Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nukorere Yehova imisi y’ivyago itaraza

Nukorere Yehova imisi y’ivyago itaraza

“Niwibuke . . . Umuremyi wawe Ahambaye.”UMUS. 12:1.

1, 2. (a) Ni impanuro iyihe Salomo yahumekewe kwandikira abakiri bato? (b) Ni kubera iki iyo mpanuro ya Salomo ihambaye cane no ku bakirisu bageze mu myaka 50 be n’abayirenza?

UMWAMI SALOMO yahumekewe kubwira abakiri bato aya majambo agira ati: “Niwibuke . . . Umuremyi wawe Ahambaye mu misi y’ubusore bwawe, imbere y’uko imisi y’ivyago itangura kuza.” None “imisi y’ivyago” ni iki? Salomo yakoresheje amajambo ndyoshamvugo akwegera mu kudondora ivyago bishika mu gihe c’ubusaza, ayo na yo akaba ari ukujugumira amaboko, amaguru anyoganyoga, uguhera amenyo, uguhuma, ukutumva, imvi n’uguhetama. Nta n’umwe akwiye gutegekanya kurindira gushika ageze muri ico kiringo co mu buzima ngo abe ari ho atangura gukorera Yehova.Soma Umusiguzi 12:1-5.

2 Abakirisu benshi bageze mu myaka 50 n’abayirenza usanga bagifise inguvu nyinshi. Bashobora kuba bafise imvi nkeyi, mugabo birashoboka ko baba bataragira amagara make nk’ayo yavuzwe na Salomo. Abo bakirisu bitereye mu myaka boba bashobora kwungukira ku mpanuro yahumetswe yabwiwe abakiri bato, igira iti: “Niwibuke . . . Umuremyi wawe Ahambaye”? Iyo mpanuro isobanura iki?

3. Kwibuka Umuremyi wacu Ahambaye birimwo iki?

3 Naho twoba tumaze imyaka myinshi dukorera Yehova, biraba vyiza tugiye turafata akanya tukiyumvira tubigiranye ugukenguruka ukuntu Umuremyi wacu ahambaye. None ubuzima ntibuteye akoba? Ukuntu bwaremwe mu buryo bw’urusobangane ni ikintu abantu badashobora gutahura. Ibintu vyiza igitangaza Yehova yaremye biratandukanye cane ku buryo dufise uturyo twinshi two guhimbarirwa ubuzima. Igihe tuzirikanye ku vyo Yehova yaremye, turarushiriza gutahura urukundo, ubukerebutsi n’ububasha vyiwe. (Zab. 143:5) Mugabo kwibuka Umuremyi wacu Ahambaye birimwo no kuzirikana twitonze ku vyo adusaba. Muri ivyo bihe vyo kuzirikana, nta gukeka ko twumva twiyemeje kugaragaza ko dukengurukira Umuremyi wacu mu kumukorera bimwe bishitse uko bishoboka kwose magingo tukiriho.Umus. 12:13.

UTURYO TUDASANZWE MU MYAKA YO HANYUMA

4. Ni ikibazo ikihe abakirisu bamaze igihe kirekire bimenyera utuntu n’utundi bokwibaza, kandi kubera iki?

4 Nimba ukuze ukaba umaze imyaka mirongo wimenyera utuntu n’utundi, hari ikibazo gihambaye ukwiye kwibaza, ico na co kikaba ari iki: ‘Nokoresha gute ubuzima bwanje ubu ngifise utuguvu?’ Kubera ko uri umukirisu azi utuntu n’utundi, urafise uturyo abandi badafise. Urashobora kuraga abakiri bato ivyo wigiye kuri Yehova. Urashobora gukomeza abandi mu kubiganira ibintu wiboneye igihe wariko urakorera Imana. Umwami Dawidi yarasenze asaba uturyo two kubigira. Yanditse ati: “Ewe Mana, wanyigishije kuva mu buto bwanje . . . Mbere no gushika mu gihe c’ubusaza n’imvi ku mutwe, ewe Mana, ntumpebe, gushika mbwiye iyaruka ivy’ukuboko kwawe, mbwiye abazoza bose ivy’ubushobozi bwawe.”Zab. 71:17, 18.

5. Abakirisu bitereye mu myaka bashobora gute kuraga abandi ivyo bize?

5 Ushobora gute kumenyesha abandi ubukerebutsi waronse mu myaka n’iyindi? Woba ushobora gutumira iwawe abasavyi b’Imana bakiri bato kugira ngo mwifatanye mu buryo bwubaka? Woba ushobora kubasaba ngo mujane mu busuku bwa gikirisu maze ukabereka umunezero wironkera mu gukorera Yehova? Elihu wo mu bihe vya kera yavuze ati: “Imisi ni yo ikwiye kuvuga, kandi imyaka indiri ni yo ikwiye kumenyesha ubukerebutsi.” (Yobu 32:7) Intumwa Paulo yahimirije abagore bakirisu bahumuye kuremesha abandi biciye ku vyo bavuga no ku karorero batanga. Yanditse ati: “Abatamakazi . . . babe abigisha b’ivyiza.”Tito 2:3.

RIMBURA IVYO USHOBOYE GUFASHA ABANDI

6. Ni kubera iki abakirisu bamaze imyaka mirongo bimenyera utuntu n’utundi badakwiye gufatira mu rwara ivyo bashoboye gukora?

6 Nimba uri umukirisu ahumuye, urashobora gufasha cane. Rimbura ivyo utahura ubu utari uzi mu myaka 30 canke 40 iheze. Urashobora gushira mu ngiro mu buzima bwawe ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ubigiranye ubuhanga. Nta gukeka ko ushoboye gutuma ukuri kwo muri Bibiliya gukora ku mutima abandi. Nimba uri umukurambere, urazi gufasha abavukanyi batirimutse. (Gal. 6:1) Kumbure urazi guhagarikira ibikorwa vyo mw’ishengero, inzego zijanye n’iteraniro canke ubwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami. Ushobora kuba uzi kuremesha abaganga gukoresha uburyo bwo kuvura hadakoreshejwe amaraso. Naho hoba haciye igihe gito gusa umenye ukuri, urazi utuntu n’utundi mu buzima. Nk’akarorero, nimba warareze abana, wararonse ubukerebutsi ngirakamaro bwinshi. Abakirisu bitereye mu myaka boshobora kubera abasavyi ba Yehova isôko rikomeye ry’indemesho mu kwigisha, mu kuyobora no mu gukomeza bene wacu na bashiki bacu.Soma Yobu 12:12.

7. Abakirisu bitereye mu myaka bashobora gute kumenyereza abakiri bato mu buryo ngirakamaro?

7 Woshobora gute kurushiriza gukoresha ubushobozi ufise? Kumbure woshobora kwereka abakiri bato ukuntu botanguza inyigisho za Bibiliya bakongera bakaziyobora. Nimba uri mushiki wacu, ubona wogira inama abagore bakiri bato ku bijanye n’ukuntu boguma bitwararika ibikorwa vy’impwemu mu gihe bafise abana batoyi? Nimba uri umuvukanyi, ubona wokwigisha abavukanyi bakiri bato gushikiriza ibiganiro babigiranye ubushwashwanutsi no kurushiriza kuba abamamaji kirumara b’inkuru nziza? Ubona wobereka ukuntu ugendera bene wacu na bashiki bacu bageze mu zabukuru kugira ngo ubaremeshe mu buryo bw’impwemu? Naho udafise inguvu nk’izo wari ufise, urafise uturyo twiza igitangaza two kumenyereza abakiri bato. Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Ubwiza bw’imisore ni inkomezi zayo, kandi ubwiza bwakaka bw’abatama ni imvi ku mutwe wabo.”Imig. 20:29.

GUKORERA AHO BIKENEWE KURUTA

8. Ni ibiki intumwa Paulo yakoze mu myaka yo hanyuma?

8 Intumwa Paulo yarakoresheje ubushobozi bwiwe bwose mu gukorera Imana mu myaka yo hanyuma. Igihe yakurwa mw’ibohero i Roma nko mu 61 G.C., yari yaramaze imyaka myinshi yihanganye mu murimo w’ubumisiyonari utari woroshe na gato kandi yari gushobora kwigumira i Roma akamamazayo. (2 Kor. 11:23-27) Nta gukeka ko abavukanyi bo muri ico gisagara kinini bari kubishima iyo abandanya kubafasha. Mugabo Paulo yarabonye ko mu mahanga hari hakeneye mbere gukorerwa kuruta. Ari kumwe na Timoteyo hamwe na Tito, yarabandanije igikorwa ciwe c’ubumisiyonari, araja i Efeso, hanyuma i Kirete, bikaba kandi bishoboka ko yagiye n’i Makedoniya. (1 Tim. 1:3; Tito 1:5) Ntituzi nimba yaragiye muri Espanye, mugabo yari yarategekanije kujayo.Rom. 15:24, 28.

9. Petero ashobora kuba yagiye gukorera aho vyari bikenewe kuruta ahandi ryari? (Raba ishusho itangura.)

9 Intumwa Petero ashobora kuba yari afise imyaka irenga 50 igihe yimukira aho vyari bikenewe kuruta. Ni kubera iki ivyo vyoshobora kuba ari ko biri? Nimba yangana na Yezu canke kumbure akaba yaramuruta gatoyi, yoba yari afise imyaka nka 50 igihe yakoranira hamwe n’izindi ntumwa i Yeruzalemu mu 49 G.C. (Ivyak. 15:7) Haciye igihe gito iryo koraniro ribaye, Petero yaragiye kuba i Babiloni, ata gukeka akaba yari agiye kubwira inkuru nziza Abayuda benshi baba muri ako karere. (Gal. 2:9) Ni ho yaba igihe yandika ikete ryiwe rya mbere ryahumetswe, nko mu 62 G.C. (1 Pet. 5:13) Kuba mu kindi gihugu birashobora kuba urugamba, mugabo Petero ntiyaretse ngo ukuba yari yitereye mu myaka bimutware umunezero wo gukorera Yehova mu buryo bushitse.

10, 11. Igana ikintu cabaye cerekeye umuntu yagiye gukorera aho vyari bikenewe kuruta ahandi, mu myaka yiwe yo hanyuma.

10 Muri iki igihe, abakirisu benshi bari mu myaka 50 n’abayirenza barabona ko ivyabo vyahindutse be n’uko bashobora gukorera Yehova mu bundi buryo. Bamwebamwe barimukiye aho bikenewe kuruta ahandi. Nk’akarorero, Robert yandika ati: “Twe n’umukenyezi wanje twari dufise imyaka 55 igihe twatahura uturyo twari imbere yacu. Umuhungu w’ikinege twari dufise yari yaravuye i muhira, ntitwari tugifise abavyeyi bageze mu zabukuru bakeneye kwitwararikwa, kandi twari twararonse intoranwa ntoyi. Naraharuye nsanga kugurisha inzu yacu vyotumye turonka amahera ahagije yo kuriha ingurane twari twarafashe akongera akadutunga gushika ndonse udufaranga duhabwa abakukurutse. Twarumvise ko muri Boliviya igitigiri c’abantu bemera kwiga Bibiliya ari kinini be n’uko ubuzima bwaho bwari buzimbutse. Twaciye dufata ingingo yo kwimuka. Kumenyera aho hantu hashasha ntivyari vyoroshe. Ibintu vyose vyari bitandukanye cane n’ivyo twari tumenyereye muri Amerika ya Ruguru. Mugabo utwigoro twagize twaravuyemwo ivyiza vyinshi.”

11 Robert yongerako ati: “Ubuzima bwacu bwose busigaye bushingiye ku bikorwa vyo mw’ishengero. Bamwebamwe mu bo twigishije Bibiliya barabatijwe. Umuryango umwe twigishije uba mu kigwati kiri ku bilometero bitari bike, ukaba ubayeho mu buryo buciye bugufi. Mugabo buri ndwi, abawugize baragira urugendo rugoye baza ku makoraniro mu gisagara. Woba ushobora kwiyumvira umunezero tugira tubonye iterambere ry’uwo muryango, umuhungu w’imfura akaba mbere ari mu murimo w’ubutsimvyi?”

HARAKENEWE ABAKORERA MU VYIBARE BIKORESHA URURIMI RUNYAMANGA

12, 13. Niwigane ikintu cabaye cerekeye umukirisu yatanguye gukorera Yehova mu bundi buryo amaze gushikana imyaka yo gukukuruka.

12 Amashengero n’imigwi bikoresha ururimi runyamahanga birashobora kwungukira rwose ku karorero ka bene wacu na bashiki bacu bitereye mu myaka. N’ikindi kandi, gukorera mu cibare nk’ico birashobora kuba ibihimbaye. Nk’akarorero, uwitwa Brian yandika ati: “Twe n’umukenyezi wanje twaragize ubuzima butekanye igihe nashikana imyaka yo gukukuruka isabwa mu Bwongereza, iyo na yo ikaba ari 65. Abana bacu ntibari bakiba i muhira, kandi ni gake twaronka abantu bashimishwa twoshobora kwigisha Bibiliya. Mu nyuma, narabonanye n’umusore w’Umushinwa yariko aragira ubushakashatsi kuri kaminuza. Yaremeye kwitaba amakoraniro yacu, maze ndatangura kumwigisha Bibiliya. Haciye amayinga makeyi, yaratanguye kuzanana n’Umushinwa bakorana. Haciye indwi zibiri, yarazanye uwugira gatatu, hanyuma azana uwugira kane.

13 “Igihe Umushinwa agira gatanu w’umushakashatsi yasaba kugirirwa inyigisho ya Bibiliya, niyumviriye nti: ‘Kuba mfise imyaka 65 ntibisobanura ko nkwiye gukukuruka mu murimo wa Yehova.’ Naciye mbaza umukenyezi wanje nsumvya imyaka ibiri nimba yoshima kwiga igishinwa. Twakoresheje ivyigwa vy’urwo rurimi vyafashwe amajwi. Haraciye imyaka cumi ivyo bibaye. Kwamamaza mu cibare gikoresha ururimi runyamahanga vyatumye twiyumvamwo ko twasubiye kuba bato. Gushika ubu, tumaze kwigisha Bibiliya Abashinwa 112! Benshi muri bo baritavye amakoraniro. Umwe muri bo ubu akorana natwe ari umutsimvyi.”

Woshobora kuba udashaje cane ku buryo utokwagura umurimo wawe (Raba ingingo ya 12, 13)

NUHIMBARWE NO GUKORA IVYO USHOBOYE

14. Abakirisu bitereye mu myaka bashobora guhimbarwa n’iki, kandi ni gute akarorero ka Paulo kabaremesha?

14 Naho abakirisu benshi bageze mu myaka 50 bafise uturyo twiza two gukora ibintu bishasha mu murimo wa Yehova, si bose babishoboye. Bamwebamwe muri bo usanga bafise amagara make, abandi na bo ugasanga bitwararika abavyeyi bageze mu zabukuru canke abana batagira gitabara. Urashobora guhimbarwa no kumenya ko Yehova akenguruka ivyo ukora vyose mu murimo wiwe. Aho guhagarikwa umutima rero n’ivyo udashobora gukora, nuhimbarwe n’ivyo ushoboye gukora. Rimbura akarorero k’intumwa Paulo. Yaramaze imyaka ari mu nzu yari apfungiwemwo, adashobora kubandanya ingendo ziwe z’ubumisiyonari. Mugabo igihe cose abantu baba baje kumuraba, yarababwira Ivyanditswe gutyo agatuma bakomera mu kwizera.Ivyak. 28:16, 30, 31.

15. Ni kubera iki abakirisu bitereye mu myaka bahabwa agaciro cane?

15 Yehova arakenguruka kandi ivyo abitereye mu myaka bashobora kurangura mu murimo wiwe. Naho Salomo yerekanye yuko mu misi y’ivyago aho umuntu aba afise amagara make atari co kiringo ciza kuruta ibindi mu buzima, Yehova araha agaciro ivyo abakirisu bitereye mu myaka bashoboye kurangura mu kumushemeza. (Luka 21:2-4) Amashengero arakenguruka akarorero gatangwa n’abo basavyi b’Imana bari muri yo bamaze igihe kirekire ari abizigirwa.

16. Ni uduteka utuhe Ana uwari ageze mu zabukuru ashobora kuba ataronse, mugabo ni ibiki yari ashoboye gukora mu gusenga Imana?

16 Bibiliya ivuga yuko umugore umwe yari yitereye mu myaka yitwa Ana yabandanije gushemeza Yehova adahemuka gushika mu butamakazi bwiwe. Yari umupfakazi w’imyaka 84 igihe Yezu yavuka. Birashoboka ko ataramvye ngo acike umuyoboke wa Yezu, arobanuzwe impwemu nyeranda canke ngo yamamaze inkuru nziza y’Ubwami. Yamara, ivyo Ana yari ashoboye gukora, yarahimbarwa no kubikora. “[Ntiy]igera ahara mu rusengero, akora igikorwa ceranda ijoro n’umurango.” (Luka 2:36, 37) Uko umuherezi yashikana imibavu mu rusengero imisi yose mu gitondo no ku mugoroba, Ana yaba ari mw’isinzi rikoraniye mu kigo ariko aratura isengesho mu gacerere, akaba kumbure yamara inusu y’isaha. Igihe yabona uruhinja Yezu, yaciye atangura “kubwira ivya nya mwana abari barindiriye ukurokoka kwa Yeruzalemu bose.”Luka 2:38.

17. Twoshobora gute gufasha abakirisu bageze mu zabukuru n’abafise amagara make kugira uruhara mu gusenga kw’ukuri?

17 Muri iki gihe, turakwiye kwama twiteguriye gufasha abakirisu bageze mu zabukuru canke bafise amagara make. Abageze mu zabukuru bamwebamwe bakunda cane kwitaba amakoraniro y’ishengero n’amateraniro, boshobora kuba bavyitaba gake. Mu turere tumwetumwe, amashengero aratunganya abigiranye urukundo ivy’uko abo bageze mu zabukuru bumviriza amakoraniro biciye kuri telefone. Mu tundi turere, hari aho ivyo bitoshoboka. Naho vyoba biri ukwo, abakirisu badashobora kwitaba amakoraniro barashobora kugira uruhara mu bijanye no gushigikira ugusenga kw’ukuri. Nk’akarorero, amasengesho batura aragira ico aterereye ku gusagamba kw’ishengero rya gikirisu.Soma Zaburi 92:13, 14.

18, 19. (a) Ni kubera iki abakirisu bitereye mu myaka boshobora kuba badatahura ukuntu baremesha abandi? (b) Ni nde yoshira mu ngiro iyi mpanuro igira iti: “Niwibuke . . . Umuremyi wawe Ahambaye”?

18 Abakirisu bageze mu zabukuru boshobora kuba badatahura urugero bashikanako mu kuremesha abandi. Nk’akarorero, naho Ana yari amaze iyo myaka yose adasiba ku rusengero, birashoboka ko atatahura yuko akarorero kiwe kogumye karemesha abandi mu binjana n’ibindi vyokurikiye. Urukundo Ana yakunda Yehova rwaranditswe mu Vyanditswe. Nta gukeka ko urukundo ukunda Imana rwanditswe mu mitima y’abo musangiye ukwemera. Ntibitangaje kuba Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Imvi ku mutwe ni urugori rw’ubwiza iyo ruboneka mu nzira y’ubugororotsi”!Imig. 16:31.

19 Twese hari ivyo tudashoboye mu murimo wa Yehova. Mugabo abo muri twebwe bagifise utuguvu barakwiye gufata nkama aya majambo yahumetswe agira ati: “Niwibuke . . . Umuremyi wawe Ahambaye . . . imbere y’uko imisi y’ivyago itangura kuza.”Umus. 12:1.