Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Aburahamu yari afise umutima rugabo

Aburahamu yari afise umutima rugabo

Aburahamu yari afise umutima rugabo

Aburahamu araraba umuryango wiwe n’abasuku biwe igihe bariko bitegurira kuja i Kanani. (Itanguriro 12:1-5) Aritegereza uwo mugwi munini w’abantu bamuzeyeko uburaro n’uburamuko, akabona yuko afise ibanga koko. Azobatunga gute mu gihugu atazi? Ubwo ico gikorwa nticari kirushirije kworoha i Uri, ahantu hatunze kandi hafise uburagiriro buninibunini, isi yimbuka n’amasôko y’amazi akwiye? Mbe hoho niyarwarira muri ico gihugu gishasha canke agapfirayo bizogenda gute? Ni nde azokwitwararika umuryango wiwe? Nimba Aburahamu yibaza ibibazo nk’ivyo, ntareka ngo bitume abura ico afata n’ico areka. Ariyemeje gukora no kugamburuka amategeko y’Imana naho vyogenda gute, ico kikaba ari icerekana umutima rugabo nyakuri.

UMUTIMA RUGABO NI IKI? Ni ukuba umuntu afise umutima mu nda, arinduka, kandi akaba ari intwari. Ni igihushane co gutinyatinya canke gusha coba. Kugira umutima rugabo si ngombwa ngo bisobanure kutigera utinya. Ahubwo umuntu afise umutima rugabo uva ku Mana aragira ico akoze naho yoba afise ubwoba.

ABURAHAMU YEREKANYE GUTE UMUTIMA RUGABO? Aburahamu ntiyatwarwa n’agakuku. Aburahamu yakuriye ahantu basenga imana nyinshi n’ibigirwamana vyinshi. Yamara ntiyaretse ngo ugutinya ukuntu abandi bohava bamubona bimubuze gukora ivyo yari azi ko bigororotse. Ahubwo yararindutse arakora ibitandukanye n’ivy’abandi, ahitamwo gusenga Imana imwe gusa, ari yo ya “Mana Musumbavyose” Yehova.​—Itanguriro 14:21, 22.

Aburahamu yashira imbere ugusenga Imana y’ukuri aho gushira imbere amatungo. Yarahevye ubuzima bwiza yarimwo i Uri aja mu gahinga, yizigiye rwose ko Yehova yomuronkeje ivyo akeneye. Ego ni ko, uko imyaka yagiye irarengana ashobora kuba yariyumvira bimwebimwe mu bintu vyo mu buzima bworoshe yari afise i Uri. Mugabo yari yizigiye adakeka ko Yehova yokwamye nantaryo amuronsa ibimutunga we n’umuryango wiwe. Kuguma abona ko Yehova ari we ahambaye kuruta abandi bose mu buzima bwiwe, vyaramufashije kugira umutima rugabo wo kugamburuka amategeko y’Imana.

NI IBIKI TUMWIGIRAKO? Turashobora kwigana Aburahamu mu gutsimbataza umutima rugabo wo kugamburukira Yehova, naho abadukikuje batoba bamugamburukira. Nk’akarorero, Bibiliya yigisha ko abagaragaza ko bizera Yehova Imana bashobora kurwanywa, kumbure bakarwanywa n’abagenzi canke incuti biyumvira ko babashakira ineza. (Yohani 15:20) Ariko rero, igihe tuba tudakeka ko ivyo twize ku vyerekeye Yehova ari ukuri, turaburanira ukwizera kwacu, tukabigirana icubahiro.​—1 Petero 3:15.

Turashobora kandi kwizigira umuhango Imana itanga w’uko izoronsa abayizera ibibatunga. Ukwo kwizigira gutuma tugira umutima rugabo wo gushingira ubuzima bwacu ku vy’Imana aho kubushingira ku vy’umubiri. (Matayo 6:33) Reka turabe ukuntu umuryango umwe wabigize.

Doug na Becky, naho bari bafise abahungu babiri batoyi, baripfuza kwimukira mu gihugu gikeneye cane abamamaza inkuru nziza yo muri Bibiliya. Bamaze kugira ubushakashatsi bavyitondeye kandi bagasenga babigiranye ubwira, barafashe ingingo yo gushira mu ngiro umugambi wabo. Doug avuga ati: “Vyadusavye umutima rugabo kugira dufate abana bacu maze tugende, tutazi neza na neza ukuntu vyotugendeye. Mugabo tugitangura kwiyumvira ivyo kwimuka, twaraganiriye ku karorero ka Aburahamu na Sara. Kwiyumvira ukuntu bizigiye Yehova be n’ukuntu atigeze abata vyaradufashije koko.”

Ku bijanye n’ubuzima bagize muri ico kindi gihugu, Doug avuga ati: “Twarahezagiwe bimwe utoraba.” Asigura ati: “Kubera yuko tubayeho mu buryo burushirije kuba ubworoheje, turashobora kumara igice kinini c’umusi turi kumwe uko tugize umuryango, twamamaza, tuyaga twongera dukina, turi kumwe n’abahungu bacu. Ntitworonka ingene tudondora umwidegemvyo twumva twifitiye.”

Ariko ntiwumve, si bose bashobora guhindura ubuzima mu buryo bukomeye gutyo. Mugabo twese turashobora kwigana akarorero ka Aburahamu mu gushira imbere ugusenga Imana, twizigiye ko izodufata mu mugongo. Tubigenjeje gutyo, tuba turiko turakurikiza inkeburo Bibiliya itanga yo “kugira umutima rugabo tukavuga duti: ‘Yehova ni umutabazi wanje; sinzotinya.’”​—Abaheburayo 13:5, 6.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 7]

Umuntu afise umutima rugabo uva ku Mana aragira ico akoze naho yoba afise ubwoba

[Uruzitiro/​Ifoto ku rup. 8]

Yari umugore yubaha Imana akaba n’umukenyezi w’agahore

Sara yari yubakanye n’umugabo yari afise ukwizera kudasanzwe. Ariko uwo mugore yubaha Imana yaratanze akarorero keza cane. Nkako, incuro zitatu Bibiliya iravuga izina ryiwe yerekana ko ari akarorero abagore bubaha Imana bakwiye kwigana. (Yesaya 51:1, 2; Abaheburayo 11:11; 1 Petero 3:3-6) Naho ubiravye Bibiliya itavuga vyinshi kuri uwo mugore adasanzwe, turashobora kubona ko yari umugore ameze neza cane.

Nk’akarorero, iyumvire ukuntu Sara yavyakiriye igihe Aburahamu yamumenyesha ko Imana yari yabategetse kuva i Uri. Yoba yaribajije iyo bogiye n’igituma bogiyeyo? Yoba yarahagaritse umutima yibaza ikizobatunga? Yoba yarababajwe n’uko agiye gutandukana n’incuti n’abagenzi, narirya atari azi igihe bosubiye kubonana, nimba na ho nyene bosubiye kubonana? Ata gukeka yariyumviriye ibintu nk’ivyo. Ariko rero, yaremeye kugenda, yizigiye ko Yehova yomuhezagiye kubera ukugamburuka kwiwe.​—Ivyakozwe 7:2, 3.

Uretse ko Sara yari umusavyi w’Imana agamburuka, yari n’umukenyezi w’agahebuza. Aho kurondera guhiganwa n’umugabo wiwe ku bijanye n’uwocungera ivyo mu rugo, yarubaha umugabo wiwe abikuye ku mutima, akamufata mu mugongo abigiranye urukundo uko yayobora urugo. Gutyo, yarisharije akoresheje kamere ziwe nziza zo mu mutima.​—1 Petero 3:1-6.

Kamere nk’izo zoba zishobora kugirira akamaro abakenyezi muri iki gihe? Umugore umwe yitwa Jill, akaba amaze imyaka irenga 30 yubatse kandi umubano wabo ukaba urangwamwo agahimbare, avuga ati: “Akarorero ka Sara karanyigishije yuko ntakwiye kwitinya kuvuga, nkabwira umugabo wanje ukuntu mbona ibintu.” Abandanya ati: “Ariko kandi, kubera ko ari we mutwe w’urugo, ni we ajejwe gufata ingingo ya nyuma. Amaze gufata ingingo ya nyuma, nca nkora ibishoboka vyose kugira ngo iyo ngingo igende neza.”

Kumbure icigwa twigira kuri Sara gikora ku mutima gusumba ibindi vyose ni iki: Naho yari umugore asa n’irirenga, ntiyaretse ngo ubwiza bwiwe butume agira ubwibone. (Itanguriro 12:10-13) Ahubwo yarashigikiye yicishije bugufi Aburahamu mu mahirwe no mu marushwa. Ata gukeka, Aburahamu na Sara bari abubakanye b’abizigirwa, bicisha bugufi kandi barangwa urukundo, kandi umwe wese yarabereye kirumara mugenziwe.