Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

VYAGENZE gute ngo umwigeme umwe yahoze atitaho ivy’Imana kandi akora akazi komuteje imbere, agire ubuzima bufise intumbero? Ni igiki umusore umwe w’umugatolika yamenye ku bijanye n’urupfu catumye ubuzima bwiwe buhinduka? Vyongeye, ni ibiki umusore umwe yari yaravunitse umutima kubera ubuzima yamenye ku vyerekeye Imana bigatuma ahinduka umukirisu? Tega abiri bakuyagire.

“Naramaze imyaka nibaza nti: ‘Kubera iki turi ng’aha kw’isi?’”​—ROSALIND JOHN

  • YAVUTSE MU 1963

  • IGIHUGU AKOMOKAMWO: UBWONGEREZA

  • IVYO YACIYEMWO: YAKORA AKAZI KUBAHITSE

KAHISE KANJE:

Navukiye i Croydon mu bumanuko bw’igisagara ca Londres, nkaba nari umwana agira gatandatu mu bana icenda. Abavyeyi banje baturuka mw’izinga ryitwa Saint Vincent ryo mu mazinga ya Karayibe. Mawe yari umumetodiste. Naho nari nyotewe cane kumenya ibintu, sinigera nitaho kumenya ivyerekeye Imana. Mu buruhuko, akenshi wasanga nibereye ku kiyaga co hafi y’i muhira, nisomera ibitabu naba natiye mu bubiko bwavyo.

Maze imyaka mikeyi ndangije amashure, naragize icipfuzo co gufasha abantu bamerewe nabi. Naratanguye gukorana n’abatagira uburaro, abafise ubumuga bwo ku mubiri be n’abafise ubumuga bwo mu mutwe butuma batoroherwa no kwiga. Naciye nja kuri kaminuza kwiga ivyigwa vyerekeye amagara y’abantu. Maze kuronka urupapuro rw’umutsindo, nagiye ndaronka ubuzi bwubahitse bitangaje, kandi naguma ndushiriza kwibera mu bihinda. Nari umuhanuzi mu bijanye no kuyobora amashirahamwe, nkagira n’ubushakashatsi mu vy’imibano, ivyo nkaba nabikora nigenga. Kugira nkore ako kazi, nakenera gusa akamashini ngendanwa ka orodinateri hamwe na Internet. Rimwe na rimwe naragenda mu bindi bihugu n’indege nkamarayo indwi nka zingahe, nkigumira mw’ihoteli nikundira, nkaryohererwa ivyiza vyaho, nkaja no ku mbizi y’amazi yaba ihari no mu bibanza vyaho vyo kwinonoreramwo imitsi kugira ngo ngumane amagara meza. Narumva ko mbayeho pe! Ariko rero sinigeze nibagira abigorewe.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE:

Naramaze imyaka nibaza nti: “Kubera iki turi ng’aha kw’isi? Ubuzima bufise intumbero iyihe?” Ariko sinigeze ndondera kumenya ico Bibiliya ibivugako. Umusi umwe mu 1999, mutoya wanje Margaret, uwari amaze kuba Icabona ca Yehova, yarangendeye ari kumwe n’uwundi mugenzi wiwe w’Icabona ca Yehova. Uwo mugenzi wiwe yaranyitwararitse. Nasanze nemereye uwo mugenzi wa mutoya wanje ko yonyigisha Bibiliya, mugabo iterambere ryanje ryagiye ryikwega busiba kubera ko akazi n’ubuzima nari mfise vyantwara umwanya munini cane.

Mu ci ryo mu 2002, narimukiye mu buseruko bushira uburengero bw’Ubwongereza. Naciye ntangura kwiyongeza amashure ya kaminuza kugira nige ibijanye n’ukugira ubushakashatsi mu vy’imibano, nkaba nari mfise intumbero yo kuronka urupapuro rw’umutsindo rwitwa doctorat. Naciye nijukira kwitaba amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami iri muri ako karere ndi kumwe n’agahungu kanje. Naho nari naraminuje, ivyo nariko ndiga muri Bibiliya vyaratumye ndushiriza gutahura ivyerekeye ingorane abantu bagira mu buzima be n’umuti wazo. Naratahuye ko muri Matayo 6:24 havuga ukuri igihe havuga yuko ata wushobora gukorera ba shebuja babiri. Nari nkwiye guhitamwo gukorera Imana canke amatungo. Naratahura ko nobwirijwe guhitamwo ivyoja imbere y’ibindi mu buzima bwanje.

Mu mwaka w’imbere y’aho, akenshi narifatanya n’umugwi w’Ivyabona vya Yehova wakoranira mu nzu ukigira hamwe Bibiliya ukoresheje igitabu Y a-t-il un Créateur qui se soucie de vous? * Narajijutse yuko Umuremyi wacu Yehova ari we wenyene ashoboye gutorera umuti ingorane abantu bafise. Ariko kuri kaminuza hoho batwigisha yuko kugira umuntu atahure intumbero y’ubuzima bidakenewe ko arinda kwemera Imana. Vyarambabaje cane. Haciye amezi abiri ntanguye ivyo vyigwa, naciye mpeba kaminuza, nca mfata ingingo y’uko norushiriza kwitunira ku vy’Imana.

Icanditswe co muri Bibiliya catumye mpindura ubuzima bwanje ni ico mu Migani 3:5, 6 kigira giti: “Wizigire Yehova n’umutima wawe wose kandi ntiwishimikize ubwenge bwawe bwite. Mu nzira zawe zose umwibuke, na we azogorora iminyuro yawe.” Kumenya ivyerekeye Imana yacu y’urukundo vyari bifise agaciro kuruta ubutunzi ubwo ari bwo bwose canke icubahiro ico ari co cose nashobora kuronka kubera urwo rupapuro rw’umutsindo rwa doctorat. Uko narushiriza kumenya ivyerekeye umugambi Yehova afitiye isi be n’uruhara Yezu yagize mu gutanga ubuzima bwiwe ku bwacu, ni ko narushiriza kwumva ko nokwiyegurira Umuremyi wacu. Nabatijwe muri Ndamukiza 2003. Inyuma y’aho, nagiye ndorosha ubuzima bwanje buhorobuhoro.

IVYIZA NAHAKUYE:

Ubucuti mfitaniye na Yehova ni ubw’agaciro ntangere. Ubu ndafise umunezero n’amahoro mu mutima kubera namumenye. Vyongeye, ndahimbarwa cane no kwifatanya n’abandi basavyi b’Imana b’ukuri.

Ivyo niga muri Bibiliya no mu makoraniro y’Ivyabona vya Yehova birabandanya kumara inyota mfise yo kumenya ibintu. Ndahimbarwa no kubwira abandi ivyo nizera. Ico gikorwa nsigaye narakigize umwuga, kuko gituma mfasha abantu vy’ukuri kugira ubuzima bwiza muri iki gihe be n’icizigiro ciza igitangaza co kuzobaho mw’isi nshasha. Kuva muri Ruheshi 2008, nsigaye ndi umwamamaji w’inkuru nziza amara umwanya munini muri ico gikorwa, kandi mu buzima bwanje sinari bwigere ngira umunezero n’agahimbare kuruta ivyo mfise ubu. Ndakengurukira vy’ukuri Yehova kubona nsigaye nzi intumbero nyakuri y’ubuzima.

‘Urupfu rw’umugenzi wanje rwansizemwo imvune.’​—ROMAN IRNESBERGER

  • YAVUTSE MU 1973

  • IGIHUGU AKOMOKAMWO: OTRISHE

  • IVYO YACIYEMWO: UMUKINYI W’AKAMARI

KAHISE KANJE:

Nakuriye mu gasagara kitwa Braunau muri Otrishe. Kari akarere gateye imbere mu vy’ubutunzi, kandi nta bukozi bw’ikibi bwaharangwa. Mu muryango iwacu twari abagatolika, kandi iryo ni ryo dini nakuriyemwo.

Hari ikintu cabaye igihe nari nkiri muto cangizeko ingaruka ikomeye. Mu 1984, ico gihe nkaba nari mfise imyaka nka 11, ndibuka ko nakinye agapira ndi kumwe n’umwe mu bagenzi banje somambike. Kuri uwo muhingamo nyene, uwo mugenzi yarahuye n’isanganya ry’umuduga arahwera. Urupfu rw’uwo mugenzi wanje rwansizemwo imvune ikomeye cane. Inyuma y’iryo sanganya, naramaze imyaka itari mike nibaza ingene bitugendera iyo dupfuye.

Mpejeje amashure, naciye ntangura gukora ibijanye n’umuyagankuba. Naho nahavuye mba umuntu akunda gukina akamari k’amahera menshimenshi, nta ngorane z’ivy’ubutunzi nari mfise. Vyongeye, naramara umwanya munini cane mu vyo kwinonora imitsi kandi nahavuye nkunda imiziki itabereye yitwa heavy metal be n’iyitwa punk rock. Nava mu butambiro nja mu bundi, nkava mu biteramo nja mu bindi. Naho niberaho ubuzima bwo kwiryohera gusa, nkaja no mu vy’ubushegabo, naguma numva muri jewe umengo ndagaragara.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE:

Mu 1995, hari Icabona ca Yehova yitereye mu myaka yadodoye ku muryango wanje hanyuma arampa igitabu gishingiye kuri Bibiliya catanga inyishu y’iki kibazo kigira giti: Bitugendera gute iyo dupfuye? Kubera ko urupfu rwa wa mugenzi wanje yari akiri muto rwari rukimbuza amahoro, naciye nakira ico gitabu. Aho gusoma gusa ikigabane kivuga ivyerekeye urupfu, ico gitabu nagisomye cose!

Ivyo nasomye vyaratumye ndonka inyishu z’ibibazo nibaza ku bijanye n’urupfu. Ariko rero naramenye n’ibindi. Kubera ko nari nakuze ndi umugatolika, ahanini ukwemera kwanje kwari gushingiye kuri Yezu. Ariko kwiga Bibiliya ndavyitondeye vyaratumye ngiranira ubucuti na Se wa Yezu, ari we Yehova Imana. Narahimbawe no kumenya ko Yehova adahisha abantu ibimwerekeye canke ngo abinube, mugabo ko yihishurira abamurondera bose. (Matayo 7:7-11) Naramenye ko Yehova ashobora kunezerwa canke kubabara. Naramenye kandi ko yama ashitsa ivyo asezerana. Ivyo vyatumye ndondera cane kumenya ubuhanuzi bwo muri Bibiliya be n’ingene bwagiye buraranguka. Ivyo nubuye vyatumye ndushiriza kwizera Imana.

Sinatevye kubona ko Ivyabona vya Yehova ari bo bonyene bitaho ata gufyina gufasha abandi gutahura Bibiliya. Narandika imirongo naba nabonye mu bitabu vyabo, ngaca ndayiraba muri Bibiliya yanje y’abagatolika. Uko narushiriza gutohoza, ni ko narushiriza kubona ko nari nubuye ukuri.

Kwiga Bibiliya vyaranyigishije yuko Yehova yipfuza ko mbaho nisunga ingingo ngenderwako ziwe. Ivyo nasomye mu Banyefeso 4:22-24, vyaramfashije kubona ko nari nkwiye kwiyambura “umuntu wa kera” yisunga “ingeso za[nje] za kera” ngaheza “[n]kambara wa muntu mushasha yaremwe hisunzwe ukugomba kw’Imana.” Naciye mpeba kuja mu vy’ubuhumbu. Narabonye kandi ko nkwiye guheba akamari, kuko ari ingeso ituma umuntu agira umwina n’uguhahamira amaronko. (1 Abakorinto 6:9, 10) Nari nzi yuko kugira ayo mahinduka vyosavye ko mpeba kugendana n’abagenzi banje ba kera, maze nkifatanya n’abagenzi bashasha twisunga ingingo ngenderwako zimwe.

Ntivyanyoroheye kugira ayo mahinduka. Mugabo naratanguye kwifatanya n’Ivyabona vya Yehova ku makoraniro bagirira ku Ngoro y’Ubwami, nca ntangura no kurondera abagenzi bashasha muri iryo shengero. Narabandanije no kwiyigisha Bibiliya nitonze. Ivyo vyatumye mpeba ya miziki, ndahindura imigambi nari mfise mu buzima, nongera nditunganya ku mubiri. Mu 1995, narabatijwe mba Icabona ca Yehova.

IVYIZA NAHAKUYE:

Ubu sinkihahamira amahera n’amatungo. Nahoze ndi umuntu ashavura ningoga, ariko ubu vyarahindutse. Vyongeye, singihagarika umutima birenze urugero ku bijanye na kazoza.

Ndashima cane kubona ndi mu muryango ukwiye kw’isi yose w’abakorera Yehova. Muri bo ndabona abanyinyana n’ingorane mugabo bakabandanya bakorera Imana badahemuka. Ndahimbarwa cane kubona ubu nkoresha umwanya wanje wose n’inguvu zanje zose mu gusenga Yehova no mu gukorera iciza abandi, aho kubikoresha kugira mpaze ivyipfuzo vyanje.

“Ubu ubuzima bwanje buri n’intumbero.”​—IAN KING

  • YAVUTSE MU 1963

  • IGIHUGU AKOMOKAMWO: UBWONGEREZA

  • IVYO YACIYEMWO: YARI YARAVUNITSE UMUTIMA KUBERA UBUZIMA

KAHISE KANJE:

Navukiye mu Bwongereza, ariko igihe nari mfise imyaka nk’indwi, umuryango wanje warimukiye muri Ostraliya. Twaciye tuja kuba i Gold Coast, akaba ari akarere gakunda kugenderwa n’ingenzi ko muri Queensland muri Ostraliya. Naho umuryango wanje utari utunze, nta musi twabura ivyo dukeneye.

Naho nakuze ata co mbura, sinigeze mpimbarwa vy’ukuri. Naravunitse umutima mbonye ko ubuzima butameze nk’uko nari ndavyiteze. Dawe yari umunywi karuhariwe. Sinigeze ndamwiyumvamwo cane, ahanini kubera ingeso yiwe yo kunywa be n’ukuntu yafata mawe. Mu nyuma, igihe namenya ivyo yaciyemwo igihe yari umusoda muri Malaya (ahitwa Maleziya muri iki gihe), ni ho gusa natangura gutahura igituma yari ameze ukwo kuntu.

Igihe nari mu mashure yisumbuye, naratanguye kunywa inzoga nkazihasha. Nshikanye imyaka 16, naciye mpeba ishure nja mu gisoda c’abarwanira mu mazi. Naratanguye guhonja ibiyayuramutwe, mu nyuma na ho ncika umuja w’itabi. Vyongeye, uko imisi yahera ni ko naguma ndushiriza gutwarwa n’agacupa. Mu ntango nazihasha mu mpera y’imishamvu, mugabo mu nyuma nsigara ndabigira buri musi.

Igihe negereza imyaka 20 be n’inyuma y’aho gato, naratanguye kwibaza nimba Imana ibaho vy’ukuri. Naribaza nti: “Niba Imana ibaho koko, ni kubera iki ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro kandi bagapfa?” Naranditse n’ivyese mvuga ko ubukozi bw’ikibi bwose buri mw’isi bwobazwa Imana.

Igihe nari mfise imyaka 23, naciye mva muri ca gisoda kirwanira mu mazi. Inyuma y’aho, narakoze ubuzi butandukanye mbere ndamara umwaka ngira ingendo mu mahanga, ariko naguma numva mfise umwiheburo. Numva ntashaka kwishingira imigambi canke gukora ikintu na kimwe. Nta na kimwe canezereza. Ivyo kuronka inzu, akazi nzorambiramwo, canke kuduzwa igiti, vyose nabona yuko ata co bimaze. Inzoga n’umuziki ni vyo vyonyene vyatuma numva nduhuriwe.

Ndibuka neza na neza igihe nagira icipfuzo gikomeye co kugira ubuzima buri n’intumbero. Nari muri Polonye, nkaba nari nagendeye ya kambi y’itunatuniro izwi nabi y’i Auschwitz. Nari narasomye ivyerekeye amabi atagira izina yakorewe muri iyo kambi. Ariko igihe nahahonyoza ikirenge ubwanje nkabona ukuntu iyo kambi yari amahero, naciye numva vyanse mu mutima. Sinatahuye ukuntu abantu bokorera abandi ivy’ubunyamaswa ukuraho. Ndibuka ndiko ndagendagenda muri iyo kambi mfise amosozi mu maso, nibaza nti: ‘Kubera iki ivyo vyabaye?’

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE:

Mu 1993, igihe nasubira muhira mvuye mu mahanga, naratanguye gusoma Bibiliya ndondera inyishu z’ibibazo nari mfise. Ata n’imisi ihaciye, hari Ivyabona vya Yehova babiri bangendeye hanyuma barantumira kw’ihwaniro bariko baragirira ku kibuga co mu micungararo y’iwacu. Naciye mfata ingingo yo kujayo.

Amezi abiri imbere y’aho, nari nagiye kuri ico kibuga kurorera umupira, ariko iryo hwaniro ryoryo ryari agakura. Ivyabona vya Yehova bari ng’aho bari bafise urupfasoni, bambaye neza, abana babo na bo nyene bigenza neza. Narakozwe ku mutima n’ivyo nabonye mu gihe co kwivuna umusase. Naho Ivyabona vya Yehova amajana bafunguriye kuri ico kibuga, igihe basubira mu vyicaro vyabo, nta n’agacafu na gatoya basize kuri ico kibuga! Ikiruta vyose, abo bantu basa n’abafise amahoro n’agahimbare, ivyo nyene bikaba ari vyo nipfuza. Nta nsiguro n’imwe nibuka mu zashikirijwe kuri uwo musi, ariko ukuntu Ivyabona vya Yehova bigenjeje vyovyo vyangumye mu bwenge.

Uwo musi ku mugoroba, nariyumviriye muvyaranje yasomye Bibiliya akanatohoza ivyerekeye amadini atandukanye. Imyaka nk’ingahe imbere y’aho, yarambwiye ko Yezu yavuze yuko abari mw’idini ry’ukuri twobamenyeye ku vyo bama. (Matayo 7:15-20) Naciye ngira iciyumviro c’uko n’imiburiburi nkwiye kugerageza kumenya ico Ivyabona vya Yehova batandukaniyeko n’abandi. Ari bwo bwa mbere mu buzima bwanje, narumvise mfise icizigiro na gikeyi.

Mu ndwi yakurikiye, vya Vyabona vya Yehova babiri bari barantumiye kw’ihwaniro, baragarutse. Baransavye ko bonyigisha Bibiliya, nanje ndemera. Naciye ntangura no kwitaba amakoraniro yabo ajanye gusenga.

Kwiga Bibiliya vyatumye mpindura rwose ukuntu nabona Imana. Naramenye yuko atari yo ituma haba ubukozi bw’ikibi n’imibabaro be n’uko ibabazwa no kubona abantu bakora ikibi. (Itanguriro 6:6; Zaburi 78:40, 41) Naciye ngira umwiyemezo wo kugerageza kutigera nkora ikintu na kimwe cobabaza Yehova. Naripfuza kunezereza umutima wiwe. (Imigani 27:11) Naciye mpeba itabi n’inzoga zirenze urugero, ndavavanura no kuja mu bushegabo. Muri Ntwarante 1994, narabatijwe mba Icabona ca Yehova.

IVYIZA NAHAKUYE:

Ntiworaba umunezero n’agahimbare nsigaye mfise. Sinkigerageza gutorera inyishu ibibazo vyanje mu kunywa inzoga. Ahubwo, narize guterera umuzigo wanje kuri Yehova.​—Zaburi 55:22.

Maze imyaka cumi nubakanye n’umukenyezi mwiza w’Icabona ca Yehova yitwa Karen, nkaba ndeze n’umukobwa wiwe yitwa Nella ameze neza cane. Twese uko turi batatu turahimbarwa no kumara umwanya munini mu gikorwa co kwamamaza, tugafasha abandi kumenya ukuri kwerekeye Imana. Ubu ubuzima bwanje buri n’intumbero.

^ ing. 11 Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.