Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba ubona “Umwe ataboneka”?

Woba ubona “Umwe ataboneka”?

“Yagumye ashikamye nk’aho abona Umwe ataboneka.HEB. 11:27.

1, 2. (a) Sigura igituma Musa yasa n’uwugeramiwe. (Raba ishusho itangura.) (b) Ni kubera iki Musa atatinye ishavu ry’umwami?

FARAWO yari umutegetsi ateye ubwoba, kandi Abanyamisiri bamufata nk’imana nzima. Igitabu kimwe (When Egypt Ruled the East) kivuga ko babona yuko “arusha ubukerebutsi n’ububasha ibiremwa vyose vyo kw’isi.” Kugira ngo atume abanyagihugu bamutinya, Farawo yambara urugori ruriko igishusho c’inzoka y’imvuvyi igira ikomore, ivyo bikaba vyabibutsa ko abansi b’umwami batotevye gutikizwa. Ibaze rero ukuntu Musa yiyumvise igihe Yehova yamubwira ati: “Nuze, ngutume kuri Farawo, ukure mu Misiri abantu banje, bene Isirayeli.”Kuv. 3:10.

2 Musa yaragiye mu Misiri, aratangaza ubutumwa bw’Imana, ivyo bituma Farawo arakara. Ico gihugu kimaze gutezwa ivyago icenda, Farawo yabwiye Musa ati: “Uragaba! Ntugerageze kwongera kubona mu maso hanje, kuko umusi wasubiye kubona mu maso hanje uzopfa.” (Kuv. 10:28) Imbere y’uko Musa agenda, yaratangaje yuko umuhungu w’imfura wa Farawo yopfuye. (Kuv. 11:4-8) Musa yahavuye asaba imiryango yose y’Abisirayeli gukerera umwagazi w’impene canke w’intama, ico kikaba cari igitungwa imana y’Abanyamisiri yitwa Ra yabona ko ari ceranda, maze bakamijagira amaraso yawo ku miryango. (Kuv. 12:5-7) None  Farawo yovyakiriye gute? Musa ntiyagize ubwoba. Uti kubera iki? Abitumwe n’ukwizera, yaragamburukiye Yehova “[ada]tinya ishavu ry’umwami, kuko yagumye ashikamye nk’aho abona Umwe ataboneka.”Soma Abaheburayo 11:27, 28.

3. Ni ibiki tugiye kurimbura ku bijanye n’ukuba Musa yarizera “Umwe ataboneka”?

3 Ukwizera kwawe kwoba gukomeye ku buryo ari nk’aho ‘ubona Imana’? (Mat. 5:8) Kugira dukomeze ukwizera kwacu ku buryo dushobora kubona “Umwe ataboneka,” reka turimbure ibijanye na Musa. Ukuba yarizera Yehova vyamufashije gute kudatinya abantu? Ni mu buryo ubuhe yagaragaje ko yizera imihango y’Imana? Vyongeye, kuba Musa yarashobora kubona “Umwe ataboneka” vyamukomeje gute igihe we hamwe na bene wabo bari bageramiwe?

NTIYATINYE “ISHAVU RY’UMWAMI”

4. Dufatiye ku kuntu abantu babona ibintu, Musa yari afise ikibanza ikihe ugereranije na Farawo?

4 Dufatiye ku kuntu abantu babona ibintu, Musa nta co yari avuze imbere ya Farawo. Vyasa n’uko ubuzima bwa Musa na kazoza kiwe vyari mu minwe ya Farawo. Musa ubwiwe yari yabajije Yehova ati: “Jewe ndi nde ngo nje kwa Farawo, ngo nkure bene Isirayeli mu Misiri?” (Kuv. 3:11) Hari haciye nk’imyaka 40 Musa ahunze akava mu Misiri. Ashobora kuba yaribajije ati: ‘Vyoba bibereye vy’ukuri ko nsubira mu Misiri nkikwegera uburake bw’umwami?’

5, 6. Ni igiki cafashije Musa gutinya Yehova aho gutinya Farawo?

5 Imbere y’uko Musa asubira mu Misiri, Imana yaramuhaye icigwa gihambaye, ico cigwa Musa akaba yahavuye acandika mu gitabu ca Yobu, ati: “Ugutinya Yehova, ubwo ni bwo bukerebutsi.” (Yobu 28:28) Kugira Yehova afashe Musa kumutinya gutyo bigatuma akorana ubukerebutsi, yaramweretse itandukaniro riri hagati y’abantu n’Imana Mushoboravyose. Yamubajije ati: “Ni nde yaremeye umuntu umunwa, canke ni nde agira umuntu ikiragi canke igipfamatwi canke uwubona neza canke impumyi? None si jewe Yehova?”Kuv. 4:11.

6 None icigwa cari ikihe? Musa ntiyari akwiye gutinya. Yari yatumwe na Yehova, akaba yomuhaye ibikenewe vyose kugira ashikirize Farawo ubutumwa bw’Imana. Vyongeye, Farawo nta co yari avuze imbere ya Yehova. Nakare, ntibwari bwo bwa mbere abasavyi b’Imana bageramirwa n’intwaro ya Misiri. Musa ashobora kuba yarazirikanye ku kuntu Yehova yakingiye Aburahamu, Yozefu, mbere na Musa ubwiwe ku ngoma z’abandi bami bigeze gutwara Misiri. (Ita. 12:17-19; 41:14, 39-41; Kuv. 1:22–2:10) Kubera ko Musa yizeye Yehova, “Umwe ataboneka,” yaraserutse imbere ya Farawo n’umutima rugabo, aratangaza amajambo yose Yehova yari yamutegetse kuvuga.

7. Mushiki wacu umwe yakingiwe gute kubera yizigira Yehova?

7 Ukwizera nk’ukwo nyene kwaratumye mushiki wacu yitwa Ella adasha coba imbere y’abantu. Mu 1949 muri Estoniya, Ella yarafashwe n’igipolisi c’iperereza KGB, baramwambura impuzu, hanyuma nya misore y’abapolisi iguma imwitegereza ari gusa. Avuga ati: “Naramaramaye. Ariko rero aho mariye gusenga Yehova, naciye numva amahoro n’itekane mu mutima.” Ivyo biheze, baciye bamushira mu gasho ka wenyene mu kiringo c’imisi itatu. Yigana ati: “Abo bapolisi barasemereye bati: ‘Tuzokora ibishoboka vyose kugira ngo izina Yehova rizimangane muri Estoniya! Mwebwe tugira tubarungike mw’ikambi, abandi na bo muri Siberiya!’ N’agashinyaguro kenshi, baciye bongerako bati: ‘Yehova wanyu ari hehe?’ ” None Ella yoba yari gutinya abantu canke kwizigira Yehova? Igihe yariko arasambishwa, yaravuganye ubutinyutsi, abwira abariko baramushinyagurira ati: “Ico kibazo narakizirikanyeko nitonze, nsanga nopfuma mba  mw’ibohero mfitaniye na Yehova ubucuti bwiza hako mbaho nidegemvya mugabo ntemerwa na we.” Kuri Ella, Yehova yari muzima nk’abo bapolisi bari bahagaze imbere yiwe. Ukwizera kwiwe kwaramufashije kuguma ari intahemuka.

8, 9. (a) Umuti wo gutinya abantu ni uwuhe? (b) Igihe ugeramiwe n’umutego wo gutinya abantu, ni nde ukwiye guca wibuka?

8 Kwizera Yehova kuzogufasha gutsinda ubwoba. Igihe abategetsi bakomakomeye bagerageje kukubuza umwidegemvyo wo gusenga Imana, vyoshobora gusa n’uko ubuzima bwawe na kazoza kawe biri mu minwe yabo. Woshobora mbere kwibaza nimba bibereye kubandanya ukorera Yehova bigatuma wikwegera uburake bw’abategetsi. Niwibuke iki kintu: Umuti wo gutinya abantu ni ukwizera Imana. (Soma Imigani 29:25.) Yehova abaza ati: “[Kubera iki wotinya] umuntu buntu azopfa, n’umwana w’abantu azogirwa nk’ivyatsi bitoto?”Yes. 51:12, 13.

9 Nugume wibuka Umuvyeyi wawe Mushoboravyose. Arabona abarenganywa n’abategetsi babi, akabumvira impuhwe kandi akabafasha. (Kuv. 3:7-10) Naho vyoba ngombwa ko uburanira ukwizera kwawe imbere y’abategetsi bakomakomeye, ‘ntiwiganyire ku vy’ingene uzovuga canke ku vyo uzovuga; kuko ivyo uzovuga uzobihabwa muri iyo saha.’ (Mat. 10:18-20) Abategetsi b’abantu nta co bavuze imbere ya Yehova. Niwakomeza ukwizera kwawe, urashobora kubona ko Yehova abaho koko be n’uko yiteguriye kugufasha.

YARIZEYE IMIHANGO Y’IMANA

10. (a) Ni ubuyobozi ubuhe Yehova yahaye Abisirayeli mu kwezi kwa Nisani mu 1513? (b) Kubera iki Musa yagamburutse ubuyobozi bw’Imana?

10 Mu kwezi kwa Nisani mu 1513 imbere ya Kristu, Yehova yasavye Musa na Aroni gushikiriza Abisirayeli ubu buyobozi budasanzwe: Nimutore intama canke impene itagira agahonzi, muyikerere, maze mumijagire amaraso yayo ku miryango y’amazu yanyu. (Kuv. 12:3-7) None Musa yavyakiriye gute? Mu nyuma, intumwa Paulo yanditse ku bimwerekeye, ati: “Kubera ukwizera yarahimbaje pasika na kwa kumija amaraso, kugira ngo umuranduzi ntakore ku mfura zabo.” (Heb. 11:28) Musa yari azi ko Yehova atabesha, kandi yarizeye umuhango yatanze w’uko yokwishe abana b’imfura bo mu Misiri.

11. Ni kubera iki Musa yaburiye abandi?

11 Biboneka ko abana ba Musa bari i Midiyani, kure y’ “umuranduzi.” * (Kuv. 18:1-6) Ariko yaragamburutse araha ubwo buyobozi iyindi miryango y’Abisirayeli yari ifise abana b’imfura bari mu kaga. Ubuzima bwari bugeramiwe, kandi Musa yarakunda abantu nka we. Bibiliya ivuga iti: “Buno nyene Musa ahamagara abagabo b’inararibonye bose ba Isirayeli, ababwira ati: . . . ‘[Ni]mukerere imbagwa ya pasika.’ ”Kuv. 12:21.

12. Ni ubutumwa buhambaye ubuhe Yehova yadutegetse gushikiriza?

12 Bayobowe n’abamarayika, abasavyi ba Yehova muri iki gihe bariko barashikiriza ubutumwa buhambaye bugira buti: “Nimutinye Imana kandi muyihe ubuninahazwa, kuko isaha y’urubanza rwayo ishitse; ku bw’ico rero nimusenge Uwaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasôko y’amazi.” (Ivyah. 14:7) Ubu ni co gihe co gutangaza ubwo butumwa. Dutegerezwa kuburira abandi ngo bave muri Babiloni Akomeye, nimba badashaka “kuronka ku vyago vyiwe.” (Ivyah. 18:4) Abagize “izindi ntama” barifatanya n’abakirisu barobanuwe mu kwinginga abitandukanije n’Imana ngo ‘basubize hamwe’ na yo.Yoh. 10:16; 2 Kor. 5:20.

Kwizera imihango ya Yehova bizokomeza icipfuzo ufise co kubwira abandi inkuru nziza (Raba ingingo ya 13)

13. Ni igiki kizokomeza icipfuzo ufise co kubwira abandi inkuru nziza?

13 Turemera tudakeka ko “isaha y’urubanza” ishitse. Turazi kandi ko Yehova ataba ariko arashikuza igihe atubwira ko igikorwa turangura co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa cihutirwa. Mu  vyo intumwa Yohani yeretswe, “[yarabonye] abamarayika bane bahagaze ku mfuruka zine z’isi, bafashe bagumije ya miyaga ine y’isi.” (Ivyah. 7:1) Ukoresheje ukwizera, woba ubona abo bamarayika biteguriye kurekurira kuri iyi si iyo miyaga y’agatikizo igereranya ya makuba akomeye? Nimba ubabona ukoresheje amaso y’ukwizera, bizotuma ubwira abandi inkuru nziza umutima uri mu nda.

14. Ni igiki kituvyurira umutima wo ‘kuburira umubisha ngo ave mu nzira yiwe y’ububisha’?

14 Abakirisu b’ukuri basanzwe ari abagenzi ba Yehova kandi barafise icizigiro c’ubuzima budahera. Yamara rero, turatahura ko dufise ibanga ryo ‘kuburira umubisha ngo ave mu nzira yiwe y’ububisha, abone kuzigamirwa ubuzima.’ (Soma Ezekiyeli 3:17-19.) Ariko ntiwumve, ntitwamamaza kugira gusa twirinde kwagirwa n’amaraso. Turakunda Yehova n’abantu nkatwe. Yezu yarerekanye ico urukundo n’impuhwe bisobanura vy’ukuri muri wa mugani w’Umusamariya w’imbabazi. Twoshobora kwibaza duti: ‘Noba meze nk’uwo Musamariya, nkaba namamaza ndabitumwe n’ “ikigongwe”?’ Ntitwoshima kumera nka wa muherezi n’Umulewi bavugwa muri uwo mugani mu kurondera ivyitwazo vyo ‘guca hirya tukirenganira.’ (Luka 10:25-37) Ukwizera imihango y’Imana be n’urukundo dukunda bagenzi bacu bizotuma tugira uruhara rushitse mu gikorwa co kwamamaza imbere y’uko amazi arenga inkombe.

“BARACIYE MU KIYAGA GITUKURA”

15. Ni kubera iki Abisirayeli babona yuko kabaye?

15 Kuba Musa yarizera “Umwe ataboneka” vyaramufashije igihe Abisirayeli bari mu kaga bamaze kuva mu  Misiri. Bibiliya ivuga iti: “Bene Isirayeli batangura kuraramura amaso yabo, maze babona Abanyamisiri bariko bagendera inyuma yabo. Nuko bene Isirayeli bagira ubwoba cane, baca batangura kuririra Yehova.” (Kuv. 14:10-12) None ico coba ari ikintu batari biteze? Habe namba. Yehova yari yavuze ati: “Nzoreka rero umutima wa Farawo ucike intabarirwa, kandi azoboma inyuma koko, nanje nzokwihesha ubuninahazwa biciye kuri Farawo n’inteko ziwe zose za gisirikare; kandi Abanyamisiri bazomenya vy’ukuri yuko jewe ndi Yehova.” (Kuv. 14:4) Naho vyari ukwo, Abisirayeli babonye gusa ivyaboneka ku maso yabo: Ikiyaga Gitukura cari kibatangiriye imbere, imikogote ya Farawo inyaruka yari inyuma yabo, hamwe n’umwungere w’imyaka 80 yari abayoboye! Babona yuko kabaye.

16. Ukwizera kwakomeje gute Musa ku Kiyaga Gitukura?

16 Musa wewe ntiyagize ubwoba. Kubera iki? Kubera ko amaso yiwe y’ukwizera yabona ikintu gikomeye kuruta ikiyaga n’ingabo za gisirikare. Yarashobora “[kubona] ubukiriro bwa Yehova,” kandi yari azi ko Yehova yari kurwanira Abisirayeli. (Soma Kuvayo 14:13, 14.) Ukwizera kwa Musa kwarakomeje abasavyi b’Imana. Bibiliya ivuga iti: “Kubera ukwizera, baraciye mu kiyaga Gitukura nko kw’isi yumutse, mugabo Abanyamisiri bahirahiye ngo bahace baca baramirwa.” (Heb. 11:29) Mu nyuma, “abantu bac[iye] batangura gutinya Yehova no kwizera Yehova na Musa umusavyi wiwe.”Kuv. 14:31.

17. Ni ibiki bizoba muri kazoza bizogerageza ukwizera kwacu?

17 Vuba, ubuzima bwacu buzosa n’uburi mu kaga. Ya makuba akomeye niyashuha, intwaro zo muri iyi si zizoba zimaze gutera no kurandurana n’imizi amadini yari akomeye kandi agizwe n’abantu benshi kuturuta. (Ivyah. 17:16) Yehova yaravuze mu buhanuzi ukuntu tuzoboneka nk’abatagira gitabara, tukazoba tumeze nk’abantu baba mu ‘gihugu c’uturere turangaye two mu gihugu hagati ata ruhome rubakingiye, batagira mbere n’igihindizo canke imiryango.’ (Ezk. 38:10-12, 14-16) Dufatiye ku kuntu abantu babona ibintu, bizosa n’uko ata cizigiro dufise co kurokoka. None uzovyifatamwo gute?

18. Sigura igituma dushobora kuzoguma dushikamye mu gihe ca ya makuba akomeye.

18 Ntidukwiye kugira ubwoba. Uti kubera iki? Kubera yuko Yehova yamaze kuvuga ibijanye n’ico gitero kizogirwa ku basavyi biwe. Yaravuze kandi ingene ibintu bizogenda. “ ‘Uku ni ko bizoba kuri uwo musi, umusi Gogi azoza ku butaka bwa Isirayeli,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze: ‘ubushangashirwe bwanje buzonduga mu zuru. Kandi mw’ishaka ryanje, mu muriro w’uburake bwanje, nzobwirizwa kuvuga.’ ” (Ezk. 38:18-23) Imana izoca rero irandura abantu bose barondera kugirira nabi abasavyi ba Yehova. Nimba wizigiye ko uzorokoka wa “musi uhambaye kandi uteye ubwoba wa Yehova” uzoshobora kubona “ubukiriro bwa Yehova” no kuguma uri intahemuka.Yow. 2:31, 32.

19. (a) Yehova na Musa bari bafitaniye ubucuti bumeze gute? (b) Niwibuka Yehova mu nzira zawe zose, ni imihezagiro iyihe uzokwironkera?

19 Niwitegurire ivyo bintu biteye akamwemwe mu ‘kuguma ushikamye nk’aho ubona Umwe ataboneka’! Nukomeze ubucuti ufitaniye na Yehova Imana mu kwiyigisha no mu gusenga udahorereza. Musa yari afitaniye na Yehova ubucuti somambike kandi yaramukoresheje cane ku buryo Bibiliya ivuga ko Yehova yari amuzi “amaso mu yandi.” (Gus. 34:10) Musa yari umuhanuzi adasanzwe. Ariko rero, biciye ku kwizera, na wewe nyene urashobora kumenya neza Yehova nk’aho woba umubona. Niwaguma umwibuka “mu nzira zawe zose” nk’uko Ijambo ry’Imana ribigusaba, “azogorora iminyuro yawe.”Imig. 3:6.

^ par. 11 Bigaragara ko Yehova yarungitse abamarayika ngo bashitse urubanza ku Banyamisiri.Zab. 78:49-51.