Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Gukora ubutsimvyi birakomeza ubucuti dufitaniye n’Imana

Gukora ubutsimvyi birakomeza ubucuti dufitaniye n’Imana

“[Ni] vyiza guhibongoreza Imana yacu.”—ZAB. 147:1.

1, 2. (a) Kwiyumvira uwo dukunda no kuyaga ibimwerekeye bishobora kuvamwo iki? (Raba ishusho itangura.) (b) Ni ibibazo ibihe tugira turimbure?

KWIYUMVIRA umuntu dukunda no kuyaga ibimwerekeye birashobora gukomeza ubucuti dufitaniye. Ni na ko biri ku vyerekeye ubucuti dufitaniye na Yehova Imana. Igihe Dawidi yari umwungere, yaramara amajoro menshi yihweza amajuru yuzuye inyenyeri yongera azirikana ku Muremyi wayo ahambaye cane. Yanditse ati: “Iyo mbonye amajuru yawe, ibikorwa vy’intoke zawe, ukwezi n’inyenyeri wateguye, umuntu buntu ni iki ku buryo umwibuka, n’umwana w’umuntu yakuwe mw’ivu ku buryo umwitaho?” (Zab. 8:3, 4) Intumwa Paulo na we amaze kurimbura ingene umugambi wa Yehova ujanye na Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu wariko uraranguka mu buryo butangaje, yavuze atangaye ati: “Ewe bwimbike bw’ubutunzi n’ubukerebutsi n’ubumenyi vy’Imana!”—Rom. 11:17-26, 33.

2 Igihe turi mu busuku, turiyumvira Yehova tukongera tukayaga ibimwerekeye. Ivyo ubwavyo biravamwo ivyiza. Abantu benshi bakora ubusuku bw’igihe cose basanze umuhezagiro umwe bironkera kubera ko bongereje uruhara bagira mu murimo w’Ubwami ari uko vyatumye barushiriza gukunda Imana. Waba uri mu murimo w’igihe cose ubu canke uriko wihatira gushika kuri uwo mugambi, nuzirikane kuri iki kintu: Ubusuku bw’igihe cose bushobora gute gukomeza ubucuti ufitaniye na Yehova? Nimba uri umutsimvyi, niwibaze uti: ‘Ni igiki kizomfasha kubandanya muri uwu muce w’umurimo uvamwo ivyiza?’ Nimba utaraba umutsimvyi, niwibaze uti: ‘Ni ibiki nohindura kugira ngo ndamube?’ Nimuze turimbure uburyo butandukanye umurimo w’igihe cose ushobora gukomeza ubucuti dufitaniye n’Imana.

 UMURIMO W’IGIHE COSE N’UBUCUTI DUFITANIYE N’IMANA

3. Kuyaga ivyerekeye imihezagiro Ubwami buzozana muri kazoza igihe turi mu busuku bigira ico bidukozeko gute?

3 Kuyaga n’abandi ivyerekeye imihezagiro Ubwami buzozana muri kazoza biratuma turushiriza kwiyegereza Yehova. Ni icanditswe ikihe ukunda gukoresha igihe uriko uramamaza inzu ku nzu? Coba ari Zaburi 37:10, 11; Daniyeli 2:44; Yohani 5:28, 29; canke Ivyahishuwe 21:3, 4? Igihe cose tuyaze n’abandi ivyerekeye iyo mihango, tuributswa yuko Imana yacu itanga cane ari yo vy’ukuri itanga “ingabirano nziza yose be n’impano yose itagira akanenge.” Ivyo biratuma turushiriza kuyiyegereza.—Yak. 1:17.

4. Ni kubera iki turushiriza gukenguruka ukumera neza kw’Imana igihe twiboneye ukuntu abandi bamerewe nabi mu vy’impwemu?

4 Kwibonera ukuntu abo tubwira inkuru nziza bamerewe nabi mu vy’impwemu biratuma turushiriza guha agaciro ukuri. Muri iyi si abantu ntibafise ubuyobozi bwo kwizigirwa bwobafasha kuroranirwa no kugira agahimbare. Benshi barahagarika umutima ku vyerekeye kazoza kandi ntibagira icizigiro. Bararondera intumbero y’ubuzima. Mbere na benshi mu bakunda gusenga usanga badafise ubumenyi bwo mu Vyanditswe. Bameze cane nka ba bantu baba i Ninewe ha kera. (Soma Yona 4:11.) Igihe turushirije kugira uruhara mu busuku, turarushiriza kwibonera ubudasa buri hagati y’ukuntu ivy’abo tubwira inkuru nziza vyifashe mu vy’impwemu n’ukuntu ivy’abasavyi ba Yehova vyifashe. (Yes. 65:13) Tuributswa ukumera neza kwa Yehova mu buryo bw’uko ataturonsa gusa ivyo dukeneye mu vy’impwemu, ariko kandi ko atumira abantu bose ngo baze maze baruhurirwe mu buryo bw’impwemu bongere baronke icizigiro nyakuri.—Ivyah. 22:17.

5. Gufasha abandi mu vy’impwemu bituma tubona gute ingorane zacu bwite?

5 Gufasha abandi mu vy’impwemu biratuma birushiriza kutworohera kwirinda kurengerwa n’ingorane zacu bwite. Uwitwa Trisha, akaba ari umutsimvyi asanzwe, yasanze ivyo ari ko biri igihe abavyeyi biwe bahukana. Yigana ati: “Ni co kintu cambabaje kuruta ibindi vyose vyanshikiye mu buzima.” Umusi umwe yari ababaye cane akaba yumva umengo yokwigumira i muhira. Naho vyari ukwo, yaragiye kwigisha Bibiliya abana batatu, i muhira iwabo hakaba hari ingorane nyinshi cane. Se wabo yari yarabataye, mukuru wabo na we akaba yarabafata nabi. Trisha avuga ati: “Ingorane iyo ari yo yose canke intuntu iyo ari yo yose nari mfise vyarapfuma ndabigereranije n’ivyabo. Igihe twariko turiga, naciye mbona mu maso habo hakeye baca batangura gutwengatwenga akamwemwe kabasya. Abo bana bari ingabirano iva kuri Yehova, na canecane kuri uwo musi.”

6, 7. (a) Ukwizera kwacu gukomezwa gute igihe twigisha ukuri kwo muri Bibiliya? (b) Bitugendera gute igihe twibonera ukuntu abatohoji ba Bibiliya baryohora ubuzima bwabo mu gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe?

6 Kwigisha ukuri kwo muri Bibiliya birakomeza ukwizera kwacu. Intumwa Paulo yaranditse ibijanye n’Abayuda bamwebamwe bo mu gihe ciwe batakora ivyo bigisha, ati: “Wewe wigisha uwundi, ntiwiyigisha?” (Rom. 2:21) Ese ukuntu abatsimvyi bo muri iki gihe batandukanye na bo! Muri rusangi bararonka uturyo twinshi two kwigisha abandi ukuri no kuyobora inyigisho za Bibiliya. Kugira ngo babigire neza bisaba ko bitegurira inyigisho imwimwe yose kumbure bakagira n’ubushakashatsi kugira ngo bishure ibibazo. Umutsimvyi umwe yitwa Janeen asigura ati: “Igihe cose ndonse akaryo ko kwigisha abandi ukuri, ndiyumvamwo ko ukwo kuri kurushirije kwiyandika mu muzirikanyi wanje no mu mutima wanje. Ivyo bituma ukwizera kwanje kutaguma hamwe mugabo kubandanya kwongerekana.”

7 Kwibonera ukuntu abatohoji ba Bibiliya baryohora ubuzima bwabo mu gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya bituma turushiriza gukenguruka ubukerebutsi bw’Imana. (Yes. 48:17, 18) Ivyo bica bituma turushiriza kwiyemeza kubandanya dushira mu ngiro izo ngingo ngenderwako mu buzima bwacu bwite. Adrianna, akaba ari uwundi mutsimvyi, avuga ati: “Ubuzima bw’abantu burashobora  kubamwo ingorane nyinshi igihe biheka ku bukerebutsi bwabo bwite. Mugabo igihe batanguye kwiheka ku bukerebutsi bwa Yehova baca batangura kwironkera ivyiza.” Muri ubwo buryo nyene, uwitwa Phil avuga ati: “Uribonera ukuntu Yehova ashoboye guhindura abantu baba baragerageje ku giti cabo guhindura ubuzima bwabo bikabata ku w’amazi.”

8. Gukorana n’abantu beza mu busuku bigira ico bidukozeko gute?

8 Gukorana n’abantu beza mu busuku biradukomeza mu buryo bw’impwemu. (Imig. 13:20) Abatsimvyi benshi baramara umwanya munini mu busuku bari kumwe n’abamamaji b’injili bagenzi babo. Ivyo birabaronsa uturyo twinshi two “guhanahana indemesho.” (Rom. 1:12; soma Imigani 27:17.) Umutsimvyi umwe yitwa Lisa avuga ati: “Ku kazi, akenshi usanga hari agatima ko guhiganwa be n’ishari. Ku musi ku musi wama wumva urusaku be n’imvugo iteye isoni. Abantu barakora uko bashoboye kwose kugira ngo barushe abandi. Birashika ugatyekezwa canke ugatwengwa kubera wigenza rukirisu. Ariko rero, gukorana mu busuku n’abakirisu bagenzawe biragukomeza koko. Umusi urangiye, ntaha numva naruhuriwe, naho noba ndushe gute.”

9. Gukora ubutsimvyi turi kumwe n’uwo twubakanye bishobora kugira ico bikoze gute kuri wa mugozi nyabutatu w’ababiranye?

9 Gukora ubutsimvyi turi kumwe n’uwo twubakanye birakomeza wa mugozi nyabutatu w’ababiranye. (Umus. 4:12) Madeline, akaba akora ubutsimvyi ari kumwe n’umunega wiwe, asigura ati: “Twe n’umunega wanje turashobora kumara umwanya turiko turayaga ukuntu umusi wagenze mu busuku canke ikintu twasomye muri Bibiliya dushobora gukoresha mu busuku turangura. Buri mwaka dukoranye ubutsimvyi, turarushiriza kwiyegerezanya.” Muri ubwo buryo nyene, Trisha avuga ati: “Kubera yuko twempi twirinda kurya amadeni, ntitwiruka inyuma y’amahera. Kubera ko dufise urutonde rumwe rw’umurimo, turagira uruhara cane mu masubirayo  be no mu nyigisho za Bibiliya vy’umwumwe wese, ivyo bikaba bidufasha kuguma turi ku rugero rumwe mu vy’inyiyumvo no mu vy’impwemu.”

Gukora umurimo w’igihe cose biratuma umuntu agira ubuzima bumara akanyota (Raba ingingo ya 9)

10. Igihe dushize Ubwami mu kibanza ca mbere tukongera tukibonera ukuntu Yehova adushigikira, bigira ico bikoze gute ku kwizigira Yehova kwacu?

10 Turarushiriza kwizigira Yehova uko dushira ivyungura Ubwami mu kibanza ca mbere, tukibonera ukuntu Yehova adushigikira be n’ukuntu yishura amasengesho yacu. Ku rugero runaka, ivyo ni ko biri ku bakirisu bose b’intahemuka. Mugabo abari mu murimo w’igihe cose babona ko kwiheka kuri Yehova bishobora kubafasha kuguma ari abatsimvyi. (Soma Matayo 6:30-34.) Uwitwa Curt, akaba ari umutsimvyi n’umusubirizi w’umucungezi w’umuzunguruko, yaremeye kugendera ishengero ryari ahantu yari kugenda amasaha abiri n’igice avuye iwe. We n’umukenyezi wiwe, na we nyene akaba ari umutsimvyi, bari bafise igitoro gikeyi mu muduga wabo cari kubashikana muri iryo shengero mugabo ntikibagarukane, kandi hari hasigaye indwi imwe ngo ahembwe. Curt avuga ati: “Naratanguye kwibaza nimba nari nafashe ingingo ibereye.” Bamaze gusenga, barashitse ku ciyumviro c’uko boranguye ico gikorwa, bizigiye ko Imana yobaronkeje ivyo bakeneye. Igihe bagira bahaguruke, mushiki wacu umwe yarabaterefonye maze ababwira ko abafitiye ingabirano. Yari amahera nyene bari bakeneye kugira ngo barangize urwo rugendo. Curt avuga ati: “Igihe umaze gushikirwa n’ikintu nk’ico akatari gake, biroroha yuko ubona ko Yehova agushigikiye.”

11. Ni imihezagiro imwimwe iyihe abatsimvyi bironkera?

11 Egome, abatsimvyi akenshi baribonera ko uko bitanga mu murimo wa Yehova bakongera bakihatira kugiranira na we ubugenzi somambike, imihezagiro isa n’iyidahera ‘ibahamvya.’ (Gus. 28:2) Naho ari ukwo, gukora ubutsimvyi ntibiburamwo ingorane. Nta musavyi w’Imana n’umwe adashikirwa n’ingorane zatewe n’ubugarariji bwa Adamu. Naho abatsimvyi bamwebamwe basanze babwirizwa kuba barahagaritse umurimo wabo, izo ngorane akenshi zirashobora gutorerwa umuti canke mbere zikirindwa. Ni igiki coshobora gufasha abatsimvyi kubandanya kunezerererwa ako gateka kabo k’umurimo?

NUGUME MU MURIMO W’IGIHE COSE

12, 13. (a) Umutsimvyi akwiye gukora iki nimba bimugora gukwiza amasaha asabwa? (b) Ni kubera iki gushira ku rutonde ivyo gusoma Bibiliya ku musi ku musi, kwiyigisha no kuzirikana bihambaye cane?

12 Abatsimvyi benshi usanga bafise urutonde rurimwo ibikorwa vyinshi cane. Kubera ko bishobora kuba urugamba gukora ibintu vyose, birahambaye ko bategekanya ibintu neza. (1 Kor. 14:33, 40) Nimba umutsimvyi bimugora gushitsa amasaha asabwa, yoshobora kuba akeneye gusubira gusuzuma ukuntu akoresha umwanya wiwe. (Ef. 5:15, 16) Yoshobora kwibaza ati: ‘Nsanzwe mara umwanya ungana gute niruhura canke nsama akayaga? Noba nkeneye kurushiriza kwishingira uturimbi? Noba nshobora kugira ivyo mpinduye ku rutonde rw’akazi nkora?’ Umukirisu uwo ari we wese yoshobora kwemera ko vyoroshe ko umuntu asanga ariko arongera ibindi bintu ku rutonde rwiwe, akaba ari co gituma abari mu murimo w’igihe cose boshobora gukenera kuza barasuzuma ibintu maze bakagira ivyo bahinduye nimba bikenewe.

13 Gusoma Bibiliya ku musi ku musi, kwiyigisha no kuzirikana bibwirizwa kuba mu bigize urutonde rw’umutsimvyi. Ku bw’ivyo, umutsimvyi arakeneye kwishingira uturimbi kugira ngo ibikorwa bidahambaye ntibimutware umwanya yategekanirije ivyo bintu bihambaye. (Flp. 1:10) Nk’akarorero, niwihe ishusho atashe amaze umusi wose mu busuku. Afise umugambi wo gukoresha uwo mugoroba mu gutegura amakoraniro yimirije. Ariko rero, abanje gusoma ikete yarungikiwe. Hanyuma arakije orodinateri maze agasoma akongera akishura ubutumwa yarungikiwe biciye kuri Internet. Magingo ari ng’aho, araja ku muhora kanaka kugira arabe ko igiciro c’ikintu kinaka yipfuza kugura cagabanutse. Atabiciye n’ikanda, hafi amasaha abiri araheze ataratangura kwiga ivyo yari yategekanije kuri uwo mugoroba. Kubera iki iyo ari  ingorane? Abirutsi karuhariwe bategerezwa kwitwararika imibiri yabo nimba bipfuza kurambira muri uwo mwuga. Muri ubwo buryo nyene, abatsimvyi barakeneye kugira utumenyero twiza two kwiyigisha kugira ngo bikomeze mu vy’impwemu nimba bashaka kuguma mu busuku bw’igihe cose.—1 Tim. 4:16.

14, 15. (a) Ni kubera iki abatsimvyi bakwiye kuguma boroheje ubuzima? (b) Umutsimvyi akwiye gukora iki mu gihe ashikiwe n’ingorane?

14 Abatsimvyi baroranirwa barihatira kuguma boroheje ubuzima. Yezu yaremesheje abigishwa biwe kugira ijisho riremuruye. (Mat. 6:22) Yagumye yoroheje ubuzima kugira ngo ashobore kurangura ubusuku bwiwe ata kimusamaza. Ni co gituma yavuze ati: “Imbwebwe zirafise imyobo n’inyoni zo mu kirere zikagira ubwikingo, mugabo Umwana w’umuntu we ntagira aho arambika umutwe.” (Mat. 8:20) Kubera ko umutsimvyi yipfuza kugira ico yigiye ku karorero ka Yezu, vyoba vyiza agumye yibuka ko uko arushiriza kugira ibintu vy’umubiri vyinshi, ari ko bizorushiriza kuba ngombwa ko abibungabunga, abikoresha vyapfuye canke abisubiriza.

15 Abatsimvyi baratahura yuko agateka k’umurimo bafise batagatewe biturutse ku buhanga bunaka budasanzwe bafise. Ahubwo nyabuna, ingabirano canke agateka k’umurimo ivyo ari vyo vyose twoshobora kuba dufise tubikesha ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana. Kugira rero umwe wese abandanye kuba umutsimvyi, ategerezwa kwiheka kuri Yehova. (Flp. 4:13) Ingorane ntizizobura kwaduka. (Zab. 34:19) Igihe zadutse, abatsimvyi barakwiye guhanga amaso Yehova kugira ngo abaronse ubuyobozi maze bamuhe akaryo ko kubafasha, aho kwihutira guheba agateka kabo k’umurimo. (Soma Zaburi 37:5.) Uko bibonera ingene Imana ibashigikira mu buryo buranga urukundo, ni ko bazorushiriza kuyiyegereza nka Se wabo wo mw’ijuru abitwararika.—Yes. 41:10.

WOBA USHOBORA GUKORA UBUTSIMVYI?

16. Ukwiye gukora iki nimba wipfuza gukora ubutsimvyi?

16 Nimba wipfuza kwironkera imihezagiro nk’iyo abari mu murimo w’igihe cose bironkera, numenyeshe Yehova icipfuzo cawe. (1 Yoh. 5:14, 15) Nuyage n’abariko barakora ubutsimvyi. Niwishingire imigambi izotuma uba umutsimvyi. Ivyo ni vyo Keith na Erika bagize. Bari bamaze igihe bakora akazi k’imisi yose kandi cokimwe n’abubakanye benshi bo mu runganwe rwabo, bari baraguze inzu n’umuduga mushasha haciye igihe gito bubakanye. Bavuga bati: “Twiyumvira ko ivyo bintu vyotumye dushira akanyota, mugabo si ko vyagenze.” Igihe akazi Keith yakora karangira, yarabaye umutsimvyi wo gufasha. Yigana ati: “Gukora ubutsimvyi vyaranyibukije umunezero mwinshi umuntu agira igihe ari mu busuku.” Baragiraniye ubugenzi n’abubakanye b’abatsimvyi bano bakaba barabafashije kubona umunezero uva mu kugira ubuzima bworoheje no mu gukora ubutsimvyi. None Keith na Erika bakoze iki? Bavuga bati: “Twaragize urutonde rw’imigambi y’ivy’impwemu dufise, turumanika kuri firigo, maze tukaza turashira akamenyetso ku mugambi wose twaba dushitseko.” Mu nyuma, barashoboye gukora ubutsimvyi.

17. Ni kubera iki vyoba biranga ubukerebutsi urimbuye ivyo kugira ivyo uhinduye ku rutonde rwawe canke ku kuntu ubayeho kugira ngo ukore ubutsimvyi?

17 Woba ushobora gukora ubutsimvyi? Nimba ubu utabona ko wobishobora, nukore ivyo ushoboye vyose kugira ngo urushirize kwiyegereza Yehova mu kugira uruhara bimwe bishitse mu busuku. Umaze gusuzuma ibintu ubijanisha n’isengesho, woshobora kubona ko kugira ivyo uhinduye ku rutonde rwawe canke ku kuntu ubayeho vyogufasha gukora ubutsimvyi. Niwashobora gukora ubutsimvyi, umunezero uzogira uzoruta kure n’iyo utwigoro utwo ari two twose uzoba wagize. Uzorushiriza kugira umunezero uva ku gushira ivyungura Ubwami imbere y’ivyawe. (Mat. 6:33) Uzorushiriza kugira agahimbare kava ku kugira ico uhaye abandi. Vyongeye, uzorushiriza kuronka uturyo two kwiyumvira Yehova no kuyaga ibimwerekeye, bitume urushiriza kumukunda no kumuhimbara.