Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nugire umutima rugabo: Yehova ni umutabazi wawe!

Nugire umutima rugabo: Yehova ni umutabazi wawe!

‘Nugire umutima rugabo, uvuge uti: “Yehova ni umutabazi wanje” HEB. 13:6.

1, 2. Ni ingorane izihe abantu benshi bagira igihe basubiye i muhira? (Raba ishusho itangura.)

UWITWA Eduardo * avuga ati: “Igihe nakorera mu mahanga, nari mfise akazi gakomeye kandi naronka amahera menshi. Ariko igihe natangura kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, naratahuye ko mfise ibanga rihambaye kuruta, na ryo rikaba ari ukwitwararika umuryango wanje mu vy’impwemu atari mu vy’umubiri gusa. Ku bw’ivyo, naciye nsubira i muhira.”Ef. 6:4.

2 Eduardo yari azi yuko asubiye i muhira, yotumye Yehova ahimbarwa. Cokimwe na Marilyn twavuze mu kiganiro c’imbere y’iki, Eduardo yabwirijwe gutangura kunagura ubucuti bwo mu muryango. Yabwirijwe kandi kurwana urugamba rwo gutunga umugore wiwe n’abana biwe mu gihugu gikenye. None yoronse gute ibimutunga? Ni ibiki yari kwitega ko abandi bomufasha mw’ishengero?

KUNAGURA IVY’IMPWEMU N’UBUZIMA BWO MU MURYANGO

3. Igihe umuvyeyi atari muhira bigira ingaruka izihe ku bana?

3 Eduardo yiyemerera ati: “Naratahuye ko nirengagije abana banje igihe bari bakeneye cane ko ndabayobora nkongera nkabereka urukundo. Sinari hafi yabo ngo ndabasomere inkuru zo muri  Bibiliya, nsenge turi kumwe, ndabagumbire nongere nkine na bo.” (Gus. 6:7) Umukobwa wiwe mukuru Anna avuga ati: “Ico gihe numva ntatekanye kubera papa atari i muhira. Igihe yagaruka, twamubona nk’umuntu tuzinanye gusa. Nta gishika numva igihe yaba anguye mu nda.”

4. Igihe sebibondo amaze igihe kirekire atari kumwe n’umuryango, bigira ingaruka izihe ku bushobozi afise bwo guhagarikira urugo?

4 Igihe sebibondo amaze igihe kirekire atari kumwe n’umuryango, biragabanya ubushobozi afise bwo guhagarikira urugo. Ruby, umugore wa Eduardo, asigura ati: “Nabwirizwa kurangura uruhara rwa inarugo n’urwa serugo, kandi nari maze kumenyera gufata ingingo nyinshi zerekeye umuryango. Igihe Eduardo yagaruka muhira, nabwirijwe kwiga ico ukuyoboka kwa gikirisu gusobanura vy’ukuri. Mbere n’ubu karacamwo ngasanga nibagiye ko umugabo wanje turi kumwe.” (Ef. 5:22, 23) Eduardo yongerako ati: “Abakobwa bacu bari bamenyereye gusaba uruhusha nyina wabo imbere yo gukora ibintu. Bwa bavyeyi, twaratahuye ko dukwiye gusenyera ku mugozi umwe mu gufasha abana bacu, kandi vyabaye ngombwa ko niga guhagarikira urugo nk’uko bisabwa ku bakirisu.”

5. Serugo umwe yatunganije gute ingorane zatewe n’uko yari yarataye umuryango, kandi vyavuyemwo iki?

5 Eduardo yari yiyemeje gukora ivyo ashoboye vyose kugira anagure ubucuti afitaniye n’umuryango wiwe yongere awukomeze mu vy’impwemu. Agira ati: “Nari nishingiye umugambi wo kwigisha ukuri abana banje mu mvugo no mu ngiro, atari kuvuga gusa ko nkunda Yehova ahubwo nkavyerekana.” (1 Yoh. 3:18) Yehova yoba yarahezagiye utwigoro Eduardo yagize? Anna yishura ati: “Kwibonera utwigoro twose yagize kugira abe serugo mwiza no kugira asubire kutwiyegereza vyaradukoze ku mutima cane. Igihe twamubona ariko yihatira gushikira amabanga mw’ishengero, twumva twishimye. Isi yagira idutandukanye na Yehova. Ariko twarabonye ko abavyeyi bacu bariko baritwararika ukuri, natwe duca tugerageza kubigana. Papa yaradusezeraniye ko atazokwigera asubira kuduta, kandi yarabishikije. Iyo asubira kugenda, sinibaza ko uno musi mba ndi mw’ishirahamwe rya Yehova.”

NIWEMERE KO UFISE URUHARA

6. Ni icigwa ikihe abavyeyi bamwebamwe bize mu gihe c’intambara?

6 Ivyabaye mu gihe c’intambara yo mu karere ka Balkans birerekana ko abana b’Ivyabona vya Yehova baho wasanga bafise umunezero naho bari babayeho nabi. Uti kubera iki? Kubera ko abavyeyi batashobora kuja ku kazi, baguma muhira bakigisha abana babo, bagakina na bo bakongera bakaganira. None icigwa ni ikihe? Abana barakeneye kumarana umwanya n’abavyeyi babo kuruta kuronka amahera canke ingabirano. Nk’uko Ijambo ry’Imana ribivuga, abana barahungukira igihe abavyeyi babo babitwararitse bakongera bakabigisha.Imig. 22:6.

7, 8. (a) Ni ikosa irihe abavyeyi bamwebamwe bagaruka i muhira bagira? (b) Abavyeyi bofasha gute abana babo gutsinda inyifato itabereye?

7 Ikibabaje, igihe abavyeyi bamwebamwe bagarutse bagasanga abana babo batakibiyumvamwo, baca bavuga bati: “Muri intashima. Murazi ibintu vyose nemeye guheba kubera mwebwe?” Ariko rero, iyo nyifato y’abana ahanini yoshobora kuba iterwa n’uko abavyeyi babo bari barabataye. None umuvyeyi yokora iki kugira atorere umuti iyo ngorane?

8 Nusabe Yehova agufashe kurushiriza gutahura umuryango wawe. Maze igihe uyaga n’umuryango wawe, niwemere ko ufise uruhara muri iyo ngorane. Gusaba imbabazi bivuye ku mutima vyoshobora gufasha. Uwo mwubakanye n’abana bawe nibabona ko uguma ugerageza kugorora ibintu, bazotahura ko ata buryarya ufise. Niwihangana kandi ntucike intege, umuryango wawe woshobora buhorobuhoro gusubira kugukunda no kukwubaha.

 ‘KURONSA ABAWE IVYO BAKENEYE’

9. Kugira ngo ‘turonse abacu ivyo bakeneye,’ ni kubera iki atari ngombwa ngo tugume twiruka inyuma y’ibintu vy’umubiri?

9 Intumwa Paulo yavuze ko igihe abakirisu bageze mu zabukuru badashobora kwironsa ivyo bakeneye, abana n’abuzukuru babo bakwiye “[kw]ishura abavyeyi babo na ba sekuru na ba inakuru inshumbusho ibakwiriye.” Ariko Paulo yaciye abandanya ahimiriza abakirisu bose kubumbwa n’ivyo bakenera buri musi nk’ibifungurwa, ivyambarwa n’uburaro. Ntidukwiye kuguma twiruka turondera ubuzima buhanitse canke ugutekanirwa mu vy’amahera. (Soma 1 Timoteyo 5:4, 8; 6:6-10.) Kugira ngo umukirisu ‘aronse abiwe ivyo bakeneye,’ si ngombwa ngo arondere ubutunzi muri ino si iri ku mushiro. (1 Yoh. 2:15-17) Ntidukwiye kureka ngo “ububasha buhendana bw’ubutunzi” canke “amaganya y’ubuzima” bibuze umuryango wacu ‘gucakira ubuzima nyakuri’ mw’isi nshasha igororotse y’Imana!—Mrk. 4:19; Luka 21:34-36; 1 Tim. 6:19.

10. Ni kubera iki biranga ubukerebutsi kwirinda amadeni?

10 Yehova arazi ko dukeneye amahera. Ariko amahera ntashobora kudukingira no kutuzigama nk’uko ubukerebutsi buva ku Mana bubigira. (Umus. 7:12; Luka 12:15) Akenshi abantu barafatira mu rwara ingaruka zo kuja gukorera mu mahanga, kandi nta cemeza ko baca baronka amahera bagezeyo. Ahubwo birimwo ingorane zikomeye. Benshi mu bimuka bagaruka bafise amadeni menshi kuruta. Aho kuronka umwidegemvyo wiyongereye wo gukorera Imana, baca baba abashumba b’abo baheraniye. (Soma Imigani 22:7.) Ikintu ca mbere kiranga ubukerebutsi umuntu yokora ni ukwirinda amadeni.

11. Kwiga gukoresha neza amahera vyofasha gute imiryango kugabanya amaganya y’ivy’ubutunzi?

11 Eduardo yari azi ko kugira ngo ingingo yafashe yo kugumana n’umuryango wiwe igende neza, yategerezwa gukoresha neza amahera afise. We hamwe n’umugore wiwe barigiye hamwe ingene bazokoresha amahera bafise baravye ibintu bakeneye vy’ukuri. Uca wumva ko vyasavye ko umuryango wabo wiyima ibintu bimwebimwe wahora uronka. Mugabo bose barasenyeye ku mugozi umwe, ntibasesagura amahera mu kugura ibintu bidakenewe. * Eduardo avuga ati: “Nk’akarorero, naciye nkura abana mu mashure y’abikorera utwabo, ndabashira mu mashure ya leta.” We hamwe n’umuryango wiwe barasenze basaba ko yoronka akazi katobabujije gukurikiza urutonde rwabo rw’imirimo yo mu vy’impwemu. None Yehova yishuye gute amasengesho yabo?

12, 13. Ni ibiki serugo umwe yakoze kugira ashigikire umuryango wiwe, kandi Yehova yahezagiye gute ingingo yiwe yo kworosha ubuzima?

12 Eduardo yigana ati: “Mu myaka ibiri ya mbere, ibintu ntivyari vyoroshe. Uduhera nari naraziganije twariko turahera, agashahara k’intica ntikize naronka ntikakwirana n’ivyo dukenera, kandi narumva ko nsanzaye. Ariko twaritaba amakoraniro yose kandi tukajana mu busuku.” Eduardo yarafashe ingingo yo kutemera akazi kotumye amara amezi canke imyaka atari kumwe n’umuryango wiwe. Avuga ati: “Ahubwo naciye niga ubuzi butandukanye kugira ngo kamwe katabonetse nshobore gukora akandi.”

Woba ushobora kwiga ubuzi butandukanye kugira bigufashe gutunga umuryango wawe?(Raba ingingo ya 12)

13 Kubera yuko Eduardo yaza arishura bukebuke amadeni yari afise, vyasavye ko ariha inyungu nyinshi ku mahera yari yaraguranye. Ariko yabona ko ivyo ata co bitwaye agereranije n’akaryo yari afise ko kwifatanya n’umuryango wiwe mu mice yose y’ubuzima bwabo, nk’uko Yehova abisaba. Eduardo avuga ati: “Ubu ndonka amahera adashika n’ic’icumi c’ayo naronka ndi mu mahanga, ariko ntitwishwe n’inzara. ‘Ukuboko kwa Yehova si kugufi.’ Mbere twaciye dufata ingingo yo gukora ubutsimvyi. Igitangaje, tumaze kubigira imikazo yo mu vy’ubutunzi yaragabanutse kandi vyararushirije  kutworohera kuronka ivyo dukeneye.”Yes. 59:1.

KUREMERWA N’INCUTI

14, 15. Imiryango yokora iki igihe iremerewe ngo ishire ibintu vy’umubiri imbere y’ivy’impwemu, kandi akarorero keza itanga gashobora kuvamwo iki?

14 Mu mihingo myinshi, abantu babona ko bategerezwa guha incuti zabo n’abagenzi babo amahera canke ibindi bintu. Eduardo asigura ati: “Mu mico yacu ni ko bigenda, turakunda gutanga.” Mugabo yongerako ati: “Hariho akarimbi. Ndasigurira incuti zanje ko nzobaha ivyo nshoboye ariko ntirengagije ivyo umuryango wanje ukeneye mu vy’impwemu.”

15 Abagaruka bavuye ahandi n’abanka gutandukana n’imiryango yabo ngo baje mu mahanga akenshi incuti zabo zirabashavurira, zikabatyekeza kandi zikabona ko bazihemukiye kuko ari bo zari zihanze amaso. Hari n’abavuga ko ata rukundo bagira. (Imig. 19:6, 7) Anna, umukobwa wa Eduardo, avuga ati: “Yamara rero, igihe twemeye guheba ibintu vy’umubiri kugira ntiduhombe ivy’impwemu, bamwebamwe mu ncuti zacu boshobora kubona ko ibintu vy’impwemu bihambaye vy’ukuri. Ariko ugira ngo ico kintu bokwigera bagitahura hamwe twobashirira aho bashaka?”—Gereranya na 1 Petero 3:1, 2.

NIWIZERE IMANA

16. (a) Umuntu yoshobora gute ‘kwibesha n’ivyiyumviro bitari vyo’? (Yak. 1:22) (b) Yehova ahezagira ingingo nyabaki?

16 Igihe mushiki wacu umwe yashika mu gihugu giteye imbere atari kumwe n’umugabo wiwe n’abana, yabwiye abakurambere ati: “Twabwirijwe guheba ibintu vyinshi kugira nze ino. Mbere umugabo wanje yarinze guhagarika ibanga ry’ubukurambere. Nizigiye rero ko Yehova azompezagira.” Yehova yama ahezagira ingingo zerekana ko tumwizeye, ariko none yohezagira gute ingingo iteye kubiri n’ivyo agomba, na canecane igihe umuntu arinze guhagarika uduteka tweranda kandi bidakenewe?—Soma Abaheburayo 11:6; 1 Yohani 5:13-15.

17. Kubera iki dukwiye kurondera ubuyobozi bwa Yehova imbere yo gufata ingingo, kandi twobigira gute?

17 Nurondere ubuyobozi bwa Yehova imbere yo gufata ingingo, ntubigire umaze kuyifata. Nusenge umusaba impwemu nyeranda, ubukerebutsi n’ubuyobozi. (2 Tim. 1:7) Niwibaze uti: ‘Niteguriye kugamburukira  Yehova ibintu vyifashe gute? Noba nobigira n’igihe ndi mu ruhamo?’ Nimba ari ko biri, woba witeguriye kumugamburukira igihe vyosaba ko worosha ubuzima? (Luka 14:33) Nusabe abakurambere impanuro zishingiye ku Vyanditswe, kandi werekane ko wizera umuhango Yehova atanga ko azogufasha mu gushira mu ngiro impanuro ziwe. Abakurambere ntibashobora kugufatira ingingo, ariko barashobora kugufasha kugira amahitamwo azotuma ugira agahimbare.2 Kor. 1:24.

18. Ni nde ajejwe ibanga ryo kuronsa umuryango ivyo ukeneye, ariko ni ibiki vyoshobora gutuma abandi baronka akaryo ko gufasha?

18 Yehova yiteze ko serugo yikorera “umutwaro” wa misi yose wo kuronsa umuryango ivyo ukeneye. Turakwiye gukeza no gusenga dusabira abarangura iryo banga batarinze gutandukana n’abo bubakanye canke abana babo, naho bishika bakumva bobigira canke bakaremerwa n’abandi. Ibintu bishika giturumbuka, nk’ivyago vy’ivyaduka canke ingorane zihutirwa z’amagara, biraduha akaryo ko kwereka abandi urukundo nyakuri rwa gikirisu n’impuhwe. (Gal. 6:2, 5; 1 Pet. 3:8) Woba ushobora gufasha umukirisu mugenzawe afise ingorane zihutirwa canke ukamufasha kuronka akazi aho iwanyu? Ubigenjeje gutyo, uba umuremuruye umukazo yoshobora kuba arimwo wo gutandukana n’umuryango wiwe kugira aje kurondera akazi ahandi.Imig. 3:27, 28; 1 Yoh. 3:17.

NIWIBUKE KO YEHOVA ARI UMUTABAZI WAWE!

19, 20. Ni kubera iki abakirisu bashobora kwemera badakeka ko Yehova azobafasha?

19 Ivyanditswe biduhimiriza biti: “Uburyo bwanyu bwo kubaho ntibubemwo urukundo rw’amahera, mu gihe mubumbwa n’ibintu vy’iki gihe. Kuko [Imana] yavuze iti: ‘Sinzogenda ngutaye, eka sinzogenda nguhevye.’ Ku buryo dushobora kugira umutima rugabo tukavuga duti: ‘Yehova ni umutabazi wanje; sinzotinya. Umuntu yongira iki?’ ” (Heb. 13:5, 6) None ivyo vyoshirwa mu ngiro gute?

20 Umukurambere umwe amaze igihe kirekire wo mu gihugu gikenye avuga ati: “Abantu barakunda kuvuga ko Ivyabona vya Yehova bafise umunezero. Barabona kandi ko n’Ivyabona bakenye bama bambaye neza be n’uko basa n’abifashe ubagereranije n’abandi.” Ivyo birahuye n’umuhango Yezu yahaye abashira Ubwami mu kibanza ca mbere. (Mat. 6:28-30, 33) Ego cane, Umuvyeyi wawe wo mw’ijuru Yehova aragukunda kandi akwipfuriza ineza wewe n’abana bawe. Bibiliya ivuga iti: “Yehova amaso yiwe anyuragira mw’isi yose kugira ngo yerekane inkomezi ziwe ku bw’abafise umutima ukwiye kuri we.” (2 Ngo. 16:9) Yaraduhaye amabwirizwa yiwe, harimwo ayajanye n’ubuzima bwo mu muryango n’ivyo dukenera mu vy’umubiri, akaba yabigize ku neza yacu. Iyo tuyakurikije, tuba twerekanye ko tumukunda be n’uko tumwizigira. “Iki [ni] co ugukunda Imana gusobanura: ni uko twubahiriza amabwirizwa yayo; yamara amabwirizwa yayo si umuzigo.”1 Yoh. 5:3.

21, 22. Ni kubera iki wiyemeje kugaragaza ko wizigira Yehova?

21 Eduardo avuga ati: “Ndazi ko umwanya nataye ntari kumwe n’umukenyezi wanje n’abana banje udashobora kugaruka, ariko sinibanda ku vyagenze nabi. Benshi mu bo twakorana kera ni abatunzi ariko nta munezero bagira. Imiryango yabo ifise ingorane zikomeye. Ariko mu muryango wacu umunezero ni wose! Vyongeye, ndakorwa ku mutima no kubona ingene abandi bavukanyi bo muri iki gihugu bashira ivy’impwemu mu kibanza ca mbere naho bakenye. Twese turibonera ko umuhango Yezu yatanze ari uw’ukuri.”Soma Matayo 6:33.

22 Nugire umutima rugabo! Nugamburukire Yehova kandi umwizere. Nureke urukundo ukunda Imana, uwo mwubakanye be n’abana bawe rukuvyurire umutima wo kuronsa umuryango wawe ivyo ukeneye mu vy’impwemu. Ivyo bizotuma wibonera ko ‘Yehova ari umutabazi wawe.’

^ par. 1 Si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.

^ par. 11 Raba ikiganiro kivuga ngo “Ushobora gute kubaho uhuza n’uburyo ufise?” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruheshi 2011.