Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nureke imvugo zo guhushanya ibintu zigufashe

Nureke imvugo zo guhushanya ibintu zigufashe

Ntiwemera none ko Yezu yari umwigisha ahambaye kuruta ababayeho bose? Ushobora kuba waragerageje kwigana bumwebumwe mu buryo yakoresha mu kwigisha, nk’akarorero ukuntu yakoresha ibibazo n’ibigereranyo. Ariko none woba umaze kuzirikana ku vy’uko akenshi yakoresha imvugo zo guhushanya ibintu mu kwigisha kwiwe?

Abantu benshi barakoresha imvugo zo guhushanya ibintu igihe bariko baravuga. Na wewe nyene ushobora kuba uzikoresha kenshi utanabiciye n’ikanda. Woshobora kuvuga ikintu nk’iki ngo: “Bavuze ko ivyamwa vyose vyari bihiye; mugabo ibi biracari bibisi.” Canke ngo: “Kera yari umwigeme w’amasoni, mugabo ubu ariyegereza abantu cane.”

Mu bihe nk’ivyo, ubanza gushikiriza iciyumviro kanaka, hanyuma ugashikiriza igihushane caco ukoresheje utujambo nka mugabo, ariko rero, ahubwo canke yamara, canke na ho ugashobora guhushanya ibintu mu kwongera ayandi makuru kuri utwo tujambo. Igihe uvuga muri ubwo buryo, vyumvikana ko ari imvugo yo mu buzima bwa misi yose kandi birashobora gufasha abandi gutahura ivyo uriko uravuga.

Naho nyene imvugo zo guhushanya ibintu zidakunda gukoreshwa mu ndimi zimwezimwe canke mu mico kama imwimwe, vyoba vyiza dutahuye agaciro kazo. Uti kubera iki? Kubera ko Ijambo ry’Imana ryahumetswe rizikoresha cane. Yezu yarakunda gukoresha imvugo zo guhushanya ibintu. Niwibuke izi: “Abantu ntibadomeka itara ngo barishire munsi y’igisimbo co gupimisha, ahubwo barishira ku gitereko c’amatara.” “Sinaje gusenyura [Itegeko], ahubwo naje [kuri]shitsa.” “Mwarumvise ko vyavuzwe ngo: ‘Ntukarenge ibigo.’ Mugabo jewe ndababwiye ko umuntu wese aguma araba umugore . . . ” “Vyavuzwe ngo: ‘Ijisho ku rindi n’iryinyo ku rindi.’ Ariko jewe ndababwiye nti: Nturwanye umuntu mubi; mugabo uwo wese agukubise ikofe kw’itama ry’i buryo, muhindukirize n’irindi.”—Mat. 5:15, 17, 27, 28, 38, 39.

Mu bindi bitabu vya Bibiliya harimwo imvugo zo guhushanya ibintu nk’izo. Zirashobora kugufasha gutahura iciyumviro kinaka canke gushimika ku buryo bwiza kuruta bwo gukora ikintu. Nimba uri umuvyeyi, nuzirikane kuri iyi mvugo yo guhushanya ibintu igira iti: “Namwe ba se, ntimutere ishavu abana banyu, ahubwo mubandanye kubarera mu kubatoza indero no mu kuyobora ivyiyumviro vyabo nk’uko Yehova yashinze.” (Ef. 6:4) Iyo intumwa Paulo yandika gusa ko sebibondo (canke inabibondo) akwiye kurera umwana mu kumutoza indero nk’uko Imana igomba, vyari kuba ari vyo kandi biranga ubukerebutsi. Ariko rero, ico ciyumviro kirarushiriza gutomoka hakoreshejwe iyi mvugo yo guhushanya ibintu igira iti: ‘Ntimubatere ishavu ahubwo mubarere mu kuyobora ivyiyumviro vyabo nk’uko Yehova yashinze.’

Inyuma y’aho muri ico kigabane, Paulo yanditse ati: “Dufise intambara yo kunigana, atari ukunigana n’abantu b’amaraso n’inyama, ahubwo tunigana . . . n’ibinyankomezi vy’impwemu vy’ibibisha mu bibanza vyo mw’ijuru.” (Ef. 6:12) Birashoboka ko iyo mvugo yo guhushanya ibintu igufasha gutahura yuko ufise intambara ikomeye cane. Si  iyo kurwanya abantu buntu; ahubwo ni iyo kurwanya ibinyankomezi vy’impwemu vy’ibibisha.

NIWUNGUKIRE KU MVUGO ZO GUHUSHANYA IBINTU

Muri ico gitabu nyene co muri Bibiliya c’Abanyefeso urahasanga ibindi vyanditswe vyinshi aho Paulo yakoresheje imvugo zo guhushanya ibintu. Kuzizirikanako birashobora kudufasha gutegera ivyo Paulo yavuze no kurushiriza gutahura ico dukwiye gukora.

Woshobora gusanga biguhimbaye kandi bikugiriye akamaro kurimbura igicapo kiri kumwe n’iki kiganiro cerekana imvugo zimwezimwe zo guhushanya ibintu usanga mu Banyefeso ikigabane ca 4 n’ica 5. Uko usoma imvugo yo guhushanya ibintu imwimwe, nuzirikane ku buzima bwawe. Niwibaze uti: ‘Mvugishije ukuri, mfise agatima akahe? Ndavyifatamwo gute igihe nshikiwe n’ibi bintu canke ibindi bisa na vyo? Abandi biyumvira ko ndi mu ruhande uruhe muri iyo mvugo yo guhushanya ibintu?’ Nimba ubonye ko imvugo yo guhushanya ibintu yinaka ikweretse aho ukeneye kuryohora, nugerageze kubigira. Nureke iyo mvugo yo guhushanya ibintu igufashe.

Canke woshobora gukoresha ico gicapo mu gusenga kwanyu kwo mu muryango. Abagize umuryango wanyu bose barashobora kubanza gusoma izo mvugo zo guhushanya ibintu. Umwe muri mwebwe arashobora guca avuga igice ca mbere c’imvugo yinaka, akareka abasigaye bakagerageza kwibuka iciyumviro kiboneka mu gice kigira kabiri. Ivyo vyoshobora gutuma umuryango uyaga mu buryo bushimishije ku kuntu mworushiriza gushira mu ngiro igice kigira kabiri. Egome, kwihweza imvugo zo guhushanya ibintu muri ubwo buryo vyoshobora gufasha abato n’abakuze kwifata rukirisu mu muryango be n’ahandi.

Woba ushobora kwibuka igice kigira kabiri c’iyi mvugo yo guhushanya ibintu?

Uko urushiriza gutahura agaciro k’imvugo zo guhushanya ibintu, woshobora kurushiriza kuba umuhanga mu bijanye no kumenya aho zikoreshwa muri Bibiliya, kandi woshobora gusanga zigufashije cane mu busuku bwa gikirisu urangura. Nk’akarorero, woshobora kubwira uwo usanze ku muhana uti: “Abantu benshi bavuga ko umuntu wese afise umutima w’ubwenge udapfa, yamara raba ico Ijambo ry’Imana rivuga ng’aha.” Canke igihe uriko urigisha umuntu Bibiliya, woshobora kumubaza uti: “Abantu benshi bo muri aka karere bemera ko Imana na Yezu ari umuntu umwe; mugabo dusanze Bibiliya ivuga iki? Kandi wewe wemera iki muri ivyo?”

Egome, Ivyanditswe birimwo imvugo nyinshi zo guhushanya ibintu zigisha, zodufasha kugendera mu nzira y’Imana. Kandi turashobora gukoresha imvugo zo guhushanya ibintu kugira ngo dufashe abandi kumenya ukuri kwo muri Bibiliya.