Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyibutsa vya Yehova ni ivyo kwizigirwa

Ivyibutsa vya Yehova ni ivyo kwizigirwa

“Icibutsa ca Yehova ni ico kwizigirwa, gituma umuntu atazi utuntu n’utundi aba inkerebutsi.”—ZAB. 19:7.

1. Ni ibiganiro ibihe biza birarimburwa n’abasavyi b’Imana, kandi twungukira gute ku gusubira kuvyihweza?

IGIHE wariko urategura Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi yari yimirije, woba warigeze kwibaza uti: ‘Ubwo ntitwari tumaze kwiga iki kiganiro?’ Nimba umaze igihe wifatanya n’ishengero rya gikirisu ushobora kuba warabonye ko hariho ibiganiro vyihwezwa akatari gake. Kwiga ivyerekeye Ubwami bw’Imana, incungu, igikorwa co guhindura abantu abigishwa be na kamere nk’urukundo n’ukwizera ni bimwe mu bintu vyama biri mu bifungurwa vyacu vyo mu vy’impwemu. Gusubira kwihweza ivyo biganiro biradufasha kuguma dufise amagara meza mu kwizera no “[kuba] abashira mu ngiro rya jambo, atari abumva gusa.”—Yak. 1:22.

2. (a) Ivyibutsa vy’Imana akenshi vyerekeza ku ki? (b) Ivyibutsa vy’Imana bitandukaniye he n’ivy’abantu?

2 Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “icibutsa” akenshi ryerekeza ku mategeko, amabwirizwa n’ingingo nyobozi Imana iha abasavyi bayo. Mu buryo butandukanye n’amategeko y’abantu, ayo akenshi usanga ari ngombwa ko ahindurwa canke ahuzwa n’igihe, amategeko n’ingingo nyobozi vya Yehova vyovyo vyama ari ivyo kwizigirwa. Naho bimwebimwe muri vyo bitangwa ku bw’igihe kinaka canke ibintu vyifashe ukunaka, ntivyigera bibamwo amakosa canke ngo bibe ibitabereye. Umwanditsi w’amazaburi yavuze ati: “Ubugororotsi bw’ivyibutsa vyawe ni ubwo gushika igihe kitagira urugero.”—Zab. 119:144.

3, 4. (a) Ivyibutsa vya Yehova vyoshobora kuba birimwo iki? (b) Abisirayeli bari kuhungukira gute iyo babikurikiza?

3 Ushobora kuba warabonye ko ivyibutsa vya Yehova rimwe na rimwe biba birimwo ubutumwa bwo kugabisha abantu. Ihanga rya Isirayeli ryama rironka ingabisho biciye ku bahanuzi b’Imana. Nk’akarorero, imbere gato y’uko Abisirayeli binjira mu Gihugu c’isezerano, Musa yabagabishije ati: “Mwiyubare, umutima wanyu ntuhave ukwegakwegwa, mugakevya, mugasenga izindi mana, mukazunamira, maze ishavu rya Yehova  rikabarurumbira.” (Gus. 11:16, 17) Bibiliya yerekana ko Imana yahaye abasavyi bayo ivyibutsa ngirakamaro umuyoro.

4 Mu bindi bihe vyinshi, Yehova yarahimirije Abisirayeli kumutinya, kwumviriza ijwi ryiwe no kweza izina ryiwe. (Gus. 4:29-31; 5:28, 29) Iyo bakurikiza ivyo vyibutsa, nta gukeka ko boronse imihezagiro myinshi.—Lew. 26:3-6; Gus. 28:1-4.

UKUNTU ISIRAYELI YAKIRIYE IVYIBUTSA VY’IMANA

5. Ni kubera iki Yehova yarwaniye Umwami Hezekiya?

5 Muri kahise ka Isirayeli karangwamwo umudurumbanyo, Imana yarashikije ivyo yasezeranye. Nk’akarorero, igihe Umwami wa Ashuri Senakeribu yatera Yuda maze akabatera ubwoba ko atembagaza Umwami Hezekiya, Yehova yarahaserutse mu kurungika umumarayika. Mw’ijoro rimwe gusa, uwo mumarayika wa Yehova yaratikije “abagabo bose b’intwari kandi b’abanyenkomezi” bo mu ngabo za Ashuri, ku buryo biba ngombwa ko Senakeribu asubira iwe amaramaye. (2 Ngo. 32:21; 2 Abm. 19:35) Ni kubera iki Imana yarwaniye Umwami Hezekiya? Ni kubera ko “[yagumye] yumiye kuri Yehova. Ntiyakevya ngo areke kumukurikira, mugabo abandanya kugumya amabwirizwa yiwe.”—2 Abm. 18:1, 5, 6.

Ivyibutsa vya Yehova vyaravyuriye Yosiya umutima wo kugira ico akoze ku neza y’ugusenga kw’ukuri (Raba ingingo ya 6)

6. Umwami Yosiya yizigiye gute Yehova?

6 Akandi karorero k’umuntu yagamburutse amabwirizwa ya Yehova ni Umwami Yosiya. Kuva afise imyaka umunani, “[yaratanguye] gukora ivyari bigororotse mu maso ya Yehova . . . Ntiyakebereza iburyo canke ibubamfu.” (2 Ngo. 34:1, 2) Yarerekanye ko yizigira Yehova mu guhumanura ico gihugu akagikuramwo ibigirwamana agasubizaho ugusenga kw’ukuri. Mu kubigenza gutyo, Yosiya yarahezagiwe yongera aratuma iryo hanga ryose rihezagirwa.—Soma 2 Ngoma 34:31-33.

7. Igihe Abisirayeli baba birengagije ivyibutsa vya Yehova, vyabagendera gute?

7 Ariko rero, ikibabaje ni uko abasavyi b’Imana batama bizigira bimwe bishitse ivyibutsa vya Yehova. Mu binjana n’ibindi, vyarashika bakagamburuka ikindi gihe na ho bakagambarara. Igihe ukwizera kwabo kwaba kwayamye, akenshi “[bara]janwa irya n’ino n’umuyaga uwo ari wo wose w’inyigisho,” nk’uko Paulo yabivuze. (Ef. 4:13, 14) Kandi nk’uko vyari vyaravuzwe, igihe bataba bizigiye ivyibutsa vy’Imana, barashikirwa n’ingaruka zibabaje.—Lew. 26:23-25; Yer. 5:23-25.

8. Twokwigira gute ku karorero k’Abisirayeli?

8 Twokwungukira gute ku karorero k’Abisirayeli? Nk’uko vyari biri kuri bo, abasavyi b’Imana bo muri iki gihe barahabwa impanuro bakongera bagatozwa indero. (2 Pet. 1:12) Ijambo ry’Imana ryahumetswe  rirashobora kutubera icibutsa igihe cose turisomye. Kubera ko dufise ubushobozi bwo kwihitiramwo, turashobora guhitamwo kugamburuka ubuyobozi bwa Yehova canke tugashobora gukurikirana ivyo tubona ko bibereye. (Imig. 14:12) Nimuze turimbure imvo zimwezimwe zotuma twizigira ivyibutsa vya Yehova be n’ukuntu twungukira ku kubikurikiza.

NUYOBOKERE IMANA MAZE UBEHO

9. Igihe Abisirayeli bari mu gahinga, Yehova yabakuye amazinda gute ko yari abafashe mu mugongo?

9 Igihe Abisirayeli batangura urugendo rwahavuye rumara imyaka 40 baca mu “gahinga . . . gateye ubwoba,” Yehova ntiyabahaye imbere y’igihe amakuru atomoye ajanye n’ukuntu yobayoboye, akabakingira akongera akababungabunga. Naho vyari ukwo, yaguma yerekana ko bari gushobora kumwizigira bakongera bakizigira ubuyobozi bwiwe. Yehova akoresheje inkingi y’igicu ku murango be n’iy’umuriro mw’ijoro, yaribukije Abisirayeli ko yari abafashe mu mugongo uko yabayobora abacisha muri ako karere kagoye kubamwo. (Gus. 1:19; Kuv. 40:36-38) Yarabaronkeje kandi ivya nkenerwa. “Impuzu zabo ntizashize, kandi ibirenge vyabo ntivyavyimvye.” Emwe, “nta co babuze.”—Neh. 9:19-21.

10. Yehova ariko ayobora abasavyi biwe gute muri iki gihe?

10 Abasavyi b’Imana bo muri iki gihe bari mu kwinjira mw’isi nshasha igororotse. Twoba duhanga amaso Yehova ngo aturonse ivyo dukeneye kugira ngo tuze turokoke ya “makuba akomeye” yimirije? (Mat. 24:21, 22; Zab. 119:40, 41) Ego ni ko, Yehova ntiyaduhaye inkingi y’igicu be n’iy’umuriro kugira ngo zituyobore zitujana mw’isi nshasha. Mugabo ariko arakoresha ishirahamwe ryiwe kugira ngo adufashe kuguma turi maso. Nk’akarorero, hararushirije gushimikwa ku bijanye no gukomeza kamere yacu y’ivy’impwemu biciye ku gusoma Bibiliya, kugira umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango, kwitaba amakoraniro no kugira uruhara mu busuku tudahorereza. Twoba twaragize ivyo duhinduye kugira ngo dukurikize ubwo buyobozi? Kubigenza gutyo bizodufasha gutsimbataza ukwizera kuzotuzigama kukadushikana mw’isi nshasha.

Gushira mu ngiro ivyibutsa vya Yehova biradufasha gutuma Ingoro z’Ubwami zacu zidateza impanuka kandi vyoroha kuzinjiramwo (Raba ingingo ya 11)

11. Ni mu buryo butandukanye ubuhe Imana yerekana ko itwitwararika?

11 Uretse ko ubuyobozi turonka budufasha kuguma turi maso mu vy’impwemu, buradufasha no mu bintu vyo mu buzima bwa misi yose. Mu turorero twotanga harimwo kuguma tubona ibintu vy’umubiri mu buryo buri ku rugero no kuguma dufise ijisho riremuruye kugira ngo tugabanye amaganya. Turungukira kandi ku buyobozi bwerekeye ukuntu twambara be n’ukuntu twitunganya, uguhitamwo uburyo bwiza bwo kwisamaza be n’uguhitamwo neza ukuntu amashure twiga akwiye kuba angana. Vyongeye, zirikana ku vyibutsa bijanye no kwirinda impanuka duhabwa ku bijanye n’inzu zacu, imiduga yacu, Ingoro z’Ubwami n’ibijanye no kwitegurira ibintu vyihutirwa bishobora gushika. Impanuro nk’izo zirerekana ko Imana yitwararika ineza yacu.

IVYIBUTSA VYARAFASHIJE ABAKIRISU BO MU NTANGO KUGUMA ARI ABIZIGIRWA

12. (a) Ni ikintu kimwe ikihe Yezu yaguma abwira abigishwa biwe? (b) Ni igikorwa kiranga ukwicisha bugufi ikihe Petero atigeze yibagira, kandi kigira ico kidukozeko gute?

12 Mu kinjana ca mbere, abasavyi b’Imana bama baronka ivyibutsa. Yezu yaguma abwira abigishwa biwe yuko bakeneye gutsimbataza ukwicisha bugufi. Ariko rero, ntiyababwira gusa ico kwicisha bugufi bisobanura; yaranabereka ukuntu bobigira. Ku musi wa nyuma yamaze kw’isi ari umuntu nkatwe, yarakoranije intumwa kugira ngo bahimbaze Pasika. Igihe intumwa ziwe zariko zirafungura, Yezu yarahagurutse maze arazoza ibirenge, ico kikaba cari ikintu cari gisanzwe gikorwa n’umusuku. (Yoh. 13:1-17) Ico gikorwa kiranga ukwicisha bugufi ntibigeze bacibagira. Haciye  imyaka nka 30, intumwa Petero uwari ahari ico gihe, yarahaye abo bari basangiye ukwemera impanuro zijanye no kwicisha bugufi. (1 Pet. 5:5) Akarorero ka Yezu karakwiye kutuvyurira umutima twese wo kwicisha bugufi mu vyo tugiranira.—Flp. 2:5-8.

13. Yezu yibukije abigishwa biwe ko bakeneye gutsimbataza kamere ihambaye cane iyihe?

13 Kuba abigishwa ba Yezu bari bakeneye kugira ukwizera gukomeye ni ikindi kintu yakunda kuyaga na bo. Aho abo bigishwa bamariye kunanirwa kwirukana idayimoni mu mwana yari yiziziwe n’amadayimoni, babajije Yezu bati: “Ni kubera iki tutashoboye kuyirukana?” Yezu yishuye ati: “Kubera ukwizera kwanyu guke. Kuko ndababwije ukuri: Mubaye mufise ukwizera kungana n’agatete ka sinapi, . . . nta kitazobashobokera.” (Mat. 17:14-20) Mu busuku bwa Yezu bwose, yarigishije abigishwa biwe ko ukwizera ari kamere ihambaye cane. (Soma Matayo 21:18-22.) Twoba twungukira ku turyo turonka two gutsimbataza ukwizera kwacu biciye ku nyigisho zubaka zitangirwa ku mahwaniro, ku materaniro no ku makoraniro ya gikirisu? Iyo si imitororokano irangwa agahimbare gusa; ni ibiringo bidufasha kugaragaza ko twizigira Yehova.

14. Ni kubera iki bihambaye ko dutsimbataza urukundo nk’urwa Kristu muri iki gihe?

14 Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu vyuzuyemwo ivyibutsa bidusaba gukundana. Yezu yavuze ko ibwirizwa rigira kabiri rihambaye kuruta ayandi yose ari “ugukunda mugenzawe nk’uko wikunda.” (Mat. 22:39) Muri ubwo buryo nyene, mwene wabo na Yezu bari basangiye nyina ari we Yakobo yise urukundo “itegeko ry’i bwami.” (Yak. 2:8) Intumwa Yohani yanditse ati: “Bakundwa, sindabandikiye ibwirizwa rishasha, ahubwo ndabandikiye ibwirizwa rya kera mwaronse kuva mu ntango.” (1 Yoh. 2:7, 8) Iryo “bwirizwa rya kera” Yohani yariko aravuga ryari irihe? Yariko avuga ibwirizwa ryo gukundana. Ryari “irya kera” mu buryo bw’uko hari haciye imyaka mirongo Yezu aritanze, ni ukuvuga “kuva mu ntango.” Mugabo kandi ryari “rishasha” mu buryo bw’uko ryasaba kugaragaza urukundo ruranga ukwitanga, urwo abo bigishwa bokeneye kugaragaza bashikiwe n’ibintu batari bamenyereye. Twebwe abigishwa ba Kristu, ntidukenguruka none ingabisho zidufasha kwirinda gutsimbataza agatima k’ubwikunzi karanga iyi si, agashobora kwonona urukundo dukunda abandi?

15. Igikorwa nyamukuru Yezu yari yararungitswe gukora kw’isi cari ikihe?

15 Yezu yaritwararika abantu. Turabona ukuntu yitwararika abantu mu buryo buranga urukundo igihe yakiza abarwaye n’abamugaye be n’igihe yazura abapfuye. Ariko rero, igikorwa nyamukuru Yezu yari yararungitswe gukora nticari ico gukiza  abantu mu buryo bw’umubiri. Igikorwa ciwe co kwamamaza no kwigisha carafashije abantu mu buryo buhambaye kuruta. Uti gute? Nk’akarorero, turazi ko abo Yezu yakijije be n’abo yazuye mu kinjana ca mbere, bahavuye basaza hanyuma bagapfa, mu gihe abakiriye neza ubutumwa yamamaza batumye bishoboka ko bazoronka ubuzima budahera.—Yoh. 11:25, 26.

16. Igikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa kiriko kirangurwa ku rugero rungana iki muri iki gihe?

16 Igikorwa co kwamamaza Yezu yatanguje mu kinjana ca mbere kiriko kirarangurwa ku rugero runini kuruta muri iki gihe. Egome, Yezu yashinze abigishwa biwe iki gikorwa, ati: “Nimugende rero muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa.” (Mat. 28:19) Mu vy’ukuri barabigize, kandi turashobora kuvuga ko natwe vy’ukuri tubigira! Ivyabona vya Yehova barenga imiliyoni indwi baramamaza n’umwete Ubwami bw’Imana mu bihugu birenga 230, kandi ivyo Vyabona barigana Bibiliya badahorereza n’abantu amamiliyoni. Ico gikorwa co kwamamaza kiratanga ikimenyamenya c’uko tubayeho mu misi ya nyuma.

NIWIZIGIRE YEHOVA MURI IKI GIHE

17. Ni impanuro izihe Paulo na Petero batanze?

17 Biragaragara yuko ivyibutsa vyafashije abakirisu bo mu kinjana ca mbere kuguma bashikamye mu kwizera. Iyumvire ukuntu Timoteyo ategerezwa kuba yararemeshejwe igihe intumwa Paulo, uwari imbohe i Roma ico gihe, yamubwira ati: “Ugumye ca citegererezo c’amajambo ngirakamaro wanyumvanye.” (2 Tim. 1:13) Intumwa Petero amaze kuremesha abakirisu bagenziwe gutsimbataza kamere nk’ukwihangana, ukwiyumvamwo abavukanyi n’ukwigumya, yavuze ati: “Nzokwama niteguriye kubibutsa ivyo bintu, naho mubizi mukaba kandi mushinze imizi rwose mu kuri kuri muri mwebwe.”—2 Pet. 1:5-8, 12.

18. Abakirisu bo mu kinjana ca mbere babona gute ivyibutsa?

18 Egome, amakete Paulo na Petero banditse yaramenyesheje “amajambo yavuzwe kera n’abahanuzi beranda.” (2 Pet. 3:2) Abavukanyi bacu bo mu kinjana ca mbere boba barababazwa no kuronka ubuyobozi nk’ubwo? Oya, kubera ko bwagaragaza urukundo rw’Imana, urwabafashije “[kubandanya] gukura mu buntu ata wari abukwiriye no mu bumenyi bwerekeye Umukama wacu akaba n’Umukiza Yezu Kristu.”—2 Pet. 3:18.

19, 20. Ni kubera iki dukwiye kwizigira ivyibutsa vya Yehova, kandi twungukira gute ku kubigenza gutyo?

19 Muri iki gihe, turafise imvo zumvikana zo kwizigira ivyibutsa vya Yehova biri mw’Ijambo ryiwe ryama rivuga ukuri ari ryo Bibiliya. (Soma Yosuwa 23:14.) Turarisangamwo ukuntu Imana yafashe abantu b’abanyagasembwa mu myaka ibihumbi iheze. Iyo nkuru ya kahise yanditswe kugira ngo tuyungukireko. (Rom. 15:4; 1 Kor. 10:11) Twariboneye iranguka ry’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya. Ubuhanuzi bwoshobora kugereranywa n’ivyibutsa bivugwa imbere y’igihe. Nk’akarorero, abantu amamiliyoni barasegenyutse baza ku gusenga Yehova gutyoroye, nk’uko vyari vyaravuzwe ko vyobaye mu “kiringo ca nyuma c’imisi.” (Yes. 2:2, 3) Ibintu vyo mw’isi birushiriza kwunyuka na vyo nyene birashitsa ubuhanuzi bwo muri Bibiliya. Kandi nk’uko vyamaze kuvugwa, isekeza rikomeye ryo kwamamaza ririko riragirwa kw’isi yose, rirashitsa amajambo ya Yezu.—Mat. 24:14.

20 Umuremyi wacu yarerekanye neza ko dushobora kumwizigira. Twoba turiko turungukira ku vyibutsa vyiwe? Turakeneye kwizera ivyibutsa vyiwe. Ivyo ni vyo uwitwa Rosellen yagize. Yigana ati: “Igihe natangura kwizigira Yehova mperejeko, naratanguye kurushiriza kwibonera ukuntu anshigikira akongera akankomeza mu buryo buranga urukundo.” Ese natwe nyene twokwungukira ku kugumya ivyibutsa vya Yehova!