Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | BIBILIYA IVUGA IKI MURI MAKE?

Kubera iki wokwitaho Bibiliya?

Kubera iki wokwitaho Bibiliya?

Bibiliya irazwi cane kw’isi kuruta ibindi bitabu vyose. Kubera iki? Kimwe coco, ivuga ibintu dushobora gutahura. Irimwo inkuru z’ukuri zivuga abantu babayeho koko, imigenderanire bagiraniye n’abantu nka bo hamwe n’iyo bagiraniye n’Imana. Izo nkuru ziratanga ivyigwa ngirakamaro zikoresheje amajambo yoroshe kandi arashe ashobora guhindurwa mu ndimi amajana n’amajana, agatahurwa n’abantu bo mu mihingo yose kandi bo mu gihe ico ari co cose. Vyongeye, ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zama ari kirumara.

N’igihambaye kuruta, Bibiliya ntivuga gusa ko ari igitabu kivuga ivyerekeye Imana, ariko kandi ivuga ko yavuye ku Mana. Irahishura izina ry’Imana, kamere zayo, be n’umugambi udahinduka yari ifise igihe yarema isi n’abantu. Bibiliya iravuga kandi inkuru y’ukuntu iciza n’ikibi vyamye bidacana uwaka, ikaba ari inkuru ikora ku mutima iraba abantu bose kandi ifise insozero nziza. Gusoma Bibiliya ata ho uhengamiye birashobora rero gutuma ugira ukwizera n’icizigiro.

Bibiliya irimwo amakuru ata handi hantu woyasanga. Nk’akarorero, Bibiliya iratubwira ukuri ku bijanye n’ibi bintu:

  • Ingene twabayeho be n’igituma dushikirwa n’imibabaro

  • Ico Imana yakoze kugira ngo icungure abantu

  • Ivyo Yezu yadukoreye

  • Kazoza k’isi n’abantu

Ubona gute ufashe akanya ugasoma ibiganiro bikurikira, ukaraba ivyo Bibiliya ivuga muri make?