Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

‘Naramenyekanishije izina ryawe’

‘Naramenyekanishije izina ryawe’

‘Naramenyekanishije izina ryawe’

“Narahishuriye izina ryawe abantu wampaye ubakuye mw’isi. . . . Narabamenyesheje izina ryawe, kandi nzorimenyekanisha.”​—YOHANI 17:6, 26.

Ivyo bisobanura iki? Yezu yaramenyekanishije izina ry’Imana mu kurikoresha mu gikorwa ciwe. Igihe Yezu yaba ariko arasoma Ivyanditswe, nk’uko yakunda kubigira, yaravuga izina ry’uruharo ry’Imana. (Luka 4:16-21) Yigishije abayoboke biwe gusenga bati: “Data, izina ryawe niryezwe.”​—Luka 11:2.

Abakirisu bo mu ntango boba barabishitsa? Intumwa Petero yabwiye abagabo b’inararibonye b’i Yeruzalemu ko Imana yari yaratoranije mu mahanga “igisata ku bw’izina ryayo.” (Ivyakozwe 15:14) Intumwa n’abandi baramamaje inkuru nziza y’uko “umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokizwa.” (Ivyakozwe 2:21; Abaroma 10:13) Barakoresha kandi izina ry’Imana mu vyo bandika. Icegeranyo kimwe c’amategeko y’Abayuda (Tossefta) carangiye gutunganywa mu 300 G.C. kivuga ku bijanye n’ibitabu vy’abakirisu vyaturiwe n’ababarwanya giti: “Ibitabu vy’abanditsi b’Injili be n’ibitabu vy’abitwa minim [bikaba vyiyumvirwa ko bari abakirisu b’Abayuda] biraturirwa. Ariko rero, bituririrwa aho biri, . . . vyo hamwe n’ahantu haba handitse Izina ry’Imana.”

Ni bande babishitsa muri iki gihe? Bibiliya imwe (Revised Standard Version) yemejwe n’Inama nkuru y’igihugu y’amadini ya Kristu yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ivuga mu kajambo kayo k’intango iti: “Ivyo gukoresha izina iryo ari ryo ryose ry’uruharo mu kuvuga Imana imwe rudende nk’aho hoba hari izindi mana tubwirizwa kuyitandukanya na zo, vyahagaritswe mw’idini ry’Abayuda imbere y’ikiringo c’abakirisu kandi ntibijanye na gato n’ukwemera kw’idini rya gikirisu kw’isi yose.” Izina ry’Imana rero, iyo Bibiliya yarisubirije n’izina ry’icubahiro “UMUKAMA.” Vatikano iherutse gutegeka abasenyeri bayo iti: “Izina ry’Imana ryanditswe hakoreshejwe za ndome zine YHWH * ntirikwiye gukoreshwa canke gucishwa mu kanwa mu ndirimbo no mu bisabisho.”

Ni bande muri iki gihe bakoresha izina ry’uruharo ry’Imana bakongera bakarimenyekanisha? Sergey wo muri Kirgistani akiri umuyabaga, yararorereye isenema yerekana ko izina ry’Imana ari Yehova. Yaramaze nk’imyaka cumi adasubiye kwumva izina ry’Imana. Mu nyuma, aho Sergey amariye kwimukira muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Ivyabona vya Yehova babiri baramugendeye i muhira bamwereka izina ry’Imana muri Bibiliya. Sergey yararyohewe no kubona idini rikoresha izina ry’Imana ari ryo Yehova. Birashimishije kubona kazinduzi imwe (Webster’s Third New International Dictionary), kw’ijambo “Yehova Imana” itanga iyi nsobanuro: “imana rudasumbwa ikaba n’imana yonyene yemerwa kandi isengwa n’Ivyabona vya Yehova.”

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 5 Mu kirundi, izina ry’Imana rikunze kwandikwa ngo “Yehova.”