Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bararokowe mw’itanure ry’umuriro!

Bararokowe mw’itanure ry’umuriro!

Ku bw’urwaruka

Bararokowe mw’itanure ry’umuriro!

Ibimenyeshejwe: Uyu mwimenyerezo, nuwukorere ahantu hatekanye. Igihe usoma ivyanditswe, nubone yuko ufise uruhara muri ivyo biriko biraba. Niwihe ishusho y’ibiriko biraba, wumve amajwi. Niwiyumve nk’uko abantu nyamukuru bavugwa muri iyo nkuru biyumva. Nubone ibivugwa muri iyo nkuru nk’ibiriko biraba koko.

Abantu nyamukuru bavugwamwo: Shaduraki, Meshaki, Abedinego na Nebukadinezari

Incamake: Ukwizera kw’Abayuda batatu bakiri bato kurageragezwa.

1 NIWIHWEZE IBIRIKO BIRABA.​—SOMA DANIYELI 3:1-30.

Ni amajwi ameze gute usa n’uwumva igihe usoma umurongo wa 3-7?

․․․․․

Dondora ukuntu wibaza ko iryo tanure ry’umuriro ryoba rimeze.

․․․․․

Wumva Nebukadinezari avuga amerewe gute igihe ategeka ko bashusha iryo tanure incuro indwi kurusha uko bari basanzwe barishusha? (Subira usome umurongo wa 19 n’uwa 20.)

․․․․․

Dondora ukuntu wiyumvira ko umugabo agira kane yari mw’itanure ry’umuriro yasa. (Subira usome umurongo wa 24 n’uwa 25.)

․․․․․

Ni kamere izihe ubona kuri Shaduraki, Meshaki na Abedinego igihe bariko bishura Nebukadinezari, ku murongo wa 16-18?

․․․․․

2 NURUSHIRIZE KWIMBA.

Ukoresheje ibikoresho vy’ubushakashatsi ufise, nurondere kumenya ingene ingero y’itambwe yangana, uheze uharure ingene ico gishusho Nebukadinezari yakoze cangana. (Subira usome umurongo wa 1.)

․․․․․

Fata umurongo wa 19 n’uwa 20 uyigereranye n’umurongo wa 28 n’uwa 29. Wovuga ko Nebukadinezari yari umuntu ameze gute?

․․․․․

3 NUSHIRE MU NGIRO IVYO WIZE. ANDIKA IVYO WIZE KU VYEREKEYE . . .

Ukwubaha abafise ubukuru.

․․․․․

Igituma bihambaye ko uburanira ivyo wizera.

․․․․․

Ukuntu Yehova adufasha igihe turi mu bigeragezo.

․․․․․

UBUNDI BURYO BWO KUBISHIRA MU NGIRO.

Ni ryari ukwizera kwawe gushobora kugeragezwa?

․․․․․

Ni gute inkuru ya Shaduraki, Meshaki, na Abedinego izogufasha kuguma uri umwizigirwa?

․․․․․

4 NI UMUCE UWUHE W’IYI NKURU UHAMBAYE CANE KURI WEWE, KANDI KUBERA IKI?

․․․․․

Nimba udafise bibiliya, nuyisabe Ivyabona vya Yehova canke uyisome ku muhora wa internet, kuri www.watchtower.org