Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyago vy’ivyaduka—Vyoba vyerekana ko imana ari ruburakigongwe?

Ivyago vy’ivyaduka—Vyoba vyerekana ko imana ari ruburakigongwe?

ABANTU BABIVUGAKO IKI? “Kubera ko Imana ari yo iganza isi, ni yo iteza ivyago vy’ivyaduka; itegerezwa rero kuba ari ruburakigongwe.”

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI? “Isi yose iri mu bubasha bwa wa mubisha.” (1 Yohani 5:19) None uwo “mubisha” ni nde? Bibiliya ivuga ko ari Shetani. (Matayo 13:19; Mariko 4:15) Ivyo vyoba bifise ishingiro? Iyumvire iki kintu: Niba isi iri mu bubasha bwa Shetani, arosha rero abantu kuba abikunzi, abanyamwina n’abatabona kure nk’uko na we nyene ameze. Wumva none ivyo bidasigura igituma abantu bonona ibibakikije biri kw’isi? Abahinga benshi baragabisha yuko kwonona ibidukikije bishobora kugira ico biterereye ku bijanye n’ivyago vy’ivyaduka, haba mu gutuma ivyo vyago biba, canke birushiriza gukara, canke mu gutuma abantu bageramirwa cane n’ivyo vyago.

Kubera iki none Imana ireka Shetani akagira akosho kanini ukuraho? Inyishu y’ico kibazo irafitaniye isano n’ivyabaye mu ntango y’ukubaho kw’abantu, igihe abavyeyi bacu ba mbere bagarariza Imana ngo ntibabere Umutware. Kuva ico gihe, abantu benshi babayeho bagarariza Imana. Kubera ko bahisemwo kugarariza ubutegetsi bw’Imana, vyatumye umuryango w’abantu wiganzirwa n’umwansi w’Imana, ari we Shetani. Ni co gituma Yezu yise Shetani “umutware w’isi.” (Yohani 14:30) None Shetani yoba azoganza ibihe bidahera? Habe namba.

Yehova * ararajwe ishinga n’imibabaro Shetani ateza abantu. Nkako, arababazwa cane n’imibabaro ishikira abantu. Nk’akarorero, ku bijanye n’ibihe bitoroshe ihanga rya Isirayeli ryaciyemwo, Bibiliya ivuga ku vyerekeye Imana iti: “Mu marushwa yabo yose, vyaramuteye amarushwa.” (Yesaya 63:9) Kubera ko Imana ari inyembabazi, vuba igiye gukuraho intwaro y’uwo mutegetsi ruburakigongwe Shetani! Yaragenye Umwana wayo Yezu Kristu kugira ngo aze aganze ibihe bidahera ari Umwami agororotse kandi atarenganya.

IGITUMA BIKURABA: Naho intwaro ya Shetani itashoboye gukingira abantu ivyago vy’ivyaduka, intwaro ya Yezu yoyo izobishobora. Igihe kimwe Yezu yaragize ico akoze kugira ngo akingire abigishwa biwe ikirura c’umuyaga gikaze. Bibiliya itwiganira iti: “Aca . . . akankamira nya muyaga, abwira ikiyaga ati: ‘Hora! Tekereza!’ Nya muyaga uca uraturura, haratekana cane.” Abigishwa biwe baciye bavuga bati: “None uyo ni nde, ko mbere n’umuyaga n’ikiyaga bimugamburukira?” (Mariko 4:37-41) Ico kintu cabaye kiradukura amazinda yuko Yezu azokingira abantu bose bagamburuka igihe azoba aganza ari Umwami.​—Daniyeli 7:13, 14.

^ ing. 5 Yehova ni izina ry’Imana nk’uko rihishurwa muri Bibiliya.