Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

UMWIGEME yashikiwe n’ibintu biteye agahinda akiri umwana yashoboye gute kugira ubuzima buri n’intumbero koko? Ni igiki catumye umusore umwe w’inkazi kandi w’umugumutsi mu vya politike aba umwamamaji w’inkuru nziza w’umunyamahoro? Nuvyisomere muri izi nkuru.

“Nari nyotewe rwose urukundo n’igishika.”​—INNA LEZHNINA

YAVUTSE MU 1981

IGIHUGU AKOMOKAMWO: UBURUSIYA

IVYO YACIYEMWO: AKIRI UMWANA YARASHIKIWE N’IBINTU BITEYE AGAHINDA

KAHISE KANJE: Navyawe n’abavyeyi bafise ubumuga bw’ukutumva. Imyaka itandatu ya mbere y’ubuzima bwanje yari iryoshe. Iyo myaka irangiye, abavyeyi banje baciye bahukana. Naho nari nkiri muto cane, naratahura kwahukana ico ari co, kandi vyarambabaje rwose. Bamaze kwahukana, dawe yasigaranye na mukuru wanje i Troitsk, mawe na we twimukana i Chelyabinsk. Ariko yahavuye yubakana n’uwundi mugabo. Uwo mugabo wa mawe yari yariziziwe n’inzoga, kandi kenshi yama yadukubise twe na mawe.

Mu 1993, musazanje ankurira nakunda cane yarasomye nturi. Iryo sanganya ryaratubabaje cane mu muryango. Ivyo vyatumye mama aja mu vyo kunywa inzoga, aca atangura kuza aramfata nabi nk’uwo mugabo wiwe. Naciye ntangura kurondera ubuzima burushirije kuba bwiza. Nari nyotewe rwose urukundo n’igishika. Naratanguye kuja mu madini atandukanye ndondera uruhoza ariko ndabura.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Mfise imyaka 13, hari umunyeshure twigana w’Icabona ca Yehova yambwiye inkuru zimwezimwe zo muri Bibiliya. Narahimbawe no kumenya ivyerekeye abantu bavugwa muri Bibiliya nka Nowa na Yobu, bano bakaba bakoreye Imana mu bihe bigoye. Sinatevye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova no kwitaba amakoraniro yabo.

Kwiga Bibiliya vyaranyuguruye amaso ndabona inyigisho z’ukuri nyinshi nziza. Narakozwe ku mutima no kumenya ko Imana ifise izina. (Zaburi 83:18) Narajorewe mbonye ukuntu Bibiliya yari yaravuze ata kwihenda ingene ibintu vyobaye bimeze mu “misi ya nyuma.” (2 Timoteyo 3:1-5) N’ikindi kandi, narahimbawe cane no kumenya ibijanye n’icizigiro c’izuka. Iyumvire nawe: nzosubira kubona musazanje!​—Yohani 5:28, 29.

Ariko rero, si bose basangiye nanje uwo munezero nari nironkeye. Mawe n’umugabo wiwe ntiberekwa Ivyabona vya Yehova. Baragerageje kundemera ngo mpebe kwiga Bibiliya. Mugabo narakunda ivyo nariko niga, kandi nari niyemeje kubandanya.

Kurwanywa n’abo mu muryango wanje ntivyanyoroheye kwihanganira. Ikindi kintu canteye intuntu ni igihe musazanje mutoyi yahora amperekeza ku makoraniro y’Ivyabona vya Yehova na we nyene yasoma nturi. Ariko Ivyabona vya Yehova bamye bamba hafi. Nariboneye muri bo urukundo n’igishika nari naripfuje cane mu buzima bwanje bwose. Naratahuye ko iryo ryari ryo dini ry’ukuri. Mu 1996, narabatijwe mba Icabona ca Yehova.

IVYIZA NAHAKUYE: Ubu maze imyaka itandatu nubakanye n’umugabo ameze neza yitwa Dmitry. Twempi dukorera ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova i St. Petersburg. Abavyeyi banje bahavuye bagabanya amakari ntibaba bakirwanya cane ivyo nemera.

Emwe, ndakenguruka cane kubona naramenye Yehova! Kumukorera vyatumye numva ko ubuzima bwanje buri n’ico bumaze koko.

“Hari ibibazo vyinshi vyamvuruga umutwe.”​—RAUDEL RODRÍGUEZ RODRÍGUEZ

YAVUTSE MU 1959

IGIHUGU AKOMOKAMWO: KIBA

IVYO YACIYEMWO: YARI UMUGUMUTSI MU VYA POLITIKE

KAHISE KANJE: Navukiye i Havane muri Kiba, nkurira mu karere gakenye kakunda kubamwo imishamirano mu mabarabara. Ndiko ndakura, naratanguye gukunda urukino rwa jido n’izindi nkino zo ku-rwana.

Nari umunyeshure aciye ubwenge, bikaba vyatumye abavyeyi banje bandemesha kwiga kaminuza. Ndi aho kuri kaminuza, naratanguye kubona yuko igihugu canje cari gikeneye ihinduka mu vya politike. Naciye mfata ingingo yo kugumuka. Twe n’uwo twigana twarateye umupolisi turondera kumutwara inkoho. Twararwanye dusiga tumukomerekeje ku mutwe bimwe bibi. Baciye badushira mw’ibohero, baducira urwo kuraswa. Wumve nawe ntuze, nari ngiye gupfa mfise imyaka 20 itarenga!

Ndi mu gasho, naricwa n’irungu, nkimenyereza ingene novyifashemwo ngira ndaswe. Nashaka kwerekana ko ata bwoba mfise mu gihe co kuraswa. Muri ico gihe nyene, hari ibibazo vyinshi vyamvuruga umutwe. Naribaza nti: ‘Kubera iki akarenganyo kiraye mw’isi? Ubuzima bwakabaye ari ubu?’

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Igihano c’urupfu twari twaraciriwe cahavuye kigabanywa, ducirwa umunyororo w’imyaka 30. Ico gihe ni ho nabonana n’Ivyabona vya Yehova bari bapfunzwe bahorwa ukwizera kwabo. Narakozwe ku mutima n’ukuntu bari abantu b’umutima rugabo yamara b’abanyamahoro. Naho bari bapfunzwe bahorwa ubusa, ntibigeze bagira ishavu canke umujinya.

Ivyabona vya Yehova baranyigishije yuko Imana ifitiye umugambi umuryango w’abantu. Baranyeretse muri Bibiliya yuko izohindura iyi si tubako ikaba Iparadizo itarangwamwo ubukozi bw’ikibi n’akarenganyo. Baranyigishije yuko isi izoba yuzuyeko abantu bameze neza bazoronka akaryo ko kubaho ibihe bidahera ibintu vyose ari agahore.​—Zaburi 37:29.

Narakunze ivyo nariko ndigishwa n’Ivyabona vya Yehova, ariko kamere yanje yari itandukanye cane n’iyabo. Nabona ko bitokunda ko mba umuntu atagira aho ahengamiye mu vya politike canke atihora. Ni kwo guca mfata ingingo yo guhagarika kwiga, nkaza ndasoma Bibiliya ndi jenyene. Ndayirangije, narabonye ko Ivyabona vya Yehova ari bo bonyene bigenza nk’abakirisu bo mu ntango.

Kwiga Bibiliya vyaramfashije gutahura ko hari amahinduka akomeye nari nkeneye kugira mu buzima bwanje. Nk’akarorero, nari nkeneye gutyorora imvugo yanje kubera yuko nari mfise ingeso yo kuvuga ibijambo biteye isoni. Nari nkeneye no guheba itabi. Vyongeye, nategerezwa guheba kugira aho mpengamiye mu vya politike. Ntivyari vyoroshe kugira ayo mahinduka, mugabo Yehova yaramfashije birateba birakunda.

Kimwe mu bintu vyangoye cane ni ukwiga gucungera ishavu. Ndacasenga Yehova ndamusaba kwigumya. Narafashijwe cane n’ivyanditswe vyo muri Bibiliya nk’Imigani 16:32, ahavuga hati: “Uwuteba gushavura aruta umunyenkomezi, kandi uwucungera umutima wiwe aruta uwufata igisagara.”

Mu 1991, narabatijwe mba Icabona ca Yehova. Nabatirijwe mw’ibohero mu ngunguru. Umwaka ukurikira, bamwebamwe muri twebwe twararekuwe maze turungikwa muri Esupanye kubera twari tuhafise incuti. Dushitseyo, naciye ntangura kwitaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova. Ivyabona vya Yehova baho barampaye ikaze nk’aho twari tumaranye imyaka n’iyindi, bongera baramfasha gusubira gutangura ubuzima.

IVYIZA NAHAKUYE: Ubu ndi umuntu ahimbawe, nkaba nkorera Imana mfatanije n’umugore wanje n’abakobwa banje. Ni agateka kubona mara igice kinini c’umwanya wanje mfasha abandi kwiga Bibiliya. Birashika nkibuka ka gasore kagira gapfe, maze ngakenguruka kuba narironkeye ivyiza vyinshi kuva ico gihe. Uretse ko nkiri muzima, ndafise n’icizigiro. Ndashashaye kubona ya Paradizo yasezeranywe, ca gihe ubutungane buzoba bwiganje, n’‘urupfu rutakiriho.’​—Ivyahishuwe 21:3, 4.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 19]

“Narakozwe ku mutima no kumenya ko Imana ifise izina”

[Ifoto ku rup. 20]

Twe n’umugabo wanje turahimbarwa no kubwira inkuru nziza abatumva