Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ku bw’urwaruka

Musa ashingwa igikorwa kidasanzwe

Musa ashingwa igikorwa kidasanzwe

Ibimenyeshejwe: Uyu mwimenyerezo, nuwukorere ahantu hatekanye. Igihe usoma ivyanditswe, nubone yuko ufise uruhara muri ivyo biriko biraba. Niwihe ishusho y’ibiriko biraba, wumve amajwi. Niwiyumve nk’uko abantu nyamukuru bavugwa muri iyo nkuru biyumva. Nubone ibivugwa muri iyo nkuru nk’ibiriko biraba koko.

Abantu nyamukuru bavugwamwo: Yehova Imana na Musa

Incamake: Yehova arashinga Musa igikorwa co kuyobora Abisirayeli abakuye mu Misiri.

1 NIWIHWEZE IBIRIKO BIRABA.​—SOMA KUVAYO 3:1-14; 4:1-17.

Dondora ukuntu wibaza ko ico gisaka caka umuriro cari kimeze ukiravye.

․․․․․

Wibaza ko mu maso ha Musa haca hamera gute kandi akavugana ijwi rimeze gute yumvise amajambo Imana imubwira, nk’uko yanditse muri Kuvayo 3:4?

․․․․․

Wibaza ko Musa avugana ijwi rimeze gute igihe abaza Yehova ibibazo muri Kuvayo 3:11, 13 na 4:1, 10?

․․․․․

2 NURUSHIRIZE KWIMBA.

Ukoresheje ibikoresho vy’ubushakashatsi ufise, nurondere kumenya n’ibindi ku bijanye n’imvugo ngo “nzocika ico nzocika.” (Kuvayo 3:14) Kubera iki Yehova yavuze ivyo mu kwishura ikibazo Musa yari amubajije ku bijanye n’izina ryiwe? *

․․․․․

Wibaza ko ari kubera iki Musa yatinye kuvugana na Farawo? (Icogufasha kubimenya: Soma Guharūra 12:3.)

․․․․․

Kubera iki Musa ashobora kuba yaratinye kuvugana n’Abisirayeli bagenziwe?

․․․․․

3 NUSHIRE MU NGIRO IVYO WIZE. ANDIKA IVYO WIZE KU VYEREKEYE . . .

Ukuntu twebwe abantu dukunda kubona ko ata co dushoboye.

․․․․․

Ukuntu Yehova akubona. Yoba akwizigira kandi akabona ko hari ivyo ushoboye?

․․․․․

UBUNDI BURYO BWO KUBISHIRA MU NGIRO.

Ni mu mice iyihe yo mu buzima bwawe bishika ukumva ko utabishoboye?

․․․․․

Ni mu buryo ubuhe woshobora kugirira akamaro Yehova Imana naho hari ivyo udashoboye?

․․․․․

4 NI UMUCE UWUHE W’IYI NKURU UHAMBAYE CANE KURI WEWE, KANDI KUBERA IKI?

․․․․․

Kugira uronke iki kiganiro kuri Internet canke ugicapure, ja kuri www.pr418.com

Nimba udafise Bibiliya, nuyisabe Ivyabona vya Yehova canke uyisome ku muhora wa Internet, kuri www.watchtower.org

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 14 Ivyabona vya Yehova barasohora ibitabu n’udutabu bitari bike bishobora kugufasha kurushiriza kwimba igihe uriko uriga Bibiliya. Ushaka kumenya n’ibindi, nuvugane n’Ivyabona vya Yehova b’aho uba canke wandikire abasohora iki kinyamakuru.