Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibihano Imana yatanze​—⁠Vyoba vyerekana ko ari ruburakigongwe?

Ibihano Imana yatanze​—⁠Vyoba vyerekana ko ari ruburakigongwe?

KUGIRA twishure ico kibazo, reka twihweze muri make uburorero bubiri bwo muri Bibiliya buvuga ingene Imana yahanye abantu: Umwuzure wo mu gihe ca Nowa be n’ugutikizwa kw’Abanyakanani.

UMWUZURE WO MU GIHE CA NOWA

ABANTU BABIVUGAKO IKI? “Imana yarabaye ruburakigongwe mu kurekurira ku bantu umwuzure wabahoneje bose kiretse Nowa n’umuryango wiwe.”

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI? Imana yavuze iti: “Simpimbarwa n’uko umubisha apfa, ahubwo mpimbarwa n’uko umubisha ahindukira akava mu nzira yiwe, akabandanya vy’ukuri kubaho.” (Ezekiyeli 33:11) Imana rero ntiyahimbawe no guhonya ababisha mu gihe ca Nowa. Ni kubera iki none yabahoneje?

Bibiliya yishura yuko igihe Imana yahana mu bihe vya kera abatayubaha, yari “[ishiriyeho] abantu batibanga Imana icitegererezo c’ibintu bizoza.” (2 Petero 2:5, 6) None ico citegererezo Imana yashizeho ni ikihe?

Ubwa mbere, Imana yarerekanye yuko naho idahimbarwa no guhonya abantu, ibona abantu b’imburakigongwe bakorera ikibi abandi, ikabahanira ivyo baba bakoze. Amaherezo izokuraho akarenganyo kose n’imibabaro yose.

Ubugira kabiri, icitegererezo c’ivyo Imana yakoze kera kirerekana yuko imbere yo gutanga igihano ibanza kuburira abantu ibigiranye urukundo. Naho Nowa yari umwamamaji w’ubugororotsi, abantu benshi ntibamwumvirije. Ku bijanye n’abo bantu, Bibiliya ivuga iti: “[Ntibagira] ico bitaho gushika aho isegenya riziye rikabakukumura bose.”​—Matayo 24:39.

None Imana yoba yarabandanije kwisunga ico citegererezo? Ego cane. Nk’akarorero, yaraburiye abantu bo mu gisata cayo Isirayeli yuko nibaramuka bakoze ibintu bibi vyakorwa n’amahanga yari abakikuje, yoretse abansi bagatera igihugu cabo, bagasambura Yeruzalemu umurwa mukuru wabo, hanyuma bakabajana mu bunyagano. Abisirayeli utanka bakoze ivyo bibi nyene, baranatanga abana babo bwa bimazi. None Yehova yoba yaragize ico akoze? Egome; mugabo yabigize abanje kurungika abahanuzi incuro n’izindi kugira ngo baburire abasavyi biwe ngo bagire ivyo bahinduye amazi atararenga inkombe. Mbere yavuze ati: “Umukama Segaba Yehova [nta] co azokora adahishuriye akabanga kiwe abasavyi biwe b’abahanuzi.”—Amosi 3:7.

IGITUMA BIKURABA: Ico citegererezo Imana yisunze mu guhana abantu mu bihe vya kera kiratuma tugira icizigiro. Kiratuma twitegana igishika igihano Imana izoha ata kabuza ba ruburakigongwe bakorera ikibi abandi. Bibiliya ivuga iti: “Inkozi z’ikibi zizorandurwa . . . Mugabo abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.” (Zaburi 37:9-11) Wewe ubona gute igihano coza kiruhurira abantu imibabaro barimwo? Uwogitanga yoba ari ruburakigongwe canke yoba ari umunyembabazi?

UGUTIKIZWA KW’ABANYAKANANI

ABANTU BABIVUGAKO IKI? “Ugutikizwa kw’Abanyakanani ni icaha co mu ntambara cogereranywa n’amahonyabwoko yabaye mu gihe ca none.”

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI? Ku bijanye n’Imana, Bibiliya ivuga iti: ‘Inzira zayo zose ni ubutungane. Ni Imana y’ubwizigirwa, itagira akarenganyo.’ (Gusubira mu vyagezwe 32:4) Ivyo Imana ikora kugira ngo ishitse ubutungane, biratandukanye n’intambara z’abana b’abantu. Uti kubera iki? Kubera yuko Imana yoyo ishoboye kubona ibiri mu mitima y’abantu, ni ukuvuga ukuntu bameze imbere muri bo.

Nk’akarorero, igihe Imana yasuzuma ibisagara vya Sodomu na Gomora maze igafata ingingo yo guhonya ababa muri vyo, wa mwizigirwa Aburahamu yararajwe ishinga no kumenya niba Imana yari kuba yisunze ubutungane. Ntiyemera yuko Imana yiwe itarenganya yari “[gu]honereza hamwe umugororotsi n’umubisha.” Imana yaramusubirije umutima mu nda ibigiranye ukwihangana, imubwira yuko naho i Sodomu hosangwa abagororotsi cumi, itohahoneje kubera bo. (Itanguriro 18:20-33) Biragaragara rero yuko Imana yasuzumye imitima y’abo bantu isanga ubukozi bw’ikibi bw’abo bwari burengeje.​—1 Ngoma 28:9.

Imana yarasuzumye n’Abanyakanani, maze isanga birabereye ko batikizwa. Abanyakanani bari barimonogoje mu kuba ba ruburakigongwe, bakaba mbere baratanga abana babo bwa bimazi ngo baturirwe ari bazima. * (2 Abami16:3) Vyongeye, Abanyakanani bari bazi ko Yehova yari yategetse Abisirayeli kwigarurira igihugu cose ca Kanani. Abahisemwo kuguma muri ico gihugu ngo barwanye Abisirayeli, ntibarwanije Abisirayeli gusa, ariko kandi bari biyemeje kurwanya Yehova, we yari yaratanze ikimenyamenya gikomeye c’uko yari kumwe n’abasavyi biwe.

N’ikindi kandi, Imana yaragaragarije imbabazi Abanyakanani bahevye ibibi bakora bakemera kubaho bisunga ingingo ngenderwako za Yehova ziri hejuru zigenga inyifato runtu. Nk’akarorero, Rahabu wa mumaraya w’Umunyakanani yararokowe hamwe n’umuryango wiwe. Vyongeye, igihe abo mu gisagara ca Gibeyoni co mu gihugu ca Kanani barondera kugaragarizwa imbabazi, bo hamwe n’abana babo barazigamiwe ubuzima.​—Yosuwa 6:25; 9:3, 24-26.

IGITUMA BIKURABA: Igihano Abanyakanani bahawe kiratwigisha icigwa gihambaye. Bibiliya yaravuze ivyerekeye “umusi w’urubanza n’ugutikizwa kw’abantu batibanga Imana,” kandi uwo musi uriko uregereza wihuta. (2 Petero 3:7) Nimba dukunda Yehova, tuzohatorera akoyoko niyakura kw’isi abagarariza ubutegetsi bwiwe bugororotse gutyo akarangiza imibabaro ishikira abantu.

Abanyakanani bari barimonogoje mu kuba ba ruburakigongwe, kandi bari biyemeje kurwanya Imana n’abasavyi bayo

Yehova aratwibutsa abigiranye urukundo yuko amahitamwo abavyeyi bagira agira ingaruka ku bana babo. Ijambo ry’Imana rigira riti: “Utegerezwa guhitamwo ubuzima kugira ubandanye kubaho, wewe n’uruvyaro rwawe, mu gukunda Yehova Imana yawe, mu kwumviriza ijwi ryiwe no mu kumata kuri we.” (Gusubira mu vyagezwe 30:19, 20) None Imana yavuze ayo majambo yoba ari Imana ruburakigongwe canke ni Imana ikunda abantu kandi yipfuza ko bahitamwo neza?

^ ing. 15 Ivyo abacukuzi b’ivya kera bubuye birerekana yuko mu gusenga kw’Abanyakanani hajamwo no gufata inzoya bakazitangako ibimazi.