Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwige Ijambo ry’Imana

Bibiliya yoba ivuga imbere y’igihe ibizoba?

Bibiliya yoba ivuga imbere y’igihe ibizoba?

Iki kiganiro kirabaza ibibazo woba umaze kwibaza, kikerekana aho ushobora kwisomera inyishu zavyo muri Bibiliya. Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kuyaga nawe kuri izo nyishu.

1. Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwoba budomako?

Imana Mushoboravyose ni yo yonyene ishoboye kuvuga ibijanye na kazoza ido n’ido. (Amosi 3:7) Nk’akarorero, kuva mu bihe vyo mu ntango yaravuze ko hoje uwitwa Mesiya, ari we Kristu. Uwo Mesiya yokomotse kuri wa mugabo w’intahemuka Aburahamu. Yobaye umutegetsi yotumye bishoboka ko abantu bagamburuka basubira kuronka umuhezagiro w’ubuzima butagira akanenge batarwara. (Itanguriro 22:18; Yesaya 53:4, 5) Uwo yari yarasezeranywe yovuye i Betelehemu.​—Soma Mika 5:2.

Yezu ni we vyagaragaye ko ari Mesiya. Hagisigaye ibinjana birenga indwi, Bibiliya yaravuze ko Mesiya yovyawe n’inkumi y’isugi be n’uko yosuzuguwe. Yotanze ubuzima bwiwe ku bw’ibicumuro vya benshi, kandi yohambwe hamwe n’abatunzi. (Yesaya 7:14; 53:3, 9, 12; Matayo 1:23) N’ikindi kandi, hagisigaye ibinjana birenga bitanu, Bibiliya yaratangaje ko yokwinjiye i Yeruzalemu ari ku ndogobwa be n’uko yoguzwe ibiceri 30 vy’ifeza. Ivyo vyose Bibiliya yari yaravuze vyarashitse.​—Soma Zekariya 9:9; 11:12.

2. Imana yoba ivuga imbere y’igihe imyaka nyezina ibintu bizoberako?

Hagisigaye ibinjana birenga bitanu, Bibiliya yaravuze umwaka nyezina Mesiya yobonekeyeko. Igihe cohaciye gushika abonetse caharuwe hisunzwe amayinga y’imyaka, bisigura ko “iyinga” rimwerimwe ryose ryari rigizwe n’imyaka indwi. Hobaye amayinga 7 y’imyaka kwongerako amayinga 62 y’imyaka, yose hamwe agaca aba amayinga 69 y’imyaka. Bica bingana n’imyaka 483. None ico kiringo catanguye ryari? Bibiliya irerekana ko catanguye igihe Nehemiya umusavyi w’Imana yashika i Yeruzalemu agatangura gusubira kwubaka ico gisagara. Inkuru za kahise z’Ubuperesi zerekana ko mu 455 B.G.C. (B.G.C. bisobanura “imbere y’igihe cacu”) ari ho ivyo vyaba. (Nehemiya 2:1-5) Yezu yarabatijwe aba Mesiya haciye imyaka 483, mu mwaka wa 29 G.C. (G.C. bisobanura mu “Gihe Cacu”), emwe ku gihe nyene cari caravuzwe.​—Soma Daniyeli 9:25.

3. Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwoba buriko buraranguka ubu?

Yezu yaravuze ibintu bikomeye vyobaye muri iki gihe cacu. Yaravuze n’ivyerekeye inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana, ubuzotabara abantu bakunda Imana. Ubwo Bwami buzokuraho iyi si mbi ya Shetani yose.​—Soma Matayo 24:14, 21, 22.

Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buravuga mu buryo bw’ido n’ido ingene ikiringo ca nyuma c’iyi si mbi kizoba cifashe. Bibiliya yarahishuye yuko abantu bohoneje isi aho gukora ibintu umuntu yokwitega mu gihe c’iterambere. Imibabaro iterwa n’intambara, amapfa, vya nyamugigima be n’indwara z’ikiza yokwongerekanye. (Luka 21:11; Ivyahishuwe 11:18) Abantu botaye inyifato runtu. Muri ivyo bihe bigoye, abayoboke ba Yezu bokwamamaje inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana mu mahanga yose.​—Soma Matayo 24:3, 7, 8; 2 Timoteyo 3:1-5.

4. Kazoza k’abantu ni akahe?

Hariho ibintu vyiza Imana Mushoboravyose ibikiye abantu b’intahemuka. Yezu Kristu we Mesiya, ari kumwe n’abatoranijwe biwe, bazoganza isi bari mw’ijuru. Ni bo bagize intwaro y’Ubwami izomara imyaka igihumbi. Abapfuye bazozurwa hama bahabwe akaryo ko kurabwa ko babereye kubaho ibihe bidahera. Vyongeye, ubwo Bwami buzokiza umuntu wese azoba abayeho ico gihe. Indwara n’urupfu ntibizoba bikiriho.​—Soma Ivyahishuwe 5:10; 20:6, 12; 21:4, 5.

Ushaka kumenya n’ibindi, raba urupapuro rwa 23-25 n’urwa 197-201 rw’iki gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?