Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wari ubizi?

Wari ubizi?

Wari ubizi?

Yezu yashaka kuvuga iki igihe yavuga ngo “jana na we intambwe ibihumbi bibiri”?

Muri ya Nsiguro rurangiranwa Yezu yashikiriza ku musozi, yavuze ati: “Nimba umuntu afise ububasha agutegetse kugira ico umufasha ahareha n’intambwe igihumbi, jana na we intambwe ibihumbi bibiri.” (Matayo 5:41) Abariko bumviriza Yezu bashobora kuba baciye babona ko avuze ibijanye n’igikorwa c’agahato umutegetsi yashobora guha abanyagihugu.

Mu kinjana ca mbere G.C. (G.C. bisobanura “mu Gihe Cacu”) Isirayeli yaganzwa n’Abaroma. Abaroma ntibitinya guhata abantu canke ibitungwa gukora igikorwa ico ari co cose babona ko gikenewe kugira ngo igikorwa ca Leta kinyaruke. Nk’akarorero, abasoda b’Abaroma barahase Simoni w’i Sireni ngo yikorere igiti co kubabarizwako akijane aho Yezu yari kwicirwa. (Matayo 27:32) Ibikorwa vy’agahato mwene ivyo wasanga birimwo agahahazo, vyankwa kubi, kandi Abayuda vyarabarya mu mutwe.

Urugendo abanyagihugu babwirizwa kugira bikoreye umuzigo ntituzi ukuntu rwareha. Ariko biragoye kwiyumvisha ko bari kwemera kurenza aho amategeko yabasaba kugeza. Igihe rero Yezu yahimiriza abariko bamwumviriza kujana n’uwubikoreje intambwe ibihumbi bibiri, yariko ababwira gukora n’umutima ukunze ivyo bikorwa vyemewe n’amategeko abategetsi babasaba gukora.​—Mariko 12:17.

Anasi avugwa mu nkuru zo mu Njili yari nde?

Igihe Yezu yasambishwa, Anasi (ari we Ananusi) avugwa ko yari “umukuru w’abaherezi.” (Luka 3:2; Yohani 18:13; Ivyakozwe 4:6) Yari sebukwe wa Kayifa, umuherezi mukuru wa Isirayeli, kandi ubwiwe yari yarabaye umuherezi mukuru kuva mu mwaka wa 6 canke wa 7 G.C. gushika nko mu mwaka wa 15 G.C., igihe yakurwa muri ayo mabanga n’umutegetsi aserukira Uburoma yitwa Valerius Gratus. Ariko kubera yuko Anasi yari yahoze ari umuherezi mukuru, yagumye afise ububasha bwinshi muri Isirayeli. Batanu mu bahungu biwe n’umukwe wiwe bahavuye baba abaherezi bakuru.

Ihanga rya Isirayeli ricigenga, umuherezi mukuru yaguma muri iryo banga ubuzima bwiwe bwose. (Guharūra 35:25) Ariko Abaroma bamaze kwigarurira Isirayeli, umuherezi mukuru yakora kugira ahimbare ba buramatari be n’abami bagenywe n’Uburoma, kandi bano barashobora kumubogoza. Umutohozakahise Flaviyusi Yozefe avuga ko Kiriniyo, buramatari wa Siriya yatwarira Uburoma, yakuye uwitwa Yowazari mw’ibanga ry’ubuherezi bukuru nko mu mwaka wa 6 canke wa 7 G.C. amusubiriza Anasi. Ariko biboneka ko abo bategetsi b’abapagani bitaho kugena mw’ibanga ry’ubuherezi bukuru abo mu baherezi.

Umuryango wa Anasi vyari bizwi ko ufise umwina be n’uko utunze bimwe vy’akaburarugero. Biboneka ko icari caratumye utunga cane ari uko wari wiharije urudandaza rwagirirwa ku rusengero rw’ibintu vyakenerwa mu gutanga ibimazi, nk’inuma, intama, amavuta n’umuvinyu. Yozefe avuga ko Ananusi (ari we Ananiya) mwene Anasi yari afise “abasuku b’ingunge ruhebwa batwara ku nguvu ivy’icumi vy’abaherezi; mbere n’uwaba yanse gutanga ntibatinya kumukubita.”