Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyofasha sebibondo kuguma ashikirana n’umuhungu wiwe

Ivyofasha sebibondo kuguma ashikirana n’umuhungu wiwe

Ivyofasha sebibondo kuguma ashikirana n’umuhungu wiwe

“PAPA, ivyo vyose wabimenye gute?” Vyoba birashika ukaza wumva umuhungu wawe akubajije ikibazo nk’ico? Ico gihe ushobora kuba warumvise wishimye kubona uri sebibondo. Mugabo nimba umuhungu wawe yarateye n’iyindi ntambwe agashira mu ngiro impanuro nziza wamuhaye maze akibonera ivyiza bivamwo, ubwirizwa kuba waciye urushiriza kwumva akamwemwe kagusya. *​—Imigani 23:15, 24.

Ariko none, umuhungu wawe yoba akikwikugura nka kera? Canke vyoba bisa n’uko uko agenda arakura, ari ko agenda arareka kukwemera cane? Wobigenza gute kugira ngo ugume ushikirana n’umuhungu wawe uko agenda arakura? Reka tubanze turabe zimwezimwe mu ngorane ba sebibondo bahura na zo.

Ingorane zitatu zikunze gushika

1. KUBURA UMWANYA: Mu bihugu vyinshi, ba sebibondo ni bo ahanini barondera igitunga umuryango. Akenshi akazi bakora gasaba ko bamara hafi umusi wose batari i muhira. Mu mihingo imwimwe, ba sebibondo bamarana n’abana babo umwanya muto cane. Nk’akarorero, mw’itohoza riherutse kugirwa mu Bufaransa, bagize incahagati basanze ba sebibondo bamara iminuta idashika 12 bitwararika abana babo.

ZIRIKANA IKI KINTU: Umarana umwanya ungana iki n’umuhungu wawe? Mu ndwi imwe canke zibiri ziza, ubona gute wanditse umwanya wose umarana na we? Hari aho wosanga utangaye.

2. KUBA UTAHAWE AKARORERO KEZA: Abagabo bamwebamwe bari bafitaniye imigenderanire mike na ba se babo. Nk’akarorero, Jean-Marie wo mu Bufaransa avuga ati: “Dawe twavugana gake.” None ivyo vyamugizeko ingaruka iyihe? Avuga ati: “Vyaranteje ingorane ntari bwigere niyumvira. Nk’akarorero, birangora kugiranira n’abahungu banje ibiyago vy’ingirakamaro.” Abandi bagabo na bo usanga bazi neza ba se babo, ariko imigenderanire bafitaniye na bo ikaba itifashe neza. Nk’akarorero, uwitwa Philippe w’imyaka 43 avuga ati: “Dawe vyaramugora kungaragariza igishika. Ivyo bituma mbwirizwa kurwana urugamba kugira ndushirize kugaragariza igishika umuhungu wanje.”

ZIRIKANA IKI KINTU: Woba ubona ko ubucuti ufitaniye na so wawe bugira ico bukoze ku kuntu ufata umuhungu wawe? Vyoba bishika ugasanga uriko urigana akarorero keza canke kabi ka so? Gute?

3. KUTARONKA IMPANURO ZIBEREYE: Mu mico kama imwimwe barafatira mu rwara uruhara sebibondo afise mu bijanye no kurera abana. Uwitwa Luca, akaba yakuriye i Buraya, avuga ati: “Aho nakuriye, abantu wasanga babona ko kwitwararika abana ari igikorwa c’umugore.” Mu yindi mico kama na ho usanga ba sebibondo bigishwa ko ata kindi basabwa atari ugutoza indero abana ata gufyina. Nk’akarorero, uwitwa George, akaba yakuriye mu gihugu kimwe co muri Afrika, avuga ati: “Mu mico kama y’iwacu, ba sebibondo ntibakina n’abana babo kuko batinya yuko ngo vyotuma bataba bakibubaha cane. Ni co gituma vyamye bingora kumarana umwanya n’umuhungu wanje.”

ZIRIKANA IKI KINTU: Aho iwanyu, vyitezwe ko ba sebibondo barangura uruhara uruhe? Boba bigishwa kubona yuko kurera abana ari igikorwa c’abagore? Boba baremeshwa kugaragariza urukundo n’igishika abahungu babo, canke ico kintu abantu ntibacerekwa?

Nimba uri sebibondo ukaba uriko urashikirwa n’imwe muri izo ngorane canke izirenga, wovyifatamwo gute? Ng’izi inama tukugiriye.

Nutangure igihe umuhungu wawe akiri muto

Bisa n’uko abahungu bavukana icipfuzo co kwigana se wabo. Nufatire rero kuri ico cipfuzo igihe umuhungu wawe akiri muto. Wobigenza gute? Wokura he umwanya womarana na we?

Igihe cose bishoboka, nukorane n’umuhungu wawe imirimo yawe ya misi yose. Nk’akarorero, nimba uriko urakora udukorwa tw’i muhira, numusabe agufashe. Numuhe umukubuzo mutoyi canke agafuni. Ntazobura guhimbarwa no gukorana n’uwo abona ko ari igihangange arabirako, ni ukuvuga se wiwe! Hari aho vyotuma uteba gatoyi guheza nya gikorwa; mugabo bizokomeza ubucuti mufitaniye kandi uzoba uriko uramwigisha kuba umuntu akunda ibikorwa. Kera, Bibiliya yararemesheje ba sebibondo gukorana n’abana babo imirimo yabo ya misi yose bakaboneraho akaryo ko kuyaga na bo no kubigisha. (Gusubira mu vyagezwe 6:6-9) N’ubu iyo mpanuro iracakora.

Turetse ugukorana n’umuhungu wawe, nurondere umwanya wo gukina na we. Gukina na we ntibibaha gusa akaryo ko kuryoherwa muri kumwe. Ubushakashatsi bwagizwe burerekana yuko igihe ba sebibondo bakina n’abana babo, baba bariko barabaremesha kurushiriza gutinyuka no kurondera kumenya ibintu bishasha.

Gukina n’umuhungu wawe biri n’ikindi kintu gihambaye kuruta bifasha. Umushakashatsi yitwa Michel Fize avuga ko “igihe umuhungu ariko arakina na se ari ho ayaga neza na we.” Igihe sebibondo ariko arakina n’umuhungu wiwe, arashobora kumugaragariza igishika mu mvugo no mu ngiro. Gutyo aba ariko aramwigisha ukuntu na we nyene yogaragaza igishika. Sebibondo wo mu Budagi yitwa André avuga ati: “Umuhungu wanje akiri umwana, twarakunda gukina. Naramugumbira, bikaba vyatumye na we yiga kunkunda.”

Igihe co kuja kuryama ni akandi karyo sebibondo aronka ko gukomeza urukundo afitaniye n’umuhungu wiwe. Nuze uramusomera inkuru, wongere utege ugutwi igihe akuyagira ibintu vyamushimishije n’ibibazo yagize uwo musi. Ubigenjeje gutyo, bizotuma arushiriza kworoherwa no kubandanya ayaga na we uko yigira haruguru.

Nurondere gukunda ivyo akunda

Abahungu b’imiyabaga bamwebamwe vyoshobora gusa n’uko utwigoro ba se bagira two kubayagisha ata co tubabwiye. Nimba umuhungu wawe asa n’uwukwepa ibibazo umubaza, ntuce ubona ko adashaka kuyaga. Uramutse uhuje uburyo uyaga n’ukuntu ivyiwe vyifashe, hari aho yokwugurukira.

Sebibondo umwe wo mu Bufaransa yitwa Jacques rimwe na rimwe biramugora kuyaga n’umuhungu wiwe Jérôme. Ariko rero, aho kumuhata ngo avuge, yarahinduye ukuntu abigenza mu kuza arakina na we umupira w’amaguru. Jacques avuga: “Duhejeje gukina, twaca twicara ku vyatsi tukaruhuka gatoyi. Ico gihe, akenshi yaca anyugurukira. Kuba gusa twaba turi kumwe, no kuba kumbure yabona ko aronse akaryo ko kuba turi babiri, vyatumye haba ubucuti budasanzwe hagati yacu.”

Bite hamwe umuhungu wawe atoba akunda ivyo kwinonora imitsi? André arahimbarwa iyo yibutse amasaha yamarana n’umuhungu wiwe bariko baritegereza inyenyeri. Avuga ati: “Twarashira hanze udutebe two kuruhukiramwo mu kabeho k’ijoro. Twaca twishirako impuzu z’imbeho n’agakombe k’icayi mu minwe, maze tukitegereza ikirere. Twarayaga ku Waremye inyenyeri, tukayaga ku vyacu, emwe, hafi ku bintu vyose.”​—Yesaya 40:25, 26.

Bite ho hamwe utoba ukunda bimwebimwe mu vyo umuhungu wawe akunda? Ico gihe, hari aho vyosaba ko uheba ivyo wikundira. (Abafilipi 2:4) Uwitwa Ian wo muri Afrika y’Epfo avuga ati: “Narakunda cane ivyo kwinonora imitsi kuruta umuhungu wanje Vaughan. We yakunda indege na vya vyuma vya orodinateri. Naciye rero niga kubikunda nanje, nza ndamujana ahantu abadereva b’indege bagirira udutebetebe abantu barorera, twongera tuza turakina agakino ko gutwara indege ko kuri orodinateri. Mbona yuko kwiryohera turi kumwe vyatumye Vaughan birushiriza kumworohera kunyagira.”

Nutume yumva ko ari n’ico amaze

“Papa, ehe raba!” Vyoba vyarashitse agahungu kawe kakakubwira gutyo igihe kari kashoboye gukora ikintu gishasha? Nimba ubu ari umuyabaga, yoba akirondera ko umwereka ko ushima ivyo aba yakoze? Ashobora kuba atabigira. Ariko arakeneye vy’ukuri ko ubimwereka kugira azobe umuntu akuze atekanye mu mutima.

Raba akarorero Yehova Imana ubwiwe yatanze ku bijanye n’umwe mu bana biwe. Igihe Yezu yagira atangure ikiringo kidasanzwe c’ubuzima bwiwe bwo kw’isi, Imana yaraseruye icese igishika imufitiye mu kuvuga iti: “Uyu ni Umwana wanje, umukundwa, uwo nashimye.” (Matayo 3:17; 5:48) Ni ivy’ukuri yuko ufise ibanga ryo gutoza indero umuhungu wawe no kumwigisha. (Abanyefeso 6:4) Mugabo none woba urondera n’uturyo two guserura ko ushima ibintu vyiza avuga canke akora?

Abagabo bamwebamwe birabagora kuvuga yuko bashima abana babo no kwerekana ko babafitiye igishika. Bashobora kuba bakuriye mu miryango aho abavyeyi babo bibanda ku makosa y’umwana aho kwibanda ku bintu vyiza akora. Nimba nawe wakuriye ahantu nk’aho, urakeneye kuguma wihata kugira utume umuhungu wawe yumva ko ari n’ico amaze. Ivyo none wobigira gute? Umwe Luca twavuga, yama akorana udukorwa tw’i muhira n’umuhungu wiwe Manuel w’imyaka 15. Avuga ati: “Hari igihe mbwira Manuel gutangura igikorwa kinaka wenyene, nkamubwira ko nza kumufasha aramutse ankeneye. Akenshi igikorwa aragikora neza ata wumufashije. Ivyo bituma yumva ahimbawe, akumva kandi ko ari n’ico amaze. Iyo akoze neza igikorwa ndamukeza. Bishitse ntabikore neza nk’uko yabishaka, na ho nyene ndamubwira ko nkenguruka akigoro yagize.”

Urashobora kandi gutuma umuhungu wawe yumva ko ari n’ico amaze mu kumufasha gushika ku migambi irushirije kuba iyihambaye mu buzima. Ariko wokora iki igihe umuhungu wawe adashitse kuri iyo migambi ningoga nk’uko wavyipfuza? Bite ho igihe imigambi yiwe, naho atari mibi, yoba itandukanye n’iyo wewe womuhitiramwo? Ico gihe, hari aho wokenera gusubira kwihweza neza ivyo umwitezeko. Umwe Jacques twavuga agira ati: “Ndagerageza gufasha umuhungu wanje kwishingira imigambi ishoboka. Ariko kandi ndagerageza kuraba neza yuko iyo migambi ari iyo we ubwiwe yishingira, atari iyo jewe ndamushingira. Nca ndamwibutsa yuko akwiye kurondera gushika ku migambi yiwe ata wumuhindagije.” Wumvirije iryo umuhungu wawe agona, ukamukeza ku vyo akora neza, ukongera ukamuremesha kudacika intege igihe bitagenze neza, uzoba uriko uramufasha gushika ku migambi yiwe.

Tuvugishije ukuri, ntihazobura ibigorana mu migenderanire ufitaniye n’umuhungu wawe. Ariko amaherezo, hari aho yoshima kuguma ashikirana nawe. Nakare, ni nde atoshima kuguma ashikirana n’umuntu amufasha kuroranirwa?

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 2 Naho iki kiganiro cibanda ku bucuti budasanzwe buri hagati ya ba sebibondo n’abahungu babo, ibivugwamwo birerekeye n’ubucuti buri hagati ya ba sebibondo n’abakobwa babo.