Bibiliya. Ubu ntagihagarika umutima yibaza ibibi noba ndiko ndakora. Turayaga ku kintu duhuriyeko, na co kikaba ari urukundo dukunda Yehova. Hari igihe ntereza amaso inyuma ku kuntu nari meze, nkaraba amahinduka nagize ndabifashijwemwo n’Imana nkumva umengo sindavyumva. Sincipfuza bwa buzima bw’ubuhumbu n’uguhahamira amaronko nari mbayemwo.

Iyo ntakira ubutumwa bwa Bibiliya maze ngashira mu ngiro ico busaba, mba narapfuye canke nkaba mvundiye mu munyororo. Ariko ubu mfise umuryango umeze neza cane kandi uhimbawe. Ntiworaba umunezero nifitiye kuba nkorera Yehova Imana ndi kumwe n’umukenyezi wanje amfata mu mugongo be n’umukobwa wanje agamburuka. Ndashimira Yehova kubona yarankundiye kwinjira mu muryango w’abakirisu barangwa n’urukundo. Ndakenguruka cane kubona hari uwagize akigoro ko kunyigisha ukuri kwo muri Bibiliya. N’ikindi kandi, ndashima kubona ndonka uturyo two gufasha abandi kumenya ivyo Bibiliya yigisha. Ndakengurukira canecane Yehova Imana kubona yarangiriye ubuntu bwuzuye urukundo akankwēgēra kuri we.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 11]

‘Naramenye ko ivyo dukora bishobora kubabaza Yehova canke kumunezereza’

[Ifoto ku rup. 11]

Narabonye ukuntu mawe yahindutse akaba umuntu ameze neza

[Ifoto ku rup. 11]

Ndi kumwe n’umukenyezi wanje be n’umukobwa wanje