Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Ni imvo izihe Abayuda bo mu kinjana ca mbere bari bafise zo ‘kwitega’ Mesiya?

Mu gihe ca Yohani Umubatizi, “abantu bari biteze Kristu kandi bose bakaba bariko biyumvira mu mitima yabo ku vyerekeye Yohani bati: ‘Ubwo ntiyoba ari we Kristu?’ ” (Luka 3:15) Ni igiki gishobora kuba catuma Abayuda bitega ko Mesiya aboneka ico gihe? Hariho imvo zitari nke zabituma.

Aho Yezu amariye kuvuka, umumarayika wa Yehova yarabonekeye abungere bari baragiye amasho yabo mu matongo yo hafi y’i Betelehemu. Uwo mumarayika yatangaje ati: “Uno musi Umukiza yabavukiye, akaba ari Kristu Umukama, mu gisagara ca Dawidi.” (Luka 2:8-11) Inyuma y’ivyo, “ingabo indiri zo mw’ijuru [zarifatanije n’uwo mumarayika], zishemeza Imana ziti: * ‘Ubuninahazwa iyo hejuru mu majuru bube ubw’Imana, kw’isi na ho amahoro abe mu bantu ishima.’ ”Luka 2:13, 14.

Nta gukeka ko iryo tangazo ryagize ikintu gikomeye rikoze kuri abo bungere bicisha bugufi. Baciye bafata urugendo baja i Betelehemu, kandi igihe babona Yozefu na Mariya be n’uruhinja Yezu, “[baramenyesheje] ijambo bari babwiwe ku vyerekeye uwo mwana mutoyi.” Ico vyavuyemwo ni uko “abavyumvise bose batanga[jwe] n’ivyo babwiwe na nya bungere.” (Luka 2:17, 18) Imvugo ngo “abavyumvise bose” yerekana ko abo bungere babibwiye n’abandi uretse Yozefu na Mariya. Mu nyuma, igihe abo bungere basubira i muhira, bagumye “baninahaza Imana bongera bayishemeza ku bw’ibintu vyose bumvise kandi babonye, nk’uko bari babibwiwe.” (Luka 2:20) Nta gukeka ko abo bungere batigumijemwo ivyo bintu vyiza bari barumvise ku vyerekeye Kristu!

Igihe Mariya yajana uwo muhungu wiwe w’imfura i Yeruzalemu kugira ngo amushikirize Yehova, nk’uko Itegeko rya Musa ryabisaba, umuhanuzikazi Ana yaciye “atangura gukengurukira Imana no kubwira ivya nya mwana abari barindiriye ukurokoka kwa Yeruzalemu bose.” (Luka 2:36-38; Kuv. 13:12) Gutyo, inkuru nziza y’uko Mesiya yari yabonetse yarabandanije gukwiragira.

Mu nyuma, “abaragurira ku nyenyeri bavuye mu mihingo yo mu buseruko [baraje] i Yeruzalemu, bavuga bati: ‘Wa mwami w’Abayuda yavutse ari hehe? Kuko twabonye inyenyeri yiwe igihe twari mu buseruko, tukaba tuje kumwunamira.” (Mat. 2:1, 2) “Umwami Herodi avyumvise, ahagarika umutima, na Yeruzalemu yose iwuhagarikana na we; nuko akoranya abakuru bose b’abaherezi n’abanditsi b’ico gisata, atangura kubabaza aho Kristu yari kuvukira.” (Mat.  2:3, 4) Gutyo, abantu benshi cane bariko baramenyeshwa iki kintu: Uwobaye Mesiya yari yashitse! *

Amajambo yavuzwe mu ntango z’iki kiganiro yo muri Luka 3:15, arerekana yuko Abayuda bamwebamwe biyumvira ko Yohani Umubatizi yoba yari we Kristu. Ariko rero, Yohani yarerekanye ko ico ciyumviro atari co mu kuvuga ati: “Uwuriko araza inyuma yanje arakomeye kundusha, kandi inkweto ziwe ntibimbereye kuzimwambura. Uyo azobabatirisha impwemu nyeranda n’umuriro.” (Mat. 3:11) Ayo majambo ya Yohani aranga ukwifata ruto ntiyobuze gutuma abantu barushiriza kwitega Mesiya.

Abayuda bo mu kinjana ca mbere boba bari baraharuye igihe Mesiya yoshikiyeko bishimikije ubuhanuzi buvuga ibijanye n’amayinga 70 bwanditse muri Daniyeli 9:24-27? Ntitwobihakana ariko kandi ntitwovyemeza. Ikizwi coco ni uko mu gihe ca Yezu hatangwa insobanuro nyinshi zivuguruzanya ku bijanye n’ayo mayinga 70, kandi nta n’imwe ihuye n’ukuntu dutahura ico kintu muri iki gihe. *

Abitwa Abaseni, ababonwa hose yuko bari akagwi k’idini ry’Abayuda kaba mu bigo vy’abihebeye Imana, bigisha yuko hobonetse ba Mesiya babiri mu mpera z’imyaka 490. Mugabo ntitwokwemeza ko Abaseni baharuye bisunze ubuhanuzi bwa Daniyeli. Naho nyene boba barabwisunze, biragoye kwiyumvira ukuntu Abayuda muri rusangi bokwemeye kwisunga ubwo buryo bwo guharura bw’ako kagwi kikumira.

Mu kinjana ca kabiri inyuma ya Kristu, hari Abayuda bemera yuko ayo mayinga 70 yatanguye mu 607 imbere ya Kristu igihe urusengero rwa mbere rwatikizwa arangira mu 70 inyuma ya Kristu igihe urusengero rwa kabiri rwatikizwa. Abandi na bo babona ko ubwo buhanuzi bwarangutse mu gihe c’abayoboke b’uwitwa Makabe bo mu kinjana ca kabiri imbere ya Kristu. Ku bw’ivyo, nta ciyumviro gitomoye cahurijweko ku bijanye n’ukuntu ayo mayinga 70 yari akwiye guharurwa.

Iyo intumwa n’abandi bakirisu bo mu kinjana ca mbere baba baratahuye neza ubuhanuzi bwerekeye ayo mayinga 70, umuntu yokwitega ko bari kuvuga ko ubwo buhanuzi ari ikimenyamenya c’uko Yezu Kristu yari we Mesiya be n’uko yari yashitse ku gihe. Ariko rero, nta kimenyamenya na kimwe kiriho cerekana ko abo bakirisu bo mu ntango berekeje kuri ubwo buhanuzi.

Hariho ikindi kintu dukwiye kumenya. Abanditsi b’Injili akenshi barerekanye yuko ubuhanuzi bumwebumwe buri mu Vyanditswe vy’igiheburayo bwarangukiye kuri Yezu Kristu. (Mat. 1:22, 23; 2:13-15; 4:13-16) Yamara, nta n’umwe muri bo ahuza ukuboneka kwa Yezu kw’isi n’ubwo buhanuzi bwerekeye amayinga 70.

Muri make: Ntidushobora kwemeza ko abantu bo mu gihe ca Yezu batahura neza ubwo buhanuzi bwerekeye amayinga 70. Ariko rero, Injili ziratanga imvo zumvikana zerekana igituma abantu “bari biteze” Mesiya.

^ par. 4 Bibiliya ntivuga yuko abamarayika “baririmvye” igihe Yezu yavuka.

^ par. 7 Twoshobora kwibaza duti: Ni igiki catumye abo baragurira ku nyenyeri babona ko iyo “nyenyeri” yari yabonetse mu Buseruko ifitaniye isano n’ivuka ry’ “umwami w’Abayuda”? Vyoba bishoboka ko bumvise inkuru yerekeye ivuka rya Yezu igihe bariko baraca muri Isirayeli?

^ par. 9 Wipfuza kumenya ukuntu muri iki gihe dutahura ubuhanuzi bwerekeye amayinga 70, raba igitabu Prêtons attention à la Prophétie de Daniel ! ikigabane ca 11.