Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | IBINYOMA VYATUMYE ABANTU BADAKUNDA IMANA

Ukuri kurashobora gutuma widegemvya

Ukuri kurashobora gutuma widegemvya

Umusi umwe i Yeruzalemu, Yezu yariko aravuga ivyerekeye Se wiwe Yehova yongera ashira ku kabarore indongozi z’idini z’ikinyoma zo mu gihe ciwe. (Yohani 8:12-30) Ivyo yavuze ico gihe biratwigisha ingene twosuzuma ivyo abantu benshi bemera ku vyerekeye Imana muri iki gihe. Yezu yavuze ati: “Nimwaguma mw’ijambo ryanje, muri abigishwa banje vy’ukuri, kandi muzomenya ukuri, kandi ukuri kuzobagira abidegemvya.”Yohani 8:31, 32.

“Nimwaguma mw’ijambo ryanje.” Ayo majambo ya Yezu arerekana ico twofatirako mu kuraba nimba inyigisho z’idini kanaka ari “ukuri.” Igihe wumvise ikintu kanaka cerekeye Imana, niwibaze uti: ‘Ico kintu coba gihuje n’amajambo ya Yezu be n’ibindi bivugwa mu Vyanditswe Vyeranda?’ Niwigane abumvirije intumwa Paulo bakongera “ba[ga]suzuma Ivyanditswe ku musi ku musi bavyitondeye ngo barabe ko ivyo [yariko arabigisha] ari ko biri.”Ivyakozwe 17:11.

Marco, Rosa na Raymonde, abo bose bakaba bavuzwe mu kiganiro ca mbere, barasuzumye bitonze ivyo bemera mu kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. None ni igiki bahungukiye?

Marco avuga ati: “Uwatwigisha Bibiliya yakoresha Ivyanditswe mu kwishura ikibazo cose twe n’umukenyezi wanje twaba tubajije. Urwo dukunda Yehova rwaratanguye kwongerekana, ubucuti mfitaniye n’umukenyezi wanje na bwo burarushiriza gukomera!”

Rosa avuga ati: “Mu ntango, niyumvira yuko Bibiliya ari igitabu gusa kigerageza gusigura ivy’Imana cisunze ivyiyumviro vy’abantu. Ariko rero, buhorobuhoro nararonse inyishu zishingiye kuri Bibiliya z’ibibazo nari mfise. Ubu Yehova si umugani kuri jewe. Ndashobora kumwizigira.”

Raymonde na we avuga ati: “Narasavye Imana ngo imfashe kumenya ibiyerekeye. Haciye igihe gito, jewe n’umugabo wanje twaratanguye kwiga Bibiliya. Amaherezo, twaramenye ukuri kwerekeye Yehova! Ntiworaba ingene twanezerewe no kumenya ukuntu iyo Mana imeze!”

Bibiliya ntishira gusa ahabona ibinyoma vyigishwa ku vyerekeye Imana; iranaduhishurira ukuri kwerekeye kamere zayo z’igikundiro. Ni Ijambo ryayo ryahumetswe, kandi riradufasha “[kumenya] ibintu Imana yaduhaye n’umutima ukunze,” ni ukuvuga ukuri kwerekeye Imana n’imigambi yayo. (1 Abakorinto 2:12) Ubona gute wirabiye ukuntu Bibiliya ishobora kwishura ibibazo bisanzwe yamara bihambaye abantu bakunze kwibaza ku vyerekeye Imana, umugambi wayo be na kazoza kacu? Niwisomere inyishu z’ibibazo bimwebimwe mwene ivyo kuri www.pr418.com munsi y’ahavuga ngo “Inyigisho zo muri Bibiliya > Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya.” Ukoresheje uwo muhora, urashobora kandi gusaba kugirirwa inyigisho ya Bibiliya canke ukabisaba Icabona ca Yehova. Turizigiye yuko niwabigira uzosanga gukunda Imana vyoroshe kuruta uko wahora uvyiyumvira.