Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwige Ijambo ry’Imana

Kubera iki Imana yarungitse Yezu kw’isi?

Kubera iki Imana yarungitse Yezu kw’isi?

Iki kiganiro kirabaza ibibazo woba umaze kwibaza, kikerekana aho ushobora kwisomera inyishu zavyo muri Bibiliya. Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kuyaga nawe kuri izo nyishu.

1. Yezu yari hehe imbere y’uko Imana imurungika kw’isi?

Yezu yari ikiremwa c’impwemu mw’ijuru imbere y’uko avukira i Betelehemu. Ni we Imana yahereyeko mu kurema kandi ni we wenyene yaremwe n’Imana ata wundi biciyeko. Ni co gituma bibereye kubona yitwa Umwana w’ikinege w’Imana. Igihe yari akiri mw’ijuru, akenshi yarabera Imana umuvugizi. Ni co gituma yitwa Jambo. Vyongeye, yarafadikanije n’Imana arayifasha mu kurema ibindi biremwa vyose. (Yohani 1:2, 3, 14) Yezu yaramaranye n’Imana imyaka myinshi cane imbere y’uko abantu baremwa.​—Soma Mika 5:2; Yohani 17:5.

2. Imana yabigenjeje gute kugira irungike Umwana wayo kw’isi?

Yehova yarafashe ubuzima bwa Yezu mw’ijuru abwimurira mu nda ya Mariya biciye ku mpwemu nyeranda. Yezu yavutse rero nyina atarinze kuryamana n’umugabo. Abamarayika baramenyesheje ivyerekeye ivuka ryiwe abungere bakeya bo muri ako karere baba hanze bateramiye amasho yabo. (Luka 2:8-12) Yezu ntiyavutse rero mu mbeho y’igikonyozi yo mu rushana, ahubwo bishoboka ko yavutse mu ntango za Gitugutu, ico gihe hakaba hari hagisusurutse. Haciye igihe gito, Mariya n’umugabo wiwe Yozefu baciye bajana Yezu iwabo i Nazareti, bamurererayo. Yozefu yaciye atunga Yezu nk’umwana wiwe.​—Soma Matayo 1:18-23.

Igihe Yezu yari afise imyaka nka 30, yarabatijwe, Imana ica iramenyesha icese yuko Yezu ari Umwana wayo. Ico gihe Yezu yaciye atangura gukora igikorwa Imana yari yamurungitse gukora.​—Soma Matayo 3:16, 17.

3. Kubera iki Imana yarungitse Yezu kw’isi?

Imana yarungitse Yezu kugira ngo yigishe abantu ukuri. Yezu yarigishije ibijanye n’Ubwami bw’Imana, na bwo bukaba ari intwaro yo mw’ijuru izovyagiza amahoro kw’isi yose. Yarahaye abantu icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera. (Yohani 4:14; 18:36, 37) Yezu yarigishije kandi abantu ibintu vyinshi ku bijanye n’ukuntu boronka agahimbare nyakuri. (Matayo 5:3; 6:19-21) Yarigishije abantu biciye no ku karorero yatanga. Nk’akarorero, yarerekanye ukuntu umuntu yokora ivyo Imana igomba n’igihe yoba ari mu bintu bitoroshe. Igihe yaba agiriwe nabi, ntiyagera ingere ku yindi.​—Soma 1 Petero 2:21-24.

Yezu yarigishije abayoboke biwe urukundo rwo kwitanga. Naho yari afise ikibanza c’iteka mw’ijuru ari kumwe na Se, yaragamburukiye Se wiwe yicishije bugufi aza kw’isi kuba mu bantu. Nta n’umwe yoduha akarorero k’ico ari co urukundo karuta ako twahawe na Yezu.​—Soma Yohani 15:12, 13; Abafilipi 2:5-8.

4. Urupfu rwa Yezu rwaranguye iki?

Iyindi mvo yatumye Imana irungika Yezu kwari ukugira apfe ku bw’ibicumuro vyacu. (Yohani 3:16) Twese turi abacumuzi, bikaba bisigura yuko tudatunganye kandi ko dukora ibicumuro. Ni co gituma turwara kandi tugapfa. Ariko wa mugabo wa mbere Adamu wewe yari atunganye. Nta gicumuro yari afise, kandi ntiyari kwigera arwara canke ngo apfe. Igihe yagambararira Imana ntiyagumye ari umuntu atunganye. Adamu yaraturaze igicumuro be n’impembo yaco, ari rwo rupfu.​—Soma Abaroma 5:12; 6:23.

Kubera ko Yezu yari atunganye, ntiyapfuye azira ibicumuro vyiwe, ahubwo yapfuye azira ibicumuro vyacu. Urupfu rwiwe rutuma bishoboka ko turonka ubuzima budahera tukongera tugahezagirwa n’Imana.​—Soma 1 Petero 3:18.