Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Aburahamu yari afise urukundo

Aburahamu yari afise urukundo

Aburahamu yari afise urukundo

Aburahamu vyanse ko yihanganira intuntu afise. Sara umugore wiwe akunda cane yapfuye. Uwo mugabo yitereye mu myaka arafise ibintu vyinshi cane vyiza yibuka kuri nya mugore wiwe igihe amuraba irya nyuma. Uko intuntu ivyuka mu mutima ni ko amosozi amutanga hasi. (Itanguriro 23:1, 2) Ayo mosozi, aho gutuma yumva isoni canke ubuyega, ni ikimenyamenya c’imwe muri kamere nziza kuruta izindi Aburahamu afise, na yo ikaba ari urukundo.

URUKUNDO NI IKI? Ni ukwiyumvamwo umuntu mu buryo burimwo igishika canke ikibabarwe kigera kure. Umuntu akundana arerekana mu vyo akora ukuntu yiyumva ku bijanye n’uwo akunda, naho vyosaba ko agira ivyo ahevye.

ABURAHAMU YEREKANYE GUTE URUKUNDO? Aburahamu yarerekanye ko akunda umuryango wiwe. Nta gukeka ko Aburahamu yama afise vyinshi akora. Ariko ntiyigera yirengagiza ivyo umuryango wiwe ukeneye mu bijanye n’urukundo no mu bijanye n’ugusenga. Kukaba nkako, Yehova ubwiwe yarabona ko Aburahamu ari serugo aja imbere umuryango wiwe mu vy’ugusenga. (Itanguriro 18:19) N’ikindi kandi, Yehova yaravuze atomora urukundo rwa Aburahamu. Igihe yariko avugana na Aburahamu, yavuze ku bijanye na Izahaki ati: “Umuhungu . . . ukunda cane.”​—Itanguriro 22:2.

Ikindi kintu kitwereka urukundo Aburahamu yari afise ni ukuntu yavyifashemwo igihe Sara umugore wiwe yakunda cane yapfa. Aburahamu yaramuborogeye. Naho yari umugabo w’ijunja n’ijambo, ntiyatinye kwerekana intuntu afise. Aburahamu yarerekanye mu buryo bwiza cane inkomezi n’umutima w’impuhwe.

Aburahamu yarerekanye ko akunda Imana yiwe. Ubuzima bwiwe bwose bwaravyerekanye. Uti gute? Niwibuke ivyo Bibiliya ivuga muri 1 Yohani 5:3 iti: “Kuko iki ari co ugukunda Imana gusobanura: ni uko twubahiriza amabwirizwa yayo; yamara amabwirizwa yayo si umuzigo.” Twisunze iyo nsobanuro, Aburahamu yari akarorero kadasanzwe mu bijanye n’ugukunda Imana.

Incuro n’izindi, igihe Yehova yaba ahaye itegeko Aburahamu, yaca ubwo nyene agamburuka. (Itanguriro 12:4; 17:22, 23; 21:12-14; 22:1-3) Ryoroha canke ritoroha, ivyo nta co vyamubwira; yaragamburuka, eka mbere naho ataba azi igituma Yehova yamutegetse gukora nya kintu. Igihe Imana yiwe yaba ishaka ko akora ikintu kinaka, yaragikora n’umutima ukunze. Itegeko ryose Aburahamu ahawe yaribona nk’akaryo ko kwerekana urukundo afitiye Yehova.

NI IBIKI TUMWIGIRAKO? Turashobora kwigana Aburahamu mu kugaragariza abandi urukundo rurangwa igishika, na canecane abo mu muryango wacu. Ntidukwiye kwigera tureka ngo imyitwarariko y’ubuzima idutware ku buryo tutaronka umwanya wo kuba turi kumwe n’abo dukunda.

Ni vyiza kandi ko twihatira gukunda Yehova bimwe bivuye ku mutima. Urwo rukundo rurashobora kugira akosho gakomeye mu buzima bwacu. Nk’akarorero, rurashobora kutuvyurira umutima wo kugira ivyo duhinduye mu kuntu tubona ibintu, mu mvugo yacu no mu nyifato yacu kugira duhimbare Imana.​—1 Petero 1:14-16.

Ni ivy’ukuri yuko kugamburuka amategeko ya Yehova bitama vyoroshe. Ariko ico twomenya neza co ni uko Umwe yafasha Aburahamu, akamwita “umugenzi wanje,” azokwama yiteguriye kudufata mu mugongo. (Yesaya 41:8) Ijambo ryiwe Bibiliya ridusezeranira riti: ‘Azodushikamisha, adukomeze.’ (1 Petero 5:10) Ese ukuntu ari umuhango weza umutima utangwa n’uwo Mugenzi w’umwizigirwa wa Aburahamu!

[Uruzitiro ku rup. 11]

Nankana ngo nta kurira uri umugabo?

Benshi bokwishura bati: ‘Cane nyene.’ Hari aho botangazwa no kumenya ko Aburahamu ari umwe gusa mu bagabo batari bake b’indyamunyu kandi b’abizigirwa Bibiliya ivuga ko bakoroye amosozi mu bihe vy’umubabaro. Abandi ni nka Yozefu, Dawidi, intumwa Petero, abakurambere b’ishengero ry’i Efeso, eka mbere na Yezu. (Itanguriro 50:1; 2 Samweli 18:33; Luka 22:61, 62; Yohani 11:35; Ivyakozwe 20:36-38) Biratomoye ko Bibiliya itigisha yuko ngo umugabo adakwiye kurira.