Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

NI IGIKI catumye umugabo umwe agaruka ku ndero yo mu vy’Imana yari yarahawe kuva mu bwana? Umusore umwe yaronse gute se yari yaripfuje mu buzima bwiwe bwose? Umva ivyo batuyagira.

“Nari nkeneye kugaruka kuri Yehova.”​—ELIE KHALIL

YAVUTSE MU 1976

IGIHUGU AKOMOKAMWO: SHIPRE

IVYO YACIYEMWO: UMWANA W’ICANGAZI

KAHISE KANJE: Navukiye i Shipre ariko nkurira muri Ostraliya. Abavyeyi banje ni Ivyabona vya Yehova kandi barundi nta ko batagize ngo banyigishe gukunda Yehova n’Ijambo ryiwe Bibiliya. Ariko ngeze mu buyabaga, naratanguye kugarariza. Mw’ijoro naromboka ngasohoka, nkaja kwifatanya n’iyindi miyabaga. Twariba imiduga tukaja no mu yandi mabi menshi.

Mu ntango, ivyo nabigira ninyegeje ku gutinya ko nohava mbabaza abavyeyi banje. Ariko ubwo bwoba bwahavuye buhera. Naracuditse n’abantu banduta cane batakunda Yehova, bakaba barangizeko akosho kabi. Nahavuye mbwira abavyeyi banje ko ntagishaka kwifatanya na bo mu bijanye n’ugusenga. Baragerageje kumfasha bihanganye, ariko ndababera ifuro ry’igiti. Ivyo vyarabavunye umutima.

Maze kuva i muhira, naratanguye kwihereza ibiyayuramutwe, mbere nkaba nararima nkongera nkagurisha urumogi rwinshi bita marijuwana. Naraja mu buhumbu, nkamara umwanya munini nidagadura muri bwa bunywero barara baratamba bukabakerako. Nahavuye kandi mba umuntu ashavura ningoga. Hagize uwuvuga canke uwukora ikintu ntashaka, naca mpfuhagira ishavu, ngakankamira abantu, no kubakubita nkabakubita. Mu vy’ukuri, narakora ikintu cose nari narigishijwe ko umukirisu adakwiye gukora.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Nahavuye ncudika cane n’umunywi w’ibiyayuramutwe nkanje yari yarabuze se akiri umwana. Kenshi bwarahakwa kudukerako turi mu kiyago. Rimwe na rimwe muri ayo majoro, yaranyugurukira akambwira ukuntu akumbura cane se. Kubera ko nari nakuze nzi icizigiro c’izuka, sinamenye n’ingene natanguye kumubwira ivyerekeye Yezu, yuko yazuye abapfuye be n’uko asezerana ko azokwongera kubigira muri kazoza. (Yohani 5:28, 29) Naramubwira nti: “Ibaze ntuze usubiye kubona so wawe. Twese turashobora kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo kw’isi.” Ivyo vyaramukoze ku mutima.

Mu bindi bihe, vyarashika akinjiza mu biyago ibijanye n’imisi ya nyuma canke inyigisho y’Ubutatu. Naratora Bibiliya yiwe nkamwereka ivyanditswe bitandukanye vyerekana ukuri ku vyerekeye Yehova Imana, Yezu be n’imisi ya nyuma. (Yohani 14:28; 2 Timoteyo 3:1-5) Uko namubwira ivyerekeye Yehova ni ko nasanga ndiko ndiyumvira ibijanye na Yehova.

Buhorobuhoro, imbuto z’ukuri kwo muri Bibiliya zari zisinziriye mu mutima wanje, izo abavyeyi banje bari baragerageje kuwuteragiramwo, zaratanguye gukura. Nk’akarorero, igihe naba ndiko nidagadurana n’abagenzi banje turiko twihereza ibiyayuramutwe, vyarashika nkaza mbona ntanguye kwiyumvira ivyerekeye Yehova. Benshi mu bagenzi banje bavuga ko bakunda Imana ariko ntibigenze nk’abantu bayikunda. Kubera ko ntashaka kuba nka bo, narabonye ico nkwiye gukora. Nari nkeneye kugaruka kuri Yehova.

Ariko ntiwumve, kumenya ico ukwiye gukora ni kimwe, kugikora kikaba ikindi. Amahinduka amwamwe yaranyoroheye kugira; nk’akarorero, ntivyangoye cane guheba ibiyayuramutwe. N’ikindi kandi, naravavanuye n’abahora ari abagenzi banje, ntangura kwigana Bibiliya n’umukurambere wo mw’ishengero.

Ariko kugira ayandi mahinduka ntihabaye aho gutuma umwana. Ikintu canecane cangoye ni ugucungera ishavu. Vyarashika nkagerageza ariko mu nyuma bigasubira kwanka. Naca numva mbabaye, nkabona ko ntazovayo. Maze gucika intege, narituye wa mukurambere twigana Bibiliya. Yarandemesheje vy’ukuri abigiranye ukwihangana kwinshi n’umutima mwiza. Igihe kimwe, yaransavye ngo nsome ikiganiro co mu Munara w’Inderetsi kivuga akamaro ko kwumira kw’ibanga. * Twarayaze intambwe notera bishitse ngashavura. Buhorobuhoro, ndabifashijwemwo n’ico kiganiro be n’amasengesho natura Yehova, narashoboye gucungera ishavu ryanje. Amaherezo, muri Ndamukiza 2000 narabatijwe mba Icabona ca Yehova. Uca wumva nawe ko abavyeyi banje akamwemwe kabishe.

IVYIZA NAHAKUYE: Ubu ndafise amahoro mu mutima n’ijwi ryo mu mutima ritanyagiriza ikibi, kubera nzi yuko ntacihumanisha ibiyayuramutwe canke ubuhumbu. Ivyo nkora vyose, kaba akazi, kuja ku makoraniro ajanye no gusenga canke ukwiruhura, ndabikora ndyohewe cane. Ubuzima ndabubona neza.

Ndashimira Yehova kubona abavyeyi banje batigeze banyibagira. Ndazirikana kandi aya majambo ya Yezu ari muri Yohani 6:44 agira ati: “Nta muntu ashobora kuza kuri jewe kiretse Data yandungitse amukwegereye.” Ndakorwa ku mutima no kwiyumvira ukuntu nagarutse kuri Yehova kubera ko yasubiye kunkwēgēra.

“Nari nshashaye kuronka uwombera dawe.”​—MARCO ANTONIO ALVAREZ SOTO

YAVUTSE MU 1977

IGIHUGU AKOMOKAMWO: SHILI

IVYO YACIYEMWO: YARI MU MUGWI UCURARANGA UMUZIKI UTEYE IKINYA

KAHISE KANJE: Narezwe na mawe, tukaba twaba mu gisagara ciza cane citwa Punta Arenas kiri ku nkengera ya ya mazi yitwa détroit de Magellan hafi y’isonga rya Amerika y’Epfo ryo mu bumanuko. Mfise imyaka itanu, abavyeyi banje baratandukanye, nsigara numva umengo ndi intabwa. Nari nshashaye kuronka uwombera dawe.

Mawe yigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, kandi yaranjana ku makoraniro ajanye no gusenga yabera ku Ngoro y’Ubwami. Ariko rero, ayo makoraniro nayanka kubi, kandi ni kenshi vyashika nkivumbura turiko tujayo. Mfise imyaka 13, narahagaritse kuyajamwo.

Ico gihe, naratanguye gukunda umuziki, kandi nahavuye nsanga mfise ingabirano y’ivy’umuziki. Mfise imyaka 15, nari nsigaye ncuraranga umuziki ukaze cane witwa heavy metal be n’umuziki uteye ikinya witwa death metal ku misi mikuru, mu bunywero no mu manza. Narifatanya n’abacuraranzi babishoboye, ivyo bikaba vyatumye nipfuza kumenya ivyerekeye umuziki ukurikiza amategeko y’ivy’umuziki. Naciye ntangura kwiga ivyigwa vy’umuziki kw’ishure ryaho ryigisha ivy’umuziki. Mfise imyaka 20, narimukiye ku mugwa mukuru Santiago kugira nonosore ivyigwa vyanje. Ariko narabandanije gucuraranga mu migwi icuraranga wa muziki wa heavy metal n’umwe wa death metal.

Ico gihe cose, naguma numva umengo nta co maze. Kugira ntururuze izo nyiyumvo, naraborerwa ngafata n’ibiyayuramutwe ndi kumwe n’abacuraranzi bagenzanje, abo nabona ko ari bo muryango wanje. Nari mfise agatima k’ubugarariji, kandi undavye waca ubibona. Nambara impuzu zirabura, ngatereka ivyanwa, umushatsi na wo nkawureka ugakura gushika mu mafyinga.

Incuro n’izindi, nararwana n’abandi nkongera nkagiranira ingorane n’abapolisi. Igihe kimwe nagasomye, naragurukiye ku kagwi k’abadandaza b’ibiyayuramutwe bariko batubuza amahoro twe n’abagenzi banje. Abo badandaza barankubise baranoza n’umubangabanga baramena.

Ariko rero, abambabaje kuruta abandi bose ni abo nabona ko ari abagenzi bashika. Umusi umwe, naramenye ko umukobwa twakundana yari amaze imyaka akundanye n’umugenzi wanje somambike, kandi abagenzi banje bose bari barabimpishije. Vyaramvunye umutima rwose.

Narasubiye i Punta Arenas maze ntangura kwigisha umuziki no gukora akazi ko kuvuza igicurarangisho c’imirya citwa violoncelle. Narabandanije kandi gucurarangana n’imigwi y’abacuraranzi ba wa muziki wa heavy metal n’uwa death metal maze tukayifata amajwi . Narahuye n’umwigeme mwiza yitwa Sussan maze dutangura kubana. Haciye igihe, Sussan yasanze nyina yemera inyigisho y’Ubutatu ariko abona ko jeho ntayemera. Ni kwo guca ambaza ati: “None ukuri ni ukuhe?” Naramwishuye ko nzi yuko iyo nyigisho y’Ubutatu atari iy’ukuri ariko ko ntari nshoboye kubimwereka muri Bibiliya. Ariko rero, nari nzi uwobimwereka. Namubwiye ko Ivyabona vya Yehova bashoboye kumwereka ukuri muri Bibiliya. Naciye nkora ikintu hari haheze imyaka n’iyindi ntakora: narasenze Imana ndayisaba ngo imfashe.

Haciye imisi mikeyi, narabonye umugabo umengo sinzi ahantu ndamuzi nca ndamubaza ko ari Icabona ca Yehova. Naho washobora kubona ko atewe ubuyega n’ukuntu mboneka, yaranyishuye n’umutima mwiza ibibazo vyose namubajije ku bijanye n’amakoraniro abera ku Ngoro y’Ubwami. Naciye mbona neza ko rya sengesho ryanje ryishuwe. Naragiye ku Ngoro y’Ubwami ndicara ku ntebe y’inyuma kugira ngo ntihagire uwumbona. Ariko benshi baciye banyibuka nitaba amakoraniro nkiri umwana. Barampaye ikaze barangumbira n’igishika cinshi ku buryo numvise amahoro atovugwa. Ni nk’aho nari ngarutse i muhira. Mbonye wa mugabo yari yaranyigishije Bibiliya nkiri umwana, naramusavye ko twosubira kwiga.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Umusi umwe narasomye mu Migani 27:11, ahavuga hati: “Ba inkerebutsi mwananje, unezereze umutima wanje.” Narakozwe ku mutima no kubona ko umuntu buntu ashobora kunezereza Umuremyi w’ibiriho vyose. Naciye ntahura ko Yehova ari we Dawe nari nararondeye ubuzima bwanje bwose!

Nashaka guhimbara Dawe wo mw’ijuru no gukora ivyo agomba, mugabo nari maze imyaka n’iyindi ndi umuja w’ibiyayuramutwe n’inzoga. Nahavuye ntahura inyigisho ya Yezu iri muri Matayo 6:24, ahavuga ko ata “woshobora gushumbira ba shebuja babiri.” Uko nagwa mvyuka ngo mpinduke, narabonye ko ya ngingo ngenderwako yo mu 1 Abakorinto 15:33 ari iy’ukuri, na yo ikaba igira iti: “Kwifatanya n’ababi kwonona ingeso nziza.” Narabonye yuko ntahevye ahantu nama nja be n’abantu twama twifatanya ntoshoboye kuvavanura n’ingeso mbi. Impanuro ya Bibiliya yari itomoye: nabwirizwa gufata ingingo ruhasha zo kuvavanura n’ibintu vyariko bintsitaza.​—Matayo 5:30.

Ingingo yangoye gufata kuruta izindi zose kwabaye uguheba umuziki wa heavy metal kubera ko nakunda cane umuziki. Ariko ndabifashijwemwo n’abagenzi bo mw’ishengero, naratevye ndawuheba. Narahevye kuborerwa no gufata ibiyayuramutwe. Vyongeye, naramoye wa mushatsi na vya vyanwa, ndaheba no kuza ndambara impuzu zirabura gusa. Igihe nabwira Sussan ko ngira mwe uwo mushatsi, yaciye ashaka kumenya ico bivuyeko. Yavuze ati: “Je turajana ndabe ibibera kuri iyo Ngoro y’Ubwami numva!” Yarakunze ivyo yahabonye, bidatevye aca atangura kwiga Bibiliya. Sussan twahavuye twubakana. Mu 2008, twarabatijwe tuba Ivyabona vya Yehova. Turahimbawe kuba twifatanije na mawe mu gukorera Yehova.

IVYIZA NAHAKUYE: Naravuye mu vyara vy’isi irangwamwo abagenzi b’ibihemu n’icitwa ngo ni agahimbare. Ndacakunda umuziki, ariko ubu ndarobanura. Ndafatira ku vyo naciyemwo mu gufasha abo mu muryango be n’abandi, canecane urwaruka. Nshaka kubafasha kubona ko ivyo isi itanga bishobora gusa n’ibikwegera, mugabo impera n’imperuka ugasanga ari “ikigunguzi c’umwanda” gusa.​—Abafilipi 3:8.

Narironkeye abagenzi badahemuka mw’ishengero rya gikirisu, aho usanga urukundo n’amahoro ari vyo bihibereye. N’ikiruta vyose, kubera ko niyegereje Yehova, nagiye naronka Dawe.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 14 Ni ikiganiro kivuga ngo “ La réussite grâce à la persévérance “ (Kwumirako biravamwo ivyiza) kiri mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Ruhuhuma 2000, urupapuro rwa 4-6.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 13]

“Nagarutse kuri Yehova kubera ko yasubiye kunkwēgēra”