Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Inyishu z’ibibazo twibaza kuri Yezu Kristu

Inyishu z’ibibazo twibaza kuri Yezu Kristu

Inyishu z’ibibazo twibaza kuri Yezu Kristu

“Amasinzi avuga ko ndi nde?”​—LUKA 9:18.

YEZU yabajije abigishwa biwe ico kibazo kubera ko yari azi ko abantu bamufiseko ivyiyumviro bitandukanye. Yamara nta mvo yumvikana abantu bari bafise yo kuzazanirwa. Yezu ntiyari umuntu yikumira, umuntu akorera mu kinyegero. Ahubwo riho yarifatanya n’abandi ku mugaragaro mu bigwati vyabo no mu bisagara vyabo. Yaramamaza akongera akigishiriza ku mugaragaro kuko yashaka ko abantu bamenya ukuri ku bimwerekeye.​—Luka 8:1.

Ukuri kwerekeye Yezu kurabonekera mu vyo yavuga no mu vyo yakora, bino bikaba vyanditswe mu Njili zine zo muri Bibiliya, ari zo Matayo, Mariko, Luka na Yohani. Ayo makuru yahumetse n’Imana ni yo twishimikiza mu kwishura ibibazo dufise kuri Yezu. *​—Yohani 17:17.

IKIBAZO: Yezu yoba yarabayeho koko?

INYISHU: Ego cane. Abatohozakahise, ushizemwo na Yozefe be na Tasito bo mu kinjana ca mbere, barerekana ko Yezu yabayeho koko. N’ikiruta ivyo, Injili ziratanga ibimenyamenya bijijura vy’uko Yezu atari umugani, ahubwo ko yabayeho koko. Izo Njili zitanga amakuru adomako kandi y’ido n’ido ku bijanye n’igihe ivyo zigana vyabereyeko be n’aho vyabereye. Nk’akarorero, mu kwerekana umwaka Yezu yatanguriyeko igikorwa ciwe, umwanditsi w’Injili Luka aravuga abantu indwi bari ku butegetsi, amazina yabo akaba yemezwa n’abatohozakahise.​—Luka 3:1, 2, 23.

Hariho ibimenyamenya bijijura vyerekana ko Yezu yabayeho koko. Igitabu kimwe kivuga ibimenyamenya vyerekana ko Yezu yabayeho (Evidence for the Historical Jesus) kigira giti: “Incabwenge nyinshi ntizohakana ko umugabo yitwa Yezu w’i Nazareti yabayeho koko mu kinjana ca mbere.”

IKIBAZO: Yezu yoba vy’ukuri ari Imana?

INYISHU: Habe namba. Yezu ntiyigeze abona ko angana n’Imana. Ahubwo riho, yarerekanye akatari gake ko ari munsi ya Yehova. * Nk’akarorero, yise Yehova “Imana yanje” n’“Imana yonyene y’ukuri.” (Matayo 27:46; Yohani 17:3) Uwuri munsi y’uwundi ni we gusa yokwita gutyo uwuri hejuru yiwe. Igihe umukozi yita umukoresha wiwe “databuja” aba yerekana neza ko uwo mukoresha wiwe amuruta.

Yezu yarerekanye kandi ko we n’Imana ari babiri batandukanye. Igihe kimwe yabwiye abamurwanya batemera ubukuru bwiwe ati: “Mw’Itegeko ryanyu bwite handitswe ngo: ‘Intahe y’abantu babiri iba ari iy’ukuri.’ Ni jewe nishingira intahe, kandi na Data yandungitse aranshingira intahe.” (Yohani 8:17, 18) Yezu na Yehova bategerezwa kuba ari babiri batandukanye. Ahandiho, ntibobonwa ko ari ivyabona bibiri. *

IKIBAZO: Yezu yoba yari umuntu mwiza gusa?

INYISHU: Oya. Ntiyari umuntu mwiza gusa. Yezu yaratahura ko yari afise uruhara ruhambaye rugizwe n’imice itari mike mu bijanye no gushitsa ivyo Imana igomba. Imice imwimwe ni iyi:

“Umwana w’Imana w’ikinege.” (Yohani 3:18) Yezu yari azi iyo yakomotse. Mu vy’ukuri yatanguye kubaho kera cane imbere y’uko avukira kw’isi. Yasiguye ati: “Namanutse mva mw’ijuru.” (Yohani 6:38) Yezu ni we Imana yahereyeko kurema, kandi yarafashije mu kurema ibindi bintu vyose. Kubera ko ari we wenyene Imana ubwayo yiremeye, vyari bibereye ko yitwa “Umwana w’Imana w’ikinege.”​—Yohani 1:3, 14; Abakolosayi 1:15, 16.

“Umwana w’umuntu.” (Matayo 8:20) Akatari gake Yezu yaravuze ko ari “Umwana w’umuntu,” iyo ikaba ari imvugo iboneka incuro nka 80 mu Njili. Iyo mvugo irerekana yuko Yezu atari Imana yigize umuntu ahubwo ko yari umuntu abushitse. None vyagenze gute ngo uwo Mwana w’ikinege w’Imana avuke ari umuntu? Biciye ku mpwemu nyeranda, Yehova yarimuriye ubuzima bw’Umwana wiwe mu nda y’Umuyudakazi w’isugi yitwa Mariya, uno aca aribungenga. Ivyo vyatumye Yezu avuka atagira icaha n’akanenge.​—Matayo 1:18; Luka 1:35; Yohani 8:46.

“Mwigisha.” (Yohani 13:13) Yezu yaratomoye yuko Imana yari yamushinze igikorwa co ‘kwigisha no kwamamaza inkuru nziza’ yerekeye Ubwami bw’Imana. (Matayo 4:23; Luka 4:43) Yarasiguye mu buryo butomoye kandi bworoshe bimwe bitangaje ico ari co Ubwami bw’Imana be n’ico buzokora kugira bushitse ivyo Yehova agomba.​—Matayo 6:9, 10.

“Jambo.” (Yohani 1:1) Yezu yari Umuvugizi w’Imana, ni ukuvuga uwo Imana yakoresha mu gushikiriza abandi amakuru n’ubuyobozi. Yehova yarakoresheje Yezu mu gushikiriza ubutumwa bwiwe abantu kw’isi.​—Yohani 7:16, 17.

IKIBAZO: Yezu yoba yari we Mesiya yari yarasezeranywe?

INYISHU: Ego cane. Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwari bwaravuze ivy’ukuza kwa Mesiya, ari we Kristu, bisobanura “Uwarobanujwe amavuta.” Uwo yari yarasezeranywe yogize uruhara ruhambaye mw’iranguka ry’umugambi wa Yehova. Igihe kimwe Umusamariyakazi yabwiye Yezu ati: “Ndazi yuko Mesiya ariko araza.” Yezu yaciye amutomorera ati: “Jewe uwuriko arakuvugisha ndi we.”​—Yohani 4:25, 26.

Hoba hari ivyemeza ko Yezu yari we Mesiya koko? Hari ivyemeza vy’uburyo butatu, bishizwe hamwe bikaba bitanga ikimenyamenya ntaharirizwa twogereranya n’uturongorongo tw’igikumu turanga umuntu umwe atarenga ntarenguke. Yezu yoba none ari we ibimenyamenya vyerekana ko yari Mesiya? Raba ibi bikurikira:

Umuryango yakomotsemwo. Bibiliya yari yaravuze ko Mesiya yokomotse kuri Aburahamu biciye ku muryango wa Dawidi. (Itanguriro 22:18; Zaburi 132:11, 12) Yezu yakomotse kuri abo bompi.​—Matayo 1:1-16; Luka 3:23-38.

Ubuhanuzi bwarangutse. Ivyanditswe vy’igiheburayo birimwo ubuhanuzi bwinshi cane bwerekeye ubuzima bwa Mesiya kw’isi, bukaba burimwo n’amakuru y’ido n’ido ajanye n’ivuka ryiwe be n’urupfu rwiwe. Yezu yarashikije ubwo buhanuzi bwose. Bumwebumwe ni ubu: Yavukiye i Betelehemu (Mika 5:2; Luka 2:4-11), yarahamagawe ngo ave mu Misiri (Hoseya 11:1; Matayo 2:15), kandi igihe yicwa nta gufa ryiwe na rimwe ryavunywe (Zaburi 34:20; Yohani 19:33, 36). Nta kuntu Yezu yari gushobora kuyobora ubuzima bwiwe kugira atume ubuhanuzi bwose bujanye na Mesiya bumurangukirako. *

Intahe yashinzwe n’Imana ubwayo. Igihe Yezu yavuka, Imana yararungitse abamarayika kubwira abungere ko Mesiya yari yavutse. (Luka 2:10-14) Akatari gake mu gihe c’igikorwa ca Yezu, Imana ubwayo yaravuze iri mw’ijuru yuko ishima Yezu. (Matayo 3:16, 17; 17:1-5) Yehova yarahaye Yezu ububasha bwo gukora ibitangaro, aba atanze ikindi kintu cerekana yuko Yezu yari we Mesiya.​—Ivyakozwe 10:38.

IKIBAZO: Kubera iki vyabaye ngombwa ko Yezu ababazwa akongera agapfa?

INYISHU: Kubera ko Yezu atagira icaha, ntiyari akwiriye gushikirwa n’imibabaro. Eka kandi ntiyari akwiriye kumanikwa ku giti nk’inkozi y’ikibi akagipfirako urupfu ruteye isoni. Naho ari ukwo, Yezu yari yiteze gufatwa nabi gutyo, kandi yaremeye biramushikira.​—Matayo 20:17-19; 1 Petero 2:21-23.

Ubuhanuzi bwerekeye Mesiya bwari bwaravuze yuko yoshikiwe n’imibabaro maze agapfa kugira abandi baharirwe ivyaha vyabo. (Yesaya 53:5; Daniyeli 9:24, 26) Yezu ubwiwe yavuze ko yaje “kugira atange ubuzima bwiwe bwa ncungu ya benshi.” (Matayo 20:28) Abizera ko urupfu rwiwe rwo kwitangako inkuka rushoboye kubacungura bariteze kuzokurwako igicumuro n’urupfu maze bakiberaho ibihe bidahera mw’Iparadizo hano kw’isi. *​—Yohani 3:16; 1 Yohani 4:9, 10.

IKIBAZO: Ubwo vy’ukuri Yezu yarazuwe mu bapfuye?

INYISHU: Ego cane. Yezu yari yiteze adakeka ko yozuwe mu bapfuye. (Matayo 16:21) Ariko rero, birahambaye ko tumenya yuko yaba Yezu canke abanditsi ba Bibiliya ata n’umwe yigeze avuga ko yozutse mu bapfuye mu buryo busanzwe. Ico cobaye ari ikintu kigoye kwemera. Ahubwo riho, Bibiliya ivuga iti: “Imana yaramuzuye mu kumubohora mu mibabaro y’urupfu.” (Ivyakozwe 2:24) Nimba twemera yuko Imana ibaho be n’uko ari yo yaremye vyose, turi n’imvo yumvikana rero yo kwemera ko yari ishoboye kuzura Umwana wayo mu bapfuye.​—Abaheburayo 3:4.

Hoba hari ibimenyamenya vyo kwizigirwa vyerekana ko Yezu yazutse? Rimbura ibikurikira:

Intahe y’abavyiboneye. Haciye nk’imyaka 22 Yezu apfuye, intumwa Paulo yaranditse yuko hari abantu barenga 500 biboneye Yezu yazutse be n’uko benshi muri bo bari bakiriho igihe yandika ayo majambo. (1 Abakorinto 15:6) Intahe ishinzwe n’umuntu umwe canke babiri biroroshe ko umuntu ayihakana, ariko hari uwohakana ga yemwe intahe y’abantu 500 bavyiboneye?

Ivyabona vyo kwizigirwa. Abigishwa ba Yezu bo mu ntango, bano bakaba bari bazi neza ivyabaye kurusha uwundi muntu uwo ari we wese, baratangaje n’umutima rugabo ko Yezu yazutse. (Ivyakozwe 2:29-32; 3:13-15) Nkako, babona ko kwemera izuka rya Yezu yari inkingi y’ukwizera kwa gikirisu. (1 Abakorinto 15:12-19) Abo bigishwa bari biteguriye gupfa aho guhakana ko bizera Yezu. (Ivyakozwe 7:51-60; 12:1, 2) Iyo wumva, hari umuntu yokwemera gupfira ivyo azi ko ari ikinyoma?

Twaciye irya n’ino inyishu Bibiliya itanga ku bibazo bitandatu bihambaye vyerekeye Yezu. Izo nyishu ziratwereka neza Yezu uwo ari we. Ariko none, izo nyishu zoba zihambaye koko? Mu yandi majambo, ivyo uhitamwo kwemera ku bijanye na Yezu hoba hari ico bitwaye?

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 4 Ushaka ikiganiro cerekana ukuntu Injili zo muri Bibiliya zitandukanye n’ibitabu vy’uruhendo bivuga ivya Yezu, raba ikiganiro kivuga ngo “Injili zitari izo muri Bibiliya zoba zihishura ivyanyegejwe ku bijanye na Yezu?” ku rupapuro rwa 18-19.

^ ing. 9 Muri Bibiliya, Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana.

^ ing. 10 Ushaka amakuru abivuga ido n’ido, raba ikiganiro kivuga ngo “Ikiyago Icabona ca Yehova agirana n’uwo abwira inkuru nziza​—Yezu yoba ari Imana?” ku rupapuro rwa 20-22.

^ ing. 21 Ushaka urutonde rw’ubuhanuzi bumwebumwe bwarangukiye kuri Yezu, raba urupapuro rwa 200 rw’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?

^ ing. 25 Ushaka ayandi makuru yerekana ukuntu urupfu rwa Yezu rushobora kuducungura, raba ikigabane ca 5 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?