Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IVYO MU BUSHINGURO BWACU

Isinema ikomeza ukwizera imaze imyaka 100

Isinema ikomeza ukwizera imaze imyaka 100

“Umenga ni umuvukanyi Russell yibereye ng’aho!”—Vyavuzwe n’uwarorereye rwa “Rukurikirane rw’amafoto” mu 1914.

UWU ni umwaka ugira 100 hatanguye kwerekanwa rwa “Rukurikirane rw’amafoto yerekeye ivy’irema,” runo rukaba rwari inkuru ndende yerekanwa nk’isinema yari igenewe gutuma abantu barushiriza kwizera ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana. Mu kiringo aho ivyo kwemera ivy’ihindagurika, ugutora amahinyu cane Bibiliya be n’ugukekeranya vyari vyaratumye ukwizera kwa benshi kwononekara, urwo “Rukurikirane rw’amafoto” rwaremeza ko Yehova ari Umuremyi.

Charles T. Russell, uwayobora Abatohoji ba Bibiliya, yaguma arondera uburyo ngirakamaro kandi bunyaruka kuruta ubundi bwose bwo gukwiragiza ukuri kwo muri Bibiliya. Abatohoji ba Bibiliya bari bamaze imyaka irenga 30 bakoresha ibisohokayandikiro bicapuwe. Ico gihe hari ubundi buryo bwabakwegereye, ubwo na bwo bukaba bwari amasinema.

BAKWIRAGIZA INJILI BICIYE KU MASINEMA

Mu myaka ya 1890 abantu baratanguye kwerekwa amasinema atarimwo amajwi. Mu ntango ya 1903, hari isinema y’ivy’idini yerekanywe mu rusengero rumwe rwo mu gisagara ca New York. Ivyo kwerekana amasinema ni ho rero vyari bigitangura mu 1912 igihe Russell yatangura gutegura urwo “Rukurikirane rw’amafoto” abigiranye uburindutsi. Yaratahura ko ubwo buryo bwo gutanga amakuru bwari gushobora gushikiriza ukuri kwo muri Bibiliya ku rugero ibitabu vyonyene bitari gushikanako.

Iyo sinema y’ “Urukurikirane rw’amafoto” yamara amasaha umunani, ikaba yakunda kwerekanwa mu bice bine. Yari igizwe n’insiguro ngufingufi 96 zishingiye kuri Bibiliya zafashwe amajwi zashikirizwa n’umushikirizansiguro karuhariwe yaba afise ijwi ryiza kuruta abandi bose. Ibice vyinshi vy’iyo sinema vyaherekezwa n’akaziki katagiramwo amajambo. Abavukanyi bazi gukoresha ivyuma birekura amajwi vyitwa amafono baravuza amajambo n’imiziki vyaba vyafashwe amajwi, bakaza barajanisha ayo majwi n’amashusho y’amabara hamwe n’amasanamu y’inkuru zizwi cane zo muri Bibiliya zaba zasubiwemwo mu buryo bw’ibikino.

“Rwarimwo amafoto yose kuva kw’iremwa ry’inyenyeri gushika ku nsozero ininahaye y’Ingoma ya Kristu y’imyaka igihumbi.”—Vyavuzwe na F. Stuart Barnes, uwari afise imyaka 14 mu 1914

Menshi muri ayo masanamu n’amashusho ari ku tuyo vyava mu mazu yagurishirizwamwo ibintu nk’ivyo. Abahinga mu vy’ugucapa b’i Philadelphie, i New York, i Paris, n’i Londre bari barashize amabara kuri imwimwe yose muri nya mashusho n’amasanamu. Imigwi y’abakozi bakorera ahatunganirizwa amasanamu muri Beteli na bo nyene barashize amabara ku mashusho n’amasanamu bitari bike, akenshi bagasubiriza amashusho yaba yarononekaye. Turetse ayo masanamu yagurwa, abagize umuryango  wa Beteli barafashwe amasanamu hafi y’igisagara ca Yonkers i New York bariko barakina ya nkuru yerekeye Aburahamu, Izahaki na wa mumarayika yabuza Aburahamu gutanga umuhungu wiwe kw’ikimazi.Ita. 22:9-12.

Mu gupima umwanya bavyitondeye, abakoresha ivyuma bamenyerejwe barategura iyo sinema mu gushira hamwe ifilime ireha n’ibilometero nka bitatu, amadisiki y’amafono 26 be n’amashusho nka 500 ari ku tuntu tw’utuyo

Umwe mu bakorana n’umuvukanyi Russell yabwiye ibimenyeshamakuru yuko ubwo buryo bwo gutanga amakuru bwotumye “abantu ibihumbi n’ibihumbi bashimishwa n’Ivyanditswe, kuruta ikindi kintu cose cari carakozwe mu bijanye no guteza imbere ivy’idini muri kahise.” Abakuru b’amadini boba barashimye ubwo buryo bushasha bwo kurondera gushikira abantu amasinzi bari bashonje mu buryo bw’impwemu? Uwokubesha. Ahubwo bose bariyamirije urwo “Rukurikirane rw’amafoto,” bamwebamwe mbere barakoresha uruyeri mu kubuza abantu kururaba canke bakabigira n’akagagazo. Mu karere kamwe, hari urunani rw’abavugabutumwa rwaciye amatara.

Bashiki bacu baba bavuye mu mashengero yo ng’aho bari bajejwe kwakira abantu, baratanze ku buntu udutabu amamiliyoni twarimwo amashusho y’urwo “Rukurikirane rw’amafoto”

Ababa bari ng’aho barahabwa kandi umudari wanditseko ngo “Pax” uriko ishusho ya Yezu akiri agahungu. Uwo mudari wibutsa uwuwambaye ko ari “umwana w’amahoro”

Naho vyari ukwo, abantu barakubita bakuzura mu nyubakwa zaberamwo ibikino baje kuraba ku buntu urwo “Rukurikirane rw’amafoto.” Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, mu bisagara bishika 80 harerekanwa urwo “Rukurikirane rw’amafoto” buri musi. Abarorerezi benshi bariko baribonera ari bwo bwa mbere ‘isinema irimwo abantu bavuga,’ ivyo bikabatangaza cane. Amasanamu agenda arakurikirana yaratuma bashobora kurorera umuswi uri mu rigi uriko uratobora urondera gusohoka be n’ishurwe ririko rirasambura mu buryo buryoheye ijisho. Amasanamu yo muri iyo sinema ajanye n’ubuhinga bwa siyansi yarashira ahabona ubukerebutsi butangaje bwa Yehova. Nk’uko vyavuzwe mu ntango, igihe umurorerezi umwe yabona umuvukanyi Russell muri iyo sinema ariko aratanguza urwo “Rukurikirane,” yavuze ati: “Umenga ni umuvukanyi Russell yibereye ng’aho!”

IKINTU C’INTIBAGIRWA MU BIJANYE NO KWIGISHA BIBILIYA

“Urukurikirane rw’amafoto” rwatanguye kwerekanwa ku wa 11 Nzero 1914, kuri iyi nyubakwa nziza yaberamwo ibikino yo mu gisagara ca New York City yari iy’ishirahamwe ry’Abatohoji ba Bibiliya (International Bible Students Association) bakaba ari na bo bayikoreramwo

Tim Dirks, umwanditsi akaba n’umuhinga mu vya kahise k’amasinema, yavuze ko urwo “Rukurikirane rw’amafoto” rwari yo “sinema ya mbere yarimwo n’amajwi, amasanamu agendagenda, be n’amashusho y’amabara abonerana.” Amasinema yari yarerekanywe imbere y’urwo “Rukurikirane rw’amafoto” yari yarakoresheje bumwebumwe muri ubwo buhinga mugabo si bwose bwakoreshwa mw’isinema imwe, na canecane iyivuga ivyo muri Bibiliya. Kandi nta n’imwe yari yararorerewe n’abantu bangana n’abarorereye urwo “Rukurikirane rw’amafoto,” bose hamwe bakaba bari nk’imiliyoni icenda muri Amerika ya Ruguru, mu Buraya, muri Ostraliya no muri Nouvelle-Zélande mu mwaka wa mbere wonyene!

Urwo “Rukurikirane rw’amafoto” rwatanguye kwerekanwa ku wa 11 Nzero 1914 mu gisagara ca New York. Haciye amezi indwi, harateye ca cago cahavuye citwa Intambara ya mbere y’isi yose. Mugabo abantu amasinzi hirya no hino kw’isi barabandanije gukoranira hamwe kugira barorere urwo “Rukurikirane rw’amafoto,” bagahumurizwa n’amashusho aboneka neza yerekana imihezagiro Ubwami buzozana. Mu mwaka wa 1914, urwo “Rukurikirane rw’amafoto” rwari isinema idasanzwe vy’ukuri ku buryo ata yindi yari imeze nka yo.

Udutekero 20 tw’ibikoresho vya rwa “Rukurikirane rw’amafoto” twarakoreshwa n’imigwi hirya no hino muri Amerika ya Ruguru