Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Dushitse ivyo dutegerezwa ku Mana

Dushitse ivyo dutegerezwa ku Mana

Niwiyegereze Imana

Dushitse ivyo dutegerezwa ku Mana

VYOBA birashika ukibaza uti: ‘Intumbero y’ubuzima ni iyihe?’ Yehova ntiyaduhaye gusa ubushobozi bwo kwibaza ico kibazo, ariko kandi yaturemanye icipfuzo gikomeye co kumenya inyishu y’ico kibazo. Duhiriwe duhishije, Imana yacu yuzuye urukundo ntiyaturekeye mu mwiza ku bijanye n’ico kibazo. Inyishu yaco tunyotewe cane tuyisanga mw’Ijambo ryayo Bibiliya. Rimbura amajambo y’Umwami Salomo ari mu Musiguzi 12:13.

Uravye ukuntu ivya Salomo vyari vyifashe, nta wundi muntu yari ashoboye nka we kugira ico avuze ku kuntu umuntu yoronka agahimbare mu buzima kandi akumva ko ubuzima bwiwe buri n’intumbero. Imana yari yaramuhezagiye imuha ubukerebutsi budasanzwe, ubutunzi butagira uko bungana, imuha n’ubwami. Ku bw’ivyo, yarashoboye gutohoza yitonze ibintu abantu bakurikirana, harimwo n’ivyo kurondera amatungo n’ukuba agahambaye. (Umusiguzi 2:4-9; 4:4) Ivyo yabonye, yahavuye avyandika muri make ahumekewe n’Imana ati: “Insozero y’ibintu, inyuma yo kwumva ibintu vyose, ni iyi: Tinya Imana y’ukuri kandi ugumye amabwirizwa yayo. Kuko ivyo umuntu ategerezwa vyose ari ivyo.” Ayo majambo arerekana muri make ikintu giteye iteka kandi kivamwo ivyiza kuruta ibindi vyose abantu borondera gushikako.

“Tinya Imana y’ukuri.” Ucumva ivyo gutinya Imana, hari aho bitoshoka bikuryohera. Mugabo ukwo kuyitinya ni ukuyitinya tubigiranye imvo nziza. Si nka kurya kw’umushumba atinya kuratsa shebuja wiwe akara, ahubwo ni nka kurya kw’umwana yipfuza cane guhimbara se amukunda. Igitabu kimwe gisigura yuko ugutinya Imana ari “icubahiro kigera kure be n’akoba abasavyi bayo bayifitiye kubera ko bayikunda kandi bubaha ububasha bwayo n’ubukuru bwayo.” Ivyo bituma tuyobokera ukugomba kwayo kubera ko tuyikunda tukaba kandi tuzi ko idukunda. Ukwo gutinya Imana kwiza si ukuntu gusa umuntu yiyumva; kubonekera mu bikorwa. Uti gute?

“Ugumye amabwirizwa yayo.” Ugutinya Imana kutuvyurira umutima wo kuyigamburukira, kandi birabereye ko tuyigamburukira. Kubera ko Yehova ari we yaturemye, arazi uburyo bwo kubaho bwotubera bwiza kuruta ubundi bwose, nka kurya nyene uwahinguye ikintu kinaka aba azi uburyo bwiza kuruta ubundi bwo kugikoresha. Vyongeye, Yehova atwipfuriza ineza. Yipfuza ko duhimbarwa, kandi ivyo adusaba ni ibituma tumererwa neza. (Yesaya 48:17) Intumwa Yohani yaravyerekanye mu kuvuga ati: “Iki [ni] co ugukunda Imana gusobanura: ni uko twubahiriza amabwirizwa yayo; yamara amabwirizwa yayo si umuzigo.” (1 Yohani 5:3) Amategeko y’Imana arerekana urukundo idufitiye; natwe tugamburutse tuba twerekanye ko tuyikunda.

“Kuko ivyo umuntu ategerezwa vyose ari ivyo.” Ayo majambo arashira ahabona imvo ihambaye yotuma dutinya Imana tukayigamburukira. Kuyitinya tukayigamburukira ni co kintu dutegerezwa canke tubwirizwa gukora. Kubera ko Yehova ari we Muremyi wacu, ubuzima bwacu ni we tubukesha. (Zaburi 36:9) Tubwirizwa rero kumugamburukira. Igihe tubayeho nk’uko ashaka, tuba turiko turashitsa ico dutegerezwa gushitsa.

None intumbero y’ubuzima ni iyihe? Muri make, ni iyi: Turiho kugira dukore ivyo Imana igomba. Nta kintu cotuma ubuzima bwawe bugira intumbero coza kiruta ico. Ubona gute urondeye kumenya n’ibindi ku bijanye n’ivyo Yehova agomba be n’ukuntu wobaho uvyisunga? Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kubigufashamwo.

Aho turemeshejwe gusoma muri Munyonyo:

Imigani 22-31; Umusiguzi 1-12Indirimbo ya Salomo 1-8