Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyigwa twigira kw’isengesho riteguwe neza

Ivyigwa twigira kw’isengesho riteguwe neza

“Nibahezagire izina ryawe rininahaye.”—NEH. 9:5.

1. Ni iteraniro ry’abasavyi b’Imana irihe tugira twihweze, kandi ivyo bivyura ibibazo ibihe?

“HAGURUKE muhezagire Yehova Imana yanyu kuva igihe kitagira urugero gushika igihe kitagira urugero.” Biciye kuri ayo majambo akora ku mutima, abasavyi b’Imana ba kera barakoranirijwe hamwe kugira ngo bifatanye mw’isengesho, akaba ari rimwe mu masengesho maremare kuruta ayandi yose yanditse muri Bibiliya. (Neh. 9:4, 5) Ukwo gukoranira hamwe kwabereye i Yeruzalemu ku musi ugira 24 w’ukwezi kw’indwi kw’Abayuda kwitwa Tishiri, mu 455 B.G.C. Uko twihweza ibintu vyatumye haba uwo musi udasanzwe, niwibaze uti: ‘Ni akamenyero keza akahe kagize ico gaterereye kugira ngo ico kiringo kigende neza? Ni ibindi vyigwa ibihe twokura kuri iryo sengesho ryari riteguwe neza?’—Zab. 141:2.

UKWEZI KUDASANZWE

2. Ni akarorero keza akahe Abisirayeli badusigiye igihe bakoranira hamwe aho bamariye gusubira kwubaka impome za Yeruzalemu?

2 Hasigaye ukwezi kumwe ngo iryo teraniro ribe, Abayuda bari barangije gusubira kwubaka impome za Yeruzalemu. (Neh. 6:15) Abasavyi b’Imana barangije ico gikorwa mu misi 52 gusa, baca batangura kwitwararika bimwe bidasanzwe ivyo bari bakeneye mu vy’impwemu. Ku bw’ivyo, ku musi wa mbere w’ukwezi gushasha, ari kwo kwezi kwa Tishiri, barakoraniye mu kibanza ca bose kugira ngo bumvirize igihe Ezira n’abandi Balewi basoma n’ijwi ryumvikana Itegeko ry’Imana bongera barisigura. Abagize imiryango bose, harimwo n’ “abaciye ubwenge bihagije bose ku buryo bashobora kwumviriza,” barahagaze maze barumviriza “kuva mu mutwenzi gushika ku mutaga.” Ese ukuntu ako ari akarorero keza kuri twebwe muri iki gihe twitaba amakoraniro mu Ngoro z’Ubwami zimeze neza! Ariko none mu biringo nk’ivyo, vyoba bishika ukangaza ubwenge maze ugatangura kwiyumvira ibintu bidahambaye? Nimba ari ukwo biri, nusubire uzirikane ku karorero k’abo  Bisirayeli bo mu bihe vya kera batumvirije gusa mugabo kandi bafashe nkama ivyo bumvise gushika n’aho batangura kurizwa n’uko batashoboye kugamburuka Itegeko rya Yehova uko bagize ihanga.—Neh. 8:1-9.

3. Abisirayeli bakurikije ubuyobozi ubuhe babigiranye ukugamburuka?

3 Ariko rero, ico nticari igihe co kwatura ibicumuro. Kubera ko wari umusi mukuru, categerezwa kuba igihe giteye umunezero mu bijanye no gusenga Yehova. (Guh. 29:1) Ni co gituma Nehemiya yabwiye abantu ati: “Gende murye ibintu binuze, munywe n’ibintu bisosa, kandi murungikire imigabane umuntu ata co yateguriwe; kuko uwu musi ari mweranda ku Mukama wacu; ntimubabare, kuko akanyamuneza ka Yehova ari igihome gikomeye canyu.” Birashimishije kubona abantu baragamburutse, maze uwo musi ukaba uwo “kunezerwa rwose.”—Neh. 8:10-12.

4. Ni igiki ba serugo b’Abisirayeli bakoze, kandi ni igiki babonye ko cari umuce uhambaye w’uwo Musi mukuru w’insago?

4 Bukeye, ba bakuru b’imiryango barakoraniye hamwe kugira ngo barabe ukuntu iryo hanga ryorushiriza kwisunga Itegeko ry’Imana. Igihe batohoza Ivyanditswe, barabonye yuko ukwezi kugira indwi kwabwirizwa kubamwo Umusi mukuru w’insago uwasozerwa n’iteraniro ry’agakūra, kuva ku musi ugira 15 gushika ku musi ugira 22 w’ukwezi kwa Tishiri, baca rero batangura kugira imyiteguro. Wahavuye uba Umusi mukuru w’insago wagenze neza kuruta iyindi yose yabaye kuva mu gihe ca Yosuwa kandi watumye haba “umunezero mwinshi cane.” Umuce uhambaye w’uwo musi mukuru kwari ugusomera abantu Itegeko ry’Imana “ku musi ku musi, kuva ku musi wa mbere gushika ku musi wa nyuma.”—Neh. 8:13-18.

UMUSI WO KWATURA IBICUMURO

5. Abasavyi b’Imana bakoze iki imbere gato y’uko Abalewi babaserukira mw’isengesho batuye Yehova?

5 Haciye imisi ibiri, ico gihe cari kibereye kugira ngo Isirayeli yature icese ivy’uko itashoboye kwitondera Itegeko ry’Imana. Uwo ntiwari umusi mukuru wo kwihereza inzimano. Ahubwo nyabuna, abasavyi b’Imana barisonzesheje kandi bari bambaye amagunira mu kwerekana ko bagandanye. N’ico gihe nyene, abantu barasomewe Itegeko ry’Imana mu kiringo c’amasaha nk’atatu mu gitondo. Ku muhingamo, “[baratuye] ivyaha vyabo bongera bunamira Yehova Imana yabo.” Abalewi baciye baserukira abantu mw’isengesho bari bateguye neza. —Neh. 9:1-4.

6. Ni igiki cafashije Abalewi gutura isengesho riri n’ico rivuze, kandi ivyo bitwigisha iki?

6 Nta gukeka ko kuba Abalewi bagiye barasoma Itegeko ry’Imana vyabafashije gutegura iryo sengesho ryari n’ico rivuze. Imirongo cumi ya mbere ishimika gusa ku bikorwa vya Yehova no kuri kamere ziwe. Mu gice gisigaye c’iryo sengesho, baravuga akatari gake ibijanye n’ ‘imbabazi nyinshi’ z’Imana  bakongera bakemera icese yuko Abisirayeli batari babereye gufatanwa ubuntu gutyo. (Neh. 9:19, 27, 28, 31) Amasengesho dutura Yehova na yo nyene azoba mashasha kandi agire ico avuze nitwazirikana kw’Ijambo ry’Imana ku musi ku musi nk’uko abo Balewi babigize, tukareka Yehova akatuyagira imbere y’uko tumutura isengesho rirerire.—Zab. 1:1, 2.

7. Ni igiki Abalewi basavye Imana, kandi ivyo bitwigisha iki?

7 Muri iryo sengesho basavye ikintu kimwe gusa kiranga ukwifata ruto. Kiboneka mu gice ca nyuma c’umurongo wa 32, ahagira hati: “None rero, ewe Mana yacu, Mana ihambaye, y’inyabushobozi kandi iteye ubwoba, igumya isezerano n’ubuntu bwuzuye urukundo, amagume yose yadushikiye twe n’abami bacu n’abaganwa bacu n’abaherezi bacu n’abahanuzi bacu na ba sogokuruza bacu n’abantu bawe bose kuva mu misi y’abami ba Ashuri gushika n’uyu musi, ntaboneke nk’akantu gatoyi imbere yawe.” Muri ubwo buryo, Abalewi baradusigiye akarorero keza ko gushemeza no gushimira Yehova imbere y’uko tumusaba ivyo dukeneye mu masengesho dutura.

GUSHEMEZA IZINA RY’IMANA RININAHAYE

8, 9. (a) Abalewi batanguye isengesho ryabo mu buryo buranga ukwicisha bugufi ubuhe? (b) Biboneka ko Abalewi bavuze ibijanye n’ingabo zo mu majuru z’ubwoko bubiri ubuhe?

8 Naho isengesho abo Balewi batuye ryari riteguwe neza, bari bicishije bugufi kandi babona ko amajambo yabo atari gushobora guserura bimwe bishitse ishemezo Yehova akwiriye vy’ukuri. Ni co gituma iryo sengesho ritangura n’aya majambo yo kwinginga aranga ukwifata ruto yerekeye abasavyi b’Imana, agira ati: “Nibahezagire izina ryawe rininahaye, irishizwe hejuru y’umuhezagiro wose n’ishemezo ryose.”—Neh. 9:5.

9 Iryo sengesho ribandanya riti: “Ni wewe Yehova wenyene; ni wewe wakoze amajuru, egome, ijuru ry’amajuru, n’ingabo zayo zose, isi n’ibiri kuri yo vyose, ibiyaga n’ibiri muri vyo vyose; vyose ubizigamira ubuzima; kandi ingabo zo mu majuru zirakwunamira.” (Neh. 9:6) Egome, Yehova Imana ni we yaremye ibiri mu kirere vyose, bino bikaba bigizwe n’ibigwibigwi vy’inyenyeri bidaharurika. N’ikindi kintu gitangaje, yararemye ibintu vyose biri ku mubumbe wacu w’akaroruhore hamwe n’ubushobozi butangaje ufise bwo gutuma ibinyabuzima bitandukanye mu buryo butangaje bishobora kubaho, bikaba biguma birondoka nk’uko ubwoko bwavyo buri. Abamarayika beranda b’Imana bariboneye ivyo bintu vyose, na bo nyene bakaba bashobora kuvugwa ko ari “ingabo . . . zo mu majuru.” (1 Abm. 22:19; Yobu 38:4, 7) Vyongeye, abamarayika barakora ivyo Imana igomba bicishije bugufi mu gukorera abantu b’abacumuzi “bagiye kuzotorana ubukiriro.” (Heb. 1:14) Ese ukuntu abamarayika batubera akarorero keza igitangaza uko dukorera Yehova twunze ubumwe nka kurya kw’ingabo zamenyerejwe neza!—1 Kor. 14:33, 40.

10. Twigira iki ku kuntu Imana yafashe Aburahamu?

 10 Ubukurikira, Abalewi barashimitse ku kuntu Imana yafashe Aburamu, uno akaba yari amaze imyaka 99 ataravyara akana ku mugore wiwe w’ingumba Sarayi. Ico gihe ni ho Yehova yahindura izina ryiwe akamwita Aburahamu, bisigura ngo “se w’isinzi.” (Ita. 17:1-6, 15, 16) Imana yarasezeraniye kandi Aburahamu yuko uruvyaro rwiwe rwotoranye igihugu ca Kanani. Akenshi abantu baribagira ivyo basezerana, mugabo Yehova we si ukwo. Nkako, iryo sengesho ry’Abalewi rivuga riti: “Uri Yehova Imana y’ukuri yatoye Aburamu ikamukura i Uri h’Abakaludaya maze izina ryiwe ikarigira Aburahamu. Wasanze umutima wiwe ari uwizigirwa imbere yawe; nuko ugirana isezerano na we ryo kumuha igihugu c’Abanyakanani . . . , ryo kugiha uruvyaro rwiwe; kandi warashikije amajambo yawe, kuko ugororotse.” (Neh. 9:7, 8) Nimuze natwe twigane Imana yacu igororotse mu kwama twihatira gushitsa ivyo dusezerana.—Mat. 5:37.

KWIGANA IVYO YEHOVA YAKOZE

11, 12. Vuga ico izina Yehova risobanura wongere werekane ukuntu ivyo vyagaragariye mu kuntu yafashe abakomotse kuri Aburahamu.

11 Izina Yehova risobanura ngo “Atuma bicika ukuntu,” ivyo bikaba bisigura yuko Imana ituma ivyo yasezeranye biranguka intambwe ku yindi. Ivyo birigaragaza mu buryo bwiza igitangaza mu kuntu Imana yafashe abakomotse kuri Aburahamu igihe bari abashumba b’Abanyamisiri. Ico gihe, vyasa n’ibidashoboka yuko iryo hanga ryose rirekurwa maze rikaja kuba mu Gihugu c’isezerano. Ariko rero, biciye ku vyo Imana yagiye irakora intambwe ku yindi, yaratumye ivyo yasezeranye biranguka, iba yerekanye ko ibereye kwitwa iryo zina ridasanzwe kandi rya rurangiranwa ari ryo Yehova.

12 Iryo sengesho ryanditswe na Nehemiya rivuga ku vyerekeye Yehova riti: “Warabonye . . . amarushwa ya ba sogokuruza bacu mu Misiri, wumva n’amaborogo yabo ku kiyaga Gitukura. Maze utanga ibimenyetso n’ibitangaro kuri Farawo n’abasuku biwe bose n’abantu bose bo mu gihugu ciwe, kuko wari uzi ko bitaye imbere mu kubarwanya; maze wihesha izina nk’uko biri uyu musi. Kandi wasatuye ikiyaga imbere yabo, ku buryo bajabuka baciye hagati mu kiyaga kw’isi yumutse; maze abariko barabakurikira ubaraririza ibwina nk’ibuye mu mazi akomeye.” Iryo sengesho rica ribandanya rivuga ibindi bintu Yehova yari yarakoreye abasavyi biwe, riti: “Utangura kumara igabo imbere yabo ababa muri ico gihugu, Abanyakanani . . . Barigaruriye rero ibisagara vyabo bikingijwe ibihome n’ubutaka bunuze bongera bigarurira amazu yuzuye ibintu vyizavyiza vyose, amatangi yimbwe, imirima y’imizabibu n’imirima y’imyelayo n’ibiti bitanga ibifungurwa, ku bwinshi, maze bararya, barahaga, baradoha, baranezerwa rwose mu kumera neza kwawe.”—Neh. 9:9-11, 24, 25.

13. Yehova yaronkeje gute Abisirayeli ivyo bari bakeneye mu vy’impwemu, mugabo bavyakiriye gute?

13 Hariho n’ibindi bintu vyinshi Imana yagiye irakora intambwe ku yindi mu gushitsa umugambi wayo. Nk’akarorero, haciye igihe gito Abisirayeli bavuye mu Misiri, Yehova yarabaronkeje ivyo bari bakeneye mu vy’impwemu. Muri iryo sengesho Abalewi batuye Imana, bigana yuko ‘yamanutse ku Musozi Sinayi, ikavugana na bo iri mw’ijuru, igaheza ikabaha ingingo z’ubutungane zigororotse n’amategeko y’ukuri, ingingo nyobozi nziza n’amabwirizwa meza.’ (Neh. 9:13) Yehova yaragerageje kwigisha abasavyi biwe kugira ngo bashobore kuba ababereye kwitirirwa izina ryiwe ryeranda ari abaragwa b’Igihugu c’isezerano, mugabo barahevye ivyo bintu vyiza bari barize.—Soma Nehemiya 9:16-18.

GUTOZWA INDERO BIRAKENEWE

14, 15. (a) Yehova yitwararitse gute abasavyi biwe b’abacumuzi abigiranye ikigongwe? (b) Twigira iki ku kuntu Imana yafashe ihanga yari yaritoranirije?

14 Iryo sengesho Abalewi batuye riravuga ibijanye n’ibicumuro bibiri Abisirayeli bakoze  haciye igihe gito basezeranye ko bazokurikiza Itegeko ry’Imana ku Musozi Sinayi. Vyari bikwiriye rero ko Imana ibareka bagapfa. Mugabo iryo sengesho rishemeza Yehova riti: “Mu mbabazi zawe nyinshi, ntiwabahebeye mu gahinga. . . . Wamaze imyaka mirongo ine ubaronsa ibifungurwa . . . Nta co babuze. Impuzu zabo ntizashize, kandi ibirenge vyabo ntivyavyimvye.” (Neh. 9:19, 21) No muri iki gihe, Yehova araturonsa ivyo dukeneye vyose kugira ngo tumukorere tudahemuka. Ese tutokwigera tumera nk’Abisirayeli ibihumbi bapfiriye mu gahinga kubera ukugambarara kwabo n’ukubura ukwizera! Nkako, ivyo bintu “vyanditswe ngo bitubere imburi twebwe abashitsweko n’amaherezo y’ibihe.”—1 Kor. 10:1-11.

15 Ikibabaje ni uko Abisirayeli bamaze kuragwa Igihugu c’isezerano batanguye gusenga imana z’Abanyakanani, kukaba kwari ugusenga kwarangwamwo ubuhumbu n’ubwicanyi. Ni co gituma Yehova yaretse iryo hanga yari yaritoranirije rigacinyizwa n’amahanga yari arikikuje. Igihe bigaya, Yehova yarabababariye abigiranye ikigongwe yongera arabakiza abansi babo. Ivyo vyashitse “incuro n’izindi.” (Soma Nehemiya 9:26-28, 31.) Abo Balewi batuye bati: “Warabihanganiye imyaka myinshi, uguma ushinga intahe ubagiriza ukoresheje impwemu yawe, biciye ku bahanuzi bawe, mugabo ntibateze ugutwi. Amaherezo warabatanze mu kuboko kw’ibisata vy’abantu vy’ibihugu.”—Neh. 9:30.

16, 17. (a) Abisirayeli bamaze kuva mu bunyagano, ivyabo vyari bitandukanye gute n’igihe ba sekuruza babo batangura kuragwa Igihugu c’isezerano? (b) Abisirayeli batuye iki, kandi basezeranye gukora iki?

16 Mbere n’aho Abisirayeli bamariye kuva mu bunyagano, barasubiye kuza baragambarara. None vyavuyemwo iki? Abo Balewi babandanije gusenga bati: “Ehe! Uwu musi turi abashumba; nayo igihugu wahaye ba sogokuruza bacu ngo barye umwimbu waco n’ibintu vyiza vyaco, ehe turi abashumba kuri co, umwimbu waco na wo ukaba uriko ugwira ku bw’abami washize kuri twebwe kubera ibicumuro vyacu; . . . kandi turi mu marushwa akomeye.”—Neh. 9:36, 37.

17 Abo Balewi boba bashaka kuvuga ko Imana yabarenganije mu kureka ayo marushwa akabashikira? Eka da! Batuye bati: “Wewe uragororotse mu vyadushikiye vyose, kuko wakoranye ubwizigirwa, mugabo twebwe ni twe twakoze ivy’ububisha.” (Neh. 9:33) Baca basozera iryo sengesho ritaranga ubwikunzi mu gusezerana icese yuko kuva ico gihe iryo hanga rizogamburuka Itegeko ry’Imana. (Soma Nehemiya 9:38; 10:29) Ku bw’ivyo, urwandiko rurashirwako ibidodo vy’indongozi z’Abayuda 84.—Neh. 10:1-27.

18, 19. (a) Dutegerezwa gukora iki kugira ngo tuzorokoke maze twinjire mw’isi nshasha y’Imana? (b) Ni igiki tudakwiye kureka gusenga dusaba, kandi kubera iki?

18 Turakeneye gutozwa indero na Yehova kugira ngo tube ababereye kurokoka tukinjira mw’isi yiwe nshasha igororotse. Intumwa Paulo yabajije ati: “Ni nde mwana se adatoza indero?” (Heb. 12:7) Turerekana ko twemera kuyoborwa n’Imana mu buzima bwacu mu kwihangana mu murimo wiwe tudahemuka no mu kureka impwemu yiwe ikadutyorora. Kandi mu gihe dukoze igicumuro, turashobora guhera amazinda yuko Yehova azotubabarira nitwigaya vy’ukuri kandi tukemera gutozwa indero twicishije bugufi.

19 Ubu bwa vuba, Yehova azokwihesha mbere izina rihambaye kuruta iryo yihesheje igihe yakura Abisirayeli mu Misiri. (Ezk. 38:23) Kandi nk’uko nyene abasavyi biwe ba kera barazwe Igihugu c’isezerano, ni na ko abakirisu bose bihangana ari abasavyi ba Yehova b’abizigirwa bazoragwa ubuzima mw’isi nshasha igororotse y’Imana. (2 Pet. 3:13) Kubera ko twiteze ivyo bintu vy’akaroruhore, ese tutoreka gusenga dusaba yuko izina ry’Imana rininahaye ryezwa! Ikiganiro gikurikira kizoca irya n’ino irindi sengesho dutegerezwa kwisunga kugira ngo duhezagirwe n’Imana ubu be n’ibihe bidahera.