Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyotuma mu rugo haba agahimbare

Nimwihatire kuba abayobokera Imana uko muri abubakanye

Nimwihatire kuba abayobokera Imana uko muri abubakanye

Frederick *: “Igihe twubakana, narashimika ku vy’uko twe n’umugore wanje twigira hamwe Bibiliya. Nashaka yuko atangaza ubwenge igihe turiko turiga. Ariko Leanne wewe wamengo ntaguma hamwe. Mbajije ibibazo, yiyishurira gusa ngo ego canke oya. Ntiyishura nk’uko nabona ko akwiye kwishura turiko turiga Bibiliya.”

Leanne: “Nubakanye na Frederick mfise imyaka 18. Twarakunda kwigira hamwe Bibiliya, mugabo igihe cose turiko turiga, Frederick yaba aronse akaryo ko kwerekana amakosa yanje yose n’ivyo naba nkeneye kuryohora ka bukenyezi. Vyaranciye intege cane vyongera birambabaza rwose!”

WEWE wiyumvira ko ingorane Frederick na Leanne bari bafise mu mubano wabo yari iyihe? Intumbero bari bafise yari nziza. Bompi barakunda Imana. Kandi bompi barabona ko bakeneye kwigira hamwe Bibiliya. Mugabo ikintu nyene cari kubafasha kwunga ubumwe wamengo ni co kiriko kibacanishamwo. Bashobora kuba barigira hamwe, mugabo ntibariko bihatira kuba abantu bayobokera Imana uko ari abubakanye.

None kuyobokera Imana ni iki? Kubera iki abubakanye bakwiye kuvyihatira? Ni ingorane izihe bashobora guhura na zo, kandi bozitsinda gute?

Kuyobokera Imana ni iki?

Twisunze Bibiliya, umuntu ayobokera impwemu y’Imana abonekera mu kuntu yifata no mu kuntu abona ubuzima. (1 Abakorinto 2:15) Nk’akarorero, umwanditsi wa Bibiliya Paulo arashira ahabona itandukaniro riri hagati y’umuntu ayoborwa n’impwemu, ni ukuvuga ayobokera Imana, be n’umuntu w’umubiri. Paulo yerekana yuko abisunga umubiri bitwararika cane ivyabo kuruta uko bitwararika ivy’abandi. Bakora ivyo bo ubwabo babona ko bibereye, aho kwihatira kubaho bisunga ingingo ngenderwako z’Imana.​—1 Abakorinto 2:14; Abagalatiya 5:19, 20.

Ariko abayobokera Imana bobo baraha agaciro ingingo ngenderwako zayo. Babona ko Yehova Imana ari Umugenzi wabo kandi barihatira kwigana kamere yiwe. (Abanyefeso 5:1) Gutyo, baragaragariza abandi urukundo, ubuntu n’ubwitonzi. (Kuvayo 34:6) N’ikindi kandi, baragamburukira Imana naho vyoba bitaborohereza. (Zaburi 15:1, 4) Darren wo muri Kanada, akaba amaze imyaka 35 yubatse, avuga ati: “Jewe mbona ko umuntu ayobokera Imana yama yiyumvira ukuntu ivyo avuga n’ivyo akora bigira ico bihinduye ku bucuti afitaniye n’Imana.” Umukenyezi wiwe Jane yongerako ati: “Niyumvira ko umugore ayobokera Imana ari urya yihatira buri musi kugaragaza icamwa c’impwemu y’Imana muri kamere yiwe.”​—Abagalatiya 5:22, 23.

Ariko ntiwumve, si ngombwa ngo umuntu abe yubatse kugira ngo abe uwuyobokera Imana. Nkako, Bibiliya yigisha yuko umuntu wese afise ibanga ryo kwiga ivyerekeye Imana no kuyigana.​—Ivyakozwe 17:26, 27.

Kubera iki mwokwihatira kuba abayobokera Imana?

Kubera iki none umugabo n’umugore bakwiye kwihatira kuba abayobokera Imana uko ari abubakanye? Zirikana aka karorero: Abarimyi babiri basangiye umurima kandi bipfuza kurima imboga. Umwe afashe ingingo yo gutera imbuto mu gihe kinaka c’umwaka, ariko uwundi akaba abona ko zikwiye guterwa mu nyuma. Umwe ashaka ko hakoreshwa ubwoko bunaka bw’intabire, ariko uwundi aravyanka yivuye inyuma akabona ko intabire idakenewe. Umwe yipfuza gukorera uwo murima ku musi ku musi. Uwundi we aguma yiraramiye akarindira. Uwo murima woshobora gutanga umwimbu, ariko ntuzotanga umwimbu mwinshi nk’uwo wotanze iyo abo barimyi bompi bumvikana ku bikwiye gukorwa maze bagakorera hamwe kugira ngo babishikeko.

Abo barimyi ni umugabo n’umugore. Mu gihe umwe muri bo ari we yihatiye kuba uwuyobokera Imana, vyoshobora kugira ico biterereye ku mubano wabo. (1 Petero 3:1, 2) Ariko vyorushiriza kuba vyiza hamwe bompi bohuriza ku ciyumviro co kubaho bisunga ingingo ngenderwako z’Imana maze bagakora uko bashoboye kwose kugira bashigikirane mu gukorera Imana. Wa mwami w’inkerebutsi Salomo yanditse ati: “Babiri baruta umwe.” Kubera iki? “Kuko umwe muri bo aramutse aguye, uwundi arashobora kuvyura mugenziwe.”​—Umusiguzi 4:9, 10.

Ushobora kuba wipfuza cane ko mwe n’uwo mwubakanye mwihatira kuba abantu bayobokera Imana. Mugabo cokimwe n’ibijanye no kurima, kuvyipfuza vyonyene ntibica bituma mubishikako. Rimbura ingorane zibiri mushobora guhura na zo n’ukuntu mwozitorera umuti.

INGORANE YA 1: Nta mwanya turonka.

Uwitwa Sue, akaba amaze igihe gito yubatse, avuga ati: “Umugabo wanje ampitana ku kazi isaha imwe y’ijoro. Dushitse i muhira, ibikorwa vyose biba biturindiriye. Haca haba urugamba hagati y’umuzirikanyi n’umubiri; imizirikanyi yacu itubwira ko dukwiye kumara umwanya twigira hamwe ivyerekeye Imana, ariko imibiri na yo ngo dushaka kuruhuka.”

Umuti ushoboka: Nimuhuze n’uko ibintu vyifashe kandi musenyere ku mugozi umwe. Sue avuga ati: “Twe n’umugabo wanje twafashe ingingo yo kuvyuka kare tugasomera hamwe igihimba kinaka ca Bibiliya tukongera tukakiganirako imbere yo kuja ku kazi. Aranamfasha udukorwa two mu rugo kugira ngo ndonke umwanya twomarana.” None ako kigoro kavamwo ivyiza ibihe? Ed, umugabo wa Sue, avuga ati: “Nariboneye yuko igihe twe na Sue twama tuganirira hamwe ivy’Imana, bituma turushiriza kuvyifatamwo neza igihe habaye ingorane n’igihe hari ibiduhagaritse umutima.”

Turetse ukuganira, birahambaye cane ko mwama mufata akanya gatoyi ko gusengera hamwe ku musi ku musi. Ivyo vyofasha iki? Uwitwa Ryan, akaba amaze imyaka 16 yubatse, avuga ati: “Haraciye igihe gito twe n’umukenyezi wanje dushikiwe n’ibintu bitoroshe mu mubano wacu. Ariko imisi yose mw’ijoro twarategekanya umwanya wo gusengera hamwe tukabwira Imana ibituraje ishinga. Mbona ko gusengera hamwe vyadufashije gutorera umuti ingorane zacu no kugarukana umunezero mu mubano wacu.”

GERAGEZA IKI KINTU: Igihe cose umusi urangiye, nimutegekanye akanya gatoyi ko kuganira ku bintu vyiza vyabashikiye uko muri babiri, ibintu mushobora gushimira Imana. Nimuganire no ku bibazo bibahanze, canecane ivyo mukeneye ko Imana ibafasha gutorera umuti. Ariko wiyubare kuri iki kintu: Ntuce uboneraho akaryo ko kwerekana amakosa y’uwo mwubakanye. Ahubwo riho, igihe musengera hamwe nuvuge gusa ibibazo mukeneye gufashanya gutunganya. Bukeye, nimuce mukora muhuza n’ivyo mwabwiye Imana mw’isengesho.

INGORANE YA 2: Ntidufise ubushobozi bumwe.

Uwitwa Tony avuga ati: “Jewe ivyo kwicara ngo nsome ibitabu ntivyigeze binzamwo.” Umukenyezi wiwe Natalie avuga ati: “Ndakunda gusoma, ndakunda kuyagira abandi ivyo nasomye. Birashika nkiyumvira ko hari ukuntu Tony ndamutera ubwoba igihe tuyaga ibintu bishingiye kuri Bibiliya.”

Umuti ushoboka: Nimushigikirane aho guhiganwa canke gutorana amahinyu. Niwunganire wongere uremeshe uwo mwubakanye mu vyo arangura neza. Tony avuga ati: “Hari igihe numva ndengewe n’ukuntu umukenyezi wanje aryoherwa cane no kuganira ku bintu bishingiye kuri Bibiliya, kandi kare sinashaka kuyaga na we ku vy’Imana. Ariko Natalie aranshigikira cane. Ubu twama tuganira ku vy’Imana, kandi nasanze ata cotuma ngira ubwoba. Birandyohera kuyaga na we ivy’Imana. Vyaratumye turushiriza kwumva tworohewe kandi dutekaniwe mu mubano wacu.”

Abubakanye benshi basanze umubano wabo urushiriza kuba mwiza igihe bama bafata umwanya ku ndwi ku ndwi wo gusomera hamwe no kwigira hamwe Bibiliya. Ariko uriyubara kuri iki kintu: Impanuro iyo ari yo yose nuyiyerekezeko aho kuyerekeza ku wo mwubakanye. (Abagalatiya 6:4) Ibibazo bijanye n’umubano vyoshobora gutera amahane nimubiyage mu wundi mwanya, ntimubiyage igihe muriko muriga. Uti kuki?

Zirikana iki kintu: Hamwe woba uriko urafungurira hamwe n’umuryango wawe, none muri uwo mwanya woca utangura kuvura uruguma rusebuye? Nawe nu nta vyo wogira. Abari aho bose woba ubiciye akayabagu. Kwiga no gukora ivy’Imana igomba Yezu yabigereranije no gufungura. (Matayo 4:4; Yohani 4:34) Nimba igihe cose muzinguruye Bibiliya uca utangura kuvuga ibijanye n’inguma zo mu mutima, wohava utuma uwo mwubakanye ataba akigirira akayabagu ivy’Imana. Ni ivy’ukuri yuko mukeneye kuganira ingorane. Mugabo nimuzicarire mu mwanya mwazitegekanirije.​—Imigani 10:19; 15:23.

GERAGEZA IKI KINTU: Andika ibintu bibiri canke bitatu ushima cane kuruta ibindi ku wo mwubakanye. Musubiye kuyaga ivy’Imana bijanye n’izo kamere, numubwire ko ushima cane ukuntu azigaragaza.

Ico ubiba ni co wimbura

Nimwabiba ukuyobokera Imana uko muri abubakanye, ico muzokwimbura ni uko umubano wanyu uzorushiriza kurangwamwo amahoro n’agahimbare. Nkako, Ijambo ry’Imana rivuga yuko “ico umuntu abiba cose ari co nyene azokwimbura.”​—Abagalatiya 6:7.

Frederick na Leanne, bamwe twavuga mu ntango y’iki kiganiro, bariboneye yuko iyo ngingo ngenderwako ya Bibiliya ari iy’ukuri. Ubu bamaze imyaka 45 bubakanye, kandi bariboneye yuko kwumira kw’ibanga bivamwo ivyiza. Frederick avuga ati: “Nahora nta umwikomo ku mukenyezi wanje ngo ni we atuma hataba uguseruriranira akari ku mutima. Ariko nahavuye mbona yuko nanje nari nkeneye kugira akigoro.” Leanne na we avuga ati: “Icadufashije vy’ukuri mu ngorane twaciyemwo ni uko twempi twakunda Yehova Imana. Uko imyaka yagiye irarengana, twagumye twigira hamwe Bibiliya twongera dusengera hamwe. Uko mbona Frederick agwa avyuka ngo arushirize kugaragaza ibiranga abakirisu, ni ko birushiriza kunyorohera kumukunda.”

^ ing. 3 Si ko basanzwe bitwa kubera bitashimwe ko bamenyekana.

NIWIBAZE UTI . . .

  • Ni ryari duheruka gusengera hamwe n’uwo twubakanye?

  • Nokora iki ngo ndemeshe uwo twubakanye kurushiriza gushima ko tuganira ivy’Imana?