Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Izo nyishu zoba zihambaye?

Izo nyishu zoba zihambaye?

Izo nyishu zoba zihambaye?

“Muzomenya ukuri, kandi ukuri kuzobagira abidegemvya.”​—YOHANI 8:32.

BIBILIYA irimwo ukuri gushobora kutugira abidegemvya ntitube tucemera inyigisho zivuruga ubwenge canke mbere zizimiza zerekeye Yezu. Ariko none, ivyo twemera ku bimwerekeye, vyoba bihambaye koko? Cane nyene, birahambaye. Birahambaye kuri Yehova. Birahambaye kuri Yezu. Kandi birahambaye no kuri twebwe.

Kubera iki bihambaye kuri Yehova? Muri make, kubera ko “Imana ari urukundo.” (1 Yohani 4:8) Yehova ashaka ko tubaho ibihe bidahera duhimbawe. Yezu yavuze ati: “Imana yakunze isi [ni ukuvuga umuryango w’abantu] cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera . . . aronke ubuzima budahera.” (Yohani 3:16) Imana yarungitse Umwana wayo ngo atubere Umucunguzi no kugira ngo atwugururire inzira ijana mu buzima budahera mw’Iparadizo hano kw’isi, nk’uko yari yarabiteguye kuva mu ntango. (Itanguriro 1:28) Imana irashashaye guha ingabirano y’ubuzima budahera abiga ukuri ku bijanye n’Umwana wayo kandi bakabaho bahuza n’ukwo kuri.​—Abaroma 6:23.

Kubera iki bihambaye kuri Yezu? Yezu na we nyene arakunda abantu. Yarerekanye urukundo rwo kwitanga mu kwemera gutanga ubuzima bwiwe ku bwacu. (Yohani 15:13) Yaratahura ko muri ubwo buryo yariko yugururira abantu inzira imwe rudende ijana ku bukiriro. (Yohani 14:6) Wumva none bitangaje kubona Yezu yipfuza ko abantu benshi bashoboka bungukira ku nkuka y’incungu yatanze? Ni co gituma yashinze abayoboke biwe nyakuri igikorwa co kwigisha abantu bo kw’isi yose ivyo Imana igomba be n’umugambi wayo.​—Matayo 24:14; 28:19, 20.

Kubera iki bihambaye kuri twebwe? Iyumvire gatoyi ibintu ubona vy’ukuri ko bihambaye kuri wewe, nk’amagara yawe n’umuryango wawe. Woba wipfuza cane kugira amagara meza n’ubuzima bwiza wewe n’umuryango wawe? Biciye kuri Yezu, Yehova arabaha akaryo ko kugira amagara atagira agahaze n’ubuzima budahera mw’isi nshasha aho umubabaro n’ububabare muzoba mubaza. (Zaburi 37:11, 29; Ivyahishuwe 21:3, 4) Ubwo buzima woba ubwipfuza? Nimba ubwipfuza, hari ico ukeneye gukora.

Subira witegereze ca canditswe casubiwemwo munsi y’umutwe w’iki kiganiro, na co kikaba kivuga giti: “Muzomenya ukuri, kandi ukuri kuzobagira abidegemvya.” Ukuri kwerekeye Yezu be n’uruhara afise mw’iranguka ry’umugambi w’Imana kurashobora kutugira abidegemvya kukadukura mu buja bubi kuruta ubundi bwose: ubuja bw’icaha n’urupfu. Ariko kugira ngo ivyo bishoboke, urakeneye ‘kumenya ukuri.’ Ubona gute urondeye kumenya n’ibindi kuri ukwo kuri be n’ukuntu mwe n’umuryango wawe mushobora kukwungukirako? Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kubafasha.