Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwigane ukwizera kwabo

Yarakingiye umuryango, arawuronderera, arumira kw’ibanga

Yarakingiye umuryango, arawuronderera, arumira kw’ibanga

YOZEFU yaraboheye uwundi muzigo ku ndogobwa. Sa n’uwumubona ariko yeraguza irya n’ino mu kigwati ca Betelehemu cari mu mwiza yongera akubita buhorobuhoro mu mafyinga nya gitwazi ciwe gitoyi gikomeye. Ategerezwa kuba yariko ariyumvira urugendo rurerure rwari rumurindiriye. Ibaze ntuze: yari agiye mu Misiri, mu bantu atazi, bavuga ururimi atazi, bafise n’imico kama atamenyereye; mbega umuryango wiwe mutoyi womenyereye gute ubuzima bushasha?

Ntivyari vyoroshe kubwira Mariya umugore wiwe yakunda cane nya nkuru mbi, mugabo Yozefu yarariye umutima amenyo arayimubwira. Yaramwiganiye indoto yari yarose aho umumarayika yamushikirije ubutumwa buvuye ku Mana bw’uko Umwami Herodi yashaka kwica umwana wabo! Bategerezwa guca ubwo nyene bakura meza. (Matayo 2:13, 14) Ivyo vyatumye Mariya ahagarika umutima cane. Kubera iki hari uwariko arondera kwica umwana wiwe ata co azira kandi ata kaga ateye? Yaba Mariya canke Yozefu, nta n’umwe yavyumva. Mugabo barizigiye Yehova baritegurira kugenda.

Yozefu, Mariya na Yezu barasobotse mw’ijoro bava mu kigwati ca Betelehemu abantu baho basinziriye, ata na kimwe bazi. Uko Yozefu yagenda agana mu bumanuko, mu buseruko na ho hakaba hariko hatangura guca, ashobora kuba yaribajije ivyari bibarindiriye. Umubaji mutoyi nka Yozefu yoshoboye gute gukingira umuryango wiwe ibintu bikomeye cane vyowugeramiye? Mbega ho yokwamye aronka ivyo kuwutunga? Yoba yoshoboye kuguma arangura ibanga ritoroshe Yehova Imana yari yamushinze ryo kubungabunga no kurera uwo mwana adasanzwe? Emwe, Yozefu yari ahanzwe n’ingorane zitoroshe! Uko twihweza ukuntu yavyifashemwo, turaza kubona igituma ba serugo muri iki gihe, eka na twebwe twese, dukeneye kwigana ukwizera kwa Yozefu.

Yarakingira umuryango wiwe

Amezi n’amezi imbere y’aho, igihe Yozefu yaba mu gisagara ciwe c’amavukiro ca Nazareti, ubuzima bwiwe bwarahindutse rwose aho amariye kuresha umukobwa wa Heli. Yozefu yari azi ko Mariya ata kabi ariko, ko ari umwigeme afise ukwizera gukomeye. Mugabo yagiye yumva ngo Mariya aribungenze! Yaciye yiyumvira kwahukana na we mu mpisho kugira amukingire agateterwe. * Ariko umumarayika yaravuganye na we mu ndoto, aramusigurira ko Mariya yibungenze biciye ku mpwemu nyeranda ya Yehova. Nya mumarayika yaramubwiye kandi ko umwana Mariya yovyaye “[yokijije] abantu biwe ibicumuro vyabo.” Yaciye asubiriza umutima mu nda Yozefu ati: “Ntutinye gutwara Mariya umugore wawe i muhira.”​—Matayo 1:18-21.

Yozefu, umugabo w’umugororotsi kandi agamburuka, yaciye akora kuno. Yarikoreye amabanga aremereye kuruta ayandi yose: kurera no kubungabunga umwana atari uwiwe, umwana w’Imana w’agaciro kuruta abandi bose. Mu nyuma, Yozefu yaragamburutse itegeko ry’umwami w’abami ajana umugore wiwe yibungenze i Betelehemu kwandikwa. Aho ni ho nya mwana yavukiye. *

Yozefu ntiyasubije umuryango wiwe i Nazareti. Ahubwo baciye baba i Betelehemu, ku bilometero bikeyi gusa uvuye i Yeruzalemu. Bari bakenye, ariko Yozefu yarakora uko ashoboye kwose kugira Mariya na Yezu ntibabure ivya nkenerwa canke ngo bamererwe nabi. Inyuma gatoyi y’aho, bahavuye baba mu nzu iciye bugufi. Maze igihe Yezu atari akiri akayoya ariko akaba yari amaze kuba umwana mutoyi arenza kumbure umwaka, ubuzima bwabo bwaciye busubira guhinduka bukwi na bukwi.

Hari umugwi w’abagabo washitse; bano bari abaragurira ku nyenyeri bari bavuye mu Buseruko, bakaba kumbure bari bavuye kure i Babiloni. Bari bakurikiye inyenyeri yabashikanye aho Yozefu na Mariya baba, bakaba bariko barondera umwana yobaye umwami w’Abayuda. Abo bagabo bari abantu bubaha cane.

Baba bari babizi canke batabizi, abo bagabo bari bashize uwo mwana Yezu mu kaga gakomeye. Uti gute? Inyenyeri bari babonye ntiyaciye ibajana i Betelehemu, ariko yabanje kubajana i Yeruzalemu. Aho i Yeruzalemu barabwiye Umwami Herodi w’umubisha ko bariko barondera umwana yobaye umwami w’Abayuda. Ivyo vyatumye Herodi arurumba ishari n’ishavu.​—Raba ikiganiro kivuga ngo “Abasomyi bacu barabaza . . . Ni nde yarungitse ya ‘nyenyeri’?” kiri ku rupapuro rwa 29.

Ariko igishimishije, hari inguvu iruta Herodi yariko irakora. Uti gute? Urabona, abo bashitsi barazanye ingabirano, ariko bo nta co basavye. Emwe, Yozefu na Mariya bategerezwa kuba batatahuye ingene baronse bukwi na bukwi “inzahabu n’imibavu ya olibani be n’imira,” ivyo bikaba vyari ibintu vy’agaciro! Nya bagabo baragurira ku nyenyeri bari bafise intumbero yo kubwira Umwami Herodi aho basanze nya mwana. Ariko Yehova yaciye ahaseruka. Biciye mu ndoto, yabategetse gutaha baciye mu yindi nzira.​—Matayo 2:1-12.

Haciye akanya gatoyi nya bagabo bagiye, umumarayika wa Yehova yaburiye Yozefu ati: “Haguruka, utore wa mwana na nyina wiwe uhungire mu Misiri, maze ugumeyo gushika ngize ijambo nkubarira; kuko Herodi agira arondere uwo mwana ngo amwice.” (Matayo 2:13) Nk’uko twabibonye mu ntango z’iki kiganiro, Yozefu yaciye ubwo nyene akora kuno. Ico yitaho gusumba ibindi wari umutekano w’umwana wiwe, akaba yaciye atwara umuryango wiwe mu Misiri. Kubera ko ba bagabo baragurira ku nyenyeri bari bahaye uwo muryango ingabirano zizimvye cane, wari ufise rero ivyoshoboye kuwufasha mu misi bomazeyo.

Mu nyuma, imigani n’ibitito bidashingiye kuri Bibiliya vyarashikirije ivyiyumviro bitabaho ku bijanye n’urwo rugendo, mu kuvuga ko ngo akana Yezu kakoze igitangaro kakagabanya nya rugendo, kagatuma abambuzi batabakoma, ngo mbere kagatuma ibigazi vy’itende vyigonda kugira nyina yamure ingazi zavyo. * Ariko mu vy’ukuri, bagize urugendo rurerure kandi ruruhisha baja mu karere batazi.

Hari vyinshi abavyeyi bashobora kwigira kuri Yozefu. Yaremeye guhagarika akazi kiwe no guheba ivyotuma amererwa neza kugira akingire umuryango wiwe akaga. Biribonekeza ko umuryango wiwe yawubona nk’ikintu ceranda Yehova yamubikije. Muri iki gihe abavyeyi barerera abana mw’isi iteye akaga cane, isi yuzuyemwo ibintu vyogeramira urwaruka, bikarwonona, canke mbere bikaruhitana. Ba inabibondo na ba sebibondo bagira ico bakoze n’ubwira nka Yozefu, bakihatira gukingira ibibondo vyabo utwosho nk’utwo, vy’ukuri ni abo gukezwa!

Yararonderera umuryango ikiwutunga

Biboneka ko uwo muryango utamaze igihe kirekire mu Misiri kuko budakeye na kabiri umumarayika yamenyesheje Yozefu ko Herodi yapfuye. Yozefu yaciye asubiza umuryango wiwe mu gihugu c’amavukiro. Kera, hari ubuhanuzi bwari bwaravuze ko Yehova yohamagaye umwana wiwe “ngo ave mu Misiri.” (Matayo 2:15) Yozefu yarafashije gushitsa ubwo buhanuzi; ariko none yojanye hehe umuryango wiwe?

Yozefu yari umuntu yiyubara. Yaratinya Arikelayo uwasubiriye Herodi ku ngoma, kandi vyari bibereye ko amutinya kuko na we nyene yari inkazi akaba n’umwicanyi. Imana yabwiye Yozefu ngo adugane umuryango wiwe mu buraruko, kure ya Yeruzalemu n’imigambi yaho y’ububisha; asubira mu gisagara ciwe c’amavukiro ca Nazareti i Galilaya. Aho ni ho we na Mariya barereye umwana wabo.​—Matayo 2:19-23.

Bagize ubuzima busanzwe ariko butoroshe. Bibiliya yita Yozefu umubaji, iryo jambo rikaba ririmwo ibikorwa vyinshi bijanye no gutegura igiti, nko kucicira, kukiburuta, kugitegura ngo gikoreshwe mu kwubaka amazu, amato, ibiraro bitobito, imikogote, amapine y’imikogote, ingǒgo, n’ubwoko bwose bw’ibikoresho vyo kurima. (Matayo 13:55) Cari igikorwa c’inguvu kiruhisha. Umubaji wo mu bihe vya Bibiliya akenshi yakorera imbere y’umuryango w’inzu yiwe iciye bugufi canke mw’isaramara ibangikanye na yo.

Yozefu yarakoresha ibikoresho vyinshi bitandukanye, bimwebimwe akaba ashobora kuba yari yabihawe na se. Ashobora kuba yarakoresha ikeri, karisho, umugozi uriko ifu y’ingwa, agashoka, umusumeno, imbazo, inyundo, imangu ari yo nyundo y’igiti, isinzo, igikoresho co gutoboza imbaho yakoresha mu kuja arakwega umuheto yongera awusuguma, uburembo butandukanye, kumbure n’imisumari mikeyi naho yari izimvye.

Iyumvire Yezu ari agahungu gatoyi ariko yitegereza se wiwe murezi ariko arakora. Kubera ko yaguma arikanuye yihweza akantu kose Yozefu agira, nta gukeka ko yatangarira inguvu zari mu bitugu vya se vyagutse no mu maboko yiwe y’imirya, ubuhanga yabona mu maboko yiwe n’ubwenge yabona mu maso hiwe. Yozefu ashobora kuba yaratanguye kwigisha uwo muhungu wiwe mutoya ibikorwa bitobito nko gusena urubaho akoresheje urushato rw’ifi rwumye. Ashobora kuba yaramwigishije itandukaniro ry’ibiti bitari bimwe yakoresha, nk’akarorero umusukoni w’umusukomora, igiti citwa chêne, canke umwelayo.

Yezu yarize kandi yuko ayo maboko akomeye yicira ibiti, akabitunganya akongera akabifatanya, ari na yo maboko nyene yoroshe yakoresha mu gukuyakuya no mu kuremesha Yezu ubwiwe, batoyi biwe na nyina wiwe. Emwe, Yozefu na Mariya bari bafise umuryango watera uba munini wahavuye ubamwo n’imiburiburi abana batandatu biyongereye kuri Yezu. (Matayo 13:55, 56) Yozefu yategerezwa kurushiriza gukora cane kugira abitwararike bose yongere abaronse ivyo bafungura.

Ariko rero, Yozefu yaratahura ko kuronsa umuryango wiwe ivyo ukeneye mu vy’Imana ari co kintu cari gihambaye kuruta ibindi. Ni co gituma yamara umwanya yigisha abana biwe ivyerekeye Yehova Imana n’amategeko yiwe. We na Mariya bama babatwara kw’isinagogi yo mu karere kabo, aho Itegeko ryasomwa n’ijwi ryumvikana rikongera rigasigurwa. Bavuyeyo, Yezu ashobora kuba yaba afise ibibazo vyinshi maze Yozefu akagerageza kumumara inyota yaba afise yo kumenya ivy’Imana. Yozefu yarajana kandi umuryango wiwe ku misi mikuru y’ivy’ugusenga yabera i Yeruzalemu. Kuri Pasika yaba ku mwaka ku mwaka, Yozefu n’umuryango wiwe bishobora kuba vyarasaba ko bamara indwi zibiri kugira bagire urugendo rw’ibilometero 112,65, bahimbaze uwo musi mukuru bongere bagaruke.

Muri iki gihe, ba serugo bakirisu barigana akarorero ka Yozefu. Baritangira abana babo, bagashira imbere ivyo kubigisha ivy’Imana aho gushira imbere ivyo kubaronderera amatungo canke ibindi bintu. Barihatira rwose kujana abana babo ku makoraniro ya gikirisu maninimanini na matomato. Nka kumwe kwa Yozefu, barazi ko ico ari co kintu ciza kuruta ibindi bokora kugira babaronderere kazoza keza.

“Twahagaritse umutima”

Igihe Yezu yari afise imyaka 12, Yozefu yaratwaye umuryango wiwe i Yeruzalemu nk’uko yama abigira. Hari ku musi mukuru wa Pasika, ico gihe imiryango myinshi mininiminini ikaba yarafatanya urugendo ica mu mpinga z’imisozi zitotahaye mu gihe c’impeshi. Begereje akarere kataryoheye ijisho cane ko hafi y’igisagara ca Yeruzalemu cari ahakirurutse, abenshi bararirimba ya mazaburi y’ukuduga yari azwi cane. (Zaburi 120-134) Ico gisagara gishobora kuba caruzuramwo abantu ibihumbi amajana. Mu nyuma, imiryango yaca itangura gufata inzira yo gutaha. Kubera ko Yozefu na Mariya bashobora kuba bari bafise vyinshi vyo gukora, bibwiye ko Yezu ari kumwe n’abandi, kumbure abo mu muryango wabo. Bamaze umusi wose bagenda bavuye i Yeruzalemu, bagize gutya ni ho bakubitwa n’inkuba babonye ko Yezu atari kumwe na bo!​—Luka 2:41-44.

Baciye basubira inyuma, bagenda baramurondera bataye umutwe gushika n’i Yeruzalemu. Ibaze ukuntu babona umengo ico gisagara kiragaragara kandi kibabereye gishasha uko bagenda mu mabarabara basemerera bahamagara umwana wabo mw’izina. Mbe basha nya mwana yari hehe? Ku musi ugira gatatu bariko bararondera, Yozefu yoba yaratanguye kwibaza nimba ibanga ryo kwitwararika ikintu ceranda Yehova yamubikije ryari ryamunaniye? Barondeye babuze, ni ho baja ku rusengero. Baramurondeyeyo gushika no mu cumba cari gikoraniyemwo abagabo bize, banonosoye rya Tegeko, wa mwana Yezu ntuze akaba yari yicaye muri bo! Ibaze ingene Yozefu na Mariya biruhukije!​—Luka 2:45, 46.

Yezu yariko arumviriza abo bagabo bize, ababaza ibibazo n’ubwira bwinshi. Abo bagabo baguma bumizwa n’ugutegera kw’uwo mwana be n’inyishu ziwe. Mariya na Yozefu bo ntibavyumva. Iyo nkuru ntiyerekana ko Yozefu hari ico yavuze. Mugabo aya majambo Mariya yavuze arerekana neza akari ku mutima wabo bompi: “Mwananje, kubera iki watugiriye gutyo? Raba ingene twe na so twahagaritse umutima tukurondera.”​—Luka 2:47, 48.

Muri ayo majambo make adomako, Ijambo ry’Imana rirerekana neza uko ibanga ry’ubuvyeyi rimeze. Umuvyeyi arashobora gushuha umutwe, eka naho mbere umwana wiwe yoba atunganye! Kurerera abana muri iyi si yuzuye akaga birashobora gutuma umuvyeyi ‘ahagarika umutima’ bimwe bitovugwa, mugabo ba sebibondo na ba inabibondo barashobora guhumurizwa no kumenya ko Bibiliya itahura ingorane bahura na zo.

Igishimishije, Yezu yari yagumye ahantu honyene mw’isi hatuma yumva yiyegereje cane Se wiwe wo mw’ijuru Yehova, ashashaye kwiyinjizamwo ikintu cose yashobora kuhigira. Yaciye rero yishura abavyeyi biwe mu majambo yoroshe kandi avuye ku mutima, ati: “Kubera iki mwiriwe murandondera? Ntimwari muzi ko ntegerezwa kuba ndi mu nzu ya Dawe?”​—Luka 2:49.

Yozefu ategerezwa kuba yarazirikanye ayo majambo incuro n’izindi. Ayo majambo ashobora kuba yaratumye yumva yishimye. Nakare, nta ko atari yaragize ngo yigishe uwo mwana wiwe w’umurerano kwiyumvamwo gutyo Yehova Imana. Ico gihe Yezu yari agahungu, yari amaze kwiyumvamwo cane ijambo “data”, ivyo ahanini bikaba vyava ku migenderanire yari afitaniye na Yozefu.

Nimba uri sebibondo, woba utahura ko ari agateka vy’ukuri gufasha abana bawe gutahura ico ari co sebibondo akundana kandi akingira ibibondo? Naho woba ureze abana batari abawe, niwibuke akarorero ka Yozefu, umwe wese ubone ko ameze ukwiwe kandi ko ari uw’agaciro. Nubafashe kurushiriza kwiyegereza Se wabo wo mw’ijuru Yehova Imana.

Yarumiye kw’ibanga

Bibiliya ihishura ibindi bintu bikeya gusa ku buzima bwa Yozefu, ariko birahambaye ko tuvyihweza twitonze. Ivuga ngo: “[Yezu] aguma abayobokera,” ni ukuvuga abavyeyi biwe. Ivuga kandi iti: “Abandanya gutera imbere mu bukerebutsi no gukura ku mubiri no kugira ubutoni ku Mana no ku bantu.” (Luka 2:51, 52) Ayo majambo ahishura iki ku bijanye na Yozefu? Arahishura ibintu bitari bike. Aratwereka ko Yozefu yabandanije guhagarikira urugo rwiwe, kuko umuhungu wiwe atunganye yubaha ubukuru bw’uwo se wiwe, akaguma amuyobokera.

Ayo majambo aratwereka kandi ko Yezu yabandanije gutera imbere mu bukerebutsi. Yozefu ategerezwa kuba yarabigizemwo uruhara runini. Ico gihe, hariho umwibutsa Abayuda bari bamenyereye kuva kera. Uwo mwibutsa wavuga ko aborohewe mu buzima ari bo bonyene bashobora kuba inkerebutsi vy’ukuri; nayo abanyamyuga nk’ababaji, abarimyi n’abacuzi ngo “ntibashobora gushikiriza ubutungane n’urubanza; kandi ntibarangwa ahavugirwa imigani.” Ariko mu nyuma Yezu yarerekanye ko uwo mwibutsa utavuga ukuri. Akiri agahungu, iyumvire incuro yumva se wiwe murezi abigisha neza ivyerekeye “ubutungane n’urubanza” vya Yehova naho yari umubaji aciye bugufi! Nta gukeka ko yavyumva incuro zidaharurika.

Kuba Yezu yarabandanije akura ku mubiri na vyo nyene biratwereka ko Yozefu yagumye agira uruhara mu bijanye no kumurera. Ako gahungu kitwararikwa kahavuye kavamwo umugabo w’inguvu kandi w’amagara meza. Vyongeye, Yozefu yarigishije umwana wiwe kuba umuhanga mu kazi yakora. Yezu ntiyari azwi gusa ko ari umuhungu w’umubaji, ariko kandi yari azwi ko ari “umubaji.” (Mariko 6:3) Vyerekana rero ko Yozefu yamwigishije neza koko. Ba serugo bagira neza kwigana Yozefu mu kuronsa abana babo ibintu vya nkenerwa kugira bamererwe neza no mu kubafasha kugira bazoshobore kwitunga.

Inkuru ya Bibiliya igeze aho ivuga ivyerekeye ibatisimu ya Yezu afise imyaka 30, Yozefu ntasubira kuvugwa. Ibimenyamenya bisa n’ivyerekana ko Mariya yari umupfakazi igihe Yezu yatangura igikorwa ciwe. (Raba uruzitiro ruvuga ngo “Yozefu yapfuye ryari?” ku rupapuro rwa 27.) Naho ari ukwo, hari ibintu bitomoye bituma Yozefu tudashobora kumwibagira: yarasize akarorero keza cane ka sebibondo yakingiye umuryango wiwe, arawuronderera ikiwutunga, yongera arumira kw’ibanga gushika kw’iherezo. Birabereye ko sebibondo wese, serugo wese, canke uwundi mukirisu wese yigana ukwizera kwa Yozefu.

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 7 Muri iyo misi kuresha vyabonwa nk’ukwubaka.

^ ing. 8 Raba ikiganiro kivuga ngo “Niwigane ukwizera kwabo​—Yaragize ‘ivyiyumviro ashitseko mu mutima wiwe’” kiri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Gitugutu 2008.

^ ing. 14 Bibiliya irerekana neza ko Yezu amaze kubatizwa ari ho yakoze igitangaro ciwe ca mbere. (Yohani 2:1-11) Ushaka kumenya vyinshi ku bijanye n’inkuru zo mu njili zitari izo muri Bibiliya, raba ikiganiro kivuga ngo “Injili zitari izo muri Bibiliya zoba zihishura ivyanyegejwe ku bijanye na Yezu?” kiri ku rupapuro rwa 18.

[Uruzitiro ku rup. 27]

Yozefu yapfuye ryari?

Turazi ko Yozefu yari akiriho igihe Yezu yari afise imyaka 12. Abana b’Abayuda bashikanye iyo myaka, baratangura kwiga umwuga wa ba se hanyuma bashikanye imyaka 15 bagatangura gukorana na bo kugira bamenye neza umwuga. Biboneka ko Yozefu yabayeho igihe kirekire kugira bikunde ko yigisha Yezu umwuga w’ububaji. Yozefu yoba yari akiriho igihe Yezu yatangura igikorwa ciwe afise nk’imyaka 30? Bisa n’uko atari akiriho. Inkuru irerekana ko nyina wa Yezu, bene wabo, na bashikiwe bari bakiriho, ariko Yozefu we ntavugwa. Mbere igihe kimwe Yezu bamwise “umuhungu wa Mariya,” aho kumwita umuhungu wa Yozefu. (Mariko 6:3) Inkuru idondora Mariya akora ibintu yongera afata ingingo atarinze guhanuza umugabo wiwe. (Yohani 2:1-5) Mu bihe vya Bibiliya iyo Mariya ataba ari umupfakazi, ivyo vyari kuba ari imbonekarimwe. N’ikindi kandi, igihe Yezu yari ku mpfiro, yabwiye intumwa Yohani ngo amubungabungire nyina. (Yohani 19:26, 27) Ivyo ntivyari gukenerwa iyo Yozefu aba akiriho. Biboneka rero ko Yozefu yapfuye Yezu akiri muto. Kubera ko Yezu yari imfura, ashobora kuba ari we yaciye abandanya umwuga wo kubaza wa se, aritwararika umuryango gushika igihe yabatizwa.

[Ifoto ku rup. 24]

Yozefu yarakoranye ubwira kandi ata bwikunzi kugira akingire umwana wiwe

[Ifoto ku rup. 25]

Yozefu yarakora cane kugira aronderere umuryango

[Ifoto ku rup. 26]

Yozefu yama ajana umuryango wiwe gusengera ku rusengero rw’i Yeruzalemu

[Ifoto ku rup. 28]

Yozefu yarigishije umuhungu wiwe umwuga w’ububaji