Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bungere, nimwigane ba Bungere bakuru

Bungere, nimwigane ba Bungere bakuru

“Kristu yababajwe ku bwanyu, aba abasigiye akarorero kugira ngo mukurikire neza intambuko ziwe.”—1 PET. 2:21.

1, 2. (a) Bigenda gute igihe intama zitwararikwa neza? (b) Ni kubera iki abantu benshi bo mu gihe ca Yezu bari bameze nk’intama zitagira umwungere?

INTAMA ziramererwa neza igihe umwungere yitwararika cane ineza y’ubusho bwiwe. Twisunze igitabu kimwe kivuga ibijanye no kworora intama, “umuntu aterera gusa ubusho mw’iragiriro maze ntasubire kubwitwararika canke kubwiyumvira birashoboka rwose ko mu myaka mikeyi asanga intama nyinshi zirwaye kandi ata co zimuronsa.” Ariko rero, igihe umwungere yitwararika intama mu buryo bubereye, ubusho bwiwe buramererwa neza.

2 Ukuntu abungere b’ubusho bw’Imana bitwararika intama imwimwe yose bajejwe biragira ico bikoze ku kuntu ishengero ryose ryifashe mu vy’impwemu. Ushobora kuba wibuka ko Yezu yumviye ikigongwe amasinzi kubera yuko “bari baratabaguwe, basabagiye nk’intama zitagira umwungere.” (Mat. 9:36) Ni kubera iki none ivyabo vyari vyifashe mu buryo bubabaje gutyo? Ni kubera ko abari barashinzwe ibanga ryo kwigisha abantu Itegeko ry’Imana babakarira, bakabasaba ibirenze, bakaba n’abiyorobetsi. Indongozi za Isirayeli zo mu buryo bw’impwemu, aho gufasha no kugaburira ubusho bwazo, zaremeka “imitwaro iremereye” ku bitugu vyabwo.—Mat. 23:4.

3. Abakurambere bakwiye kwibuka iki igihe barangura ibanga bajejwe ryo kuba abungere bo mu buryo bw’impwemu?

3 Abungere bakirisu bo muri iki gihe, ni ukuvuga abakurambere bagenywe, barafise rero ibanga rikomeye. Intama zo mu busho baragira ni iza Yehova na Yezu, uwavuze ko ari “umwungere w’agahebuza.” (Yoh. 10:11) Izo ntama “[z]aguzwe ikiguzi” Yezu yarishe “amaraso y’agaciro” yiwe. (1 Kor. 6:20; 1 Pet. 1:18, 19) Arakunda izo ntama cane ku buryo yemeye gutanga ubuzima bwiwe ku bwazo. Abakurambere barakwiye kwama bibuka ko ari abungere batobato, bayoborwa n’Umwana  w’Imana munyarukundo ari we Yezu Kristu, “wa mwungere mukuru w’intama.”—Heb. 13:20.

4. Twihweza iki muri iki kiganiro?

4 None vyitezwe ko abungere bakirisu bafata gute intama? Abagize ishengero bahimirizwa “[kugamburukira] ababaja imbere.” Abakurambere bakirisu na bo bahimirizwa kwirinda “gukandamiza abari intoranwa y’Imana.” (Heb. 13:17; soma 1 Petero 5:2, 3.) Abakurambere bagenywe bashobora gute none kuja imbere ubusho batabukandamiza? Mu yandi majambo, abakurambere bashobora gute kwitwararika ivyo intama zikeneye batarinze kurenga ku bukuru Imana yahaye abacungezi?

“AZOYITWARA MU GIKIRIZA CIWE”

5. Imvugo ngereranyo iri muri Yesaya 40:11 itwereka iki ku vyerekeye Yehova?

5 Umuhanuzi Yesaya yavuze ku vyerekeye Yehova ati: “Kurya kw’umwungere, azoragira ubusho bwiwe. Azokwegeranya imyagazi y’intama n’ukuboko kwiwe; azoyitwara mu gikiriza ciwe. Izonsa azoziyobora yengenga.” (Yes. 40:11) Iyo mvugo ngereranyo itanga iciyumviro c’uko Yehova yitwararika ivyo abagize ishengero bagoyagoya kandi bigorewe bakeneye. Nk’uko umwungere aba azi ivyo intama imwimwe yose mu busho bwiwe ikeneye akaba kandi yiteguriye kuyibironsa, ni na ko Yehova azi ivyo abo mw’ishengero bakeneye kandi agahimbarwa no kubitwararika nk’uko bikenewe. Nk’uko nyene umwungere aterura akagazi kakivuka mu mpuzu yiwe igihe bikenewe, ni na ko Yehova, we “Se w’imbabazi zuzuye ikibabarwe,” azoduterura mu bihe vy’ibigeragezo. Azoduhoza mu gihe tuzoba turiko turashikirwa n’ikigeragezo gikomeye canke mu gihe tuzoba turi n’ivyo dukeneye mu buryo budasanzwe.—2 Kor. 1:3, 4.

6. Bwa mwungere wo mu buryo bw’impwemu, umukurambere yokurikiza gute akarorero ka Yehova?

6 Ese ukuntu umwungere wo mu buryo bw’impwemu yokwigira kuri Dawe wa twese wo mw’ijuru icigwa ciza igitangaza! Cokimwe na Yehova, ategerezwa kwitwararika ivyo intama zikeneye. Umukurambere niyamenya ingorane ziriko zirazishikira be n’ibintu binaka zikeneye bisaba kwitwararikwa mu maguru masha, azoshobora kuziremesha no kuzishigikira nk’uko bikenewe. (Imig. 27:23) Biragaragara ko umukurambere ategerezwa kuyaga mu buryo ngirakamaro n’abo basangiye ukwemera. Naho yirinda kubinjirira mu buzima, aritwararika ivyo abona n’ivyo yumva mw’ishengero kandi abigiranye urukundo akitanga kugira ‘asahirize abagoyagoya.’—Ivyak. 20:35; 1 Tes. 4:11.

7. (a) Intama z’Imana zafatwa gute mu gihe ca Ezekiyeli na Yeremiya? (b) Twokwigira iki ku kuba Yehova yaraciriye rubi abungere bo mu buryo bw’impwemu b’ibihemu?

7 Rimbura inyifato y’abungere Imana yaciriye rubi. Mu gihe ca Ezekiyeli na Yeremiya, Yehova yaraciriye rubi abari bakwiye kwitwararika intama ziwe mugabo bakaba batariko barabigira. Igihe ata n’umwe yaguma arinze izo ntama, ubusho bwaraterwa n’ibikoko maze bugashwiragira. Aho kugaburira izo ntama, abo bungere barazirya imitsi bakongera ‘bakigaburira ubwabo.’ (Ezk. 34:7-10; Yer. 23:1) Urubanza rubi Imana yaciriye abo bungere rurashobora kwerekezwa mu buryo bubereye ku ndongozi z’amadini y’abiyita abakirisu. Mugabo kandi rurashimika ku vy’uko bihambaye yuko abakurambere bakirisu bitwararika ubusho bwa Yehova mu buryo bubereye kandi buranga urukundo.

“NDABAHAYE ICITEGEREREZO”

8. Yezu yatanze gute icitegererezo ciza cane mu bijanye no gukosora inyifato zitabereye?

8 Kubera agasembwa abantu bafise, intama z’Imana zimwezimwe zoshobora guteba gutahura ivyo Yehova azitezeko. Zoshobora kudashira mu ngiro impanuro zishingiye ku Vyanditswe, canke zigakora mu buryo bwerekana ko zidahumuye mu  vy’impwemu. Abakurambere bakwiye kuvyakira gute? Barakwiye kwigana ukuntu Yezu yihanganiye abigishwa biwe igihe bari barajwe ishinga no kumenya uwobaye mukuru muri bo mu Bwami. Aho kureka kwihanganira abigishwa biwe, Yezu yarabandanije kubigisha no kubaha impanuro ziranga urukundo zijanye no kwicisha bugufi. (Luka 9:46-48; 22:24-27) Mu kuboza ibirenge, Yezu yarabahaye icigwa kiboneka cerekeye ukwicisha bugufi, iyo ikaba ari kamere abacungezi bakirisu bakeneye kugaragaza.—Soma Yohani 13:12-15; 1 Pet. 2:21.

9. Ni agatima akahe Yezu yahimirije abigishwa biwe kugira?

9 Ukuntu Yezu yabona uruhara rw’umwungere wo mu buryo bw’impwemu kwari gutandukanye n’ukuntu Yakobo na Yohani bigeze kurubona. Izo ntumwa zibiri zararondeye guhabwa ikibanza gihambaye mu Bwami. Mugabo Yezu yarakosoye agatima bari bafise, mu kuvuga ati: “Murazi yuko abatware b’amahanga bayakandamiza be n’uko abakomakomeye bayereka ko bayafiseko ububasha. Ukwo si ko bimeze muri mwebwe; mugabo uwo wese ashaka gucika mukuru muri mwebwe ategerezwa kuba umusuku wanyu.” (Mat. 20:25, 26) Izo ntumwa zari zikeneye kurwanya agatima ko kwipfuza ‘gukandamiza’ bagenzi bazo canke kubategeka ico bakwiye gukora.

10. Yezu yipfuza ko abakurambere bafata gute ubusho, kandi ni akarorero akahe Paulo yatanze muri ivyo?

10 Yezu yiteze ko abakurambere bakirisu bafata ubusho nk’uko yabufata. Bategerezwa kugira umutima ukunze wo gukorera bagenzi babo, aho kubaganza. Intumwa Paulo yari afise ako gatima ko kwicisha bugufi, kuko yabwiye abagabo b’inararibonye b’ishengero ry’i Efeso ati: “Murazi neza ingene kuva umusi wa mbere nahonyoje ikirenge mu ntara ya Aziya nagumanye namwe igihe cose, nshumbira Umukama n’ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi kurushirije.” Iyo ntumwa yipfuza yuko abo bakurambere bafasha abandi babigiranye ubwira n’ukwicisha bugufi. Yavuze ati: “Naraberetse muri vyose yuko mu kubira akuya gutyo ari ho mutegerezwa gusahiriza abagoyagoya.” (Ivyak. 20:18, 19, 35) Paulo yabwiye Abakorinto ko ataganza ukwizera kwabo. Ahubwo, yari umukozi mugenzi wabo yicisha bugufi ku bw’akanyamuneza kabo. (2 Kor. 1:24) Paulo yarasigiye abakurambere bo muri iki gihe akarorero keza ko kwicisha bugufi no gukora cane.

‘NUGUMYE IJAMBO RYO KWIZIGIRWA’

11, 12. Umukurambere yoshobora gute gufasha uwo basangiye ukwemera gufata ingingo?

11 Umukurambere w’ishengero ategerezwa “[ku]gumya ijambo ryo kwizigirwa ku bijanye n’ubuhanga bwiwe bwo kwigisha.” (Tito 1:9) Mugabo abigira “n’umutima w’ubwitonzi.” (Gal. 6:1) Umwungere wo mu buryo bw’impwemu mwiza, aho kugerageza guhata abo bari kumwe mw’ishengero ngo bakore mu buryo bunaka, ararondera kubakora ku mutima. Umukurambere yoshobora gushira ahabona ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe umuvukanyi akwiye kurimbura igihe arondera gufata ingingo ihambaye. Yoshobora kurimburira hamwe na we amakuru yasohowe ajanye n’ico kintu. Yoshobora kandi guhimiriza uwo muntu kurimbura ukuntu ibintu bitandukanye yokora vyogira ico bikoze ku bucuti afitaniye na Yehova. Uwo mukurambere yoshobora gushimika ku kamaro ko kurondera ubuyobozi buva ku Mana mw’isengesho imbere yo gufata ingingo. (Imig. 3:5, 6) Umukurambere amaze kuganira ivyo bintu n’uwo basangiye ukwemera, azomureka yifatire ingingo.—Rom. 14:1-4.

12 Ubukuru bwonyene abacungezi bakirisu bafise, buva mu Vyanditswe. Birahambaye rero ko bakoresha Bibiliya babigiranye ubuhanga bakongera bakisunga ivyo ivuga. Ivyo birafasha abakurambere kwirinda  guhava bakoresha nabi ubukuru. Nakare, ni abungere batobato gusa, kandi umwe wese mu bagize ishengero azogira ico abazwa na Yehova be na Yezu ku vyerekeye ingingo afata.—Gal. 6:5, 7, 8.

“KUBERA UBURORERO UBUSHO”

Abakurambere barafasha imiryango yabo kwitegurira ubusuku (Raba ingingo ya 13)

13, 14. Umukurambere ategerezwa kubera akarorero ubusho mu mice iyihe?

13 Intumwa Petero amaze gukebura abagabo b’inararibonye bo mw’ishengero ngo ‘ntibakandamize abari intoranwa y’Imana,’ yabahimirije “kubera uburorero ubusho.” (1 Pet. 5:3) Umukurambere yoshobora gute kubera akarorero ubusho? Rimbura ibisabwa bibiri umugabo arondera “gushikira ibanga ry’umucungezi” ategerezwa gukwiza. Akwiye kuba “aroranye mu muzirikanyi” kandi ategerezwa kuba “ahagarikira neza urugo rwiwe bwite.” Nimba umukurambere afise umuryango, ategerezwa kuwuhagarikira mu buryo bw’akarorero, kuko “nimba koko umuntu atazi guhagarikira urugo rwiwe bwite, azobungabunga gute ishengero ry’Imana?” (1 Tim. 3:1, 2, 4, 5) Kugira ngo umugabo akwize ibisabwa bituma aronka ibanga ry’umucungezi, ategerezwa kuba aroranye mu muzirikanyi mu buryo bw’uko atahura neza ingingo ngenderwako ziva ku Mana akongera akamenya ukuntu yozishira mu ngiro mu buzima bwiwe. Ni umuntu afise umutima utekanye kandi adapfa guhuruduka mu guserura ukuntu abona ibintu. Igihe abagize ishengero babona izo kamere mu bakurambere biratuma babizigira.

14 Kuja imbere mu murimo wo mu ndimiro ni uwundi muce abacungezi babera akarorero keza abakirisu bagenzi babo. Yezu yarahaye akarorero abacungezi muri vyo. Kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami wari umuce uhambaye w’igikorwa Yezu yaranguriye kw’isi. Yareretse abigishwa biwe ukuntu ico gikorwa cabwirizwa gukorwa. (Mrk. 1:38; Luka 8:1) Muri iki gihe, ese ukuntu biremesha abamamaji igihe bamamaza bari kumwe n’abakurambere, bakibonera umwete abakurambere bafitiye ico gikorwa kirokora ubuzima bakongera bakagira ico bigiye ku buhinga bwabo bwo kwigisha! Kuba abacungezi biyemeje guhebera umwanya igikorwa co kwamamaza inkuru nziza babigiranye umwete n’akigoro naho bafise vyinshi bakora, biraremesha ishengero ryose kugira umwete nk’uwo. Abakurambere barashobora kandi kubera akarorero keza abavukanyi babo mu gutegura amakoraniro y’ishengero no mu kuyagiramwo uruhara be no kugira uruhara mu bindi bikorwa, nko gusukura no kubungabunga Ingoro y’Ubwami.—Ef. 5:15, 16; soma Abaheburayo 13:7.

Abacungezi baratanga akarorero mu murimo wo mu ndimiro (Raba ingingo ya 14)

“MUFATE MU MUGONGO ABAGOYAGOYA”

15. Ni imvo zimwezimwe izihe zituma abakurambere bagendera abavukanyi cungere?

15 Umwungere mwiza arihutira kugira ico afashije igihe intama ivunitse canke irwaye. Muri ubwo buryo nyene, abakurambere barakwiye kwitwararika badatebaganye abantu abo ari bo bose mw’ishengero bariko barashikirwa n’ingorane canke bakeneye gufashwa mu buryo bw’impwemu. Abageze mu za bukuru n’abarwaye  boshobora kuba bakeneye kwitwararikwa mu vy’umubiri, mugabo barakeneye canecane gufashwa no kuremeshwa mu buryo bw’impwemu. (1 Tes. 5:14) Abakiri bato bo mw’ishengero boshobora kuba bariko barashikirwa n’ingorane, nko kunyinyana n’ “ivyipfuzo bijana n’ubuto.” (2 Tim. 2:22) Ku bw’ivyo, kuragira birimwo kugendera abagize ishengero uko haciye igihe mu ntumbero yo gutahura ukuntu ivyabo vyifashe no kubaremesha biciye ku mpanuro zibereye zishingiye ku Vyanditswe. Igihe ivyo bintu vyitwararitswe mu gihe kibereye, ingorane nyinshi zirashobora gutorerwa umuti zitarakomera.

16. Igihe uwo mw’ishengero akeneye gufashwa mu vy’impwemu, abakurambere bomufasha gute?

16 Tuvuge iki mu gihe habaye ingorane zigakomera ku buryo umwe mu bagize ishengero ageramirwa mu vy’impwemu? Umwanditsi wa Bibiliya Yakobo yabajije ati: “Hoba hari uwurwaye muri mwebwe? Nahamagare abagabo b’inararibonye b’ishengero baze kuri we, bamusengere, bamusige amavuta mw’izina rya Yehova. Kandi isengesho ry’ukwizera rizotuma uyo amerewe nabi akira, kandi Yehova azomuhagurutsa. Vyongeye, nimba yarakoze ibicumuro azobabarirwa.” (Yak. 5:14, 15) N’igihe nyene uwo arwaye mu vy’impwemu “[adahamagaye] abagabo b’inararibonye,” bakwiye kwihutira kumufasha bakimenya ukuntu ivyiwe vyifashe. Igihe abakurambere basenze bari kumwe n’abavukanyi babo kandi bakabasabira bakongera bakabafasha igihe bari n’ivyo bakeneye, bararuhurira mu buryo bw’impwemu abo bajejwe bakongera bakabaremesha.—Soma Yesaya 32:1, 2.

17. Igihe abakurambere biganye “wa mwungere mukuru,” hashobora kuvamwo iki?

17 Abakurambere bakirisu barihatira kwigana “wa mwungere mukuru” Yezu Kristu mu vyo bakora vyose mw’ishirahamwe rya Yehova. Igihe ubusho bufashijwe mu buryo bw’impwemu n’abo bagabo bafise amabanga, burahungukira cane kandi bukabandanya kumererwa neza. Turakurira ubwatsi wa Mwungere wacu ntangere Yehova tukongera tukavyurirwa umutima wo kumushemeza ku bw’ivyo bintu vyose.