Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abavyeyi boba bakwiye kwigisha abana babo ivy’igitsina?

Abavyeyi boba bakwiye kwigisha abana babo ivy’igitsina?

Abasomyi bacu barabaza . . .

Abavyeyi boba bakwiye kwigisha abana babo ivy’igitsina?

▪ Abavyeyi benshi barita ku rutare kugira barinde abana babo indwara zobagirira nabi. Barakwiye kugira akigoro nk’ako nyene kugira barinde abana babo inyifato n’ingeso vyobagirira nabi. Kimwe mu vyo bokora ni ukubigisha ivy’igitsina, ariko bakabigira mu buryo butarengeje urugero. (Imigani 5:3-23) Iyo ndero runtu itangwa n’abavyeyi irakenewe cane narirya abana barushiriza gusanga bari imbere y’ibintu vyerekana canke bivuga ivy’igitsina mu buryo bweruye ku mboneshakure, kuri Internet, mu bitabu no mu bikino vyo gutwenza.

Diane Levin, umuhinga mu vy’indero akaba n’umwanditsi, asigura ati: “Ingorane ihari muri iki gihe si uko abana bacu bariko bariga ivyerekeye igitsina. Ingorane ni ivyo bariko bariga, imyaka bariko bavyigirako be n’uwuriko abibigisha. Abana bararonka inyigisho zikomeye cane kandi zonona cane zerekeye igitsina, bazikuye ku badandaza no ku vyiyumviro be n’inyifato vya benshi.”

Birakenewe ko abavyeyi barinda abana babo ivyiyumviro bigoramye kandi vy’ubuhumbu biriko vyonona ikibano. (Imigani 5:1; Abanyefeso 6:4) Abana bato barakeneye kumenya ingene imibiri yabo ikora, ingene boyitwararika, n’ingene bokwikingira abantu b’ibihumbu. Imbere y’uko umwigeme ashikira ya myaka aho ibimenyetso vy’uko ariko arakura mu vy’igitsina bitangura kwibonekeza, arakeneye kumenya amahinduka azoba mu mubiri wiwe no gutahura igituma aja mu kwezi be n’ingene bigenda. Umuhungu na we nyene arakwiye kumenya imbere y’igihe yuko bizoshika akarota nabi mw’ijoro agasanga intanga zamuvuyemwo. Igihe abana bakiri bato cane, abavyeyi boshobora gutangura kubigisha amazina yisoneye y’ibihimba vy’umubiri wabo. Abavyeyi bakunda abana babo barabigisha ivyigwa bitatu bihambaye ku bijanye n’ibihimba vy’umubiri: (1) Barabigisha yuko ivyo bihimba bidasanzwe kandi ko ari ivy’ibanga; (2) yuko bidakwiye kuvugwa mu buryo butarimwo urupfasoni; (3) be n’uko mu bisanzwe abandi badakwiye kubibona canke kubikorako. Uko bagenda barakura, abavyeyi boraba igihe kibereye co kubasigurira ingene umugore yibungenga. *

None ni ryari abavyeyi bakwiye gutangura kwigisha abana babo ivy’igitsina? Kare kuruta uko benshi babibona. Umwana w’umwigeme yoshobora gutangura kuja mu kwezi afise imyaka 10 canke ataranayishikana. Umwana w’umuhungu na we, intanga zoshobora gutangura kuza ziramuvamwo mw’ijoro agifise imyaka 11 canke 12. Ayo mahinduka aba mu buzima bw’abana arashobora kubabuza amahoro rwose mu gihe badatahura ibiriko birabashikira. Barakeneye guhumurizwa imbere y’igihe yuko ivyo bintu biba mu mibiri yabo ari ibisanzwe. Ni na co gihe co kubafasha gutahura agaciro n’akamaro ko gukurikiza ingingo ngenderwako za Bibiliya zigenga inyifato runtu, ico kikaba ari ikintu vyinshi mu vyigwa bitangwa mu mashure bijanye n’ivy’igitsina usanga bitigisha.​—Imigani 6:27-35.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 5 Ku bijanye n’ivyo, abavyeyi barashobora kuronka amakuru ngirakamaro mu bitabu no mu binyamakuru bikurikira vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova: ikinyamakuru Be maso! (mu gifaransa) co muri Rusama 2006, mu kiganiro kivuga ngo “Préparez votre fille à ses premières règles,” (Nutegure umukobwa wawe ku bijanye n’ugutangura kuja mu kwezi) ku rupapuro rwa 10-13; igitabu Ibibazo urwaruka rwibaza​—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2, ikigabane ca 6 kivuga ngo “Qu’arrive-t-il à mon corps?” (Ni ibiki biriko bishikira umubiri wanje?); be n’ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi co ku wa 1 Munyonyo 2010, mu kiganiro kivuga ngo “Ivyotuma mu rugo haba agahimbare​—Nuyage n’abana bawe ivyerekeye igitsina,” ku rupapuro rwa 12-14.