Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Musa yari afise ukwizera

Musa yari afise ukwizera

UKWIZERA NI IKI?

Muri Bibiliya, ijambo “ukwizera” ryerekeza ku kwemera udakekeranya ikintu utabona, ufatiye ku bimenyamenya bikomeye. Umuntu yizera Imana aremera adakeka yuko izoshitsa ivyo yasezeranye vyose.

MUSA YEREKANYE GUTE UKWIZERA?

Musa yabayeho mu buryo bwerekana ko yizera imihango y’Imana. (Itanguriro 22:15-18) Naho yari afise akaryo ko kubaho neza mu bihinda vyo mu Misiri, ako karyo yaragahevye, “ahitamwo gufatanwa nabi n’abantu b’Imana aho kunezererwa igicumuro akanya gato.” (Abaheburayo 11:25) Yoba ari ingingo yafashe atabanje kuzirikana agahava yicuza mu nyuma? Habe namba. Kuko Bibiliya ivuga yuko Musa “yagumye ashikamye nk’aho abona Umwe ataboneka.” (Abaheburayo 11:27) Musa ntiyigeze yicuza amahitamwo yagize abitumwe n’ukwizera.

Musa yararondeye gukomeza ukwizera kw’abandi. Rimbura nk’akarorero ivyabaye igihe Abisirayeli basanga bari hagati y’ingabo za Farawo n’Ikiyaga Gitukura, basa n’abafaditse. Abisirayeli baratekewe n’ubwoba kubera vyasa n’uko ubwabo bwagira burangire, baca batabaza Yehova na Musa. None Musa yakoze iki?

Musa ashobora kuba atari azi yuko Imana yagira icemwo kubiri Ikiyaga Gitukura, hakaboneka inzira Abisirayeli bacamwo bagakira. Ariko rero, Musa yari yizigiye adakeka yuko Imana yari kugira ikintu ikoze kugira ngo ikingire abasavyi bayo. Musa yipfuza ko n’Abisirayeli bagenziwe bagira ukujijuka nk’ukwo nyene. Dusoma duti: “Musa abwira abantu ati: ‘Ntimutinye. Hagarare mushikamye maze mubone ubukiriro bwa Yehova, ubwo agira ashitse uno musi ku bwanyu.’” (Kuvayo 14:13) None Musa yoba yarashoboye gukomeza ukwizera kw’Abisirayeli bagenziwe? Ego cane, kubera ko Bibiliya ivuga ku bijanye na Musa be n’Abisirayeli bose iti: “Kubera ukwizera, baraciye mu kiyaga Gitukura nko kw’isi yumutse.” (Abaheburayo 11:29) Ukwizera kwa Musa si we wenyene kwagiriye akamaro; kwaragiriye akamaro n’umuntu wese yagize ico amwigiyeko.

NI IBIKI TUMWIGIRAKO?

Turashobora kwigana Musa mu kubaho mu buryo bwerekana ko twizera imihango y’Imana. Nk’akarorero, Imana irasezerana kuturonsa ibidutunga mu gihe twoshira imbere ibijanye no kuyisenga mu buzima bwacu. (Matayo 6:33) Ni ivy’ukuri ko twoshobora kubona yuko bitoroshe kunanira agatima ko guhahamira amaronko kiraye mw’isi muri iki gihe. Ariko rero, twokwizigira tudakeka yuko mu gihe tugize uko dushoboye kwose kugira ngo tugume tworoheje ubuzima bwacu maze tugashira imbere ivy’Imana, Yehova azoturonsa ivyo dukenera vyose. Adukura amazinda ati: “Sinzogenda ngutaye, eka sinzogenda nguhevye.”—Abaheburayo 13:5.

Turihatira kandi gufasha abandi gukomeza ukwizera kwabo. Nk’akarorero, abavyeyi b’inkerebutsi baratahura yuko bafise akaryo kadasanzwe ko gufasha abana babo kwizera Imana. Uko abana bagenda barakura, barakeneye cane kumenya ko Imana ibaho be n’uko yaduhaye ingingo ngenderwako zigenga iciza n’ikibi. Vyongeye, barakeneye kujijuka yuko gukurikiza izo ngingo ngenderwako ari bwo buryo bwo kubaho bwiza kuruta ubundi bwose. (Yesaya 48:17, 18) Igihe abavyeyi bafashije abana babo kwizera yuko Imana “iriho” kandi ko “[iha] impēra abayirondera,” baba babahaye ingabirano y’agaciro.—Abaheburayo 11:6, Bibiliya Yera.