Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | Ibinyoma vyatumye abantu badakunda Imana

Ikinyoma catumye Imana ibonwa ko ari amayobera

Ikinyoma catumye Imana ibonwa ko ari amayobera

IVYO BENSHI BEMERA

Idini rya gikirisu “mu mice yaryo itatu nyamukuru, ni ukuvuga Ekleziya gatolika, orotodogisi be n’abaporoti, ryemera ko Imana igizwe n’abaperesona batatu: Imana Data, Imana Mwana, n’Imana Mutima Mweranda (impwemu yera). Nk’uko inyigisho yabo ibivuga, ntibemera imana zitatu ariko bemera yuko abo baperesona batatu bagize Imana imwe rudende.”—Vyakuwe mu gitabu The New Encyclopædia Britannica.

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO

Yezu Umwana w’Imana ntiyigeze avuga ko angana na Se canke ko asangiye ubwoko na Se. Ahubwo yavuze ati: “Ngiye kwa Data, kuko Data anduta.” (Yohani 14:28) Yabwiye kandi umwe mu bayoboke biwe ati: “Ngira nduge kwa Dawe ari we So, ku Mana yanje ari yo Mana yanyu.”Yohani 20:17.

Impwemu nyeranda si imana canke umuperesona. Abakirisu bo mu ntango “[barujujwe] impwemu nyeranda,” kandi Yehova yavuze ati: “Nzosuka igice c’impwemu yanje ku bari n’umubiri b’ubwoko bwose.” (Ivyakozwe 2:1-4, 17) Impwemu nyeranda ntiri mu Butatu. Ni inguvu zikora z’Imana.

IGITUMA BIHAMBAYE

Abahinga b’abagatolika Karl Rahner na Herbert Vorgrimler, basigura yuko Ubutatu “ata wushobora kubutahura atabihishuriwe, kandi ko n’igihe yobihishurirwa adashobora kubutahura neza na neza.” Vyoba vyoshoboka none ko ukunda vy’ukuri uwo udashobora kumenya canke gutahura? Uca ubona rero ko inyigisho y’Ubutatu ari intambamyi mu bijanye no kumenya Imana no kuyikunda.

Marco, umwe yavugwa mu kiganiro ca mbere, yarabonye ko inyigisho y’Ubutatu ari intambamyi. Avuga ati: “Nabona ko Imana idashaka ko menya akaranga kayo, ivyo bikaba vyatuma ndushiriza kubona ko iri kure yanje, ko ari amayobera be n’uko ata woyiyegereza.” Ariko rero, Bibiliya ivuga ko Imana “itari kure y’umwe wese muri twebwe.” (Ivyakozwe 17:27) Imana ntiyaduhishije akaranga kayo. Iripfuza ko tuyimenya. Yezu yavuze ati: “Dusenga ico tuzi.”Yohani 4:22.

Marco avuga ati: “Igihe namenya ko Imana atari Ubutatu, vyahavuye bikunda ko ngiranira ubucuti na yo.” Igihe dutahuye ko Yehova atari mu bigize Ubutatu be n’uko atari amayobera, bica vyoroha cane ko tumukunda. Bibiliya ivuga iti: “Uwudakundana ntiyamenye Imana, kuko Imana ari urukundo.”—1 Yohani 4:8.