Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ha impundu Kristu, wa Mwami aninahaye!

Ha impundu Kristu, wa Mwami aninahaye!

“Mu bwiza bwawe bwakaka, bandanya ugana ku kuroranirwa [canke “ku ntsinzi”].”ZAB. 45:4.

1, 2. Kubera iki dukwiye kwitwararika Zaburi ya 45?

UMWAMI aninahaye aragendera kw’ifarasi akaburanira ukuri n’ubugororotsi maze akaja gutsinda abansi biwe. Amaze gutahukana intsinzi ya nyuma kuri bo, aca yabira umugeni w’igikundiro. Uwo mwami aribukwa akongera agahayagizwa mu mayaruka yose azokurikira. Ico ni co ciyumviro nyamukuru kiri muri Zaburi ya 45.

2 Ariko rero, Zaburi ya 45 si inkuru gusa ifise iherezo rihimbaye. Ibintu bivugwamwo biri n’ico bivuze kuri twebwe. Birerekeye ubuzima bwacu ubu no muri kazoza. Nimuze rero turimbure twitonze iyo zaburi.

“UMUTIMA WANJE URABIRAGIZWA N’IKINTU CIZA”

3, 4. (a) “Ikintu ciza” kitwerekeye ni ikihe, kandi gishobora kugira ico gikoze gute ku mutima wacu? (b) Ni mu buryo ki ‘ibikorwa vyacu vyerekeye umwami,’ kandi ni gute ururimi rwacu ruba nk’agasáruzo?

3 Soma Zaburi 45:1. “Ikintu ciza” gikora ku mutima w’umwanditsi w’amazaburi maze kigatuma ‘ubiragira’ cerekeye umwami. Irivuga ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “urabiragizwa,” mu ntango ryasobanura “kududubiza,” ni ukuvuga “kubira.” Ico kintu catumye umutima w’umwanditsi w’amazaburi ubiragira umunezero congera gituma ururimi rwiwe ruba nk’ “agasáruzo k’umwimuzi w’umuhanga.”

 4 Tweho bite? Inkuru nziza y’Ubwami bwa Mesiya ni ikintu ciza kidukora ku mutima. Ubutumwa bw’Ubwami bwabaye canecane ‘bwiza’ mu 1914. Kuva ico gihe, ubwo butumwa ntibucerekeye Ubwami bwo muri kazoza mugabo bwerekeye intwaro iriho koko iriko irakorera mw’ijuru. Iyo ni yo “nkuru nziza y’ubwami” twamamaza “mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose.” (Mat. 24:14) Umutima wacu woba ‘ubiragizwa’ n’ubwo butumwa bw’Ubwami? Twoba twamamaza inkuru nziza y’Ubwami tubigiranye umwete? Cokimwe n’uwo mwanditsi w’amazaburi, “ibikorwa vya[cu] ni ivyerekeye umwami,” uno akaba ari Umwami wacu Yezu Kristu. Turatangaza ko ari we Mwami w’Ubwami bwa Mesiya yimitswe mw’ijuru. Vyongeye, turatera akamo abantu bose, ni ukuvuga abatware n’abatwarwa, ngo bayobokere ingoma yiwe. (Zab. 2:1, 2, 4-12) Kandi ururimi rwacu ruraba nk’ “agasáruzo k’umwimuzi w’umuhanga” mu buryo bw’uko dukoresha cane mu gikorwa cacu co kwamamaza Ijambo ry’Imana ryanditse.

Turatangaza tunezerewe inkuru nziza yerekeye Umwami wacu Yezu Kristu

IMVUGO Y’ ‘IGIKUNDIRO IVA KU MINWA Y’UMWAMI’

5. (a) Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yezu yari “mwiza”? (b) Ni gute ‘amajambo y’igikundiro yava ku minwa y’Umwami,’ kandi twokwihatira gute kwigana akarorero kiwe?

5 Soma Zaburi 45:2. Ivyanditswe nta vyinshi bivuga ku bijanye n’ukuntu Yezu yasa. Kubera ko yari umuntu atagira agasembwa, nta gukeka ko yari “mwiza.” Ariko rero, ubwiza bwiwe buhebuje bwava ku kuba yari umwizigirwa kuri Yehova no ku kuba yari afise ugutungana gukomeye. Vyongeye, Yezu yarakoresha “amajambo y’igikundiro” igihe yaba ariko aramamaza ubutumwa bw’Ubwami. (Luka 4:22; Yoh. 7:46) Twoba twihatira kwigana akarorero kiwe mu gikorwa cacu co kwamamaza kandi tukagerageza gukoresha amajambo akora abantu ku mutima?—Kol. 4:6.

6. Ni gute Imana yahezagiye Yezu “ibihe bitagira urugero”?

6 Kubera ko Yezu yari yarihebeye Yehova n’umutima wiwe wose, yaramuhezagiye mu gihe c’ubusuku bwiwe bwo kw’isi yongera aramuha impera inyuma y’urupfu rwiwe rwo kwitangako inkuka. Intumwa Paulo yanditse ati: “Igihe [Yezu] yasanga ameze nk’umuntu, yaricishije bugufi, aragamburuka gushika no ku rupfu, egome, urupfu rwo ku giti co kubabarizwako. Ico nyene ni co catumye kandi Imana imuduza ikamushira mu kibanza co hejuru cane, ikamuha n’umutima ukunze izina riri hejuru y’ayandi mazina yose, kugira ngo mw’izina rya Yezu ivi ryose ripfunywe, ry’abari mw’ijuru n’abari kw’isi n’abari munsi y’ivu, no kugira ngo ururimi rwose rwemange icese yuko Yezu Kristu ari Umukama ku bw’ubuninahazwa bw’Imana ari yo Data.” (Flp. 2:8-11) Yehova yarahezagiye Yezu gushika “igihe kitagira urugero [canke, “ibihe bidahera”]” mu kumuzura akamuha ubuzima budapfa.Rom. 6:9.

UMWAMI AGIRWA MUKURU KURUTA ‘BAGENZIWE’

7. Ni mu buryo butandukanye ubuhe Imana yarobanuye Yezu ‘kuruta bagenziwe’?

7 Soma Zaburi 45:6, 7. Kubera ko Yezu akunda cane ubugororotsi akanka urunuka ikintu cose coshobora gusiga iceyi Se wiwe, Yehova yaramurobanuye ngo abe Umwami w’Ubwami bwa Mesiya. Yezu yarobanujwe “amavuta y’umwigino” kuruta ‘bagenziwe,’ bano bakaba ari abami ba Yuda bakomoka mu muryango wa Dawidi. Uti gute? Kimwe coco, Yezu yarobanuwe  na Yehova ubwiwe. Vyongeye, Yehova yamurobanuye ngo abe Umwami n’Umuherezi Mukuru. (Zab. 2:2; Heb. 5:5, 6) N’ikindi kandi, Yezu ntiyarobanujwe amavuta nk’arya yakoreshwa mu kurobanura abami ba Isirayeli, ahubwo yarobanujwe ay’ikigereranyo ni ukuvuga impwemu nyeranda, kandi ingoma yiwe si iyo kw’isi ahubwo ni iyo mw’ijuru.

8. Ni mu buryo ubuhe ‘Imana ari intebe y’ubwami ya Yezu,’ kandi ni kubera iki twokwemera tudakeka ko ubwami bwiwe bugororotse?

8 Yehova yimitse Umwana wiwe ngo abe Umwami Mesiya mw’ijuru mu 1914. ‘Agakoni k’ubutware k’ubwami bwiwe ni agakoni k’ukugororoka,’ akaba ari co gituma ubwami bwiwe burangwa n’ubugororotsi be n’ubutungane. Ubukuru bwiwe buremewe n’amategeko kuko ‘Imana ari yo ntebe y’ubwami’ yiwe. Ivyo bisobanura ko Yehova ari we yamugenye ngo abe Umwami. Vyongeye, intebe y’ubwami ya Yezu ni iyo gushika “igihe kitagira urugero [ni ukuvuga “ibihe bidahera”]”. Ntuhimbarwa none no gukorera Yehova urongowe n’uwo Mwami w’umunyenkomezi yagenywe n’Imana?

UMWAMI ‘AKENYEYE INKOTA YIWE’

9, 10. (a) Kristu yakenyeye inkota yiwe ryari, kandi yaciye ayikoresha gute? (b) Ni gute Kristu azokoresha kandi inkota yiwe?

9 Soma Zaburi 45:3. Yehova ategeka Umwami yagenye ‘gukenyera inkota yiwe kw’itako,’ gutyo akaba arekuriye Yezu kurwanya abantu bose baterekwa ubusegaba bw’Imana no kubashitsako imanza yabaciriye. (Zab. 110:2) Kubera ko Kristu ari Umwami w’Umurwanyi adatsindwa, avugwa ko ari “umunyenkomezi.” Yakenyeye inkota yiwe mu 1914 maze aratsinda Shetani n’amadayimoni yiwe abaraririza mu micungararo y’isi abakuye mw’ijuru.Ivyah. 12:7-9.

10 Iyo yari intango gusa y’ukugendera kw’ifarasi kwiwe atsinda. Ategerezwa kandi ‘guheraheza intsinzi yiwe.’ (Ivyah. 6:2) Imanza za Yehova zibwirizwa kandi gushitswa ku mice yose igize isi ya Shetani, kandi Shetani n’amadayimoni yiwe bategerezwa kubuzwa gukora. Babiloni Akomeye, ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma, ni we azobanza gukurwaho. Yehova afise umugambi wo gukoresha abategetsi bo mu vya politike mu gutikiza uwo “mumaraya” w’umubisha. (Ivyah. 17:16, 17) Ubukurikira, wa Mwami w’Umurwanyi azohagurukira ivya politike vy’isi ya Shetani, abikureho. Kristu, uwitwa kandi “umumarayika w’inyenga,” azoca aheraheza intsinzi yiwe mu guterera Shetani n’amadayimoni yiwe mu nyenga. (Ivyah. 9:1, 11; 20:1-3) Nimuze twihweze ukuntu Zaburi ya 45 yari yaravuze ivyo bintu biteye akamwemwe.

UMWAMI AGENDERA KW’IFARASI ‘ABURANIRA UKURI’

11. Ni gute Kristu agendera kw’ifarasi ‘aburanira ukuri’?

11 Soma Zaburi 45:4. Uwo Mwami w’Umurwanyi ntarwana intambara arondera kwigarurira uturere maze ngo yiganzire abantu. Arwana intambara igororotse afise intumbero nziza. Agendera kw’ifarasi “[aburanira] ukuri n’ukwicisha bugufi be n’ubugororotsi.” Ukuri guhambaye kuruta ukundi kwose gutegerezwa kuburanirwa, ni ukujanye n’uko Yehova ari we Segaba w’ibiriho vyose. Shetani yararwanije ubutegetsi bwemewe bwa Yehova igihe yamugarariza. Kuva ico gihe, ukwo kuri guhambaye cane kwarahaririwe n’amadayimoni be n’abantu. Ubu harageze ko Umwami yarobanuwe na Yehova agendera kw’ifarasi kugira ngo yemeze rimwe rizima ukuri kwerekeye ubusegaba bwa Yehova.

12. Ni mu buryo ubuhe uwo Mwami agendera kw’ifarasi ‘aburanira ukwicisha bugufi’?

12 Uwo Mwami aragendera kandi kw’ifarasi ‘aburanira ukwicisha bugufi.’ Kubera ko ari Umwana w’ikinege w’Imana, yaratanze akarorero kadasanzwe ko kwicisha bugufi no kuyoboka ubusegaba bwa Se adahemuka. (Yes. 50:4, 5; Yoh. 5:19) Abatwarwa  bose b’intahemuka b’uwo Mwami bategerezwa kwigana akarorero kiwe, bakayoboka ubusegaba bwa Yehova bicishije bugufi mu bintu vyose. Ababigira ni bo gusa bazokwemererwa kuba mw’isi nshasha Imana yasezeranye.Zek. 14:16, 17.

13. Ni gute Kristu agenda ‘aburanira ubugororotsi’?

13 Kristu agenda kandi ‘aburanira ubugororotsi.’ Ubwo bugororotsi uwo Mwami aburanira ni “ubugororotsi bw’Imana,” ni ukuvuga ingingo mfatirwako za Yehova zigenga ikibereye n’ikitabereye. (Rom. 3:21; Gus. 32:4) Ku bijanye n’uwo Mwami Yezu Kristu, Yesaya yashikirije ubuhanuzi bugira buti: “Umwami azoganza ku bw’ubugororotsi.” (Yes. 32:1) Ingoma ya Yezu izotuma haba “amajuru mashasha” n’ “isi nshasha” vyasezeranywe, aho “ubugororotsi buzoba.” (2 Pet. 3:13) Abantu bose bazoba muri iyo si nshasha bazosabwa kwisunga ingingo mfatirwako za Yehova.Yes. 11:1-5.

UWO MWAMI ARAKORA “IBINTU BITEYE UBWOBA”

14. Ni gute ukuryo kwa Kristu kuzokora “ibintu biteye ubwoba”? (Raba ishusho itangura.)

14 Uwo Mwami agendera kw’ifarasi akenyeye inkota kw’itako. (Zab. 45:3) Mugabo igihe kirashika aho afata iyo nkota mu kuryo kwiwe akayikoresha. Umwanditsi w’amazaburi ashikiriza ubuhanuzi buvuga yuko ukuryo k’uwo Mwami kuzokora “ibintu biteye ubwoba.” (Zab. 45:4) Yezu Kristu niyagendera kw’ifarasi kugira ashitse imanza za Yehova kuri Harumagedoni, azokora “ibintu biteye ubwoba” mu kurwanya abansi biwe. Ntituzi uburyo azokoresha mu gutikiza isi ya Shetani. Mugabo ico kintu azokora kizorandura umutima abantu bo kw’isi batumviye ingabisho itangwa n’Imana yo kuyobokera ubutegetsi bw’uwo Mwami. (Soma Zaburi 2:11, 12.) Mu buhanuzi Yezu yashikirije bwerekeye igihe c’iherezo, yavuze yuko abantu “[borabitswe] n’ubwoba be n’ukwitega ibintu biza kw’isi, kuko ibinyabubasha vyo mw’ijuru bizonyiganyizwa.” Yongeyeko ati: “Maze bazobona Umwana w’umuntu aza mu gicu ari n’ububasha be n’ubuninahazwa bwinshi.”Luka 21:26, 27.

15, 16. Ni bande bazoba bagize “ingabo” zikurikira Kristu mu ntambara?

15 Mu kumenyesha ukuntu uwo Mwami azoza ari “n’ububasha be n’ubuninahazwa bwinshi” kugira ashitse urubanza, igitabu c’Ivyahishuwe kigira giti: “Hanyuma mbona ijuru ryuguruye, maze mbona ifarasi yera. Kandi uwari ayicayeko yitwa Mwizigirwa na Munyakuri, kandi aca imanza akongera akarwana intambara mu bugororotsi. Vyongeye, ingabo zari mw’ijuru zariko ziramukurikira ziri ku mafarasi yera, kandi zari zambaye impuzu z’ilino nziza, zera, zisukuye. Kandi mu kanwa kiwe hasokoroka inkota ndende ikarishe, kugira ngo ayikubite amahanga, kandi azoyaragiza inkoni y’icuma. Aganisha ibirenge kandi muri rwa ruganiro rw’umuvinyu rw’ishavu ry’uburake bw’Imana Mushoboravyose.”Ivyah. 19:11, 14, 15.

16 Ni bande bazoba abarwanyi bagenzi ba Kristu bagize “ingabo” zo mw’ijuru zimukurikira mu ntambara? Igihe Yezu yakenyera inkota yiwe ari bwo bwa mbere kugira ngo yirukane Shetani n’amadayimoni yiwe mw’ijuru, yari kumwe n’ “abamarayika biwe.” (Ivyah. 12:7-9) Bisa n’ivyumvikana tuvuze yuko ku ntambara ya Harumagedoni mu ngabo za Kristu hazoba harimwo n’abamarayika beranda. Hoba hari abandi bazoba bari muri izo ngabo? Yezu yasezeraniye abavukanyi biwe barobanuwe ati: “Uwutsinda akongera akisunga ibikorwa vyanje gushika kw’iherezo nzomuha ububasha ku mahanga, nk’uko nanje nabuhawe na Data, kandi azoragiza abantu inkoni y’icuma ku buryo bazomenagurwa nk’ivyombo vy’ibumba.” (Ivyah. 2:26, 27) Ku bw’ivyo, mu ngabo za Kristu zo mw’ijuru hazoba harimwo n’abavukanyi biwe barobanuwe, ico gihe bakazoba  bamaze kuronka impera yabo yo mw’ijuru. Abarobanuwe bazofadikanya na we kuganza bazoba bari ku ruhande rwiwe niyakora “ibintu biteye ubwoba” igihe azoba ariko aragiza amahanga inkoni y’icuma.

UMWAMI AHERAHEZA INTSINZI YIWE

17. (a) Ifarasi yera Kristu agenderako igereranya iki? (b) Inkota n’umuheto bigereranya iki?

17 Soma Zaburi 45:5. Uwo Mwami agendera kw’ifarasi yera, iyigereranya intambara ityoroye kandi igororotse mu nyonga za Yehova. (Ivyah. 6:2; 19:11) Uretse ko afise inkota, arafise n’umuheto. Dusoma duti: “Ngize ntya, mbona ifarasi yera; kandi uwuyicayeko yari afise umuheto; ahabwa urugori, agenda atsinda no kugira ngo aheraheze intsinzi yiwe.” Inkota n’umuheto vyompi bigereranya uburyo Kristu azokoresha mu gushitsa urubanza ku bansi biwe.

Inyoni zizohamagarwa ngo zize gutyorora isi (Raba ingingo ya 18)

18. Ni igiki kizokwerekana ko “imyampi” ya Kristu “isongoye”?

18 Akoresheje amajambo ndyoshamvugo, umwanditsi w’amazaburi arashikiriza ubuhanuzi buvuga yuko ‘imyampi y’uwo Mwami isongoye, ikaba yinjira mu mutima w’abansi b’umwami’ ikongera ‘igatuma ibisata vy’abantu bitemba imbere yiwe.’ Ako gatikizo kazoba kw’isi yose. Ubuhanuzi bwa Yeremiya buvuga buti: “Abishwe na Yehova kuri uwo musi bazohera koko ku mpera imwe y’isi bashike ku yindi.” (Yer. 25:33) Ubuhanuzi busa n’ubwo bugira buti: “Mbona kandi umumarayika ahagaze mu zuba, asemerera n’ijwi rirenga, abwira inyoni zose ziguruka hagati mu kirere ati: ‘Nimuze hano, mukoranire hamwe ku mfungurwa nyinshi zo ku mugoroba z’Imana, kugira ngo murye inyama z’abami n’inyama z’abakomanda ba gisirikare n’inyama z’abantu b’inkomezi n’inyama z’amafarasi n’iz’abayicayeko, n’inyama za bose, iz’abidegemvya n’iz’abashumba n’iz’abato n’abahambaye.’ ”Ivyah. 19:17, 18.

19. Kristu ‘azobandanya agana ku kuroranirwa’ no ku guheraheza intsinzi yiwe gute?

19 Kristu amaze gutikiza iyi si mbi ya Shetani, ‘mu bwiza bwiwe bwakaka, azobandanya agana ku kuroranirwa.’ (Zab. 45:4) Azoheraheza intsinzi yiwe mu guterera Shetani n’amadayimoni yiwe mu nyenga kugira bagumeyo gushika ya Ngoma y’imyaka igihumbi irangiye. (Ivyah. 20:2, 3) Ico gihe Shetani n’amadayimoni yiwe bazoba bameze nk’abapfuye, ata co bashobora gukora. Abantu bo kw’isi bazoba rero bakuweko akosho ka Shetani kandi bazoshobora kubaho bayobokera ijana kw’ijana Umwami wabo yatahukanye intsinzi kandi aninahaye. Ariko rero, imbere y’uko babona ukuntu isi ihinduka buhorobuhoro yose uko yakabaye ikaba Iparadizo, bazoba bafise iyindi mvo yo kunezeranwa n’Umwami wabo hamwe na bamwe 144.000. Ico kintu giteye umunezero kizokwihwezwa mu kiganiro gikurikira.