Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nufate ingingo mu buryo buranga ubukerebutsi

Nufate ingingo mu buryo buranga ubukerebutsi

“Wizigire Yehova n’umutima wawe wose kandi ntiwishimikize ubwenge bwawe bwite.”—IMIG. 3:5.

1, 2. Woba uhimbarwa no gufata ingingo, kandi wiyumva gute ku bijanye n’ingingo zimwezimwe umaze gufata?

BURI musi tubwirizwa gufata ingingo nyinshi. Wiyumva gute ku bijanye n’ingingo ubwirizwa gufata? Abantu bamwebamwe usanga bashashaye kwifatira ingingo ku kintu cose. Barashimika ku burenganzira bafise bwo kwifatira ingingo, bakiyamiriza mbere iciyumviro c’uko uwundi muntu yobafatira ingingo. Ariko rero, hari abatinya gufata ingingo ku bintu bihambaye. Bamwebamwe bararonderera ubuyobozi mu bitabu canke bakitura abatanga impanuro kandi bagashobora gukoresha amahera menshi cane kugira ngo baronke impanuro bibaza ko bakeneye.

2 Benshi muri twebwe usanga turi hagati na hagati. Turatahura yuko hari ibintu biturengeye tukaba rero tudashobora kugira ico tubikozeko; yamara, turatahura yuko mu mice myinshi y’ubuzima dushobora gufata ingingo twisunze ivyo twikundira. (Gal. 6:5) Naho biri ukwo, dushobora kuba tuzi yuko ingingo zose dufata zitama ziranga ubukerebutsi canke ari ngirakamaro.

3. Ni ubuyobozi ubuhe dufise mu bijanye no gufata ingingo, mugabo ni ingorane iyihe tugira?

3 Twebwe abasavyi ba Yehova, turashobora guhimbarwa n’uko yaduhaye ubuyobozi butomoye ku bintu vyinshi bihambaye vyo mu buzima bwacu. Turazi yuko dukurikije ubwo buyobozi, dushobora gufata ingingo zizohimbara Yehova zikongera zikatugirira akamaro. Naho ari ukwo, twoshobora gushikirwa n’ibintu bitavugwa mu buryo butomoye mw’Ijambo ry’Imana. Tumenya gute none ico dukwiye gukora ico gihe? Nk’akarorero, turazi ko tudakwiye kwiba. (Ef. 4:28) Ariko neza na neza kwiba ni iki? Vyoba birabirwa ku gaciro k’ikintu catwawe, ku mvo yatumye gitwarwa canke ku kindi kintu? Tumenya gute ico dukwiye gukora mu bintu abantu bamwebamwe bavuga ko batabona neza icokorwa? Ni igiki cotuyobora muri ivyo?

 UMUZIRIKANYI URORANYE

4. Ni impanuro iyihe dushobora kuba twarahawe igihe vyaba ngombwa ko dufata ingingo?

4 Iyo tuvuze ko tugira dufate ingingo ihambaye, umukirisu mugenzi wacu yoshobora kuvuga yuko dukeneye gukoresha umuzirikanyi uroranye. Ni ivy’ukuri ko iyo ari impanuro nziza. Bibiliya idusaba kwiyubara ku bijanye no kwihutira kugira ico dukoze iti: “Uwihutagiza wese ntabura kugana ku bukene.” (Imig. 21:5) Ariko none gukoresha umuzirikanyi uroranye bisobanura iki? Vyoba bisobanura gusa ko dukwiye gufata umwanya uhagije, kwiyumvira twitonze ico kintu, kugira ibitegereka no gukora ibibereye? Ivyo bintu vyose biradufasha gufata ingingo nziza, mugabo kugira umuzirikanyi uroranye birimwo n’ibindi.—Rom. 12:3; 1 Pet. 4:7.

5. Ni kubera iki tudasanzwe dufise umuzirikanyi uroranye?

5 Dutegerezwa kwemera ko ata n’umwe muri twebwe avukana umuzirikanyi uroranye. Kubera iki ari ukwo biri? Kubera ko twese tuvukira mu gicumuro no mu gasembwa tukaba rero tudashobora kugira umubiri canke umuzirikanyi biroranye ijana kw’ijana. (Zab. 51:5; Rom. 3:23) Vyongeye, benshi muri twebwe twarigeze kuba turi mu bantu bafise imizirikanyi ‘yahumwe’ na Shetani; twarigeze kuba tutazi Yehova n’ingingo mfatirwako ziwe zigororotse. (2 Kor. 4:4; Tito 3:3) Hamwe rero twofata ingingo twishimikije gusa ivyo tubona ko ari vyiza kandi bitegereka, twoshobora kuba turiko turihenda, naho twozirikana gute kuri iyo ngingo tugomba gufata.—Imig. 14:12.

6. Ni igiki codufasha gutsimbataza umuzirikanyi uroranye?

6 Naho tudafise umubiri n’umuzirikanyi biroranye, Yehova we Data wa twese wo mw’ijuru ntagira akanenge mu mice yose. (Gus. 32:4) Igishimishije ni uko yatumye bishoboka ko duhindura umuzirikanyi wacu ukaba mushasha be n’uko dutsimbataza ukurorana kw’umuzirikanyi. (Soma 2 Timoteyo 1:7.) Kubera ko turi abakirisu, twipfuza kwiyumvira neza no gukora twisunze ivyo. Dutegerezwa gucungera ivyiyumviro vyacu n’inyiyumvo zacu maze tukigana ukuntu Yehova yiyumvira, ukuntu yiyumva be n’ukuntu akora ibintu.

7, 8. Niwigane ikintu cabaye cerekana ukuntu umuntu ashobora gufata ingingo ibereye naho yoba ariko arashikirwa n’imikazo canke ingorane.

7 Rimbura aka karorero. Ikintu gikunda kugirwa mu bantu bamwebamwe baba mu bindi bihugu ni ukurungikira incuti zabo utuyoya twabo kugira batubungabunge maze abavyeyi batwo bashobore kubandanya baca amahera. * Hari umukenyezi aba mu kindi gihugu yavyaye umwana w’umuhungu ateye igomwe. Nko muri ico gihe nyene, yaratanguye kwiga Bibiliya maze aratera imbere neza mu vy’impwemu. Incuti n’abagenzi baratanguye kumuhata we n’umunega wiwe ngo barungikire uwo mwana sekuru na inakuru. Ariko rero uwo mugore, biciye ku nyigisho yariko aragirirwa, yaratahuye ko bwa muvyeyi ari we afise ibanga yahawe n’Imana ryo kurera uwo mwana wiwe. (Zab. 127:3; Ef. 6:4) Yoba none yari akwiye gukurikiza uwo mugenzo benshi babona ko ari ikintu cumvikana? Canke yoba yari akwiye gukurikiza ivyo yariko ariga muri Bibiliya maze akemera kuba yoshobora gushikirwa n’ingorane mu vy’amahera be no gutyekezwa n’abantu bamwebamwe? Iyo aba ari wewe wari gukora iki?

8 Kubera ko uwo mugore yiyumvamwo ko arengewe, yarasutse ivyari mu mutima wiwe imbere ya Yehova, aramusaba ubuyobozi. Amaze kuyaga ico kintu n’uwamwigisha Bibiliya be n’abandi bo mw’ishengero, yaratanguye gutahura ukuntu Yehova abona ico kintu. Yarazirikanye kandi ku mubabaro ivyo bishobora guteza abana batandukanywa n’abavyeyi babo bakiri bato. Amaze kurimbura ico kintu yisunze Ivyanditswe, yashitse ku ciyumviro c’uko bitari bibereye  kurungika uwo mwana. Umugabo wiwe yarabonye ukuntu abagize ishengero bashigikiranye mu gufasha umugore wiwe be n’ukuntu uwo mwana yariko arakura ahimbawe kandi afise amagara meza. Yaremeye kwiga Bibiliya yongera aratangura kwitaba amakoraniro ari kumwe n’umugore wiwe.

9, 10. Gukoresha umuzirikanyi uroranye bisobanura iki, kandi twobigira gute?

9 Ako ni akarorero kamwe gusa, mugabo karerekana ko gukoresha umuzirikanyi uroranye bidasobanura gupfa kwisunga ivyo twebwe canke abandi twiyumvira kibure tubona ko bitegereka canke ari ngirakamaro. Umuzirikanyi n’umutima vyacu bidatunganye birashobora kugereranywa n’isaha iri imbere canke inyuma. Kuyoborwa na yo vyoshobora kudukwegera akarambaraye. (Yer. 17:9) Turakeneye kuregera umuzirikanyi n’umutima vyacu twisunze ingingo mfatirwako z’Imana zo kwizigirwa.—Soma Yesaya 55:8, 9.

10 Birabereye kubona Bibiliya idukebura iti: “Wizigire Yehova n’umutima wawe wose kandi ntiwishimikize ubwenge bwawe bwite. Mu nzira zawe zose umwibuke, na we azogorora iminyuro yawe.” (Imig. 3:5, 6) Raba iyo mvugo ngo “ntiwishimikize ubwenge bwawe bwite.” Ikurikirwa n’amajambo avuga ngo ‘wibuke Yehova.’ Ni we wenyene afise umuzirikanyi uroranye vy’ukuri. Igihe cose rero tubwirizwa gufata ingingo, turakeneye gusuzuma Bibiliya kugira ngo tubone ukuntu Imana ibona ico kintu. Dukwiye guca dufata ingingo tuvyisunze. Ico ni co bisobanura gukoresha umuzirikanyi uroranye, ni ukuvuga kubona ibintu nk’uko Yehova abibona.

NUMENYEREZE UBUBASHA BWAWE BWO GUTEGERA

11. Ni ikintu nyamukuru ikihe gifasha umuntu kumenya gufata ingingo ziranga ubukerebutsi?

11 Kumenya gufata ingingo ziranga ubukerebutsi no kuzishitsa ntivyizana. Ivyo birashobora kuba urugamba canecane ku bantu bashasha mu kuri canke ku bantu bagitangura gutera imbere bagana ku kuba abahumuye mu vy’impwemu. Ariko rero, iterambere nyakuri rirashoboka kuri izo nzoya zo mu buryo bw’impwemu, nk’uko Bibiliya ibita. Rimbura ukuntu umwana amenya gutambuka atagwa. Ikintu nyamukuru kimufasha akenshi usanga ari ugutera udutambwe dutoduto kandi akabigira kenshi.  Ukwo nyene ni ko biri ku ruyoya rwo mu buryo bw’impwemu ku bijanye no gufata ingingo ziranga ubukerebutsi. Uribuka ko intumwa Paulo yavuze ko abantu bahumuye ari “abo ububasha bwabo bwo gutegera bumenyerezwa gutandukanya iciza n’ikibi, biciye ku gukoreshwa.” Imvugo ngo “biciye ku gukoreshwa” hamwe na “bumenyerezwa” zompi ziserura iciyumviro co kubandanya kugira akigoro, ivyo bikaba ari vyo abashasha bakeneye kugira.—Soma Abaheburayo 5:13, 14.

Igihe duhisemwo mu buryo bubereye mu bintu vyo mu buzima bwa misi yose, tuba turiko turamenyereza ububasha bwacu bwo gutegera (Raba ingingo ya 11)

12. Dushobora gute gutsimbataza ububasha bwacu bwo gufata ingingo ziranga ubukerebutsi?

12 Nk’uko vyavuzwe mu ntango, buri musi dutegerezwa gufata ingingo nyinshi, izihambaye n’izidahambaye. Nk’uko itohoza rimwe ryavyerekanye, ibice birenga 40 kw’ijana vy’ivyo dukora ntitubanza kuvyiyumvira ahubwo biba vyarabaye akamenyero. Nk’akarorero, buri gitondo birashoboka ko ubwirizwa guhitamwo impuzu wambara. Woshobora kubona ko ico ari ikintu kidahambaye, ugaca uhitamwo utarinze kwiyumvira cane, na canecane igihe uba wihuta. Mugabo birahambaye ko uzirikana nimba impuzu wambara zihuye no kuba uri umusavyi wa Yehova. (2 Kor. 6:3, 4) Igihe ugura impuzu, woshobora kwiyumvira ibijanye n’imideri be n’ibiharawe mugabo tuvuge iki ku bijanye n’urupfasoni be n’igiciro? Guhitamwo neza muri ivyo biragira ico biterereye ku kumenyereza ububasha bwacu bwo kwiyumvira, buno bukaba bushobora kudufasha gufata ingingo zibereye mu bintu bihambaye kuruta.—Luka 16:10; 1 Kor. 10:31.

NUTSIMBATAZE ICIPFUZO CO GUKORA IBIBEREYE

13. Ni igiki gikenewe kugira ngo twiyemeze neza ko dushitsa ingingo twafashe?

13 Twese turazi ko gufata ingingo ibereye ari kimwe, kuyumirako no kuyishitsa na vyo bikaba ikindi. Nk’akarorero, abantu bamwebamwe bipfuza guheba itabi birabagora kubera ko ata mwiyemezo baba bafise. Ikiba gikenewe ni umwiyemezo wo gukurikira ingendo wahisemwo. Hari ababona ko umwiyemezo wacu ugereranywa cane n’umubiri. Uko turushiriza kuwukoresha canke kuwumenyereza, ni ko urushiriza gukomera. Mu gihe tuwukoresha gake, uragoyagoya. Ni igiki none codufasha gutsimbataza canke gukomeza icipfuzo dufise co kwumira ku ngendo twahisemwo no kuyishishikara? Kwitura Yehova birashobora kudufasha.—Soma Abafilipi 2:13.

14. Ni igiki catumye Paulo agira inkomezi zo gukora ivyo yari azi ko akwiye gukora?

14 Paulo yari azi ico kintu afatiye ku vyamushikiye. Yarigeze kuvuga ababaye ati: “Ubushobozi bwo gushaka buri kumwe nanje, mugabo ubushobozi bwo gukora iciza ntabwo.” Yari azi ivyo yashaka gukora canke ivyo yari akwiye gukora, mugabo vyarashika hakagira ikintu kimubuza kubikora. Yiyemereye ati: “Mu vy’ukuri ndahimbarwa n’itegeko ry’Imana nk’uko umuntu ndi imbere muri jewe ari, mugabo mbona mu bihimba vyanje irindi tegeko rirwanya itegeko ry’umuzirikanyi wanje rikanjana ndi imbohe kw’itegeko ry’igicumuro riri mu bihimba vyanje.” None kari kabaye? Habe namba. Yavuze ati: “Hashimirwe Imana biciye kuri Yezu Kristu Umukama wacu!” (Rom. 7:18, 22-25) Hari ahandi yanditse ati: “Muri vyose, ndonka inkomezi ndabikesheje umwe ampa ububasha.”—Flp. 4:13.

15. Gufata ingingo ruhasha canke kutayifata bigira ico bikoze gute ku bo yerekeye?

15 Biragaragara ko kugira ngo duhimbare Imana dukeneye gufata ingingo ruhasha. Niwibuke amajambo Eliya yabwiye abasenga Bayali be n’Abisirayeli b’abahuni ku Musozi Karumeli, ati: “Muzogeza ryari gucumbagira ku vyiyumviro bibiri bitandukanye? Nimba Yehova ari we Mana y’ukuri, nimumukurikire; nimba na ho ari Bayali, nimuyikurikire.” (1 Abm. 18:21) Bene Isirayeli bari bazi ico babwirizwa gukora, mugabo bariko ‘baracumbagira’ mu kudafata ingingo. Mu buryo butandukanye cane n’ubwo, imyaka itari mike imbereye y’aho, Yosuwa yaratanze akarorero keza igihe yabwira Abisirayeli ati: “Nimba ari bibi mu maso  yanyu gukorera Yehova, nimwihitiremwo uyu musi uwo muzokorera . . . Ariko jewe n’urugo rwanje tuzokorera Yehova.” (Yos. 24:15) None uwo mwiyemezo yari afise wavuyemwo iki? Yosuwa n’abagumye kuri we barahezagiwe mu kuba mu Gihugu c’isezerano, “igihugu gitemba amata n’ubuki.”—Yos. 5:6.

NUFATE INGINGO ZIRANGA UBUKEREBUTSI MAZE UHEZAGIRWE

16, 17. Tanga akarorero kerekana ivyiza biva mu gufata ingingo mu buryo buhuye n’ivyo Imana igomba.

16 Rimbura ikintu cabaye mu bihe vya none. Hari umuvukanyi yubatse kandi aheruka kubatizwa, we n’umukenyezi wiwe bakaba bafise abana batatu batobato. Umusi umwe, uwo bakorana yamugiriye inama y’uko we hamwe n’uwo muvukanyi bokwimukira mu rindi shirahamwe ryatanga umushahara wisununuye n’uturusho twinshi kuruta. Uwo muvukanyi wacu yarazirikanye kuri ico kintu yongera aragishira mw’isengesho. Yari yarahisemwo ako kazi yakora, kano kakaba katamuronsa umushahara munini, kugira ngo ntaze arakora ku mpera z’imishamvu, ivyo bikaba vyatuma ashobora kwitaba amakoraniro no kuja mu busuku ari kumwe n’urugo rwiwe. Yarazirikanye ku vy’uko atari kuza arakora ivyo bintu aramutse akoze ako kandi kazi, n’imiburiburi mu kiringo kinaka. Wewe wari gukora iki?

17 Uwo muvukanyi amaze kuzirikana ivyiza yironkera mu vy’impwemu abigereranije n’umushahara wisununuye, yaranse ako kandi kazi. Woba wibaza ko yahavuye yicuza kuri iyo ngingo yafashe? Habe namba. Yabona ko ivyiza yironkera mu vy’impwemu vyamugirira akamaro cane we n’umuryango wiwe kuruta uko umushahara wisununuye wari kubigira. We n’umugore wiwe barahimbawe cane igihe umukobwa wabo w’imfura, uwari afise imyaka cumi, yababwira ko akunda abavyeyi biwe, akunda abavukanyi n’abavukanyikazi be n’uko akunda Yehova cane. Yavuze ko yipfuza kwiyegurira Yehova no kubatizwa. Ese ukuntu ategerezwa kuba yarakengurutse cane ako karorero keza ka se wiwe ko gushira ugusenga Yehova mu kibanza ca mbere mu buzima bwiwe!

Nufate ingingo ziranga ubukerebutsi maze wironkere umunezero mu basavyi b’Imana (Raba ingingo ya 18)

18. Ni kubera iki bihambaye ko dufata ingingo ziranga ubukerebutsi buri musi?

18 Musa Mukuru ari we Yezu Kristu aramaze imyaka myinshi ayobora abasavyi ba Yehova b’ukuri abacisha mu gahinga k’isi ya Shetani. Yezu we Yosuwa Mukuru ari mu gukuraho iyo si yononekaye maze ajane abayoboke biwe mw’isi nshasha y’ubugororotsi yasezeranywe. (2 Pet. 3:13) Ku bw’ivyo, ubu si igihe co gusubira kwiyumvira nk’uko twahora tubigira, gusubira ku ngeso zacu za kera, ku ngingo ngenderwako twahora twisunga no ku vyipfuzo twahora dufise. Ni igihe co kurushiriza gutahura ivyo Imana itugombako. (Rom. 12:2; 2 Kor. 13:5) Nureke ingingo ufata n’amahitamwo ugira buri musi vyerekane ko uri umuntu abereye guhezagirwa n’Imana ibihe bidahera.—Soma Abaheburayo 10:38, 39.

^ par. 7 Iyindi mvo ituma bagira ico kintu ni ukugira ngo ba sekuru na ba inakuru bashobore kwereka incuti n’abagenzi abuzukuru babo.