Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abo bose bavuga ko ari abakirisu boba ari abakirisu koko?

Abo bose bavuga ko ari abakirisu boba ari abakirisu koko?

Abo bose bavuga ko ari abakirisu boba ari abakirisu koko?

KW’ISI hari abakirisu bangahe? Hari igitabu kimwe cerekana ingene abakirisu bakwiragiye kw’isi (Atlas of Global Christianity) kivuga ko mu 2010 kw’isi yose hari abakirisu nk’imiliyaridi 2 n’imiliyoni 300. Ariko ico gitabu nyene cerekana yuko abo bakirisu bari mu madini arenga 41.000, rimwerimwe ryose rikagira inyigisho zaryo n’amategeko yaryo agenga inyifato. Uravye ico gitigiri giteye ubwoba c’amadini avuga ko ari aya gikirisu, ntibitangaje kubona bamwebamwe mu bavyihweza bibavuruga umutwe canke mbere bikabavuna umutima. Boshobora kwibaza bati: ‘Abavuga ko ari abakirisu bose, boba ari abakirisu koko?’

Reka twihweze ico kibazo mu bundi buryo. Mu bisanzwe, ku mupaka ingenzi irasabwa kuvuga ubwenegihugu bwayo. Irasabwa kandi kwerekana ko ifise nya bwenegihugu mu kwerekana ibiyiranga, nk’akarorero igitabu c’inzira. N’umukirisu w’ukuri ntavuga gusa ko yizera Kristu. Arakenera kuba afise ibindi bintu bimuranga. Uti ivyo vyoba ari ibihe?

Ijambo “umukirisu” ryatanguye gukoreshwa ari bwo bwa mbere inyuma yo mu 44 G.C. (G.C. bisobanura “mu Gihe Cacu”). Wa mutohozakahise w’ivya Bibiliya Luka yanditse ati: “I Antiyokiya ni ho abigishwa batanguriye kwitwa abakirisu bivuye ku Mana.” (Ivyakozwe 11:26) Urabona ko abo biswe abakirisu bari abigishwa ba Kristu. Ni igiki none gituma umuntu aba umwigishwa wa Yezu Kristu? Kazinduzi imwe y’amajambo akoreshwa mw’Isezerano rishasha (The New International Dictionary of New Testament Theology) isigura iti: “Gukurikira Yezu uri umwigishwa wiwe bisobanura kwitanga wese . . . ukitanga ubuzima bwawe bwose.” Umukirisu w’ukuri rero ni uwukurikira inyigisho n’amategeko vya Yezu, Umwe yashinga ubukirisu, akabigira atiziganya.

Abantu nk’abo boba bashobora kuboneka mu bantu benshi bavuga ko ari abakirisu muri iki gihe? Ni ibiki Yezu ubwiwe yavuze ko vyoranze abayoboke biwe b’ukuri? Turakuremesheje wihweze inyishu Bibiliya itanga kuri ivyo bibazo. Mu biganiro bikurikira, turaca irya n’ino ibintu bitanu Yezu yavuze biranga abayoboke biwe b’ukuri kandi bidufasha kubamenya. Turaza kwihweza ukuntu abakirisu bo mu kinjana ca mbere bashitsa ivyo bintu. Vyongeye, mu bantu benshi bavuga ko ari abakirisu muri iki gihe, turaza kugerageza kuraba aboba babishitsa abo ari bo.