Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwiyegereze Imana

“Jewe, Yehova Imana yawe, ngufata ukuboko kw’ukuryo”

“Jewe, Yehova Imana yawe, ngufata ukuboko kw’ukuryo”

IGIHE sebibondo agira ajabuke ibarabara ririmwo uruja n’uruza, arabwira umwana wiwe ati: “Mfata ukuboko.” Kubera ko ukuboko gukomeye kwa se w’uwo mwana kugumije ikiganza gitoyi ciwe, yumva ata co yinona, ata bwoba. Vyoba birashika ukipfuza ko hogira uwugufata ukuboko akakuyobora ata nkomanzi mu buzima, narirya umuntu atamenya ico buca bucana? Nimba bimaze gushika, woshobora guhumurizwa n’amajambo yanditswe na Yesaya.​—Soma Yesaya 41:10, 13.

Yesaya yabwiye ayo majambo ihanga rya Isirayeli. Naho iryo hanga Imana yaribona nk’“inyegu ya[yo] idasanzwe,” ryari rikikujwe n’abansi. (Kuvayo 19:5) None iryo hanga ryoba ryari rikwiye kugira ubwoba? Yehova yarakoresheje Yesaya kugira arishikirize ubutumwa bw’ihumure. Uko dusuzuma ayo majambo, tugumize ku muzirikanyi ko yerekeye n’abasavyi b’Imana bo muri iki gihe.​—Abaroma 15:4.

Yehova avuga ati: “Ntutinye.” (Umurongo wa 10) Ayo si amajambo ata co avuze. Yehova arasigura igituma abasavyi biwe badakwiye gutinya mu kuvuga ati: “Kuko ndi kumwe nawe.” Si umutabazi ari kure yacu, adusezeranira kuhaseruka ari uko habavye. Ashaka ko abasavyi biwe bamenya yuko ari kumwe na bo, nk’aho yoba ari iruhande yabo, yiteguriye kubafasha. None ico si iciyumviro gihumuriza ga yemwe?

Yehova yongera gusubiriza umutima mu nda abamusenga ati: “Ntiweraguze.” (Umurongo wa 10) Irivuga ry’igiheburayo ryahinduwe gutyo rishobora kwerekeza ku “batereza amaso irya n’ino baraba ko ata cobagirira nabi.” Yehova arasigura igituma abasavyi biwe badakwiye gukebaguzwa kubera ubwoba, ati: “Kuko ndi Imana yawe.” None hari icoza gisubiriza umutima mu nda kuruta ico? Yehova ni “Musumbavyose,” akaba na “Mushoboravyose.” (Zaburi 91:1) Ko Yehova Mushoboravyose ari Imana yabo, wumva none botinya iki?

Ni igiki rero abasenga Yehova bomwitegako? Asezerana ati: “Emwe, nzogufata nkugumye n’ukuryo kwanje kw’ubugororotsi.” (Umurongo wa 10) Avuga kandi ati: “Jewe, Yehova Imana yawe, ngufata ukuboko kw’ukuryo.” (Umurongo wa 13) Wumvise ayo majambo, uca ubona iki? Igitabu kimwe gisigura giti: “Iyo mirongo ibiri ishizwe hamwe itanga ishusho ikomeye y’umuvyeyi n’umwana. [Se w’uwo mwana] ntaba gusa ari nka hariya yiteguriye kumukingira, ariko kandi ubwiwe aba ari kumwe n’uwo mwana; ntareka ngo umwana atandukane na we.” Iyumvire ntuze: Yehova ntazoreka ngo abasavyi biwe batandukane na we, no mu bihe vyosa n’ibigoye kuruta ibindi vyose mu buzima bwabo.​—Abaheburayo 13:5, 6.

Abasenga Yehova muri iki gihe barashobora guhumurizwa cane n’ayo majambo Yesaya yanditse. Muri ibi “bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira,” vyoshika tukumva turengewe n’ingorane zo mu buzima. (2 Timoteyo 3:1) Ariko si ngombwa ngo duhangane n’izo ngorane turi twenyene. Yehova ariteguriye gutuma ukuboko kwiwe akadufata ukuboko. Nka kurya kw’umwana yizigira se, turashobora kugumya ukuboko kwiwe gukomeye, twizigiye yuko azotuyobora mu nzira ibereye kandi akadutabara igihe dukeneye imfashanyo.​—Zaburi 63:7, 8.

Aho turemeshejwe gusoma muri Nzero:

Yesaya 24-42