Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Mwarejejwe

Mwarejejwe

“Mwarogejwe, . . . mwarejejwe.”—1 KOR. 6:11.

1. Ni ibintu bitesha umutwe ibihe Nehemiya yasanze biriko biraba igihe yagaruka i Yeruzalemu? (Raba ishusho itangura.)

ABABA i Yeruzalemu bafise umubabaro mwinshi. Umunyamahanga azwi nabi aba mu cumba c’urusengero. Abalewi bariko baraheba igikorwa cabo. Abagabo b’inararibonye bariko baradandaza kw’Isabato aho kuja imbere mu vy’ugusenga. Abisirayeli benshi bariko barabira abatari Abayuda. Ivyo ni bimwebimwe gusa mu bintu bitesha umutwe Nehemiya asanga biriko biraba agarutse i Yeruzalemu mu gihe kinaka inyuma y’umwaka wa 443 B.G.C.—Neh. 13:6.

2. Isirayeli yacitse gute ihanga ryejejwe?

2 Isirayeli yari ihanga ryiyeguriye Imana. Mu 1513 B.G.C., Abisirayeli bari bashashaye gukora ivyo Yehova agomba. Bavuze bati: “Amajambo yose Yehova avuze turiteguriye kuyakora.” (Kuv. 24:3) Imana yarabejeje rero, ni ukuvuga ko yabashize ku ruhande baba igisata yitoranirije. Ese ukuntu ako kari agateka gahambaye! Haciye imyaka mirongo ine, Musa yabibukije ati: “Uri igisata ceranda kuri Yehova Imana yawe. Ni wewe Yehova Imana yawe yatoye ngo ube igisata ciwe, inyegu idasanzwe, mu bisata vyose vy’abantu biri ku buringanire bw’ubutaka.”—Gus. 7:6.

3. Ivy’Abayuda vyari vyifashe gute mu vy’impwemu igihe Nehemiya yashika i Yeruzalemu ubugira kabiri?

3 Ikibabaje ni uko umushasharo Isirayeli yari ifise mu ntango ku bijanye no kuba ihanga ryeranda, utamaze na kabiri. Naho hamye hariho abantu bamwebamwe bakorera Imana, Abayuda muri rusangi akenshi barazwa ishinga no kuboneka ko ari beranda, ni ukuvuga kuboneka ko bubaha Imana, kuruta kurazwa ishinga no gukora ivyo igomba. Igihe Nehemiya yashika i Yeruzalemu ubugira kabiri, hari haciye nk’imyaka ijana amasigarira y’abizigirwa agarutse avuye i Babiloni kugira ngo asubizeho ugusenga kw’ukuri. N’ico gihe nyene, umwete iryo hanga ryari rifitiye ibintu vy’impwemu wariko uragabanuka.

4. Tugira turimbure ibintu ibihe vyodufasha kuguma turi igisata cejejwe?

4 Cokimwe n’Abisirayeli, Ivyabona vya Yehova bo muri iki gihe barejejwe n’Imana uko bagize umugwi. Abakirisu barobanuwe be n’abagize “isinzi rinini” ni beranda, ni ukuvuga ko bashizwe ku ruhande ku bw’umurimo  mweranda. (Ivyah. 7:9, 14, 15; 1 Kor. 6:11) Ntitwipfuza gutakaza impagararo dufise imbere y’Imana yo kuba abejejwe nk’uko Abisirayeli bahavuye bayitakaza. Ni igiki codufasha kwirinda gushikirwa n’ico kintu kugira ngo tugume turi beranda kandi turi kirumara mu murimo wa Yehova? Muri iki cigwa, tugira turimbure ibintu bine biboneka muri Nehemiya ikigabane ca 13: (1) Niwirinde kwifatanya n’ababi; (2) nushigikire indinganizo za gitewokarasi; (3) nushire imbere ivy’impwemu; (4) nuzigame akaranga kawe ka gikirisu. Nimuze twihweze kimwekimwe cose muri ivyo vyiyumviro.

NIWIRINDE KWIFATANYA N’ABABI

Nehemiya yerekanye gute ko ari intahemuka kuri Yehova? (Raba ingingo ya 5, 6)

5, 6. Eliyashibu na Tobiya bari bande, kandi ni igiki gishobora kuba catuma Eliyashibu yifatanya na Tobiya?

5 Soma Nehemiya 13:4-9. Kubera ko dukikujwe n’ibintu bihumanye, ntivyoroshe ko tuguma turi beranda. Rimbura ivyerekeye Eliyashibu na Tobiya. Eliyashibu yari umuherezi mukuru, Tobiya na we akaba yari Umwamoni akaba kandi ashobora kuba yari umukozi mutoyi mu ntwaro y’i Yudaya y’Ubuperesi. Tobiya n’abo bari bafatanije bari bararwanije utwigoro Nehemiya yagize two gusubira kwubaka impome za Yeruzalemu. (Neh. 2:10) Abamoni bari babujijwe kuza ku rusengero. (Gus. 23:3) Kubera iki none uwo muherezi mukuru yahaye umuntu nka Tobiya icumba c’uburiro co mu rusengero?

6 Tobiya yari yarabaye umugenzi somambike wa Eliyashibu. Tobiya n’umuhungu wiwe Yehohanani bari barabiriye Abayudakazi, kandi Abayuda benshi baravuga neza Tobiya. (Neh. 6:17-19) Umwe mu buzukuru ba Eliyashibu yari yarabiriye umukobwa wa Sanibalati buramatari wa Samariya, uno akaba yari umwe mu bagenzi somambike ba Tobiya. (Neh. 13:28) Ubwo bucuti bushobora kuba ari bwo bwatumye Umuherezi Mukuru Eliyashibu areka umuntu atemera kandi arwanya abasavyi b’Imana akamugirako akosho. Mugabo Nehemiya yarabaye intahemuka kuri Yehova mu guta hanze y’ico cumba c’uburiro ibikoresho vyose vya Tobiya.

7. Abakurambere hamwe n’abandi birinda gute guhumanya impagararo bafise imbere ya Yehova yo kuba abejejwe?

7 Kubera ko turi igisata ciyeguriye Imana, dutegerezwa kwama tubanza kuba intahemuka kuri Yehova. Tutumiye ku ngingo mfatirwako ziwe zigororotse, ntituzoguma twejejwe imbere yiwe. Ntidukwiye kureka ngo ubucuti bwo mu muryango butubuze kwisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Abakurambere bakirisu bayoborwa n’ivyiyumviro vya Yehova, ntibayoborwa n’ukuntu babona ibintu canke ukuntu biyumva. (1 Tim. 5:21) Babigiranye ukwiyubara, baririnda gukora ikintu ico ari co cose coshobora gutuma badohoka ku Mana.—1 Tim. 2:8.

8. Abasavyi ba Yehova bose biyeguye bakwiye kwibuka iki ku bijanye n’abo bifatanya?

8 Vyoba vyiza twibutse ko “kwifatanya n’ababi kwonona ingeso nziza.” (1 Kor. 15:33) Bamwebamwe mu ncuti zacu boshobora kutatugirako akosho keza. Eliyashibu yari yarahaye abantu akarorero keza mu gushigikira bimwe bishitse Nehemiya mu gusubira kwubaka impome za Yeruzalemu. (Neh. 3:1) Ariko rero mu nyuma, akosho kabi ka Tobiya n’abandi biboneka ko kashikanye Eliyashibu ku gukora ibintu vyatumye aba uwuhumanye imbere ya Yehova. Kwifatanya n’abantu beza biraturemesha gukora ibikorwa vya gikirisu vy’ingirakamaro, nko gusoma Bibiliya, kwitaba amakoraniro ya gikirisu no kugira uruhara mu murimo wo mu ndimiro. Abo mu muryango batugirako akosho ko gukora ibigororotse, turabakunda cane kandi turabashima.

NUSHIGIKIRE INDINGANIZO ZA GITEWOKARASI

9. Ni kubera iki indinganizo zo ku rusengero zitariko zigenda neza, kandi ni bande Nehemiya yatatiye ku bw’ico kintu?

9 Soma Nehemiya 13:10-13. Biboneka ko intererano zatangwa ku rusengero zari zarahagaze  zose igihe Nehemiya yagaruka i Yeruzalemu. Kubera ko Abalewi bataronka iyo mfashanyo, bariko baraheba ibikorwa bari barashinzwe bakaja gukora mu matongo yabo. Nehemiya yaratatiye ivyegera vy’abatware ku bw’ico kintu. Biboneka ko batariko baritwararika amabanga yabo. Bashobora kuba bategeranya ivy’icumi abantu batanga canke na ho bakaba batabishikana ku rusengero, nk’uko bari barabishinzwe. (Neh. 12:44) Nehemiya yaragize rero ico akoze kugira ngo ivy’icumi vyegeranywe. Yaragenye abagabo b’abizigirwa ngo bahagarikire ububiko bwo ku rusengero bongere bahagarikire ivyo kubigabanganya.

10, 11. Ni agateka akahe abasavyi b’Imana bafise mu bijanye no gushigikira ugusenga kw’ukuri?

10 Hoba hari icigwa twohakura? Egome, kubera ko twibutswa yuko dufise agateka ko gutera iteka Yehova dukoresheje ibintu vyacu vy’agaciro. (Imig. 3:9) Igihe dutanze intererano kugira ngo dushigikire igikorwa ciwe, tuba gusa tumuhaye ibisanzwe ari ivyiwe. (1 Ngo. 29:14-16) Twoshobora kwiyumvira ko tudafise vyinshi vyo gutanga, mugabo nimba icipfuzo kihari, twese twoshobora kugira ico dutanze.—2 Kor. 8:12.

11 Umuryango umwe munini waramaze imyaka myinshi utumira umugabo n’umugore b’abatsimvyi badasanzwe bageze mu zabukuru ngo baze barasangira na wo udufungurwa rimwe mu ndwi. Naho abo bavyeyi bari bafise abana umunani, inabibondo yahora avuga ati: “None ga yemwe imfungurwa z’abantu babiri ziyongera ku mfungurwa zitegurirwa abantu cumi, zivuze iki?” Imfungurwa za rimwe mu ndwi zoshobora kuba zitaboneka ko ari nyinshi, mugabo ntiworaba ukuntu abo batsimvyi băkenguruka ubwo bwakiranyi bagaragarizwa! Abo batsimvyi na bo barabereye umuhezagiro uwo muryango. Amajambo be n’ivyabonywe biremesha bavuga vyatumye abo bana bavyurirwa umutima wo gutera imbere mu vy’impwemu. Bose bahavuye baja mu busuku bw’igihe cose.

12. Ni akarorero keza akahe gatangwa n’abagabo bagenywe mw’ishengero?

12 Ikindi cigwa ni iki: Cokimwe na Nehemiya, muri iki gihe abagabo bagenywe baraja imbere mu vyo gushigikira indinganizo za gitewokarasi. Abandi mw’ishengero barungukira ku karorero kabo. Muri ivyo, abakurambere barigana kandi intumwa Paulo. Yarashigikira ugusenga kw’ukuri akongera agatanga ubuyobozi ngirakamaro. Nk’akarorero, yaratanze ivyiyumviro ngirakamaro bitari bike ku bijanye n’ukuntu intererano zotangwa.—1 Kor. 16:1-3; 2 Kor. 9:5-7.

 NUSHIRE IMBERE IVY’IMPWEMU

13. Ni gute Abayuda bamwebamwe batubaha Isabato?

13 Soma Nehemiya 13:15-21. Twirekeranye tugatwarwa n’ibintu vy’umubiri, twoshobora kugenda turasubira inyuma mu vy’impwemu. Nk’uko muri Kuvayo 31:13 havyerekana, Isabato yagirwa buri ndwi yari iyo kwibutsa Abisirayeli ko bari igisata cejejwe. Umusi w’Isabato wategerezwa gushirwa ku ruhande ku bw’ugusenga n’ukuzirikana kw’Itegeko ry’Imana. Ariko rero, ku bantu bamwebamwe bo mu gihe ca Nehemiya, Isabato yari yaracitse umusi nk’iyindi, ni ukuvuga umusi w’urudandaza. Ugusenga kwariko kurirengagizwa. Nehemiya abonye ivyariko biraba, yarategetse ko amarembo y’igisagara yugarwa ku mugoroba ku musi ugira gatandatu, arirukana abacuruza b’abanyamahanga imbere y’uko Isabato itangura.

14, 15. (a) Ni igiki codushikira hamwe tutoshingira akarimbi urudandaza rwacu? (b) Dushobora gute kwinjira mu karuhuko k’Imana?

14 Twokwigira iki ku karorero ka Nehemiya? Icigwa kimwe ni uko dukwiye gushingira akarimbi urudandazwa rwacu. Ahandiho, twoshobora gusamara bitagoranye, canke mbere tukarondera gukunda Imana n’ibintu, na canecane nimba dushimishwa n’akazi dukora. Niwibuke ingabisho Yezu yatanze ku bijanye n’umuntu arondera gushumbira ba shebuja babiri. (Soma Matayo 6:24.) Naho Nehemiya yari afise amatungo, yakoresha gute umwanya wiwe i Yeruzalemu? (Neh. 5:14-18) Aho kugiranira urudandaza n’Abanyatiro canke abandi, yaritanga mu gufasha abavukanyi biwe no mu gukora ibintu vyagira ico biterereye ku kwezwa kw’izina rya Yehova. No muri iki gihe nyene, abakurambere n’abakozi b’ishengero bakirisu barashira imbere ivyo gukora ibintu vyungura ishengero, kandi abo basangiye ukwemera barabakunda kubera ako gatima bagaragaza. Ivyo biratuma mu basavyi b’Imana harangwa urukundo, amahoro n’umutekano.—Ezk. 34:25, 28.

15 Naho abakirisu badasabwa kwubahiriza Isabato ya buri ndwi, Paulo atubwira ko “ha[gi]sigaye . . . akaruhuko k’isabato ku bantu b’Imana.” Yongeyeko ati: “Umuntu yinjiye mu karuhuko k’Imana na we ubwiwe aba aruhutse ibikorwa vyiwe nk’uko Imana yaruhutse ivyayo.” (Heb. 4:9, 10) Twebwe abakirisu, turashobora kwinjira mu karuhuko k’Imana mu gukora duhuza n’umugambi wayo ugenda uratera imbere. Wewe n’abawe mwoba mushira imbere mu buzima bwanyu ugusenga kwo mu muryango, ukwitaba amakoraniro n’ubusuku bwo mu ndimiro? Hari aho vyoba ngombwa ko dushikama imbere y’umukoresha wacu canke abo dufatanije urudandaza, na canecane mu gihe batubaha ibintu vya gitewokarasi tubona ko bihambaye. Tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, twoshobora kuba dukeneye ‘kwugara amarembo y’igisagara no kwirukana Abanyatiro’ kugira ngo dushire imbere ibintu vyeranda twongere tuvyitwararike mu buryo bubereye. Kubera ko twejejwe, vyoba vyiza twibajije duti: ‘Uburyo mbayeho bwoba bwerekana ko nashizwe ku ruhande ku bw’umurimo wa Yehova?’—Mat. 6:33.

NUZIGAME AKARANGA KAWE KA GIKIRISU

16. Akaranga k’ihanga rya Isirayeli ko kuba igisata cejejwe kari mu kaga gute mu gihe ca Nehemiya?

16 Soma Nehemiya 13:23-27. Mu gihe ca Nehemiya, abagabo b’Abisirayeli bariko babira abanyamahangakazi. Igihe Nehemiya yaja i Yeruzalemu ubwa mbere, yasavye abagabo bose b’inararibonye kwemeza amasezerano yanditse bagasezerana yuko Abisirayeli batokwabiriye abapaganikazi. (Neh. 9:38; 10:30) Ariko rero haciye imyaka mikeyi, yasanze abagabo b’Abayuda batabiriye gusa abanyamahangakazi mugabo kandi bari mu gutakaza akaranga kabo ko kuba igisata c’Imana cejejwe! Abana b’abo banyamahangakazi ntibashobora gusoma canke kuvuga igiheburayo. Bamaze gukura, boba bari kuvuga ko ari Abisirayeli? Canke riho boba bari kwiyumvira ko ari Abanyashidodi, Abamoni canke Abanyamowabu? Boba bari gushobora  gutahura Itegeko ry’Imana batazi ururimi rw’igiheburayo? Bari gushobora gute kumenya Yehova no guhitamwo kumukorera aho gukorera imana z’ikinyoma ba nyina basenga? Vyari bikenewe ko hakorwa ikintu gikomeye mu maguru masha, kandi Nehemiya yaragikoze.—Neh. 13:28.

Nufashe abana bawe kugiranira na Yehova ubucuti somambike (Raba ingingo ya 17, 18)

17. Abavyeyi bashobora gute gufasha abana babo kugiranira ubucuti na Yehova ku giti cabo?

17 Muri iki gihe, turakeneye kugira ico dukoze kibereye kugira ngo dufashe abana bacu kugira akaranga ka gikirisu. Bavyeyi, nimwibaze muti: ‘Abana banje bazi ku rugero rungana iki “ururimi rutyoroye” rwerekeye ukuri kwo mu Vyanditswe? (Zef. 3:9) Ibiyago vyabo vyoba vyerekana ko bayoborwa n’impwemu y’Imana canke impwemu y’isi?’ Ntiwihutire gucika intege igihe ubonye ko hari ivyo boryohora. Bisaba igihe kugira ngo tumenye ururimi, na canecane iyo dukikujwe n’ibintu bisamaza. Abana bawe bariko barashikirwa n’imikazo ikomeye irondera gutuma badohoka. Nukoreshe rero wihanganye ibiringo vy’Ugusenga kwo mu muryango be n’utundi turyo kugira ngo ufashe abana bawe kugiranira na Yehova ubucuti somambike. (Gus. 6:6-9) Niwerekane ivyiza biva ku kuba abatandukanye n’isi ya Shetani. (Yoh. 17:15-17) Niwihatire kubakora ku mutima.

18. Ni kubera iki abavyeyi bakirisu ari bo bashoboye gufasha abana babo kwitegurira kwiyegurira Yehova?

18 Impera n’imperuka, umwana wese azokwifatira ingingo mu bijanye no gukorera Imana. Yamara, hariho ibintu vyinshi abavyeyi bashobora gukora. Muri ivyo harimwo gutanga akarorero keza, gushinga uturimbi dutomoye no kuyaga n’abana ku ngaruka ziva ku ngingo bafata. Bavyeyi, ni mwebwe mushoboye kuruta uwundi muntu wese gufasha abana banyu kwitegurira gufata ingingo yo kwiyegurira Yehova. Barakeneye ko mubafasha kugira akaranga ka gikirisu no kukazigama. Ariko ntiwumve, twese turakeneye kuba maso kugira ngo ntidutakaze “impuzu [zacu] zo hejuru” z’ikigereranyo, izo na zo zikaba ari kamere be n’ingingo mfatirwako vyerekana ko turi abayoboke ba Kristu.—Ivyah. 3:4, 5; 16:15.

KWIBUKWA ‘TUKAGIRIRWA ICIZA’

19, 20. Twokora iki kugira ngo Yehova aze atwibuke ‘atugirire iciza’?

19 Umwe mu bantu bariho mu gihe ca Nehemiya yari umuhanuzi Malaki, uwahishuye yuko “igitabu c’icibutso [catanguye] kwandikwa . . . ku bw’abatinya Yehova no ku bw’abiyumvira izina ryiwe.” (Mal. 3:16, 17) Imana ntizokwigera yibagira abayitinya bimwe bigera kure bakongera bagakunda izina ryayo.—Heb. 6:10.

20 Nehemiya yasenze ati: “Uze unyibuke, ewe Mana yanje, ungirire iciza.” (Neh. 13:31) Cokimwe na Nehemiya, amazina yacu azokwandikwa mu gitabu c’Imana c’icibutso nitwabandanya kwirinda kwifatanya n’ababi, tugashigikira indinganizo za gitewokarasi, tugashira imbere ivy’impwemu tukongera tukazigama akaranga kacu ka gikirisu. Nimuze ‘tugume dusuzuma yuko turi mu kwizera.’ (2 Kor. 13:5) Nitwaguma dufise impagararo yo kuba abejejwe imbere ya Yehova, azotwibuka ‘atugirire iciza.’