Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abakirisu boba bakwiye kuja muri politike?

Abakirisu boba bakwiye kuja muri politike?

Abakirisu boba bakwiye kuja muri politike?

ABAKIRISU b’ukuri muri iki gihe ntibaja muri politike. Kubera iki? Kubera ko bakurikiza akarorero ka Yezu. Yavuze ku bimwerekeye ati: ‘Sindi uw’isi.’ Ku bijanye n’abayoboke biwe yavuze ati: ‘Ntimuri ab’isi.’ (Yohani 15:19; 17:14) Rimbura imvo zimwezimwe zerekana igituma abakirisu badakwiye kuja muri politike.

1. Umuntu ari n’aho agarukiriza. Bibiliya ivuga yuko abantu badafise ubushobozi canke uburenganzira bwo kwitegeka. Umuhanuzi Yeremiya yanditse ati: “Umuntu agenda, si ivyiwe kuyobora intambuko yiwe.”​—Yeremiya 10:23.

Nk’uko nyene abantu bataremanywe ubushobozi bwo kuguruka, ni na ko bataremanywe ubushobozi bwo kwitegeka. Ku bijanye n’uko intwaro ziri n’aho zigarukira, umutohozakahise David Fromkin yavuze ati: “Intwaro zigizwe n’abantu; barashobora rero kwihenda kandi ntibazi kazoza kabo. Bari n’ububasha, ariko buri n’aho bugarukira.” (The Question of Government) Ntibitangaje kubona Bibiliya itugabisha ngo ntidushire ivyizigiro vyacu mu muntu.​—Zaburi 146:3.

2. Ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha biragira akosho ku ntwaro. Igihe Shetani yabwira Yezu ko yoshobora kumuha gutwara isi, Yezu ntiyahakanye ko Shetani afise ububasha bwo kumuha ubwami bwose bw’isi. Kukaba nkako, mu nyuma Yezu yise Shetani “umutware w’isi.” Haciye imyaka, intumwa Paulo yavuze ko Shetani ari “imana y’iki gihe” canke “imana y’iyi si” nk’uko Bibiliya zimwezimwe zibivuga. (Yohani 14:30; 2 Abakorinto 4:4) Paulo yandikiye abakirisu bagenziwe ati: “Dufise intambara yo kunigana . . . n’abatware b’iyi si y’umwiza, n’ibinyankomezi vy’impwemu vy’ibibisha mu bibanza vyo mw’ijuru.” (Abanyefeso 6:12) Mu vy’ukuri, ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha ni vyo bitwara iyi si naho abantu batabibona. None ivyo bikwiye kugira ico bikoze gute ku kuntu tubona politike?

Zirikana kuri aka karorero: Nk’uko nyene ubwato butobuto butwarwa n’imiyaga ikomeye yo mu kiyaga, ni ko n’inzego z’ivya politike z’abantu zitwarwa n’ibiremwa vy’impwemu vy’ibinyabubasha kandi vy’ibibisha. Nk’uko nyene abatwara ubwo bwato ata co bashobora guhindura kuri iyo miyaga ikomeye, n’abanyapolitike nta co bashobora guhindura kuri ako kosho k’ivyo biremwa vy’‘impwemu vy’ibinyabubasha. Ivyo biremwa birondera kwonona abantu ubutakivayo no guteza ‘amagorwa isi.’ (Ivyahishuwe 12:12) Ku bw’ivyo, uwushobora kuzana amahinduka nyayo ni uwukomeye kuruta Shetani n’amadayimoni yiwe. Uwo na we ni Yehova Imana.​—Zaburi 83:18; Yeremiya 10:7, 10.

3. Ubwami bw’Imana ni bwo bwonyene abakirisu b’ukuri bihebera. Yezu n’abigishwa biwe bari bazi yuko igihe Imana yashinze kigeze, ubwayo yoshinze intwaro mw’ijuru ikaganza isi yose. Bibiliya yita iyo ntwaro Ubwami bw’Imana kandi irahishura ko Yezu Kristu ari we Mwami yagenywe n’Imana ngo ayirongore. (Ivyahishuwe 11:15) Kubera ko ubwo Bwami buraba abantu bose, “inkuru nziza y’ubwami bw’Imana” ni yo yashimikako mu kwigisha. (Luka 4:43) Yigishije kandi abayoboke biwe gusenga bati: “Ubwami bwawe nibuze.” Kubera iki? Kubera ko ku ngoma y’ubwo Bwami, ivyo Imana igomba bitazobura gukorwa mw’ijuru no kw’isi.​—Matayo 6:9, 10.

None bizoca bigendera gute intwaro z’abantu? Bibiliya yishura ko intwaro z’“isi yose” zizokurwaho. (Ivyahishuwe 16:14; 19:19-21) Igihe umuntu aba yemera vy’ukuri ko Ubwami bw’Imana bugiye gukuraho inzego zose z’ivya politike z’abantu, birumvikana ko atoheza ngo azishigikire. Nakare, agerageje gushigikira izo ntwaro z’abantu zibwirizwa gukurwaho, mu vy’ukuri yoba ariko ararwanya Imana.

Naho abakirisu b’ukuri batagira uruhara muri politike, vyoba bisobanura ko batipfuza kugira ico bafashije ngo ikibano babamwo kirushirize kuba ciza? Inyishu uyisanga mu kiganiro gikurikira.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 7]

Ico Ivyabona vya Yehova bashigikira bivuye inyuma ni Ubwami bw’Imana, si amahinduka y’ivya politike