Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yehova ‘anyikorerera umutwaro ku musi ku musi’

Yehova ‘anyikorerera umutwaro ku musi ku musi’

Naho vyashika amagara akankika ntari ndavyiteze, ivyo bikaba vyasa n’ibigoye kwihanganira, nariboneye ko Dawe wa twese wo mw’ijuru munyarukundo yamfashe mu mugongo mu buzima bwanje bwose. Kandi mu myaka irenga 20 iheze, naragize akanyamuneza kadasanzwe ko gukorera Yehova ndi umutsimvyi.

Navutse mu 1956 nkaba navukanye indwara y’uruti rw’umugongo (spina bifida). Iyo ndwara yatumye udutsi nsozabwenge twononekara, ivyo bikaba vyatumye bingora gutambuka ndongera ndashikirwa n’izindi ngorane z’amagara zikomeye.

Hasigaye igihe gito ngo mvuke, abamisiyonari b’Ivyabona vya Yehova baratanguye kwigana Bibiliya n’abavyeyi banje. Nkiri umwana, abamamaji bari iyo catawe ni bo gusa baba mu gisagara canje c’amavukiro ca Usakos muri Namibiya. Ni co gituma amayagwa yaba agenewe gushikirizwa mw’ishengero twayigira mu muryango. Mfise imyaka indwi, barambaze mu gutobora ku mubiri wanje ahantu ho gucisha umwanda mutoyi (ivyo bita urostomie). Mfise imyaka 14, nararwaye intandara. Kubera ko ishure ryisumbuye ryitwa ko ryari hafi ryari kure cane kandi nkaba nari nkeneye kwitwararikwa n’abavyeyi banje mu buryo budasanzwe, sinashoboye kurangiza amashure.

Naho vyari ukwo, narafashe ingingo yo kwikomeza mu buryo bw’impwemu. Vyinshi mu bisohokayandikiro vyacu vya gikirisu ntivyaboneka mu rurimi rwitwa Afrikaans, runo rukaba ari rwo rurimi nonse. Narize rero gusoma icongereza kugira ngo nige vyinshi mu bitabu vyacu. Narabaye umwamamaji w’Ubwami maze mbatizwa mfise imyaka 19. Mu myaka ine yakurikiye, naragize ingorane nyinshi z’amagara n’izijanye n’inyiyumvo. Vyongeye, mu kibano c’abantu bashize hamwe co mu gisagara canje c’amavukiro, gutinya abantu vyaratumye ntagira uruhara n’umwete mu busuku.

Igihe nari ndengeje gatoyi imyaka 20, twaravuye muri Namibiya twimukira muri Afrika y’Epfo, maze ndashobora kwifatanya n’ishengero ari bwo bwa mbere. Ese ukuntu vyari vyiza igitangaza! Ariko rero, nabwirijwe gusubira kubagwa, ico gihe hoho bakaba batoboye ku mubiri wanje ahantu ho gucisha umwanda mukuru (ivyo bita colostomie).

Haciye igihe gito, narumvise umucungezi w’umuzunguruko avuga ibijanye no gukora ubutsimvyi. Ivyo yavuze vyarankoze ku mutima. Nari nzi ko amagara yanje atari ashemeye, mugabo nari nariboneye ukuntu Yehova anyitwararika mu ngorane nyinshi. Ni co gituma nasavye kuba umutsimvyi asanzwe. Ariko rero kubera ingorane zanje z’amagara, abakurambere ntibanyemereye.

Naho vyari ukwo, narafashe ingingo yo gukora ivyo nshoboye vyose mu kwamamaza Ubwami. Ndabifashijwe na mawe hamwe n’abandi, narashoboye kumara amezi arenga atandatu nkora amasaha y’abatsimvyi mu busuku. Ivyo vyarerekanye ko umwiyemezo wanje wo gukora ubutsimvyi wari gushoboka be n’uko ingorane z’amagara nari mfise nari gushobora kuzihanganira. Narasubiye kubusaba, ico gihe hoho nkaba naremerewe. Nabaye umutsimvyi asanzwe ku wa 1 Nyakanga 1988.

Kubera ko ndi umutsimvyi, Yehova arabandanya kumfata mu mugongo. Kwigisha ukuri abashasha aho kugumiza umutima ku kuntu ivyanje vyifashe, vyarankingiye, birankomeza vyongera biramfasha gukura mu buryo bw’impwemu. Narironkeye akanyamuneza kenshi mu gufasha abantu batari bake gushika biyeguriye Imana bakabatizwa.

N’ubu birashika amagara yanje akankika ntari ndavyiteze. Mugabo Yehova ‘aranyikorerera umutwaro ku musi ku musi.’ (Zab. 68:19) Uretse ko amfasha kwihangana mu buzima, aranatuma mpimbarwa no kuba ndi muzima!