Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO: HOBA HARIHO IDINI WOKWIZIGIRA?

Kubera iki wosuzuma idini?

Kubera iki wosuzuma idini?

Dufate ko urwaye indwara ishobora kuguhitana, ukaba ukeneye kubagwa. Vyosaba ko umuganga azokubaga aba ari umuganga wizigira rwose narirya ubuzima bwawe buzoba buri mu maboko yiwe. Ntivyoba none biranga ubukerebutsi ubanje gusuzuma neza ko uwo muganga abishoboye ufatiye ku vyo amaze kurangura?

Mu buryo nk’ubwo nyene, vyoba biranga ubukerebutsi umuntu asuzumye idini yitonze. Nimba uri mw’idini kanaka, ubuzima bwawe mu bijanye n’ivy’Imana ni nk’aho wabushize mu maboko y’iryo dini. Kandi ivyo birafitaniye isano n’ubukiriro bwawe.

Yezu yarerekanye ikintu twofatirako kugira ngo idini turibone nk’uko riri koko. Yavuze ati: “Igiti cose kimenyekanira ku vyamwa vyaco.” (Luka 6:44) Nk’akarorero, niwiyumvire idini kanaka: Ubona ryama ivyamwa bimeze gute? Indongozi zaryo zoba zishimika ku mahera bimwe birenze urugero? Abaririmwo boba bakurikiza ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’intambara be n’ingeso nziza? Ica nyuma wokwibaza ni iki: Hoba hariho idini wokwizigira? Tukuremesheje kwihweza ibiganiro bikurikira.

“Igiti cose kimenyekanira ku vyamwa vyaco.”—Luka 6:44