Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IVYO MU BUSHINGURO BWACU

Uwo mwami yarahimbawe cane!

Uwo mwami yarahimbawe cane!

ICO kintu cabaye muri Myandagaro 1936. Cabereye ku kirimba c’Umwami wo muri Swazilande. Robert Nisbet na George Nisbet, bakoresheje umuduga uriko ivyuma biduza amajwi, bari bahejeje kuvuza umuziki wafashwe amajwi wakurikiwe n’insiguro zafashwe amajwi z’umuvukanyi J. F. Rutherford. Umwami Sobhuza wa kabiri yarahimbawe cane. George yasiguye ati: “Yashaka kugura imashini yavuza insiguro, ivyafashwe amajwi be n’icuma kiduza amajwi twakoresha mu gushikiriza ubutumwa bw’Ubwami, ivyo bikaba vyaraduteye ubuyega cane!”

Robert yariyumviriye adatebaganye maze avuga asaba ikigongwe yuko ivyo bintu bitari ivyo kugurisha. Kubera iki? Kubera ko ivyo bikoresho vyari ivy’uwundi muntu. Uwo Mwami yaripfuje kumenya uwo muntu uwo ari we.

Robert yishuye ati: “Vyose ni ivy’uwundi Mwami.” Sobhuza yaciye abaza uwo Mwami uwo ari we. Robert yishuye ati: “Ni Yezu Kristu, Umwami w’Ubwami bw’Imana.”

Sobhuza abigiranye icubahiro kigera kure yiyemereye ati: “Eee, ni Umwami ahambaye. Nta kintu na kimwe ciwe nipfuza gutwara.”

Robert yanditse ati: ‘Narakozwe ku mutima cane n’ukuntu uwo Mukuru ahambaye Umwami Sobhuza ameze. Yavuga icongereza gitomoye ata kwiyemera canke ubwibone kandi yari umuntu adaca ku ruhande na gato kandi yegereka. Twamaranye nk’iminuta 45 mu biro vyiwe, magingo George yariko aravugiriza umuziki hanze.

Robert yabandanije ati: ‘Uwo musi witereye, twaragendeye ishure rimwe (The Swazi National School) aho twiboneye ikintu gishimishije kuruta ibindi vyose. Twarabwiye inkuru nziza umuyobozi w’iryo shure, uno akaba yaraduteze yompi. Igihe twamubwira ibijanye na ya mashini maze tukamusaba ko twokwumvisha ishure ryose ivyafashwe amajwi, yarahimbawe cane aca ahamagaza abanyeshure nka 100 ngo bagandagaze ku vyatsi kugira bumvirize. Twabwiwe yuko iryo shure ryisumbuye ryigisha abahungu ibijanye n’uburimyi, kwitwararika ubusitani, ububaji, ubwubatsi, icongereza n’ibiharuro; abakobwa bigishwa ibijanye no kwitwararika abarwayi, ibikorwa vyo mu rugo be n’iyindi myuga ngirakamaro. Inakuru w’uwo Mukuru ahambaye ni we yari yarashinze iryo shure. *

Abanyeshure bo kuri rya shure ryisumbuye baje kwumviriza insiguro y’icese muri Swazilande mu 1936

Mu ntango ya 1933, Umwami Sobhuza yarahimbarwa no kwumviriza abatsimvyi bagendera ikirimba ciwe. Yarigeze no gukoranya  abasoda 100 bamucungerera ubuzima kugira bumvirize ubutumwa bw’Ubwami bwafashwe amajwi. Yariyandikishije ngo azoze ararungikirwa ibinyamakuru vyacu yongera arakira ibisohokayandikiro. Uwo Mwami ntiyatevye kugira ububiko bw’ibitabu bwa gitewokarasi busa n’ubukwiye. Vyongeye, yarabukingiye naho ibisohokayandikiro vyacu vyabujijwe n’intwaro ya gikoroni y’Abongereza mu Ntambara ya kabiri y’isi yose.

Umwami Sobhuza wa kabiri yarabandanije guha ikaze Ivyabona ku kirimba ciwe i Lobamba, mbere agatumako abakuru b’amadini ngo baze kwumviriza insiguro zabo zishingiye kuri Bibiliya. Igihe Icabona umwe wo muri ako karere yitwa Helvie Mashazi yariko araca irya n’ino Matayo ikigabane ca 23, umugwi umwe w’abakuru b’idini waramugurukiyeko n’ishavu n’akantu ugerageza kumwicarika hasi ku nguvu. Mugabo uwo Mwami yarahaserutse, asaba umuvukanyi Mashazi kubandanya. Vyongeye, uwo Mwami yabwiye abari ng’aho kwandika imirongo yose ya Bibiliya ivugwa muri iyo nsiguro!

Ikindi gihe, abakuru b’idini bane bari ng’aho, bamaze kwumviriza insiguro yashikirijwe n’umuvukanyi umwe w’umutsimvyi, baciye bavuga bati: “Ntitukiri abakuru b’idini mugabo ubu turi Ivyabona vya Yehova.” Baciye babaza uwo mutsimvyi nimba afise ibitabu nk’ivyo wa Mukuru Ahambaye yari afise.

Kuva mu myaka ya 1930 gushika apfuye mu 1982, uwo Mukuru Ahambaye yarubaha Ivyabona vya Yehova akaba ataretse ngo bahamwe bahorwa ko badakurikiza imigenzo yo muri Swazilande. Ivyabona bari bafise rero imvo yumvikana yo kumukengurukira, kandi baramugandariye ata buryarya.

Mu ntango z’umwaka wa 2013, muri Swazilande hari abamamaji b’Ubwami barenga 3.000. Muri ico gihugu, ahaba abantu barenga umuliyoni umwe gusa, umwamamaji 1 abwirizwa kubwira inkuru nziza abantu 384. Abatsimvyi barenga 260 ni bo băkora bagatama mu mashengero 90, kandi abantu 7.496 ni bo bitavye Icibutso mu 2012. Biragaragara ko hashobora kuba irindi yongerekana rihambaye. Nta gukeka ko umushinge ukomeye washinzwe n’abatanguye kugendera Swazilande mu myaka ya 1930.—Vyakuwe mu bushinguro bwacu bwo muri Afrika y’Epfo.

^ par. 8 Ikinyamakuru L’ Âge d’Or (mu congereza) co ku wa 30 Ruheshi 1937, urupapuro rwa 629.