Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyo abakirisu bigisha bifasha iki ikibano?

Ivyo abakirisu bigisha bifasha iki ikibano?

Ivyo abakirisu bigisha bifasha iki ikibano?

MU BIGANIRO vy’imbere y’iki twabonye igituma abakirisu b’ukuri bataja muri politike. Ariko none, bashobora gute kwerekana ko bitaho kugira ico bafashije ngo ikibano babamwo kirushirize kuba ciza? Uburyo bumwe ni mu gukurikiza itegeko Yezu yatanze rigira riti: “Nimugende rero muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa, mubabatiza mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’iry’impwemu nyeranda, mubigisha kwubahiriza ibintu vyose nabategetse.”​—Matayo 28:19, 20.

Gukurikiza itegeko Yezu yatanze ryo ‘guhindura abantu abigishwa’ birafitaniye isano no gushitsa ivyo yabwiye abigishwa biwe ko bakwiye kuba nk’umunyu be n’umuco w’isi. (Matayo 5:13, 14) Uti iryo sano ni irihe? Kandi ico gikorwa kigira ico gihinduye gute ku buzima bw’abantu?

Ubutumwa bwa Kristu burazigama bukongera bukamurika

Umunyu urafise ubushobozi bwo kuzigama ibintu ngo ntibibore. Ni ko n’ubutumwa Yezu yategetse abayoboke biwe kubwira abantu bo mu mahanga yose buzigama. Abemera kandi bagashira mu ngiro ivyo Yezu yigishije baba bikingiye ukubora mu bijanye n’inyifato runtu kwiraye muri iki gihe. Mu buhe buryo? Baramenya ukuntu bokwirinda ingeso zonona amagara, nk’ukunywa itabi, kandi bagatsimbataza kamere nziza nk’urukundo, amahoro, ukwiyumanganya, ubuntu n’ukumera neza. (Abagalatiya 5:22, 23) Izo kamere zituma baba kirumara mu kibano. Mu kubwira abandi bantu ubwo butumwa buzigama, abakirisu baba bariko baraterera umuganda w’agaciro mu kibano cabo.

Tuvuge iki kuri ya mvugo y’uko abakirisu ari umuco? Nk’uko nyene ukwezi kurasa umuco uvuye ku zuba, ni ko n’abayoboke ba Kristu barasa umuco w’ikigereranyo uva kuri Yehova Imana. Ivyo babigira biciye ku butumwa bumurikira abantu bamamaza no ku bikorwa vyiza bakora.​—1 Petero 2:12.

Yezu yararushirije gushira ahabona isano riri hagati yo kuba umuco no kuba umwigishwa wiwe mu kuvuga ati: “Abantu ntibadomeka itara ngo barishire munsi y’igisimbo co gupimisha, ahubwo barishira ku gitereko c’amatara, maze rikakira abari mu nzu bose. Namwe nyene mureke umuco wanyu wakire imbere y’abantu.” Iyo itara ryaka riteretswe ku gitereko c’amatara, abari irya n’ino bose bararibona neza. Ni ko n’ibikorwa vyo kwamamaza be n’ibindi bikorwa vyiza abakirisu bakora bikwiye kwibonekeza neza ku bantu bose baba irya n’ino yabo. Kubera iki? Yezu yavuze ko ababona ivyo bikorwa vyiza baca baninahaza Imana aho kuninahaza nya bakirisu.​—Matayo 5:14-16.

Ibanga ryega abakirisu bose ata wuvuyemwo

Igihe Yezu yavuga ngo: “Muri umuco w’isi” akongera akavuga ngo “mureke umuco wanyu [wake],” yariko abwira abigishwa biwe bose. Ico gikorwa Yezu yashinze abigishwa biwe ntigishobora gukorwa n’abantu bakeyi gusa bashwiragiye mu madini atandukanye. Ahubwo riho, abakirisu bose ni “umuco.” Ivyabona vya Yehova imiliyoni indwi bo mu bihugu birenga 235 barabona ko uko bagize umugwi bajejwe ibanga ryo kubwira abandi ubutumwa Kristu yipfuza ko abayoboke biwe batangaza.

None ubutumwa Ivyabona vya Yehova batangaza ahanini bushingiye ku ki? Igihe Yezu yashinga abayoboke biwe igikorwa co kwamamaza, ntiyababwiye ngo bamamaze amahinduka yo mu kibano canke y’ivya politike, ivy’uko idini na Leta bikwiye kwunga ubumwe, canke ibindi vyiyumviro bidashingiye kuri Bibiliya. Ahubwo yababwiye ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose.” (Matayo 24:14) Abakirisu b’ukuri rero barumvira ayo majambo Yezu yavuze bakabandanya kubwira abandi ivy’Ubwami bw’Imana, ya ntwaro imwe rudende ishoboye gukuraho iyi si mbi ya Shetani maze ikazana isi nshasha irangwamwo ubugororotsi.

Mu vy’ukuri, igihe usoma inkuru zo mu Njili, hari ibintu bibiri bijanye n’igikorwa Yezu yaranguye vyibonekeza, bikaba bigira ico bikoze ku vyo abakirisu b’ukuri barangura muri iki gihe. Ivyo bintu bibiri turabica irya n’ino mu kiganiro gikurikira.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 8]

Ni mu buryo ki ubutumwa abakirisu bashikiriza bumeze nk’umunyu?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 9]

Ni mu buryo ki ubutumwa bwa Kristu bumeze nk’itara ryakira ahari umwiza?