Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwiyegereze Imana

“Dukundire tugaruke iwawe”

“Dukundire tugaruke iwawe”

Woba warigeze kuba ukorera Yehova? Woba umaze kwiyumvira ivyo gusubira kumukorera mugabo ukibaza nimba azokwakira? Turagusavye usome witonze iki kiganiro be n’igikurikira. Ni wewe canecane vyateguriwe.

“NARASENZE Yehova ndamusaba ngo ankundire ngaruke iwe yongere ambabarire kubona naramubabaje.” Ivyo vyavuzwe n’umugore umwe yari yarataye indero ya gikirisu yari yarahawe kuva mu bwana. Woba umwumvira impuhwe? Woba wibaza uti: ‘Imana ibona gute abigeze kuba bayikorera? Yoba ibibuka? Yoba yipfuza ko bayigarukako?’ Kugira twishure ivyo bibazo, reka twihweze amajambo yanditswe na Yeremiya. Inyishu z’ivyo bibazo ntiziza kubura kukweza umutima.​—Soma Yeremiya 31:18-20.

Rimbura ukuntu ibintu vyari vyifashe igihe Yeremiya yandika ayo majambo. Mu 740 B.G.C. (B.G.C. bisobanura “imbere y’igihe cacu”), imyaka mirongo imbere y’uko Yeremiya abaho, Yehova yararetse bwa bwami bwa Isirayeli bwari bugizwe n’imiryango cumi burigarurirwa n’Abashuri. * Imana yabigize kugira itoze indero abasavyi bayo kuko bari basigaye bayicumurako bimwe bikomeye, bakirengagiza imburi yaguma ibaha ibicishije ku bahanuzi bayo. (2 Abami 17:5-18) Amagorwa baboneye iyo bari barangarijwe, bari kure y’Imana yabo n’igihugu cabo c’amavukiro, yoba yaratumye bigaya? Yehova yoba yarabibagiye buhere? Yoba yobakundiye ko bamugarukako bakagaruka no mu gihugu cabo?

‘Naricujije’

Igihe abo bantu bari mu bunyagano, barikubise agashi barigaya. Yehova yarabonye ukwo kwigaya kwabo kuvuye ku mutima. Umviriza ukuntu Yehova adondora agatima abo Bisirayeli bangajwe bari bafise be n’ukuntu biyumva, bose hamwe akaba abita Efurayimu.

Yehova avuga ati: “Numvise koko Efurayimu yiririra.” (Umurongo wa 18) Yarumvise ukuntu Abisirayeli bacura intimba kubera ingaruka zatewe n’ingendo yabo yo gukora icaha. Incabwenge imwe ivuga ko ijambo ‘kwiririra’ rishobora gusobanura “kuzunza.” Bari bameze nk’umwana yigize ibiro biteze yicuza akazunza umutwe ariko arazirikana amarushwa yikwegeye, akipfuza ubuzima yari afise akiri muhira. (Luka 15:11-17) Abo bantu bariko bavuga iki?

“Warankosoye . . . nk’inyana itamenyerejwe.” (Umurongo wa 18) Abo bantu baratahura ko batojwe indero babikwiriye. Nakare, bari babaye nk’inyana itamenyerejwe ingǒgo. Iyo mvugo ngereranyo ishobora gusobanura ko bari babaye nk’impfizi y’inka ikiri nto itari kwigera “yumva umuhunda ico ari co iyo itagarariza irondera kwikurako ingǒgo,” nk’uko bivugwa n’igitabu kimwe.

“Numpindukize, nanje nzohindukira n’umutima ukunze, kuko uri Yehova Imana yanje.” (Umurongo wa 18) Baricishije bugufi mu mitima yabo baratakambira Imana. Bari barazimiye baja mu ngendo yo gukora icaha, ariko ico gihe bariko batakambira Imana ngo ibafashe kugaruka basubire kugira ubutoni kuri yo. Bibiliya imwe ihindura ayo majambo ngo: “Uri Imana yacu​—dukundire tugaruke iwawe.”​—Contemporary English Version.

‘Naricujije. Naramaramaye, nongera ndateterwa.’ (Umurongo wa 19) Abo bantu baricuza kubona baracumuye. Baremeye ikosa. N’ikindi kandi, bumva bateterewe kandi bajonjogoye.​—Luka 15:18, 19, 21.

Abo Bisirayeli barigaye. Baragize umubabaro, baraturira Imana ibicumuro vyabo, maze barahindukira bava mu nzira zabo mbi. Ukwigaya kwabo kwoba kwotumye Imana yumva ikigongwe? Yoba yobakundiye kuyigarukako?

“Nzomwumvira koko ikigongwe”

Yehova yari afitaniye ubucuti budasanzwe n’Abisirayeli. Yavuze ati: “Isirayeli namubereye Se; Efurayimu na we ni imfura yanje.” (Yeremiya 31:9) Umuvyeyi yuzuye urukundo yokwanka gute kwakira umwana wiwe yigaya vy’ukuri? Raba ukuntu Yehova aserura urukundo rwa kivyeyi afitiye abasavyi biwe.

“Mbega Efurayimu ni umuhungu w’agaciro kuri jewe, canke umwana afatanwa urukundo? Kuko uko nzomuhambarira kwose, nzosubira kumwibuka ata kabuza.” (Umurongo wa 20) Umve yemwe ukuntu ayo majambo arimwo ikibabarwe! Nka kurya kw’umuvyeyi adafyinisha abana biwe ariko kandi akaba abakunda, vyarabaye ngomba ko Imana ‘ihambarira’ abana bayo, iguma ibaburira ku bijanye n’ingendo yabo yo gukora ivyaha. Kubera ko bagagaje bakanka kuyumviriza, yararetse bajanwa mu bunyagano, iba nk’aho ibomoye. Ariko naho vyabaye ngombwa ko ibahana, ntiyabibagiye. Ntiyokwigera ikora ikintu nk’ico. Iyo wumva nta muvyeyi afise urukundo yokwibagira abana biwe. Ariko none, Yehova yiyumvise gute aho aboneye ko abana biwe bigaya vy’ukuri?

“Amara yanje [yaramusebagirikiye]. * Nzomwumvira koko ikigongwe.” (Umurongo wa 20) Yehova yari ashashaye cane abana biwe. Ukwigaya nyakuri kwabo kwaramukoze ku mutima, maze aripfuza rwose ko bamugarukako. Nka kumwe kwa wa muvyeyi wo mu mugani wa Yezu w’umwana w’icangazi, Yehova ‘vyaramuteye ikigongwe,’ aripfuza cane kwakira abana biwe bashaka kugaruka iwe.​—Luka 15:20.

“Yehova yarankundiye kugaruka iwe!”

Amajambo yo muri Yeremiya 31:18-20 aradufasha gutahura impuhwe z’ikibabarwe za Yehova be n’imbabazi ziwe. Imana ntiyibagira abigeze kuyikorera. Bite nimba abantu nk’abo bipfuza kugaruka? Imana “[y]iteguriye kubabarira.” (Zaburi 86:5) Ntizokwigera isubiza inyuma abaza kuri yo bafise imitima yigaya. (Zaburi 51:17) Ahubwo riho, ibakiriza yompi.​—Luka 15:22-24.

Wa mugore twavuga mu ntango yarafashe ingingo yo kugaruka kuri Yehova maze aja mw’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova ryo mu karere yabamwo. Mu ntango vyasavye ko arengera ukuntu yiyumva nabi. Yibuka ibi: “Narumva umengo simbereye. Mugabo abakurambere b’ishengero barandemesheje bongera baramfasha gusubirana intege mu vy’impwemu. Avugana ugukenguruka kwinshi ati: “Ndaryoherwa rwose kubona Yehova yarankundiye kugaruka iwe!”

Nimba warigeze kuba ukorera Yehova maze ukaba wiyumvira kwongera kumukorera, tukuremesheje kugendera ishengero ry’Ivyabona vya Yehova ry’aho uba. Niwibuke ko Yehova agirira impuhwe n’imbabazi abigaya bakamutakambira bati: “Dukundire tugaruke iwawe.”

Aho turemeshejwe gusoma muri Ndamukiza:

Yeremiya 17-31

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 2 Ibinjana nka bingahe imbere y’aho, ni ukuvuga mu 997 B.G.C., Abisirayeli bariciyemwo ubwami bubiri. Bumwe bwari ubwami bwa Yuda bwo mu bumanuko bwari bugizwe n’imiryango ibiri. Ubundi na bwo bwari ubwami bwa Isirayeli bwo mu buraruko bwari bugizwe n’imiryango cumi, ubwitwa kandi Efurayimu kubera ko uwo wari wo muryango uhambaye kurusha iyindi yari ibugize.

^ ing. 5 Ku bijanye n’ukwo gusebagirika kw’amara, igitabu kimwe gifasha abashira Bibiliya mu zindi ndimi gisigura giti: “Abayuda babona ko mu nda ari ho hadudubiriza inyiyumvo.”