Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ugusenga kwo mu muryango—Mwoba mwotuma kurushiriza kuryoha?

Ugusenga kwo mu muryango—Mwoba mwotuma kurushiriza kuryoha?

Sebibondo umwe wo muri Brezile avuga ati: “Mu gihe c’umugoroba wacu uhariwe Ugusenga kwo mu muryango, ibiyago biraryoha rwose gushika n’aho ijoro ryiterera tukiri muri vyo iyo ntabihagaritse.” Serugo umwe wo mu Buyapani avuga ko agahungu kiwe k’imyaka cumi gasa n’akatabona ko umwanya ugiye kagashaka ko babandanya. Kubera iki? Avuga ati: “Birakaryohera rwose, ico kikaba kiri mu bituma kagira umunezero.”

Ariko ntiwumve, si abana bose baryoherwa cane n’Ugusenga kwo mu muryango. Tuvugishije ukuri, hari n’abatagukunda. Biterwa n’iki? Sebibondo umwe wo muri Togo avuga ati: “Gusenga Yehova ntibikwiye kurambira.” Nimba birambira, ubwo ntivyoba vyerekana ko hari ibikenewe guhindurwa ku bijanye n’ukuntu ugusenga kwo mu muryango kuyoborwa? Imiryango myinshi yasanze ugusenga kwo mu muryango gushobora kuba “akaryoshe” nk’uko Yesaya yabivuze ku bijanye n’Isabato.Yes. 58:13, 14.

Ba sebibondo benshi b’abakirisu baratahura ko kugira ngo umuryango wabo uryoherwe n’ugusenga kwo mu muryango, umwe wese akwiye kwumva yisanze. Uwitwa Ralf, akaba afise abakobwa batatu n’umuhungu umwe, avuga ko ugusenga kwabo kwo mu muryango kumeze nk’ikiyago gisanzwe aho kumera nk’icigwa. Umwe wese arakugiramwo uruhara. Ariko ntiwumve, gutuma bose baryoherwa n’ugusenga kwo mu muryango kandi bakakugiramwo uruhara rimwe na rimwe vyoshobora kuba urugamba. Inabibondo umwe yiyemerera ati: “Sinama mfise inguvu zo gutuma ugusenga kwo mu muryango kuryoha nk’uko ndavyipfuza.” Woba ushobora gutsinda iyo ngorane?

GUHUZA N’UKO IBINTU VYIFASHE BE N’UKUROBEKA

Sebibondo umwe wo mu Budagi avuga ati: “Dutegerezwa guhuza n’uko ibintu vyifashe.” Inabibondo w’abana babiri yitwa Natalia avuga ati: “Ikintu gihambaye kuruta ibindi vyose ku muryango wacu ni ukurobeka, ukurobeka, ukurobeka.” Imiryango myinshi iragabura ugusenga kwabo  kwo muryango mu bice nka bingahe. Sebibondo w’abana babiri b’imiyabaga wo muri Brezile yitwa Cleiton asigura ati: “Ivyo bituma icigwa kirushiriza kubamwo igishika kandi bigatuma abagize umuryango bose bakigiramwo uruhara.” Nimba abana bafise imyaka itandukanye cane, abavyeyi barashobora kwitwararika ivyo umwumwe wese akeneye mu kugabura umwanya wo kwiga mu bice bitandukanye. N’ikindi kandi, abavyeyi barashobora kwitwararika ivyo umwe wese mu bagize umuryango akeneye maze bagahuza n’uko ibintu vyifashe mu guhitamwo ivyo bazokwiga n’ukuntu bazovyiga.

Imiryango imwimwe ibigenza gute ngo irushirize kurobeka? Hari abatangura ugusenga kwabo kwo mu muryango mu kuririmbira Yehova. Uwitwa Juan wo muri Megizike avuga ati: “Bituma haba akayaga keza bikongera bikadutegura mu bwenge ku bw’ayo mayagwa tuba tugira twige.” Umuryango wiwe urahitamwo indirimbo zihuye n’amwamwe mu mayagwa yacaguwe ku bw’uwo mugoroba.

Sri Lanka

Imiryango itari mike irasomera hamwe igihimba kinaka co muri Bibiliya. Mu ntumbero yo kurobeka, abagize umuryango batandukanye barasoma ibivugwa n’abantu batandukanye bavugwa mu gihimba kinaka co muri Bibiliya. Sebibondo umwe wo mu Buyapani avuga ko mu ntango yabona ko vyari “nk’ibitamenyerewe gusoma muri ubwo buryo.” Mugabo uduhungu twiwe tubiri twarahimbarwa no kubona abavyeyi batwo bakorana ikintu na two. Imiryango imwimwe mbere irasubiramwo mu buryo bw’udukino inkuru zo muri Bibiliya. Se w’abahungu babiri wo muri Afrika y’Epfo yitwa Roger avuga ko abana “akenshi babona ibintu bivugwa mu nkuru yinaka yo muri Bibiliya twebwe abavyeyi tutaba twabonye.”

Afrika y’Epfo

Ubundi buryo bwo kurobeka ni ugukorera hamwe agakorwa kanaka, nko gukora ubwato bwa Nowa canke urusengero rwa Salomo. Bene utwo dukorwa dusaba ko mugira ubushakashatsi, buno bukaba bushobora gutera umunezero. Nk’akarorero, muri salo y’umuryango umwe wo muri Aziya hari agakobwa k’imyaka itanu kari kumwe n’abavyeyi bako be na inakuru. Bariko baratunganya agakino gakinirwa ku kibaho gashingiye ku ngendo z’ubumisiyonari intumwa Paulo yagize. Iyindi miryango yaratunganije udukino dukinirwa ku tubaho dushingiye ku nkuru zivugwa mu gitabu co Kuvayo. Uwitwa Donald wo muri Togo afise imyaka 19 avuga ati: “[Kurobeka] vyatumye ugusenga kwacu kwo mu muryango be n’umuryango wacu ubwawo birushiriza kumera neza.” Woba wokwiyumvira agakorwa kanaka kazotuma ugusenga kwanyu kwo mu muryango kurushiriza kuryoha?

Leta Zunze Ubumwe za Amerika

GUTEGURA BIRAHAMBAYE

Naho kurobeka no guhuza n’uko ibintu vyifashe bituma ugusenga kwo mu muryango kuryoha, bose bakwiye gutegura kugira kube ukwigisha vy’ukuri. Birashika abana batoyi bakaruha. Ba sebibondo bakwiye rero kuzirikana imbere y’igihe ibizokwihwezwa bagafata n’umwanya wo kwitegura neza. Sebibondo umwe avuga ati: “Iyo niteguye, bose bararushiriza kwungukira kuri nya cigwa.” Sebibondo umwe wo mu Budagi aramenyesha imbere y’igihe umuryango wiwe ivyo bazokwiga mu ndwi zikurikira. Uwundi sebibondo wo muri Bénin w’abana batandatu bari mu gushika mu buyabaga, igihe ategekanije ko mu gusenga kwabo kwo mu muryango bazoraba videwo ishingiye kuri Bibiliya, arabaha ibibazo imbere y’igihe. Koko, gutegura biratuma ugusenga kwacu kwo mu muryango kurushiriza kumera neza.

Igihe abagize umuryango bamenye imbere y’igihe ibizorimburwa, barashobora kubiganirako muri iyo ndwi, bigatuma babirindirana umushasharo. Vyongeye, nimba umwe wese afise ico azokora, azobona ko ari ugusenga kwiwe kwo mu muryango.

NIMWIHATIRE KUDAHOREREZA

Imiryango myinshi birayigora kugira ugusenga kwayo kwo mu muryango idahorereza.

Ba sebibondo benshi bategerezwa gukora amasaha menshi kugira baronke igitunga umuryango. Nk’akarorero, hari sebibondo wo muri Megizike ava i muhira isaha cumi na zibiri z’igitondo agataha isaha zibiri z’ijoro. N’ikindi kandi, vyoshika bikaba ngombwa ko umwanya w’Ugusenga kwo mu muryango uhinduka kubera hashitse ikindi kintu kijanye n’ivy’impwemu.

Naho ari ukwo, birakenewe ko twiyemeza kugira ugusenga kwo mu muryango tudahorereza. Uwitwa Loïs w’imyaka 11 wo muri Togo avuga ku bijanye n’umwiyemezo umuryango wabo wagize ati: “Naho nyene bishika tukabwirizwa gutangura ugusenga kwacu kwo mu muryango dutevye bitumwe n’uko hashitse ikintu kinaka uwo musi, twama tugira ugusenga kwacu kwo mu muryango.” Urashobora gutahura igituma imiryango imwimwe itegekanya kugira ugusenga kwayo kwo mu muryango mu ntango z’umushamvu. Igihe hashitse ikintu kitari citezwe, barashobora gushira ukwo gusenga kwabo kwo mu muryango mu mpera y’uwo mushamvu.

Nk’uko imvugo ngo “ugusenga kwo mu muryango” ubwayo ivyerekana, kuri mu bigize ugusenga Yehova kwanyu. Ese abagize umuryango wanyu bose bozanira Yehova ‘ibimasa vy’iminwa yabo’ buri ndwi. (Hos. 14:2) Ese kandi ico coba ikiringo giteye umunezero kuri umwe wese mu bagize umuryango “kuko akanyamuneza ka Yehova ari igihome gikomeye canyu.”Neh. 8:9, 10.