Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abasomyi bacu barabaza . . .

Kubera iki Imana yasavye Aburahamu gutangako ikimazi umuhungu wiwe?

Kubera iki Imana yasavye Aburahamu gutangako ikimazi umuhungu wiwe?

▪ Nk’uko vyanditswe mu gitabu co muri Bibiliya c’Itanguriro, Yehova Imana yasavye Aburahamu gutangako ikimazi umuhungu wiwe Izahaki. (Itanguriro 22:2) Abasomyi ba Bibiliya bamwebamwe baragwa bavyuka kugira batahure iyo nkuru. Umuhinga umwe yitwa Carol avuga ati: “Nkiri umwana, ncumva iyo nkuru narababaye cane.” Naribajije nti: “Ni Imana bwoko ki yosaba ikintu nk’ico?” Naho kwiyumva gutyo ari ikintu cumvikana, vyoba vyiza twibutse ivyiyumviro nka bingahe.

Ubwa mbere, reka turabe ivyo Yehova atakoze. Ntiyaretse Aburahamu ngo atangeko ikimazi umuhungu wiwe naho yari yiteguriye kubigira, eka kandi nta wundi muntu Imana yigeze gusubira gusaba ikintu nk’ico. Yehova ashaka ko abamusenga bose, ushizemwo n’abana, babandanya kubaho; ashaka ko baramba kandi bakagira ubuzima buhimbaye.

Ubwa kabiri, Bibiliya irerekana ko hari imvo idasanzwe yatumye Yehova asaba Aburahamu gutangako ikimazi Izahaki. Imana yari izi ko haciye ibinjana vyinshi yoretse Umwana * wayo bwite Yezu akadupfira. (Matayo 20:28) Yehova yashaka kutwereka ukuntu ico kimazi comutwaye vyinshi. Biciye ku vyo yasavye Aburahamu, yarerekanye mu buryo bukomeye ukuntu ico kimazi cotanzwe. Uti gute?

Raba amajambo Yehova yabwiye Aburahamu: “Enda tora umuhungu wawe, umuhungu wawe rudende ukunda cane, Izahaki, . . . umushikane bwa shikanwa riturirwa.” (Itanguriro 22:2) Urabona ko Yehova yavuze ku bijanye na Izahaki ati: ‘Umuhungu ukunda cane’. Yehova yari azi ko Izahaki yari afise agaciro kanini kuri Aburahamu. Imana yari izi kandi ukuntu yo ubwayo yiyumva ku bijanye n’Umwana wayo Yezu. Yehova yarakunda cane Yezu ku buryo incuro zibiri yavuze ari mw’ijuru ku vyerekeye Yezu ati: “Umwana wanje, umukundwa.”​—Mariko 1:11; 9:7.

Urabona kandi ko Yehava mu gusaba ico kintu Aburahamu yashizemwo ijambo “enda.” Umuhinga umwe mu vya Bibiliya avuga ko kuba Imana yarakoresheje iryo jambo vyerekana yuko “UMUKAMA atahura ico ivyo asavye bitwara.” Nk’uko dushobora kuvyiyumvira, ico kintu Aburahamu yasabwe gishobora kuba caramutuntuje cane. Duca tubona umubabaro ukomeye Yehova ategerezwa kuba yaragize igihe yabona ukuntu Umwana wiwe umukundwa ababara hanyuma agapfa. Mu vy’ukuri, nta mubabaro nk’uwo Yehova yari bwagire, eka nta n’uwusa na wo azokwigera agira.

Mu vy’ukuri rero, naho twokwumva umengo turatewe ubwoba n’ivyo Yehova yasavye Aburahamu gukora, vyoba vyiza twibutse ko Yehova atakundiye uwo sekuruza w’imiryango w’umwizigirwa gutanga nya kimazi. Yarakingiye Aburahamu wa mubabaro umuvyeyi agira iyo yabuze ikibondo; yarakingiye Izahaki urupfu. Ariko rero, Yehova ntiyakingiye ‘Umwana wiwe bwite, mugabo yaramutanze ku bwacu twese.’ (Abaroma 8:32) Kubera iki Yehova yemeye ubwiwe agashikirwa n’ikintu kibabaje nk’ico? Kwari ukugira ngo “turonke ubuzima.” (1 Yohani 4:9) Emwe, ico ni ikintu gikomeye kitwibutsa urukundo Imana idukunda. None ivyo ntibituvyurira umutima wo kwerekana ko natwe tuyikunda? *

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 5 Bibiliya ntiyigisha ko Imana yavyaye buvyare Yezu biciye ku mugore. Ahubwo Yehova yararemye ikiremwa c’impwemu cahavuye kirungikwa kw’isi kugira kivyarwe na Mariya uwari akiri isugi. Kubera ko Imana ari yo yaremye Yezu, birabereye ko yitwa Se.

^ ing. 8 Kugira umenye n’ibindi ku bijanye n’igituma vyari bikenewe ko Yezu apfa be n’ingene twokwerekana ko dukenguruka ku bw’ico kintu, raba ikigabane ca 5 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?